23 Nzokabadika ku musozi w’ahakirurutse wa Isirayeli+, kandi ntikazobura gushamika amashami, kame ivyamwa+, gacike isederi ry’agakomeye+. Kandi munsi yaryo ni ho vy’ukuri inyoni zose z’amababa y’ubwoko bwose zizokwibera; zizokwibera mu gitutu c’amababi yaryo+.