ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 17:45, 46
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 45 Dawidi na we yishura uwo Mufilisitiya ati: «Uje kundwanya witwaje inkota n’amacumu+, mugabo jewe nje kukurwanya nserukiye Yehova* Nyeningabo+, Imana y’Abisirayeli batonze urugamba, Imana wasomborokeje*+. 46 Uyu musi nyene Yehova arakumpa+ ndakwice, nce ndaguca umutwe. Kandi uyu musi imivyimba y’abasoda b’Abafilisitiya ndayiha inyoni n’ibikoko vyo mw’ishamba. Ababa kw’isi yose baraza kumenya yuko hariho Imana muri Isirayeli+.

  • 2 Samweli 21:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Hongera kwaduka intambara hagati y’Abafilisitiya n’Abisirayeli+. Nuko Dawidi n’ingabo ziwe baja kurwana na bo, mugabo Dawidi araruha.

  • 2 Samweli 21:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Abishayi+ mwene Zeruwiya aca aza kumutabara+, yica nya Mufilisitiya. Ingabo za Dawidi zica ziramurahira ziti: «Ntuzokwongera kujana natwe ku rugamba+, kugira ntuhave uzimya itara rya Isirayeli*+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika