10 Nca ndapfukama imbere y’ibirenge vyiwe kugira ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: «Uragaba! Ntukore ivyo+! Ndi umushumba mugenzawe gusa n’umushumba mugenzi wa benewanyu bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu+. Nusenge Imana+! Kuko ubuhanuzi bufise intumbero yo gushingira intahe Yezu+.»