34 ‘Nzorwanira iki gisagara+ ndagikize.
Nzobigira ku bwanje+ no ku bw’umusavyi wanje Dawidi+.’”»
35 Kuri uwo musi nyene mw’ijoro, umumarayika wa Yehova araza, yica ingabo 185.000 mw’ikambi y’Abashuri+. Abantu bavyutse kare mu gitondo basanga ingabo zose ni imivyimba gusa+.