4 Kandi abo mu ngabo zo mu majuru bose bazotegerezwa kubora+. Amajuru azotegerezwa kuzingazingwa+, nka kurya kw’umuzingo w’igitabu; kandi ingabo zabo zose zizokabirana, nka kurya amababi akabirana agakoroka ava ku muzabibu, nka kurya insukoni ikabiranye ikoroka iva ku giti c’umusukoni+.