Abakorinto ba mbere
5 Mu vy’ukuri muri mwebwe haravugwa ubusambanyi*+ butanavugwa mu mahanga, kubona hari umuntu yatwaye* mukase+. 2 Aho rero muravyishimiye? Nagira mwari mukwiye kubabara cane+, mugakura muri mwebwe uwakoze ico kintu+? 3 Naho tutari kumwe imbonankubone, mu mpwemu turi kumwe, kandi ndamaze gucira urubanza uwakoze ivyo nk’aho noba ndi hiyo vy’ukuri. 4 Ko muzi yuko turi kumwe mu mpwemu kandi nkaba mfise ububasha nahawe n’Umukama Yezu, nimwakoranira hamwe mw’izina ry’Umukama wacu Yezu, 5 muze muhe Shetani+ uwo muntu kugira umubiri utikizwe, maze impwemu izokizwe ku musi w’Umukama+.
6 Ukwirata kwanyu si kwiza. Ntimuzi yuko akambiro gakeyi kambira* igikandu cose+? 7 Nimukureho umwambiro ushaje kugira mube igikandu gishasha, kubera ko musanzwe mutarimwo umwambiro. Kuko vy’ukuri, Kristu we mwagazi w’intama wacu wa Pasika+ yatanzwe nk’ikimazi+. 8 Nuko rero duhimbaze uwo musi mukuru*+, tudakoresheje umwambiro ushaje canke umwambiro w’ububi n’ububisha, ahubwo dukoresheje imikate itambiye, itarimwo uburyarya kandi y’ukuri.
9 Mw’ikete nabandikiye, nabasavye kureka kwifatanya n’abasambanyi*. 10 Sinashaka kuvuga kutifatanya na gato n’abasambanyi* bo muri iyi si+ canke abanyamunoho canke abambuzi canke abasenga ibigirwamana. Ahandiho mwotegerezwa kuva mw’isi+. 11 Ariko ubu ndabandikiye ngo mureke kwifatanya+ n’uwo wese yitwa umuvukanyi mugabo akaba ari umusambanyi* canke umunyamunoho+ canke uwusenga ibigirwamana canke uwutukana canke imborerwa+ canke umwambuzi+. No gusangira ntimugasangire. 12 Kubera iki nocira urubanza abo hanze y’ishengero? Mbega si mwebwe mucira urubanza ab’indani, 13 Imana na yo ikarucira abo hanze+? «Nimukure uwo mubisha muri mwebwe+.»