ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 22
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Itanguriro: ibirimwo

      • Aburahamu asabwa gutanga Izahaki (1-19)

        • Uruvyaro rwa Aburahamu ruzozana imihezagiro (15-18)

      • Umuryango wa Rebeka (20-24)

Itanguriro 22:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 11:17

Itanguriro 22:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:19; Yos 24:3; Rm 9:7
  • +Yoh 3:16
  • +2Ng 3:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2012, rup. 23

    1/2/2009, rup. 18

    15/8/2007, rup. 13

Itanguriro 22:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ashira itandiko ku ndogobwa.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/2/2009, rup. 18

Itanguriro 22:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    2/2016, rup. 11

    Umunara w’Inderetsi,

    1/2/2009, rup. 18

Itanguriro 22:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «intambi.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    1/2017, rup. 32

Itanguriro 22:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yoh 1:29; 1Pt 1:18, 19

Itanguriro 22:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yoh 10:17, 18

Itanguriro 22:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ya ntambi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 11:17

Itanguriro 22:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 11:17-19; Yak 2:21

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/2/2009, rup. 18

Itanguriro 22:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «Yehova aratanga ibikenewe», «Yehova arabibona.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 22:2; 2Ng 3:1

Itanguriro 22:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 6:13, 14
  • +Yoh 3:16; Rm 8:32; Heb 11:17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2012, rup. 23-24

Itanguriro 22:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «amarembo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 13:14, 16; 15:1, 5; Ivk 3:25
  • +Zb 2:8; Dn 2:44

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2008, rup. 21

    15/9/2004, rup. 9

    1/6/2004, rup. 11

    1/6/2000, rup. 13-14

    1/2/1998, rup. 19-23, 27

Itanguriro 22:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «azokwironsa umuhezagiro.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 3:15; Rm 9:7; Gl 3:16
  • +Gl 3:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 3 2020 rup. 14-15

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    12/2018, rup. 4

    Be maso!,

    7/2012, rup. 18

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2009, rup. 4

    1/4/2009, rup. 12

    1/9/2000, rup. 28-29

    1/6/2000, rup. 13-14

    1/2/1998, rup. 19-23, 24-25

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 311

    Urashobora Kubaho, rup. 117-118

Itanguriro 22:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 21:31

Itanguriro 22:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 11:26, 29

Itanguriro 22:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 25:20

Itanguriro 22:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 24:15; Rm 9:10

Itanguriro 22:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «incoreke yiwe.»

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ita. 22:1Heb 11:17
Ita. 22:2It 17:19; Yos 24:3; Rm 9:7
Ita. 22:2Yoh 3:16
Ita. 22:22Ng 3:1
Ita. 22:8Yoh 1:29; 1Pt 1:18, 19
Ita. 22:9Yoh 10:17, 18
Ita. 22:10Heb 11:17
Ita. 22:12Heb 11:17-19; Yak 2:21
Ita. 22:14It 22:2; 2Ng 3:1
Ita. 22:16Heb 6:13, 14
Ita. 22:16Yoh 3:16; Rm 8:32; Heb 11:17
Ita. 22:17It 13:14, 16; 15:1, 5; Ivk 3:25
Ita. 22:17Zb 2:8; Dn 2:44
Ita. 22:18It 3:15; Rm 9:7; Gl 3:16
Ita. 22:18Gl 3:8
Ita. 22:19It 21:31
Ita. 22:20It 11:26, 29
Ita. 22:22It 25:20
Ita. 22:23It 24:15; Rm 9:10
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Itanguriro 22:1-24

Itanguriro

22 Inyuma y’ivyo, Imana y’ukuri igeza+ Aburahamu, imubwira iti: «Aburahamu!» Na we ati: «Sabwe!» 2 Irabandanya iti: «Tora umuhungu wawe Izahaki+, umuhungu wawe w’ikinege ukunda cane+, umujane mu gihugu ca Moriya+ maze umutangeko ishikanwa riturirwa ku musozi nzokwereka.»

3 Aburahamu aca avyuka kare mu gitondo, ategura indogobwa* maze ahitana babiri mu basuku biwe na Izahaki umuhungu wiwe. Araheza asatura inkwi akoresha kw’ishikanwa riturirwa, aca afata urugendo aja hamwe Imana y’ukuri yari yamubwiye. 4 Ku musi ugira gatatu, Aburahamu yunamura amaso maze abona ca kibanza kiri nka hariya. 5 Aca abwira abasuku biwe ati: «Mwebwe nimugume aha hamwe n’indogobwa. Jewe n’umuhungu wanje tugiye hariya gusenga, duca tugaruka.»

6 Aburahamu afata za nkwi akoresha kw’ishikanwa riturirwa, azikorera umuhungu wiwe Izahaki. Na we aca atora umuriro n’imbugita*, babandanya urugendo. 7 Izahaki abaza se wiwe Aburahamu ati: «Da!» Na we ati: «Sabwe mwananje!» Arabandanya ati: «Ko dufise umuriro n’inkwi, none intama y’ishikanwa riturirwa iri hehe?» 8 Aburahamu amwishura ati: «Imana iraza kuduha intama y’ishikanwa riturirwa+, mwananje.» Nuko bose babandanya urugendo.

9 Barateba bashika ha hantu Imana y’ukuri yari yamubwiye. Aburahamu aca yubaka igicaniro, agishirako inkwi. Araheza aboha umuhungu wiwe Izahaki amaguru n’amaboko, amushira kuri ico gicaniro hejuru y’inkwi+. 10 Aca atora ya mbugita* kugira akerere umuhungu wiwe+. 11 Ariko umumarayika wa Yehova amuhamagara ari mw’ijuru ati: «Aburahamu, Aburahamu!» Na we ati: «Sabwe!» 12 Amubwira ati: «Ntiwice uwo muhungu, ntihagire ico umugira. Ubu ndamenye ko utinya Imana vy’ukuri kuko utanyimye umuhungu wawe, umuhungu wawe w’ikinege+.» 13 Aburahamu aca arunamuka maze abona hirya yiwe impfizi y’intama yafashwe amahembe mu gisaka. Aca aragenda arayifata, ayitangako ishikanwa mu kibanza c’umuhungu wiwe. 14 Aburahamu aca yita aho hantu Yehova-Yire*. Ni co gituma n’ubu abantu bavuga ngo: «Yehova aratanga ibikenewe ku musozi wiwe+.»

15 Umumarayika wa Yehova ari mw’ijuru ahamagara Aburahamu ubwa kabiri, 16 amubwira ati: «“Ndirahiye jewe ubwanje”, ni ko Yehova avuze+, “ko wakoze ivyo ntunyime umuhungu wawe, umuhungu wawe w’ikinege+, 17 ni ukuri nzoguhezagira kandi nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’inyenyeri zo mu kirere, nk’udutete tw’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga+. Uruvyaro rwawe ruzokwigarurira ibisagara* vy’abansi barwo+. 18 Kandi amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa* biciye ku ruvyaro* rwawe+, kuko wanyumviye+.”»

19 Inyuma y’ivyo, Aburahamu agaruka aho ba basuku biwe bari, baca bafata urugendo basubira i Beri-Sheba+. Aburahamu abandanya kuba i Beri-Sheba.

20 Hanyuma bamenyesha Aburahamu bati: «Erega Milika yaravyariye abana Nahori mwenewanyu+: 21 imfura yiwe ni Uzi, hagakurikira Buzi, hagasubira Kemuweli se wa Aramu, 22 hanyuma Kesedi, Hazo, Piludashi, Yidilafu na Betuweli+.» 23 Betuweli ni we yavyaye Rebeka+. Abo bahungu umunani ni bo Milika yavyariye Nahori mwenewabo na Aburahamu. 24 Umugore wiwe agira kabiri* yitwa Reyuma. Na we yamuvyariye Teba, Gahamu, Tahashi na Mayaka.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika