ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 6/14 rup. 14-15
  • Ingene mwokoresha neza amahera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene mwokoresha neza amahera
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGORANE
  • Gukoresha neza amahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Nokoresha neza gute amahera yanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Ni gute nokoresha neza amahera yanje?
    Urwaruka ruribaza
  • Ingene mwokoresha neza amahera
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
Ibindi
Be maso!—2014
g 6/14 rup. 14-15
Umugabo n’umugore baheruka kurushinga bariko baragura ibintu

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ingene mwokoresha neza amahera

INGORANE

Uravye amahera musigaranye n’ivyo mutegerezwa kuriha, ubona umengo amahera yanyu ariko arabaca mu myanya y’intoke. Nta gihe kinini mumaze mwubakanye, ariko mukaba mukoresha amahera nabi. Ryoba ari ikosa ry’uwo mwubakanye? Ntiwihutire kumutako ikosa! Nubone ko musangiye urugamba, maze murabire hamwe ibintu bimwebimwe bishobora kuba vyaratumye mwempi mugira iyo ngorane.a

IKIBITERA

Ubuzima bushasha. Nimba wahora uba iwanyu imbere yo kwubaka urwawe, ushobora kuba utaramenyera ivyo kuriha amafagitire no gufadikanya n’abandi kuriha amahera y’ibikenewe. Birashoboka kandi ko wewe n’uwo mwubakanye mwoba mutabona kumwe ivyo gukoresha amahera. Nk’akarorero, umwe ashobora kuba akunda kuyasohora uwundi na we akunda kuyaziganya. Bisaba igihe kugira abubakanye bamenyere ubuzima bushasha no kugira baronke uburyo bahurizako bwo gukoresha amahera.

Ivyatsi vy’amahwa biriko vyizingira ku maguru y’abubakanye

Amadeni ni nk’amahwa mu murima; uyarekeranye arakura, agakura, akabandanya akura

Ukuba nzobandabikora. Umugwizatunga atunganiwe yitwa Jim ariyemerera yuko igihe yari amaze igihe gito yubatse, yatakaje amahera menshi kubera atari azi gutunganya neza ibintu. Avuga ati: “Kubera ko nateba kuriha amafagitire, twe n’umukenyezi wanje twaruhira kuriha amadolari ibihumbi n’ibihumbi y’amande. Amahera yahera tubona!”

Umutego w’amahera utabona. Biroroshe ko usesagura amahera igihe utayasohora uyakuye mu mufuko wawe ngo ubone ingene ariko arahera. Ivyo birashobora kugushikira igihe ukunda kugura ibintu kw’ideni canke ukoresheje ayo waguranye be n’igihe ugura ibintu biciye kuri Internet canke ku buhinga bwa none bwo kubika no kubikura amahera. Kuba abaheruka kurushinga bashobora kuronka ingurane bitabagoye, birashobora na vyo nyene gutuma basesagura.

Ikibitera caba ari ikihe, ibibazo vy’amahera birashobora kubangamira cane umubano wanyu. Igitabu kimwe (Fighting for Your Marriage) kivuga giti: “Abubakanye benshi bavuga ko amahera ari yo kenshi bapfa, naho baba bafise ayangana gute. Amahera ni ikintu gikunda gutera amatati.”

ICO MWOKORA

Nimwiyemeze gusenyera ku mugozi umwe. Aho gutanako amakosa, nimusenyere ku mugozi umwe kugira mukoreshe neza amahera. Mugitangura kubiganirako, nimwemeranye yuko mutaza kureka ico kibazo ngo kibacanishemwo.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abanyefeso 4:32.

Nimugire urutonde rw’ingene muzokoresha amahera. Nimwandike ibizobatwara amahera vyose mu kwezi, naho vyoba bizotwara make. Ivyo bizobafasha kubona ingene amahera yanyu ariko arakoreshwa mubone n’ivyo mudakeneye kugura. Mutegerezwa guhagarika ugusesagura.

Nimugire urutonde rw’ibikenewe, nk’ibifungurwa, ivyambarwa, amahera y’inzu, ayo kwiyunguruza n’ibindi nk’ivyo. Iruhande ya kimwekimwe cose nimwandike amahera bizosaba, mugerageze kwiyumvira ayo bizotwara mu kiringo kinaka, nk’akarorero mu kwezi.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Luka 14:28.

“Uwugurana aba umusavyi wa nyene kumugurana.”​—Imigani 22:7

Buri kwezi, nimutegekanye ayo muzokoresha ku kintu kimwekimwe ukwaco (ibifungurwa, inzu, ivyo gucana, umuyagankuba n’ibindi). Bamwebamwe babigira mu kuyashira mu mabahasha, imwimwe yose ikajamwo ayagenewe ikintu kimwe.b Igihe ayo mw’ibahasha imwe abaheranye, baca bahagarika gusohora amahera ku bw’ico kintu canke bakiha ku yari mu yindi bahasha.

Nimusuzume ingene mubona amatungo. Gutunga ibigezweho si vyo bizana agahimbare. Nakare Yezu yavuze ati: “No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” (Luka 12:15) Akenshi, ingene mukoresha amahera birerekana ko mwemera ayo majambo canke mutayemera.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Timoteyo 6:8.

Nimugire ivyo muhinduye. Umugabo yitwa Aaron amaze imyaka ibiri yubatse, avuga ati: “Ibintu bimwebimwe, nk’akarorero imboneshakure ikoresha ubuhinga bugezweho no kwama muja gufungurira muri resitora, mu ntango mwoshobora kubona umengo nta mahera menshi bizotwara, mugabo amaherezo birashobora gutuma mumererwa nabi mu vy’ubutunzi. Twarize kwihoza ibintu bimwebimwe kugira ngo tubeho duhuje n’uburyo dufise.”

a Naho iki kiganiro kigenewe abaherutse kurushinga, ivyiyumviro birimwo biraraba abubakanye bose.

b Nimba ugura ibintu kw’ideni canke ukoresheje ubuhinga bwa none, buri bahasha yari igenewe amahera nuze urayibikamwo agapapuro kanditseko ayasohotse.

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi.”​—Abanyefeso 4:32.

  • “Ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka?”​—Luka 14:28.

  • “Iyo . . . dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.”​—1 Timoteyo 6:8.

Micah na Megan

MICAH NA MEGAN

“Naho umwe mu bubakanye yoba ari we araba ivy’amahera akariha n’amafagitire, bompi bakwiye kumenya neza ingene ubutunzi bwabo bwifashe. Guhanahana amakuru birakinga cane ingorane.”

David na Nataleine

DAVID NA NATALEINE

“Nimutegekanye. Ntimwiyumvire ko amahera mufise mu kigega mubwirizwa kuyakoresha yose. Hamwe mutoziganya hakagira igishika giturumbuka, nk’akarorero imodoka yanyu igapfa, mwoba mutewe mutiteguye.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika