ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 22:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Mikaya yongera kuvuga ati: «Niwumve rero ubutumwa buvuye kuri Yehova. Nabonye Yehova yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami+, ingabo zose zo mw’ijuru zihagaze hafi yiwe, iburyo n’ibubamfu+.

  • Yesaya 6:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Mu mwaka umwami Uziya yapfa+, nabonye Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami iri hejuru cane+, kandi igice c’epfo c’ikanzu yiwe cari cuzuye urusengero.

  • Ezekiyeli 1:26, 27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Hejuru y’ico kirere cari hejuru y’imitwe yavyo hari ikintu gisa n’ibuye rya safiro+, kimeze nk’intebe y’ubwami+. Hejuru, kuri iyo ntebe y’ubwami hari hicaye uwufise ishusho nk’iy’umuntu+. 27 Guhera ahokwitwa ko ari mu kiyunguyungu ciwe kuduga, mbona ikintu gikayangana nk’uruvange rw’inzahabu n’ifeza+, cari kimeze nk’umuriro uca ibibatsi. Guhera mu kiyunguyungu ciwe kumanuka, mbona ikintu gisa n’umuriro+. Irya n’ino yiwe hose harakaka

  • Daniyeli 7:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Mbandanya kwitegereza, maze mbona bazanye intebe z’ubwami, hanyuma Umwe wa kera cane+ aricara+. Impuzu ziwe zarera nk’urubura*+, kandi umushatsi wo ku mutwe wiwe warera cane nk’ubwoya bw’intama. Intebe yiwe yari imbeya z’umuriro, kandi amapine yayo yari umuriro ururumba+.

  • Ivyakozwe 7:55
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 55 Mugabo we, yuzuye impwemu nyeranda, ahanga amaso mw’ijuru maze abona ubuninahazwa bw’Imana na Yezu ahagaze iburyo bw’Imana+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika