Intangamarara
IYI nteguro ya Bibiliya y’isi nshasha irongereza cane ubumenyi butagira amakosa bwo muri Bibiliya biciye ku bintu bitari bike biyiranga. Ubuhinga bwa none bwo kuri orodinateri bwarafashije cane mu vyo gutegura ivyo bintu biyiranga.
IBIRANGA IYI NTEGURO NSHASHA
INGENE IGISOMWA KIGABUWE: Ibigabane n’imirongo bigabuwe nk’uko biri muri Bibiliya y’isi nshasha y’icongereza, gutyo bikorohereza porogarama yo kwigisha y’Ivyabona vya Yehova igirwa kw’isi yose. Aho kugira ngo umurongo umwumwe wose wirebange, imirongo yagiye irashirwa hamwe mu ngingo zitandukanye kugira ngo iciyumviro gikwiye giseruke neza. Vyongeye, ibihimba vy’Ivyanditswe birimwo ukuryosha imvugo, nka Zaburi, bitunganijwe kurya kw’ibisomwa ndyoshamvugo. Ibihimba bitunganijwe hisunzwe ukuntu indome zikurikirana na vyo nyene birerekanwa.—Raba Zaburi ya 119.
UDUTWE TW’IGISOMWA: Utwo dutwe udusanga hejuru ku mpapuro nyinshi z’igisomwa c’iyi Bibiliya. Turatanga amakuru afasha gutora ningoga inkuru zo muri Bibiliya.
INKORANYAMAJAMBO: Amaja mu mpera z’iyi Bibiliya hari inkoranyamajambo yitwa “Ironderero ry’amajambo yakoreshejwe muri iyi Bibiliya.” Usanga hatondetse amajambo yarobanuwe be n’ivyanditswe abonekamwo, akenshi hagashirwamwo n’agace gato k’igisomwa kerekana ibivugwa aho nya jambo riboneka.
INYONGERA: Ibiganiro vy’Inyongera birashobora gukoreshwa mu gusigura inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya be n’ibintu bijanye na zo. Amaja mu mpera z’ivyo biganiro vy’Inyongera hari intonde zerekana ivy’amahera n’ingero zitandukanye, amezi y’ikirangamisi ca Bibiliya, amakuru ndondabihugu be n’amakarata vy’ibibanza bivugwa muri Bibiliya. Kugira ngo umusomyi bimworohere kubona muri rusangi ibivugwa mu gihimba kirimwo ivyo biganiro vy’Inyongera no gutora bitamugoye aho ziri, harashizwemwo urutonde rwavyo mu ntango z’ico gihimba. Ivyo biganiro vy’Inyongera bizofasha benshi gutohoza bimwe binogangije Ivyanditswe Vyeranda no kurushiriza kuba abashoboye kuburanira ukuri kwo mu Vyanditswe.—1 Petero 3:15.
AMARABIRO YO MU NKINGI: Muri iyi Bibiliya harimwo amarabiro yo mu nkingi arenga 125.000. Ivyanditswe biboneka muri ayo marabiro birerekana ko hafi ikintu cose kivugwa muri Bibiliya gifise n’imiburiburi ikindi kintu kimwe kigishigikira. Ugereranije uvyitondeye ayo marabiro yo mu nkingi ukongera ugasuzuma utujambo tw’epfo bijanye, uribonera ukuntu ibitabu 66 vya Bibiliya bihuza cane, ivyo bikaba vyemeza ko bigize igitabu kimwe, cahumetswe n’Imana.
Inkingi iri hagati na hagati ni yo irimwo ayo marabiro; muri iyo nkingi hakoreshwa impfunyapfunyo z’ibitabu vya Bibiliya. Utudome dutoduto two ku mpera z’ijambo mu gisomwa, twerekeza umusomyi ku vyanditswe bihuye na two biri mu marabiro yo mu nkingi. Aho bidakunda ko ivyanditswe vyose vyatanzwe bikwira mu nkingi y’amarabiro, bica rero bija munsi y’inkingi y’iburyo y’urupapuro. Iyo hatanguye ikigabane gishasha, mu rutonde rw’ayo marabiro haca havyerekana.
Ivyanditswe vy’ayo marabiro biratanga amakuru atandukanye: Uri ivyiyumviro be n’inkuru bivuga ibintu bisa, uri amakuru avuga ibijanye n’umuntu, uri amakuru y’indondabihugu, uri ivyanditswe vyerekana ukuntu ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse nk’uko bivugwa muri Bibiliya ubwayo, uri amajambo, imvugo, be n’imirongo yose uko yakabaye vyasubiwemwo bikuwe mu bindi bice vya Bibiliya, uri ivyitegererezo vyo mw’isezerano rishingiye kuri rya Tegeko n’ingene vyarangutse nk’uko bivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. Ivyo vyose biratuma umuntu yironkera ubumenyi bw’agaciro bwo muri Bibiliya butagira uko bungana.
UTUJAMBO TW’EPFO: Utujambo tw’epfo tutari duke twerekeye amajambo ahambaye mu vy’inyigisho, nk’akarorero “incungu,” “ukuzimu” na “Gehena,” turafasha umusomyi gutegera ukuntu ayo majambo akoreshwa muri Bibiliya; rimwe na rimwe turerekana ingene imvugo ihindurwa ijambo ku rindi canke ubundi buryo amajambo afise insobanuro zagutse yo mu ndimi Bibiliya yanditswemwo ashobora guhindurwa; turatomora ibintu biba biriko biravugwa be n’amajambo bigoye gutahura, amajambo ahinyanyuye be n’imvugo ncakagani vyo mu ndimi Bibiliya yanditswemwo; turatanga amakuru yerekeye amazina y’abantu be n’ay’ibibanza; ahantu hamwehamwe, aho vyari bikenewe kugira ngo igisomwa gitahurike, amahera n’ingero zitandukanye vyarashizwe mu ngero za none; utujambo tw’epfo turerekeza kandi umusomyi ku makuru y’ido n’ido yo mu gihimba c’Inyongera, n’ibindi n’ibindi.
Akajambo k’epfo kerekanwa na kamwe mu tumenyetso dushirwa inyuma y’ijambo canke y’imvugo mu gisomwa. Akajambo k’epfo kaba kari munsi y’inkingi y’igisomwa ca Bibiliya; gatangurirwa n’icanditswe kabonekamwo kiri mu ndome zizize gikurikirwa n’akamenyetso gasa na karya nyene kaba kari kw’ijambo ryo mu gisomwa. Iyo umurongo umwe urimwo utujambo tw’epfo twinshi haca hakoreshwa utumenyetso dutandukanye ari two tw’utu: *, #, *, *, *, *.
IMPFUNYAPFUNYO: Izi mpfunyapfunyo ni iziza ziyongera ku mpfunyapfunyo z’amazina y’ibitabu vya Bibiliya.
B.G.C. - imbere y’igihe cacu
nk. - nko
G.C. - mu gihe cacu
ikig. - ikigabane
rup. - urupapuro
In. - Akajambo k’intangamarara
(Zikoreshwa mu rudende no mu bwinshi)
cm - santimetero
g - igarama (amagarama)
kg - ikilo (ibilo)
km - ikilometero (ibilometero)
l - ilitiro (amalitiro)
m - imetero
INSOZERO
Amarabiro yo mu nkingi be n’amakuru y’ido n’ido vy’agaciro bitagira uko bingana dusanga muri iyi nteguro yo mu 2010 ya Bibiliya y’isi nshasha, birafasha umuntu kubona ingene ibitabu 66 vya Bibiliya bifitaniye isano, bikaba bigize ikintu kimwe cahumetswe n’Imana, ryo shimikiro rya rwa “rurimi rutyoroye” rw’ukuri. (Zefaniya 3:9) Biciye kuri ico cigwa citondewe, “abajugumizwa” vy’ukuri n’Ijambo Ryeranda rya Yehova barashobora kubona Bibiliya mu bundi buryo, bakayitahura mu buryo bushasha. (Yesaya 66:2, 5) Twipfuza yuko biciye ku gukoresha bimwe bishitse ibintu bitari bike biranga iyi Bibiliya, umusomyi umwumwe wese yoronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri akongera akarushiriza gutahura yuko “ijambo ry’Imana ari rizima kandi rigira ububasha.” (Abaheburayo 4:12) Mu vy’ukuri, hahiriwe ababandanya gufungurira ku meza ya Yehova yo mu buryo bw’impwemu, bakihereza ibifungurwa binoboye biciye kw’Ijambo ryiwe rizima, ari ryo Bibiliya.—Matayo 5:3.