ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 33:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  3 Nimumuririmbire indirimbo nshasha+,

      mumucurarangire neza mwiha akaruru k’umunezero.

  • Zaburi 40:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  3 Araheza anyigisha indirimbo nshasha+,

      indirimbo yo guhayagiza Imana yacu.

      Benshi bazotangarira ivyo Imana yakoze

      maze bizigire Yehova.

  • Zaburi 96:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 96 Nimuririmbire Yehova indirimbo nshasha+.

      Nimuririmbire Yehova, yemwe abo kw’isi mwese+!

  • Yesaya 42:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Nimuririmbire Yehova indirimbo nshasha+,

      mumuririmbire ishemezo kuva ku mpera z’isi+,

      mwebwe abagendera ku kiyaga n’ibikibamwo vyose,

      mwebwe mazinga n’abayabamwo+.

  • Ivyahishuwe 5:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Maze baririmba indirimbo nshasha+ bati: «Urabereye gutora uwo muzingo no kumatura udushashara twawo, kuko wishwe kandi ukagurira abantu Imana ukoresheje amaraso yawe+. Wabaguze ubakuye mu miryango yose, indimi zose, amoko yose n’amahanga yose+

  • Ivyahishuwe 14:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Bariko baririmba ururirimbo womengo ni rushasha+, bari imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya vya binyabuzima bine+ na ba bakurambere+. Nta n’umwe yashoboye kumenya neza urwo ruririmbo, kiretse vya 144.000+ baguzwe bakuwe mw’isi.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika