ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 21
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Itanguriro: ibirimwo

      • Izahaki avuka (1-7)

      • Ishimayeli acokora Izahaki (8, 9)

      • Hagari na Ishimayeli birukanwa (10-21)

      • Aburahamu agiranira isezerano na Abimeleki (22-34)

Itanguriro 21:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 18:10

Itanguriro 21:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 11:11
  • +It 17:21; 18:10, 14; Rm 9:9

Itanguriro 21:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:19; Yos 24:3; Rm 9:7

Itanguriro 21:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:12; Lw 12:3; Ivk 7:8

Itanguriro 21:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «bazontwenga.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 5 2017 rup. 14-15

Itanguriro 21:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 16:4, 15
  • +It 15:13; Gl 4:22, 29

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/9/2001, rup. 18

Itanguriro 21:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 15:2, 4; Gl 4:30

Itanguriro 21:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 5 2017 rup. 15

Itanguriro 21:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «niwumvirize ijwi ryiwe.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:19; Rm 9:7; Heb 11:18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/4/2006, rup. 6-7

Itanguriro 21:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gl 4:22
  • +It 16:9, 10; 17:20; 25:12, 16

Itanguriro 21:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 25:5, 6
  • +It 22:19

Itanguriro 21:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nk’ahoraswa umwampi.»

Itanguriro 21:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 16:11
  • +It 16:7, 8

Itanguriro 21:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 1:29-31

Itanguriro 21:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 16:16

Itanguriro 21:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 10:12

Itanguriro 21:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 20:17, 18; 26:26, 28

Itanguriro 21:23

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 20:14, 15

Itanguriro 21:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 26:15, 20

Itanguriro 21:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «iriba ry’indahiro», «iriba ry’amashashi indwi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 26:32, 33

Itanguriro 21:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 26:26, 28
  • +It 10:13, 14; 26:1

Itanguriro 21:33

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 12:8, 9; 26:25
  • +Zb 90:2; Yes 40:28; 1Tm 1:17

Itanguriro 21:34

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 11:8, 9

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ita. 21:1It 18:10
Ita. 21:2Heb 11:11
Ita. 21:2It 17:21; 18:10, 14; Rm 9:9
Ita. 21:3It 17:19; Yos 24:3; Rm 9:7
Ita. 21:4It 17:12; Lw 12:3; Ivk 7:8
Ita. 21:9It 16:4, 15
Ita. 21:9It 15:13; Gl 4:22, 29
Ita. 21:10It 15:2, 4; Gl 4:30
Ita. 21:11It 17:18
Ita. 21:12It 17:19; Rm 9:7; Heb 11:18
Ita. 21:13Gl 4:22
Ita. 21:13It 16:9, 10; 17:20; 25:12, 16
Ita. 21:14It 25:5, 6
Ita. 21:14It 22:19
Ita. 21:17It 16:11
Ita. 21:17It 16:7, 8
Ita. 21:181Ng 1:29-31
Ita. 21:20It 16:16
Ita. 21:21Gh 10:12
Ita. 21:22It 20:17, 18; 26:26, 28
Ita. 21:23It 20:14, 15
Ita. 21:25It 26:15, 20
Ita. 21:31It 26:32, 33
Ita. 21:32It 26:26, 28
Ita. 21:32It 10:13, 14; 26:1
Ita. 21:33It 12:8, 9; 26:25
Ita. 21:33Zb 90:2; Yes 40:28; 1Tm 1:17
Ita. 21:34Heb 11:8, 9
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Itanguriro 21:1-34

Itanguriro

21 Yehova yitaho Sara nk’uko yari yaravuze, maze Yehova ashitsa ivyo yari yaramusezeraniye+. 2 Sara aribungenga+, avyarira umuhungu Aburahamu mu busaza bwiwe, kuri ca gihe nyene Imana yari yaramubwiye+. 3 Aburahamu aca yita Izahaki+ uwo muhungu Sara yari amuvyariye. 4 Hanyuma Aburahamu agenyera Izahaki umuhungu wiwe amaze imisi umunani, nk’uko Imana yari yaramutegetse+. 5 Aburahamu yari afise imyaka 100 igihe umuhungu wiwe Izahaki yavuka. 6 Maze Sara avuga ati: «Imana irantwengeje, kandi n’abazovyumva bose bazotwenga*.» 7 Yongerako ati: «Ni nde yari kubwira Aburahamu ko Sara yokwonkeje abana? Ariko raba ndamuvyariye umuhungu mu busaza bwiwe.»

8 Nuko uwo mwana arakura hanyuma baramucutsa. Aburahamu araheza ategura umusi mukuru ukomeye ku musi Izahaki acuka. 9 Ariko Sara yaguma abona umuhungu wa Hagari+ Umunyamisirikazi, umwe yavyarana na Aburahamu, acokora Izahaki+. 10 Aca abwira Aburahamu ati: «Irukana uwo musukukazi n’umuhungu wiwe, kuko Izahaki umuhungu wanje atazosangira intoranwa yiwe n’umuhungu w’uyo musukukazi+.» 11 Mugabo Aburahamu ababazwa cane n’ivyo Sara avuze ku muhungu wiwe+. 12 Maze Imana ibwira Aburahamu iti: «Ntushavuzwe n’ivyo Sara akubwira ku vyerekeye uwo muhungu n’uwo musukukazi wawe. Numwumvirize* kuko uruvyaro* nagusezeraniye ruzoboneka biciye kuri Izahaki+. 13 Ariko umuhungu w’uwo musukukazi+ na we nyene nzomugira ihanga rikomeye+, kuko ari uruvyaro rwawe.»

14 Aburahamu araheza avyuka kare mu gitondo, afata umukate n’umukuza w’urushato urimwo amazi, abishira ku bitugu vya Hagari, aca amurungikana n’umuhungu wiwe+. Nuko aragenda, aguma azunguruka mu bugaragwa bw’i Beri-Sheba+. 15 Amazi amaze guhera muri wa mukuza, aca asunikira uwo muhungu munsi y’igisaka. 16 Hanyuma arabandanya, aja kwicara wenyene kure yiwe*, kuko yibwira ati: «Sinshaka kubona umwana wanje ariko arapfa.» Aca yicara hasi, atangura kurira cane.

17 Imana rero yumva wa muhungu ariko ararira+. Umumarayika w’Imana aca ahamagara Hagari ari mw’ijuru, amubwira ati+: «Hagari, uriko urizwa n’iki? Ntutinye, kuko Imana yumvise amarira y’umuhungu wawe. 18 Haguruka, ugende uvyure umuhungu wawe umwandaze, kuko nzomugira ihanga rikomeye+.» 19 Maze Imana yugurura amaso yiwe, abona iriba ry’amazi. Aca aragenda yuzuza wa mukuza wiwe w’urushato, ahereza umuhungu wiwe aranywa. 20 Nuko uwo muhungu+ arakura kandi Imana igumana na we. Araheza yibera mu gahinga, acika umuhigi akoresha umuheto. 21 Aba mu bugaragwa bw’i Parani+, maze nyina wiwe amuzanira umugore amukuye mu Misiri.

22 Ico gihe, Abimeleki ari kumwe na Fikoli umukuru w’ingabo ziwe, abwira Aburahamu ati: «Imana iri kumwe nawe mu vyo ukora vyose+. 23 Ubu rero ndahira imbere y’Imana ko utazoduhemukira twe n’uruvyaro rwanje n’abazorukomokako. Ndahira ko uzongirira ubuntu* nk’ubwo nakugiriye+, ukabugirira n’ababa muri iki gihugu ubayemwo.» 24 Aburahamu amwishura ati: «Ndakurahiye.»

25 Ariko Aburahamu aca abwira Abimeleki ibijanye n’iriba ry’amazi abasuku biwe bari baramutwaye ku nguvu+. 26 Abimeleki amwishura ati: «Sinzi uwakoze ico kintu, kandi nawe ntiwigeze ubimbwira. Ivyo ndavyumvise uyu musi.» 27 Aburahamu aca afata intama n’inka abiha Abimeleki, maze bagiranira isezerano. 28 Aburahamu araheza akura amashashi y’intama indwi mu busho bwiwe ayashira ku ruhande. 29 Abimeleki aca amubaza ati: «Kubera iki ushize ku ruhande aya mashashi indwi?» 30 Na we amwishura ati: «Aya mashashi y’intama indwi ni ayo ndaguhaye kugira abe icabona c’uko ari jewe nimvye iri riba.» 31 Ni co catumye yita aho hantu Beri-Sheba*+, kuko ari ho bagiriye iyo ndahiro. 32 Nuko bagiranira isezerano+ i Beri-Sheba. Hanyuma Abimeleki arahaguruka ari kumwe na Fikoli umukuru w’ingabo ziwe, basubira mu gihugu c’Abafilisitiya+. 33 Inyuma y’ivyo, Aburahamu atera igiti c’umwesheri i Beri-Sheba maze ahambariza izina rya Yehova+, ya Mana yamaho+. 34 Aburahamu amara igihe kirekire aba mu gihugu c’Abafilisitiya+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika