ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Ngoma 16:8-13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 «Nimukengurukire Yehova+, mwambaze izina ryiwe.

      Nimumenyeshe ibikorwa vyiwe mu mahanga+.

      9 Nimumuririmbire, mumuririmbire amashemezo*+.

      Nimuzirikane* ibikorwa vyiwe vyose bitangaje+.

      10 Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+.

      Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+.

      11 Nimurondere Yehova+ n’inkomezi ziwe.

      Nimugume murondera gushimwa na we*+.

      12 Nimwibuke ibikorwa bitangaje yakoze+,

      mwibuke ibitangaro yakoze n’imanza yaciye,

      13 yemwe ruvyaro* rw’umusavyi wiwe Isirayeli+,

      yemwe bahungu ba Yakobo, abo yitoreye+.

  • Zaburi 96:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  3 Nimumenyekanishe ubuninahazwa bwiwe mu mahanga,

      mumenyekanishe ibikorwa vyiwe bitangaje mu makungu yose+.

  • Zaburi 145:11, 12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Bazotangaza ubuninahazwa bw’ubwami bwawe+,

      kandi bavuge ibijanye n’ububasha bwawe+,

      ל [Lamedi]

      12 kugira bamenyeshe abantu ibikorwa vyawe vy’ububasha+

      hamwe n’ubwiza buhebuje bw’ubwami bwawe+.

  • Yesaya 12:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  4 Kuri uwo musi muzovuga muti:

      «Nimukengurukire Yehova, mwambaze izina ryiwe.

      Nimumenyeshe ibikorwa vyiwe mu mahanga+.

      Nimutangaze yuko izina ryiwe riri hejuru+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika