Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 1 Abakorinto: ibirimwo 1 ABAKORINTO IBIRIMWO MURI MAKE 1 Indamutso (1-3) Pawulo akengurukira Imana kubera Abakorinto (4-9) Pawulo abahimiriza kwunga ubumwe (10-17) Kristu ni ububasha bw’Imana n’ubukerebutsi bwayo (18-25) Twiratire Yehova gusa (26-31) 2 Ingene Pawulo yamamaje i Korinto (1-5) Ubukerebutsi bw’Imana buraruta ubundi bwose (6-10) Umuntu w’umubiri n’umuntu w’impwemu (11-16) 3 Abakorinto baracari ab’umubiri (1-4) Imana ni yo ikuza (5-9) Abakozi bakorana n’Imana (9) Mwubakishe ibikoresho birinda umuriro (10-15) Muri urusengero rw’Imana (16, 17) Ubukerebutsi bw’isi ni ubupfu ku Mana (18-23) 4 Abafise ivyo bajejwe bakwiye kuba abizigirwa (1-5) Ukwicisha bugufi kw’abakirisu (6-13) «Ntimurenge ku bintu vyanditswe» (6) Abakirisu ni nk’igikino co kurorera (9) Pawulo aritwararika abana biwe bo mu vy’impwemu (14-21) 5 Umuntu yakoze ubusambanyi (1-5) Akambiro gakeyi kambira igikandu cose (6-8) Gukura umubisha mw’ishengero (9-13) 6 Imburano hagati y’abavukanyi (1-8) Abatazotorana Ubwami (9-11) Nimuninahaze Imana mu mubiri wanyu (12-20) «Nimuhunge ubusambanyi» (18) 7 Impanuro ku batubatse n’abubatse (1-16) Nimugume uko mwari igihe mwahamagarwa (17-24) Abatubatse n’abapfakazi (25-40) Ivyiza vyo kutubaka (32-35) Mwubakane «gusa n’umwigishwa w’Umukama» (39) 8 Ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana (1-13) Kuri twebwe hari Imana imwe gusa (5, 6) 9 Akarorero Pawulo yatanze nk’intumwa (1-27) «Ntimuze muzibire umunwa w’impfizi» (9) «Noba ngowe ntamenyesheje inkuru nziza!» (16) Nacitse vyose ku bantu b’uburyo bwose (19-23) Kwigumya mw’isiganwa ry’ubuzima (24-27) 10 Ivyashikiye Abisirayeli ni akarorero katuburira (1-13) Mwirinde gusenga ibigirwamana (14-22) Imeza ya Yehova, imeza y’amadayimoni (21) Umwidegemvyo wacu no kwiyumvira abandi (23-33) «Mukore vyose kugira Imana ininahazwe» (31) 11 «Munyigane» (1) Ubukuru no kwitwikira umutwe (2-16) Guhimbaza imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba (17-34) 12 Ingabirano z’impwemu (1-11) Umubiri umwe, ibihimba vyinshi (12-31) 13 Urukundo ni inzira y’agahebuza (1-13) 14 Ingabirano zo kuvuga ubuhanuzi n’izindi ndimi (1-25) Amakoraniro akwiye kuba ku rutonde (26-40) Ikibanza abagore bafise mw’ishengero (34, 35) 15 Izuka rya Kristu (1-11) Izuka ni ryo shimikiro ry’ukwizera (12-19) Izuka rya Kristu ni icemeza c’uko hari izuka (20-34) Umubiri w’inyama, umubiri w’impwemu (35-49) Ukudapfa n’ukutabora (50-57) Mukore vyinshi mu gikorwa c’Umukama (58) 16 Kwegeranya intererano zizohabwa ab’i Yeruzalemu (1-4) Ingendo Pawulo yipfuza kugira (5-9) Urugendo rwa Timoteyo n’urwa Apolo (10-12) Impanuro n’indamutso (13-24)