ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 15:1-5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Ewe Yehova, ni nde yoba umushitsi mw’ihema ryawe?

      Ni nde yoba ku musozi wawe mweranda+?

       2 Ni umuntu w’intungane*+,

      akora ibigororotse+

      kandi avuga ukuri mu mutima wiwe+.

       3 Ntakoresha ururimi rwiwe mu kubeshera abandi+,

      nta kibi na kimwe akorera mugenziwe+

      kandi ntasiga iceyi* abagenzi biwe+.

       4 Ntiyerekwa umuntu wese afise inyifato igayitse+,

      ariko atera iteka abatinya Yehova.

      Ntareka gushitsa ivyo yasezeranye* naho vyomugirira nabi+.

       5 Ntasaba inyungu ku ngurane atanze+,

      kandi ntarya igiturire co gucinyiza intungane+.

      Umuntu nk’uwo ntazokwigera anyiganyizwa*+.

  • Zaburi 27:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  4 Nasavye Yehova ikintu kimwe,

      kandi ni co nzoguma ndondera:

      Ni uko nokwibera mu nzu ya Yehova ubuzima bwanje bwose+,

      kugira nitegereze ubwiza bwa Yehova

      no kugira ntangarire* urusengero rwiwe*+.

  • Zaburi 84:1-4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 84 Ewe Yehova Nyeningabo,

      ese ukuntu ihema ryawe rihambaye ari ryiza cane*+!

       2 Ndashashaye cane,

      emwe ndipfuza cane

      ibigo vya Yehova+.

      Umutima wanje n’umubiri wanje birashemeza Imana nzima.

       3 Mbere n’inyoni iraronka aho yibera mu nzu yawe,

      n’intamba ikaronka aho yubaka icari cayo,

      aho yitwararikira utwana twayo,

      iruhande y’igicaniro cawe gihambaye, ewe Yehova Nyeningabo,

      Mwami wanje ukaba n’Imana yanje!

       4 Hahiriwe abantu bibera mu nzu yawe+!

      Baguma bagushemeza ubudahengeshanya+. (Sela*)

  • Zaburi 84:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Nkako, kumara umusi umwe mu bigo vyawe biruta kumara imisi igihumbi ahandi+.

      Nopfuma mpagarara ku bwinjiriro bw’inzu y’Imana yanje

      hako mba mu mahema y’ababisha.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika