Mariko
10 Yezu ava ng’aho aja ku rubibe* rwa Yudaya, hakurya ya Yorodani. Amasinzi y’abantu yongera gukoranira aho ari, aca asubira kubigisha nk’uko yari amenyereye kubigira+. 2 Abafarizayo rero baramwegera bashaka kumutega, bamubaza ko vyoba vyemewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe+. 3 Aca ababaza ati: «Musa yabategetse iki?» 4 Baca bamubwira bati: «Musa yategetse ko umuntu amwandikira urupapuro* rwo kwahukana, maze akamwirukana+.» 5 Yezu abishura ati: «Musa yabahaye iryo tegeko kubera mufise imitima ikomantaye+. 6 Ariko kuva mu ntango y’irema “yabaremye ari umugabo n’umugore+. 7 Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina+, 8 kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+.” Ntibaba bakiri babiri rero, ahubwo baba ari umubiri umwe. 9 Ico Imana yafatanije* rero ntihaze hagire umuntu agitandukanya+.» 10 Basubiye mu nzu, abigishwa batangura kumubaza ibibazo kuri ico kintu. 11 Na we ababwira ati: «Uwo wese yirukana umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ kandi aba amuhemukiye. 12 N’umugore ataye umugabo wiwe akarongorwa n’uwundi mugabo, aba arenze ibigo+.»
13 Abantu batangura kumuzanira abana batoyi ngo abakoreko, ariko abigishwa biwe barabakankamira+. 14 Yezu abibonye biramushavuza, aca ababwira ati: «Nimureke abo bana baze aho ndi. Ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo+. 15 Ni ukuri ndabibabwiye, uwo wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo+.» 16 Aca aterura abo bana mu maboko yiwe, atangura kubahezagira abarambitseko ibiganza+.
17 Yezu asohotse ngo agende, umugabo umwe aca aza ariruka, apfukama imbere yiwe, amubaza ati: «Mwigisha mwiza, nokora iki kugira nze ndonke ubuzima budahera+?» 18 Yezu amwishura ati: «Kubera iki unyita mwiza? Nta n’umwe ari mwiza atari Imana+. 19 Urazi amabwirizwa: “Ntiwice+, nturenge ibigo+, ntiwibe+, ntiwagirize ibinyoma mugenzawe+, ntuzurume mugenzawe+, tera iteka so wawe na nyoko wawe+.”» 20 Uyo mugabo aca amubwira ati: «Mwigisha, ivyo vyose narabikurikije kuva nkiri muto.» 21 Yezu aramwitegereza, yumva aramukunze. Aca amubwira ati: «Ubuze ikintu kimwe: genda ugurishe ibintu ufise maze ufashe abakene, uzoheza ugire itunga mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire+.» 22 Ariko uwo mugabo aca arijirwa yumvise ivyo amwishuye. Aca agenda ababaye cane, kuko yari atunze ibintu vyinshi+.
23 Yezu aca areraguza, maze abwira abigishwa biwe ati: «Ese ingene bizogora abafise amahera kwinjira mu Bwami bw’Imana+!» 24 Mugabo abigishwa biwe batangazwa cane n’amajambo yiwe. Yezu aca ababwira ati: «Bane banje, biragoye kwinjira mu Bwami bw’Imana! 25 Biroroshe ko ingamiya ica mu zuru ry’urushinge kuruta ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana+.» 26 Noneho barushiriza gutangara, maze bamubwira* bati: «Ni nde none ashobora kurokoka+?» 27 Yezu arabihweza, aca ababwira ati: «Ku bantu ivyo ntibishoboka, ariko ku Mana si ko biri. Ku Mana vyose birashoboka+.» 28 Petero aca amubwira ati: «Raba twebwe twarahevye vyose turagukurikira+.» 29 Yezu amwishura ati: «Ni ukuri ndabikubwiye, nta muntu n’umwe yahevye inzu, benewabo, bashikiwe, nyina wiwe, se wiwe, abana canke amatongo ku bwanje no kubera inkuru nziza+, 30 atazoronka muri iki gihe ibiruta ivyo incuro 100: amazu, benewabo, bashikiwe, ba nyina, abana, amatongo, biri kumwe n’uruhamo+. Muri kazoza* na ho azoronka ubuzima budahera. 31 Ariko benshi mu ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere+.»
32 Yezu n’abigishwa biwe bari mu nzira baduga i Yeruzalemu, kandi Yezu yariko agendera imbere yabo. Abigishwa biwe baratangara cane, mugabo abariko barabakurikira batangura gutinya. Aca asubira gutora bamwe cumi na babiri arabihereranya, atangura kubabwira ibintu vyari bigiye kumushikira+ ati: 33 «Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azotabwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi. Bazomucira urwo gupfa, bamushire mu maboko y’abanyamahanga, 34 bazomutyekeza, bamucireko amate, bamushishagure maze bamwice. Ariko haciye imisi itatu azozuka+.»
35 Yakobo na Yohani, ari bo bahungu ba Zebedayo+, baca baramwegera, bamubwira bati: «Mwigisha, dushaka ko udukorera ikintu tugira tugusabe+.» 36 Yezu ababaza ati: «Mushaka ko ndabakorera iki?» 37 Bamwishura bati: «Twemerere kuzokwicarana nawe mu buninahazwa bwawe+, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe.» 38 Mugabo Yezu ababwira ati: «Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe ndiko ndanyweramwo, canke kubatizwa ibatisimu ndiko ndabatizwa+?» 39 Bamwishura bati: «Twobishobora.» Na we ababwira ati: «Igikombe ndiko ndanyweramwo muzokinywako, kandi n’ibatisimu ndiko ndabatizwa muzoyibatizwa+. 40 Mugabo ivyo kwicara iburyo bwanje canke ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange. Ni ivy’ababiteguriwe.»
41 Abandi cumi basigaye bavyumvise, baca bashavurira Yakobo na Yohani+. 42 Ariko Yezu arabahamagara, ababwira ati: «Murazi ko ababoneka* ko batwara amahanga bayatwaza umukazo, be n’uko abakomakomeye bayereka ko bayafiseko ububasha+. 43 Si ko bikwiye kumera muri mwebwe. Ahubwo uwushaka kuba umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+, 44 kandi uwushaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wa bose. 45 Kuko n’Umwana w’umuntu ataje kugira akorerwe, ahubwo yaje kugira akorere abandi+ no gutanga ubuzima bwiwe kugira acungure benshi+.»
46 Hanyuma bashika i Yeriko. Mugabo igihe Yezu n’abigishwa biwe bariko bava i Yeriko bari kumwe n’isinzi ry’abantu benshi, hari umugabo w’impumyi asegerereza yitwa Barutimayo (mwene Timayo) yari yicaye iruhande y’inzira+. 47 Yumvise ko ari Yezu Umunyanazareti ariko ararengana, atangura gusemerera ati: «Yezu Mwana wa Dawidi+, ngirira imbabazi+!» 48 Benshi batangura kumukarira bamubwira ngo ahore. Ariko arushirizaho gusemerera ati: «Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!» 49 Yezu aca arahagarara, avuga ati: «Muhamagare.» Baca barahamagara uwo mugabo w’impumyi, bamubwira bati: «Humura! Haguruka araguhamagaye.» 50 Aca ata impuzu yiwe yo hejuru, arahaguruka ningoga, aja aho Yezu ari. 51 Yezu amubwira ati: «Ushaka ndakugirire iki?» Uwo mugabo w’impumyi amwishura ati: «Rabuni*, nimpumuke.» 52 Yezu aca amubwira ati: «Niwigire, ukwizera kwawe kuragukijije+.» Ubwo nyene aca arahumuka+, atangura kumukurikira.