Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
31 Ewe Yehova, ni wewe nahungiyeko+.
Ese ntokwigera maramara+!
Nundokore kubera ubugororotsi bwawe+.
Nunyaruke untabare+.
Numbere umusozi mpungirako,
ikibanza gikomeye co kunkingira+.
5 Impwemu yanje ndayishize mu maboko yawe+.
Warancunguye, ewe Yehova Mana y’ubwizigirwa*+.
6 Ndanka abasenga ibigirwamana bitagira akamaro, bitagira mvura.
Ariko jewe nizigira Yehova.
9 Ewe Yehova, nungirire ubuntu kuko ngeze habi.
Amaso yanje yaregeye kubera intuntu+, mbere n’umubiri wanje wose+.
Utuguvu twaheze kubera ikosa ryanje.
Amagufa yanje yareganutse+.
Abo twari tuzinanye barantinya.
Iyo bambonye hanze baca bampunga+.
Bakoranira hamwe kugira bandwanye,
bagategura imigambi yo kunyica+.
14 Ariko ni wewe nizigiye, ewe Yehova+!
Nguma mvuga nti: «Uri Imana yanje+.»
15 Ubuzima bwanje buri mu maboko yawe.
Nundokore mu maboko y’abansi banje n’abampama+.
16 Nundabe ryiza* jewe umusavyi wawe+,
unkize kubera urukundo* rwawe.
17 Ewe Yehova, ese ntomaramara igihe ndagutabaje+.
18 Iminwa ivuga ikinyoma nizibe+,
iminwa ivuga nabi umugororotsi ibigiranye amanyama, ubwibone n’akagaye.
19 Ese ingene ubuntu* bwawe ari bwinshi+!
Ivyiza ubikiye abagutinya ni vyinshi+,
kandi warerekanye imbere y’abantu bose ko ugirira neza abaguhungirako+.
ubarinde abantu bafise imigambi mibi.
Uzobahisha mw’ihema ryawe,
21 Yehova nashemezwe,
kuko yanyeretse urukundo* rwiwe mu buryo butangaje+ mu gisagara cugarijwe n’abansi+.
22 Igihe nari nataye umutwe, navuze nti:
«Ngira mpfire mu maso yawe+.»
Ariko warumvise amaborogo yanje igihe nagutabaza+.