-
Ezekiyeli 1:5-10Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
5 Muri uwo muriro hari ibisa n’ibinyabuzima bine+, kandi kimwe cose muri vyo cari gifise ishusho nk’iy’umuntu. 6 Kimwe cose cari gifise mu maso hane n’amababa ane+. 7 Ibirenge vyavyo vyari bigororotse, bimeze nk’ibinono vy’inyana. Kandi vyarakayangana nk’umujumpu usenye uca ibibatsi+. 8 Ku mpande zavyo zose uko ari zine vyari bifise amaboko nk’ay’umuntu munsi y’amababa yavyo. Uko ari bine vyari bifise mu maso havyo bikagira n’amababa. 9 Amababa yavyo yarakoranako. Bigiye ntivyakata. Kimwe cose muri vyo cagenda gitumbereye imbere+.
10 Uku ni ko mu maso havyo hasa: kimwe cose muri ivyo binyabuzima bine cari gifise mu maso nk’ah’umuntu, iburyo kikagira mu maso nk’ah’intambwe+, ibubamfu kikagira mu maso nk’ah’impfizi+, kandi kimwe cose muri vyo uko ari bine cari gifise mu maso nk’ah’inkona+.
-