Yobu 14:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Iyaba wompishije mu kuzimu+,Ukangumiza mu mpisho gushika ishavu ryawe rihwamye,Ukanshingira igihe+ ugaheza ukanyibuka+! Zaburi 30:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ewe Yehova, warandugije unkura mu kuzimu+;Wangumije ndi muzima, kugira ngo simanuke mu cobo+. Zaburi 49:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Ariko Imana ubwayo izoncungura mu vyara vy’ukuzimu+,Kuko izonyakīra. Sela. Zaburi 86:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari bwinshi kuri jewe+,Kandi warokoye ubuzima bwanje ubukura mu kuzimu, mu kibanza caho c’epfo rwose+. Yohani 11:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Marita amubwira ati: “Ndazi ko azozuka mw’izuka+ ku musi wa nyuma.” 1 Abakorinto 15:55 Bibiliya y’isi nshasha 55 “Rupfu we, intsinzi yawe iri he? Rupfu we, uruboyi rwawe ruri he+?”
13 Iyaba wompishije mu kuzimu+,Ukangumiza mu mpisho gushika ishavu ryawe rihwamye,Ukanshingira igihe+ ugaheza ukanyibuka+!
13 Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari bwinshi kuri jewe+,Kandi warokoye ubuzima bwanje ubukura mu kuzimu, mu kibanza caho c’epfo rwose+.