Twisunze Bibiliya
Igituma ivyo uvuga bihambaye
Uwo mushikiranganji wa mbere arahejeje kuganira mu rupfasoni n’umutamakazi umwe, akaba kandi atazi yuko mikoro icuguruye. Aravuga ko uwo mutamakazi bahejeje kubonana ari umuntu yinubana agaca yidodomba avuga yuko abakozi bo mu biro vyiwe batari bakwiye kumureka ngo yinjire. Abanyagihugu benshi baravyumva bakababazwa cane n’ukwo kuntu avuze uwo mugore. Kubera ko ivyo bituma uwo mushikiranganji wa mbere agira izina ribi, aratakaza ikibanza ciwe mu matora aba haciye imisi umunani.
NTA muntu n’umwe ashobora gucungera neza ururimi rwiwe. (Yakobo 3:2) Naho ari ukwo, ico kintu cabaye duhejeje kubona kirerekana yuko ivyo tuvuga bihambaye. Ingene uvuga biragira ikintu kinini bikoze ku kuntu uzwi, ku gikorwa ukora, eka mbere no ku kuroranirwa canke ku kutaroranirwa mu bijanye n’imigenderanire ugiranira n’abandi.
Ariko none wari uzi ko ivyo uvuga bigira n’ibindi bikoze uretse ivyo? Bibiliya isigura yuko ivyo uvuga bihishura vy’ukuri ico uri. Yezu yavuze ati: “Ibibogaboga mu mutima [ni] vyo akanwa kavuga.” (Matayo 12:34) Kubera yuko ivyo uvuga bigaragaza inyiyumvo zawe be n’ivyiyumviro vyawe bigutandukanya n’abandi, birahambaye ko usuzuma witonze ukuntu usanzwe uvuga. Bibiliya yoba ishobora kugufasha? Rimbura ibikurikira.
Ingene woryohora ukuntu usanzwe uvuga
Imbere y’uko uvuga ikintu, ubanza kuciyumvira. Kugira ngo ivyo uvuga birushirize kuba vyiza, urakeneye gusuzuma no kuryohora ukuntu wiyumvira. Raba ukuntu gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana bishobora kugira ico bikoze ku vyo wiyumvira, ivyo na vyo bikaba bishobora kugira ico bikoze ku vyo uvuga.
Niwuzuze umutima wawe ibintu vyiza. Bibiliya iradondora mwene ivyo bintu vyiza mu kuvuga iti: “Ivy’ukuri vyose, ibihambaye vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivyo gukundwa vyose, ibivugwa neza vyose, nimba hari ingeso nziza zose be n’ikibereye gushimagizwa cose, bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira.”—Abafilipi 4:8.
Gukurikiza iyo mpanuro nziza bizogufasha kureka kwiyumvira ibintu bitabereye. Uribuka yuko ivyo ubona n’ivyo usoma bigira ikintu kinini bikoze ku vyiyumviro vyawe. Kugira ngo rero wirinde ivyiyumviro bibi kandi bihumanye, niwirinde ibintu bibi. Ivyo bisobanura ko ubwirizwa kwirinda ukwinezereza kurimwo ubukazi n’amajambo ateye isoni. (Zaburi 11:5; Abanyefeso 5:3, 4) Nugume riho wiyumvira ibintu bidahumanye kandi vyiza. Bibiliya irashobora kugufasha kubigira. Nk’akarorero, soma Imigani 4:20-27; Abanyefeso 4:20-32; na Yakobo 3:2-12. Raba ukuntu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako ziri muri ivyo vyanditswe bishobora gutuma urushiriza kuvuga ibintu vyiza.a
Niwiyumvire witonze imbere y’uko uvuga. Mu Migani 12:18 hagira hati: “Hari uwuvuga atiyumviriye nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota, mugabo ururimi rw’abantu b’inkerebutsi ruravūra.” Nimba ubona ko ukunda ‘gusogota’ abandi, ni ukuvuga kubababaza, vyoba vyiza ugize akigoro ko kwiyumvira imbere y’uko ugira ico uvuze. Nukurikize impanuro nziza cane dusanga mu Migani 15:28 igira iti: “Umutima w’umugororotsi urazirikana kugira ngo wishure, mugabo akanwa k’ababisha kadudubiza ibintu bibi.”
Nugerageze kwishingira umugambi. Mu kwezi kuza, niwiyemeze kutavuga ikintu ca mbere kikuje mu bwenge, na canecane igihe hari uwugusomborokeje. Ahubwo nyabuna, nuzirikane ivyanditswe biri muri iki kiganiro, maze ugire akigoro kavuye ku mutima ko kuvuga mu buryo buranga ubukerebutsi, urukundo n’ugutekana. (Imigani 15:1-4, 23) Ariko ivyo ntibihagije.
Nusabe Imana igufashe. Umwanditsi umwe wa Bibiliya yasenze ati: “Amajambo y’akanwa kanje be n’ukuzirikana kw’umutima wanje nibibe ibihimbaye imbere yawe, ewe Yehova.” (Zaburi 19:14) Numenyeshe Yehova ko wipfuza kuvuga mu buryo bumuhimbara kandi butuma ubera abandi umugenzi ahimbaye. Mu Migani 18:20, 21 hagira hati: “Nutume amajambo yawe aba meza—uzonezerezwa n’uko wabigize. Amajambo arashobora kwica canke gukiza!”—Contemporary English Version.
Nukoreshe Ijambo ry’Imana nk’icirore. Bibiliya imeze nk’icirore ushobora gukoresha mu kwisuzuma witonze. (Yakobo 1:23-25) Nk’akarorero, uko uzirikana ingingo ngenderwako zikurikira zitatu zo muri Bibiliya, niwibaze uti: ‘Ivyo mvuga be n’ukuntu nzwi muri rusangi bimeze gute?’
“Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu.” (Imigani15:1) Woba uvuga mu buryo buranga ubwitonzi n’amahoro?
“Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu, ahubwo havemwo ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva.” (Abanyefeso 4:29) Ivyo uvuga vyoba vyubaka abo muri kumwe?
“Imvugo yanyu yamane igikundiro, irunze umunyu, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese.” (Abakolosayi 4:6) Woba ugerageza gutuma ivyo uvuga bibamwo igikundiro kandi birushiriza kuryohera abavyumva, mbere n’igihe uri mu bintu bigoye?
Iyo uryohoye utuntu tutameze neza ubona wiravye mu cirore, uca urushiriza kuboneka neza imbere y’abandi kandi uriyumvamwo yuko urushirije kumera neza. Ivyo vyiza nyene ni vyo bikurindiriye niwaryohora ukuntu uvuga mu kwiraba mu cirore c’Ijambo ry’Imana.
[Akajambo k’epfo]
a Urashobora gusoma Bibiliya mu zindi ndimi kuri Internet ku muhora witwa www.watchtower.org.
WOBA UMAZE KUVYIBAZA?
● Ivyo uvuga vyerekana iki?—Luka 6:45.
● Ukwiye kuvugisha abandi gute?—Abanyefeso 4:29; Abakolosayi 4:6.
● Ni ibintu ngirakamaro ibihe wokora kugira ngo uryohore imvugo yawe?—Zaburi 19:14; Abafilipi 4:8.
[Ifoto ku rup. 25]
Ivyo tuvuga biragira ico bikoze ku kuntu abandi batubona no ku migenderanire tugiranira na bo