-
1 Ngoma 5:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
5 Aba ni bo bahungu ba Rubeni+ imfura ya Isirayeli. Rubeni yari imfura ariko uburenganzira bw’imfura bwahawe abahungu ba Yozefu+ mwene Isirayeli kubera ko yahumanije uburiri bwa se+. Ni co gituma mu rutonde rw’imiryango bakomokamwo atanditswe nk’imfura. 2 Naho Yuda+ yari mukuru muri benewabo kandi akaba ari we yakomotseko indongozi+, uburenganzira bw’imfura bwahawe Yozefu.
-