Intangamarara
Mu buzima, twese turashikirwa n’ivyago. Ishobora kuba ari indwara, isanganya, icago c’icaduka canke ubugizi bwa nabi.
Abantu baguma barondera inyishu.
Hari abavuga ko imibabaro iterwa n’ivyo Imana yatwandikiye canke ko ata kinini twohindura ku bidushikira.
Abandi na bo bemera ko dushikirwa n’imibabaro kubera ikintu kibi tuba twarakoze kera.
Akenshi ivyago bituma abantu bagumana ibibazo vyinshi badafitiye inyishu.