Zaburi 122:6 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Nimusabire amahoro Yeruzalemu+. Ese abagukunda bokwiberaho mu mutekano! Yesaya 33:20 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 20 Itegereze Siyoni, ca gisagara tugiriramwo imisi mikuru+! Amaso yawe azokwibonera Yeruzalemu nk’ahantu ho kuba hatagira inkomanzi,ihema ritazokwimurwa+. Imambo* zaryo ntizizokwigera zirandurwa,kandi nta n’umwe mu migozi yaryo uzocibwa.
20 Itegereze Siyoni, ca gisagara tugiriramwo imisi mikuru+! Amaso yawe azokwibonera Yeruzalemu nk’ahantu ho kuba hatagira inkomanzi,ihema ritazokwimurwa+. Imambo* zaryo ntizizokwigera zirandurwa,kandi nta n’umwe mu migozi yaryo uzocibwa.