ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/11 rup. 15-18
  • Igitabu wokwizigira—Igice ca 1

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igitabu wokwizigira—Igice ca 1
  • Be maso!—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inkuru ya kahise yo kwizigirwa
  • Ubuhanuzi bwo kwizigirwa
  • Icizigiro ushobora kwizigira
  • Bibiliya—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri—Igice ca 1
    Be maso!—2012
  • Ikintu kidashingiye kuri Bibiliya kivuga ivy’igisata c’abantu citwa Isirayeli
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Be maso!—2011
g 1/11 rup. 15-18

Igitabu wokwizigira​—Igice ca 1

Misiri mu nkuru ya kahise ivugwa muri Bibiliya

Bibiliya yanditswe mu kiringo c’imyaka nka 1.600. Inkuru ya kahise be n’ubuhanuzi bivugwa muri yo birafitaniye isano n’inganji nganzasi indwi ari zo Misiri, Ashuri, Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi, Ubugiriki, Uburoma, be Ubwongereza bufatanije na Amerika. Imwe yose muri izo nganji nganzasi izokwihwezwa mu biganiro indwi bizokurikirana. None intumbero y’ivyo biganiro ni iyihe? Ni iyo kwerekana yuko Bibiliya ari iyo kwizigirwa, ko yahumetswe n’Imana be n’uko ubutumwa buri muri yo butuma umuntu yizigira ko imibabaro iterwa n’ubutegetsi bw’abantu bubi izokurwaho.

MISIRI, ino ikaba izwi cane kubera za nyubakwa amahero zaho zitwa amapiramide be na rwa Ruzi Nili, ni yo yabaye inganji nganzasi ya mbere ivugwa mu nkuru ya kahise dusanga muri Bibiliya. Ihanga rya Isirayeli ryavutse rikingiwe ku rugero runaka n’iyo nganji nganzasi. Musa, uwanditse vya bitabu bitanu vya mbere vyo muri Bibiliya, yavukiye mu Misiri kandi ni ho yigishirijwe. None inkuru ya kahise itari iyo muri Bibiliya be n’ubucukuzi vyoba bishigikira ivyo Musa yanditse ku bijanye n’ico gihugu ca kera? Rimbura uburorero bumwebumwe.

Inkuru ya kahise yo kwizigirwa

Amazina y’icubahiro be n’imvugo.

Inkuru ya kahise itagiramwo amakosa akenshi igaragarira mu makuru y’ido n’ido yerekeye imico kama, amategeko agenga inyifato y’urupfasoni, amazina y’abatware be n’amazina y’icubahiro yabo, n’ibindi n’ibindi. Ni gute none ibivugwa mu bitabu vya mbere bibiri vya Bibiliya ari vyo Itanguriro na Kuvayo bitagiramwo amakosa muri uwo muce? Ku bijanye n’inkuru ivugwa mw’Itanguriro yigana ivyerekeye Yozefu, umuhungu w’umwe sekuruza w’imiryango Yakobo, no ku bijanye n’igitabu co muri Bibiliya citwa Kuvayo, uwitwa J. Garrow Duncan avuga mu gitabu ciwe (Nouvel éclairage sur les origines des Hébreux) ati: “[Uwo mwanditsi wa Bibiliya] yari azi neza ururimi rwo mu Misiri, imico kama yaho, ivyo bemera, ubuzima bwo ku kirimba caho, amategeko agenga inyifato y’urupfasoni be n’ibijanye n’abakozi ba Leta y’ico gihugu.” Yongerako ati: “[Uwo mwanditsi] arakoresha amazina y’icubahiro nk’arya nyene yakoreshwa mu gihe kiba kiriko kirerekezwako. . . . Nkako, nta kintu na kimwe kijijura cerekana ko abanditse Bibiliya bari bazi bimwe bigera kure ibintu vyo mu Misiri bivugwa mw’Isezerano rya kera, be n’uko ari abo kwizigirwa, kuruta ukuba barakoresheje ijambo Farawo mu biringo bitandukanye.” Duncan avuga kandi ati: “Igihe [uwo mwanditsi] aba ariko aravuga ibijanye n’abantu baba barengutse imbere ya Farawo, arerekana ko bakurikiza amategeko abereye agenga inyifato y’urupfasoni yo ku kirimba bakongera bagakoresha imvugo yaho ibereye.”

Ivyo kubumba amatafari.

Igihe Abisirayeli bari abashumba mu Misiri, barabumba amatafari mw’ibumba rivanze n’ibikumbi, bino bikaba vyatuma ayo matafari atamanyuka. (Kuvayo 1:14; 5:6-18)a Haraciye imyaka igitabu kimwe (Matériaux et industries de l’Égypte Antique) kivuze giti: “Ibihugu bikeyi ni vyo wasanga vyitwararika cane [ivyo kubumba amatafari] nko mu Misiri, hano amatafari yumishijwe n’izuba akaba akiri ibikoresho vyo kwubaka bikoreshwa cane.” Ico gitabu kiravuga kandi ibijanye n’“akamenyero Abanyamisiri bari bafise ko gukoresha ibikumbi mu kubumba amatafari,” ivyo bikaba bishigikira ibivugwa muri Bibiliya.

Ivyo kwimosha.

Abagabo b’Abaheburayo bo mu bihe vya kera baratereka ubwanwa. Ariko rero, Bibiliya itubwira yuko Yozefu yimosheje imbere y’uko arenguka imbere ya Farawo. (Itanguriro 41:14) Ni kubera iki yimosheje? Kwari ukugira ngo yisunge umugenzo be n’amategeko agenga inyifato y’urupfasoni vy’Abanyamisiri, bano bakaba babona yuko ubwanwa ari ikintu cerekana ko umuntu atagira isuku. Igitabu kimwe (La vie quotidienne dans l’Égypte antique) kivuga yuko “[Abanyamisiri] babona ko kuba umuntu yimosheje neza vyatuma aba uwubahitse.” Nkako, ibikoresho vyo kwigira neza bigizwe n’inzembe, utwuma batoza uducafu dutoduto, be n’ivyirore, biri kumwe n’ivyo babibikamwo, vyaratowe mu mva. Biragaragara yuko Musa yari umwanditsi w’inkuru za kahise yigana amakuru ido n’ido. Ukwo nyene ni ko bimeze no ku bandi banditsi ba Bibiliya banditse inkuru zerekeye Misiri ya kera.

Ivy’urudandaza.

Yeremiya, uwanditse ibitabu bibiri vy’Abami, yaratanze amakuru y’ido n’ido yerekeye urudandaza rw’amafarasi n’imikogote Umwami Salomo yagirana n’Abanyamisiri be n’Abaheti. Bibiliya ivuga yuko umukogote wagurwa “ibice amajana atandatu vy’ifeza, ifarasi na yo . . . ijana na mirongo itanu,” ni ukuvuga ica kane c’ayo umukogote wagurwa.—1 Abami 10:29.

Twisunze ibivugwa mu gitabu kimwe (Archéologie et religion israélite), umutohozakahise w’umugiriki yitwa Herodote be n’ivyatowe mu bucukuzi biremeza vyompi yuko mu gihe c’ingoma ya Salomo hagirwa urudandaza rukomeye rw’amafarasi n’imikogote. Mu bisanzwe, nk’uko ico gitabu kibivuga, “amafarasi . . . ane yakabwa umukogote umwe wo mu Misiri,” ivyo bikaba bishigikira ibitigiri bivugwa muri Bibiliya.

Ivy’intambara.

Yeremiya na Ezira baravuga kandi ivy’uko Farawo Shishaki yateye Ubuyuda, bakerekana neza ko ivyo vyabaye “mu mwaka ugira gatanu w’Umwami Rehobowamu [w’Ubuyuda],” ni ukuvuga mu 993 B.G.C. (1 Abami 14:25-28; 2 Ngoma 12:1-12) Bibiliya yaramaze igihe kirekire ari yo yonyene ivuga ivy’ico gitero gushika aho i Karnak (Tebesi ha kera) huburiwe igicapo cari gikorogoshoye ku ruhome rw’urusengero rwo mu Misiri.

Ico gicapo cerekana Shishaki ahagaze imbere y’ikimana Amoni, adugije ukuboko kugira ngo akubite abagizwe imbohe. Haranditseko kandi amazina y’ibisagara vyo muri Isirayeli vyigaruriwe, vyinshi muri vyo bikaba ari ibibanza bivugwa muri Bibiliya. Haravugwa kandi ‘Itongo rya Aburahamu,’ akaba ari ho hantu ha mbere na mbere mu nyandiko z’Abanyamisiri havuga ibijanye n’umwe sekuruza w’imiryango avugwa muri Bibiliya ari we Aburahamu.—Itanguriro 25:7-10.

Biragaragara yuko abanditsi ba Bibiliya batanditse inkuru zitabayeho. Kubera bari bazi yuko bari n’ico babazwa n’Imana, banditse ukuri, naho nyene kubigenza gutyo vyatuma batakaza icubahiro, nko kwandika ibijanye n’intsinzi Shishaki yatahukanye mu Buyuda. Mwene ukwo kuvugisha ukuri kuratandukanye rwose n’inkuru zirunze umunyu kandi zirenza urugero zanditswe n’abanditsi b’Abanyamisiri, bano bakaba baranka kwandika ikintu ico ari co cose cari gushobora gutuma abatware babo canke abantu baho batakaza icubahiro.

Ubuhanuzi bwo kwizigirwa

Yehova Imana we yandikishije Bibiliya ni we wenyene ashobora kuvuga ata kwihenda ibizoba muri kazoza. Nk’akarorero, raba ivyo yahumekeye Yeremiya ngo avuge imbere y’igihe ku bijanye n’ibisagara bibiri vyo mu Misiri, ari vyo Memfisi na Tebesi. Igisagara ca Memfisi, ari co Nofu, carigeze kuba ari ikibanza gihambaye cagirirwamwo ivy’urudandaza, ivya politike be n’ivy’ugusenga. Yamara, Imana yavuze iti: “Nofu izocika akajoreza kandi izoturirwa, ku buryo ata wuzohaba.” (Yeremiya 46:19) Kandi ukwo ni ko vyagenze. Igitabu kimwe (In the Steps of Moses the Lawgiver) kivuga yuko “Ibisigarira amahero vya Memfisi” vyasahuwe n’Abarabu bari bigaruriye ako karere, bano bakaba bahagize ahantu baza barakura amabuye. Congerako yuko muri iki gihe “muri ako karere kahozemwo ico gisagara ca kera ata buye na rimwe usanga riri kw’ivu ryaho ryirabura.”

Igisagara ca Tebesi, kera kikaba citwa No-amoni canke No, carashikiwe n’ibintu nk’ivyo, kiri kumwe n’ibimana vyaho. Ku bijanye n’ico gisagara cigeze kuba umurwa mukuru wa Misiri kikaba cari n’ikibanza nyamukuru casengerwamwo ikimana Amoni, Yehova yavuze ati: “Ehe ngira niteho ivya Amoni . . . n’ivya Farawo n’ivya Misiri n’imana zaho . . . Nzobatanga mu . . . kuboko kwa Nebukadirezari umwami wa Babiloni.” (Yeremiya 46:25, 26) Nk’uko vyari vyaravuzwe, uwo mwami wa Babiloni yarigaruriye Misiri be n’igisagara caho ca No-amoni cari gihambaye. Mu nyuma, aho umutegetsi w’Umuperesi Kambize wa kabiri agabiye ikindi gitero kuri ico gisagara mu 525 B.G.C., cagiye kirasubira inyuma gushika gisanganguwe buhere n’Abaroma. Ego cane, ubuhanuzi butagiramwo amakosa buratuma Bibiliya iba igitabu ata ho gisa gisana n’ibindi, ivyo bikaba bituma twizigira ivyo ivuga ku bijanye na kazoza.

Icizigiro ushobora kwizigira

Ubuhanuzi bwa mbere na mbere buvugwa muri Bibiliya bwanditswe na Musa igihe Misiri yari inganji nganzasi.b Ubwo buhanuzi, ubwo dusanga mw’⁠Itanguriro 3:15, buvuga yuko Imana yoshizeho “uruvyaro” rwofyonyoye Shetani n’“uruvyaro” rwiwe, ni ukuvuga abantu babaho bisunga inzira mbi za Shetani. (Yohani 8:44; 1 Yohani 3:8) Mesiya ari we Yezu Kristu ni we yabaye “uruvyaro” nyamukuru rw’Imana.—Luka 2:9-14.

Kristu azoganza isi yose, akaba azoyikurako ububisha bwose be n’intwaro z’abantu z’agahahazo. Umuntu ntazosubira ‘kuganza uwundi mu kumugirira nabi.’ (Umusiguzi 8:9) Vyongeye, nka kumwe kwa Yosuwa wa kera, uwayoboye Isirayeli akayishikana mu Gihugu c’isezerano, Yezu azoyobora ata nkomanzi “isinzi rinini” rigizwe n’abantu batinya Imana arishikane mu co twokwita Igihugu c’isezerano ciza kuruta, ni ukuvuga isi ihumanuwe izohinduka Iparadizo.—Ivyahishuwe 7:9, 10, 14, 17; Luka 23:43.

Ico cizigiro ciza igitangaza kiratwibutsa ubundi buhanuzi bwanditswe mu gihe ca Misiri ya kera. Ubwo buhanuzi, ubwo dusanga muri Yobu 33:24, 25, buvuga yuko Imana izokura abantu no mu “cobo,” ni ukuvuga mu mva, biciye kw’izuka. Egome, uretse abantu bazozigurizwa muri kwa gutikizwa kwimirije kw’ababisha, abandi bantu amamiliyoni n’amamiliyoni bapfuye bazozurwa bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi. (Ivyakozwe 24:15) Mu Vyahishuwe 21:3, 4 havuga hati: “Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, . . . Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”

Inkuru ya kahise be n’ubuhanuzi vyo kwizigirwa, ni co ciyumviro nyamukuru tuzobandanya kwihweza mu kiganiro gikurikira co muri uru rukurikirane rw’ibiganiro, kikazoba kivuga ibijanye n’inganji nganzasi yakurikiye Misiri ari yo Ashuri ya kera.

a Nimba udafise Bibiliya mugabo ukaba ushobora gukoresha Internet, urashobora gusoma Bibiliya mu ndimi zitandukanye uciye ku muhora witwa www.watchtower.org.

b Ubuhanuzi buri mw’⁠Itanguriro 3:15 bwavuzwe n’Imana mu murima wa Edeni, mu nyuma bwandikwa na Musa.

IKIBUYE CITIRIWE MÉRNEPTAH

Mu 1896, mu rusengero rwo mu Misiri rwagirirwamwo ibijanye n’amaziko, abacukuzi barasanzemwo iciswe ikibuye citiriwe Mérneptah. Ico kibuye cirabura kibaje neza kandi kimeze nk’inkingi canditseko ivyo Umwami wa Misiri Mérneptah yashitseko, bikaba vyiyumvirwa ko yatwaye mu mpera z’ikinjana ca 13 B.G.C. Kuri ico kibuye handitseko ururirimbo, amwe mu majambo yarwo akaba avuga ngo: “Isirayeli isigaye ari umusaka, uruvyaro rwayo ntirukiriho.” Aho ni ho hantu honyene hazwi havuga ibijanye na Isirayeli mu nyandiko zo mu Misiri ha kera, hakaba na ho hantu ha kera kuruta ahandi hose havuga ibijanye n’iryo hanga uretse aho rivugwa muri Bibiliya.

Ico kibuye catunganijwe mu kiringo ca Bibiliya c’Abacamanza, kino kikaba ari igihe kivugwa mu gitabu co muri Bibiliya citirirwa iryo zina ry’Abacamanza. Ariko rero, mu buryo butandukanye n’inkuru zerekeye abafarawo zivuga gusa ibintu vyiza bashitseko, igitabo c’Abacamanza coco kiravuga ibintu vyiza Isirayeli yakoze be n’ibintu bibi yakoze. Ku bijanye n’ibintu bibi yakoze, mu Bacamanza 2:11, 12 havuga hati: “Nuko bene Isirayeli batangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova no gukorera za Bayali [ni ukuvuga imana z’Abanyakanani]. Gutyo baheba Yehova . . . [uw]ari yarabakuye mu gihugu ca Misiri.” Bene ukwo kuvugisha ukuri kurigaragaza muri Bibiliya yose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika