Ikigabane ca 12
Kunezereza Umutima w’Abavyeyi
1. Ni kuki bikwiriye ko umuntu atera iteka abamwibarutse?
YABA uwukiri umwana mutoyi, yaba uwuri hafi kugera mu bigero canke uwumaze gukura, umuntu wese avyarwa na naka. Ibikorwa vyakozwe kubera abatari bake muri twebwe, ukuntu twābungabunzwe n’ukuntu bātwigoreye mu myaka yoba nka 20 kuva tukiri abana gushika tube abantu bakuze, wosanga bitoroshe kumenya ico biciye n’amahera yakoreshejwe ukuntu angana. Vyongeye, mu vy’ukuri umwe wese muri twebwe abavyeyi baramuhaye ikintu bitoshoboka ko abasubiza. Bimeze uko kubera ko mu vyo baduhaye vyose harimwo n’ubu buzima dufise. Iyo ataba bo ntituba turiho. Ico ciyumviro c’ukuri cumvikana neza, conyene ubwaco ni impamvu ihagije rwose yotuma dukurikiza iri tegeko ry’Imana: “[Tera iteka, NW] so na nyoko; ico ni co cagezwe ca mbere kirimwo isezerano, kugira ngo [bikugendere neza, NW] urambire kw isi.”—Abanyefeso 6:2, 3.
2. Ni kuki dukwiye kwiyumvamwo ko hari ico dutegerezwa gusubiza abatwibarutse?
2 Naho uwo turi n’ico dutegerezwa gusubiza ubwa mbere na mbere ari Umuremyi kubera ko ari we sōko nyakuri ry’ubuzima ubwo ari bwo bwose, dukwiye no kwiyumvamwo rwose ko hari ico dutegerezwa gusubiza abatwibarutse. Twobaha iki kugira ngo tubishure ivyo bāduhaye? Umwana w’Imana yavuze yuko itunga riri mw isi ryose ridashobora guca ubuzima, kubera ko utoshobora gushinga igiciro cabwo. (Mariko 8:36, 37; Zaburi 49:6-8) Ijambo ry’Imana ritubwira ibi bikurikira: “Ntihagire uwo mugirira umwenda, atari ugukundana.” (Abaroma 13:8) Dukwiye cane cane kugira umutima w’ukwama dukunda abatwibarutse kuko ari ikintu tubwirizwa kubagirira igihe twe na bo tukiri bazima. Naho bidashoboka ko tubaha ubuzima nk’uko babuduhaye, turashobora kubaha icotuma babaho neza. Na twebwe nyene turashobora gutuma banezerwa, bakiyumvamwo rwose ko ata co babuze. Ivyo kumbure turashobora kubishitsa kurusha uko uwundi muntu uwo ari we wese yobishobora, kuko twebwe turi abana babo.
3. Turāvye ibivugwa mu Migani 23:24, 25, ni kamere nziza izihe z’umwana zishobora gutuma abavyeyi biwe banezerwa?
3 Mu Migani 23:24, 25 havuga ibi bikurikira: “Se w’[intungane, NW] azogira akanyamuneza kenshi, n’ūvyaye umwana w’[inkerebutsi, NW] azomunezererwa. So na nyoko nibanezerwe, nyoko yakuvyaye nahimbarwe.” Ni ibisanzwe abavyeyi kwipfuza kubona bishobotse yuko biratira ivyo abana babo barangūye, bagahimbarwa kubera bo. Ubwo ivyo birashoboka ku batwibarutse?
4. Mu b’i Kolosayi 3:20, abana bategekwa kugira iki?
4 Ivyo vyova cane cane ku buryo twubaha rwose ubukuru bwabo tukumviriza n’impanuro baduha. Abakiri bato Imana ibaha iyi mpanuro: “Bana, mwumvire abavyeyi banyu muri vyose, kuko ivyo ari vyo bishimwa mu [Mukama, NW].” (Ab’i Kolosayi 3:20) Birumvikana ko iryo jambo “vyose” ridashaka kuvuga ko abavyeyi bahawe ububasha bw’ugusaba ko hokorwa ibiteye kubiri n’Ijambo ry’Imana, ahubwo ryerekana ko ari bo bashinzwe ibanga ry’ukutuyobora mu vyerekeye ubuzima bwacu vyose igihe tukiri abana.—Imigani 1:8.
5. Ūkiri muto yokwibaza iki ku vyerekeye ukuntu yipfuza ko abana azokwibaruka bomera?
5 Woba ukiri umwana? Hari n’aho umusi umwe uzoba umuvyeyi. Woba ushaka kuzogira abana bakwubaha, canke ushaka abana b’abagarariji kumbure basa n’abumva, ariko igihe utababona bakagira ivyo wababujije? Ah’ukuzana umunezero, ivyabo biravugwa mu Migani 17:25, ngo “umwana w’igipfu ni umubabaro kuri se, kandi n’agaterantuntu kuri nyina yamuvyaye.” Kubera ko wewe cane cane ushobora kuzanira abakwibarutse agahimbare, urashobora no kubababaza ukabatuntuza kurusha uwundi muntu uwo ari we wese. Ivyo vyova ku buryo wigenza.
KURONKA UBUKEREBUTSI BIRATWARA IGIHE
6. Ni ukugereranya ibintu ukuhe kwerekana ko mu bisanzwe ugukura kuzana ubukerebutsi?
6 Vyoba vyiza abakiri bato batahuye yuko ugukura kuri n’ico kuvuze rwose mu vy’ukuronka ubukerebutsi. Woba umaze imyaka 10 y’amavuka? Urashobora kubona ko uzi vyinshi kurusha igihe wari umaze itanu, siko? Woba umaze 15? Urazi vyinshi kurusha igihe wari umaze 10, siko? Woba uriko uregereza 20? Ukwiye gutahura yuko warushirijeho kumenya vyinshi kurusha igihe wari umaze 15. Biroroshe gusubiza ivyiyumviro inyuma ukabona ukuntu ugukura gutuma urushiriza kuba inkerebutsi, mugabo ntivyoroshe kurāba muri kazoza ukemera ko ivyo ari uko biri. Naho uwukiri muto yoba abona ko akerebutse ukungana iki, akwiye kumenya yuko igihe kiri imbere gishobora kandi gikwiriye gutuma arushirizaho kuba inkerebutsi.
7. Impanuro umwami Rehobowamu yahawe yotwigisha iki ku vyerekeye ubukerebutsi?
7 Ivyo bishaka kuvuga iki? Ko abavyeyi bawe kubera ko bakuze kukurusha, bakaba bamaze kubona utuntu n’utundi utarabona, ari ivyumvikana ko bakurusha n’ubukerebutsi mu vy’ugutorera umuti ingorane zo mu buzima. Abakiri bato benshi ivyo ntibahuta baravyemera. Hari aho bavuga ko abakuze ‘bafise ivyiyumviro vya kera.’ Bamwe bamwe boba babifise mugabo benshi si uko bameze, nka kurya abakiri bato bose badaca bitwa ba sindabibazwa ngo ni uko hari bamwe bamwe bameze gutyo. Birakunda gushika ko abakiri bato biyumvīra ko bakerebutse kurusha abakuze. Hariho umwami w’Abisirayeli yihenze gutyo kubera ubujuju, ingaruka yavyo ica iba agahomerabunwa. Igihe Rehobowamu uwari amaze imyaka 41 y’amavuka yasubirira se wiwe Salomo ku ngoma, abantu basavye ko aborohereza imitwaro. Rehobowamu yahanuje abatāma, bamuhanura ngo agire ubwitonzi n’ubuntu. Mu nyuma yagiye ku bakiri bato, bamuhanura gufata ingingo zikaze. Ni bo yumvirije. Vyagenze gute mu nyuma? Imiryango 12 yaragararije, Rehobowamu asigarana ica gatandatu gusa c’ingabo yaganza mu Bwami bwiwe. Abatāma ni bo batanze impanuro iranga ubukerebutsi, si abakiri bato. “[Ubukerebutsi ntibufiswe, NW] n’abatāma, kandi [ugutahura ntigufiswe, NW] n’abamaze igihe kirekire?”—Yobu 12:12; 1 Abami 12:1-16; 14:21.
8. Bibiliya ivuga ko abatāma hamwe n’abavyeyi umuntu akwiye kubabona gute?
8 Ntiwibaze ko impanuro z’abavyeyi zataye agaciro ngo ni uko batakiri bato. Ahubwo nk’uko Ijambo ry’Imana ribivuga, “wumvire so yakuvyaye, kandi ntugakēngēre nyoko [ngo ni uko, NW] ashitse mu butāmakazi.” Umuntu akuze arakwiye icubahiro. “Imbere y’umushatsi w’uruyenzi ukwiye kuva hasi, kandi utegerezwa kwerekana ukutirengagiza ku muntu w’umugabo amaze igihe, vyongeye utegerezwa kuba wibanga Imana yawe. Ni jewe Yehova.” Mu vy’ukuri iryo bwirizwa abakiri bato benshi nta ryo bitaho. Mugabo ukwo kutaryitaho nta buhirwe bibazanira bo nyene ubwabo—ikitavuzwe co ni ababibarutse.—Imigani 23:22; Abalewi 19:32, NW.
RANGŪRA URUHARA RUKWEGA
9. Igihe mu babana mu rugo hariho uwidogera ubusa canke umugarariji, bibagira iki?
9 Nta gukikiriza—ivyo ugira biri n’ico bigira abandi. Iyo mu babana mu rugo umwe ababaye, bose nta mutekano baba bakigize. Vyongeye, iyo hari uwidoga canke umugarariji, bica bihungabanya amahoro muri urwo rugo. Kugira ngo umubano wo mu rugo ubemwo agahimbare, umwe umwe wese ategerezwa kurangūra uruhara rumwega.—Gereranya no mw ikete rya 1 ku b’i Korinto 12:26.
10. Ni kuki iyo abana bimenyereje gukora igikorwa ciza biheza bikagira akamaro?
10 Hariho ivyo wogira vyiza kandi vyubaka. Abavyeyi barakora bagatama kugira abo mu rugo baronke ivyo bakeneye. Ni waba ukiri muto ukaba kandi uba i muhira, urashobora gufasha. Umwanya munini mu buzima umuntu awumara ari ku kazi. Hariho abidoga kubera ico. Ariko wimenyereje gukora igikorwa ciza ukagikora umutima ubikunze, biratuma haba umunezero nyakuri. Ariko uwudafasha ibikorwa we akaza aratumagiza abandi ngo vyose babimukorere, ntiyigera agira uwo munezero kandi aratera abandi ishavu, nk’uko Bibiliya ivuga, ameze nk’‘imyotsi mu maso.’ (Imigani 10:26; Umusiguzi 3:12, 13) Igihe rero ushinzwe ibikorwa i muhira bikore, kandi ubikore neza. Vyongeye ni waba vy’ukuri ushaka kunezereza abakwibarutse, kora ibirengeye ivyo, ata wubigusavye. Hari n’aho wosanga ico gikorwa kikunezereje kurusha vyose—kubera ko wagikoze umutima ari wo uvyishakiye kugira ubanezereze.
11. Ivyo umwana avuga canke akora bishobora bite guteza iteka abamwibarutse?
11 Iyo umwana atangaje abantu, kenshi na kenshi nya bantu baca barondera kumenya abamwibarutse abo ari bo. Igihe Dawidi yerekana ko arinda rwose kandi ko afise ukwizera gukomeye, umwami Sauli yaciye buno nyene abaza ati: “Urya muhungu ni mwene nde?” (1 Samweli 17:55-58) Witirirwa izina musangiye muri urwo rugo rwanyu. Ivyo ugira n’ukuntu umeze biri n’ico bivuze ku vyerekeye uburyo abantu babona iryo zina n’abavyeyi baritoye. Abavyeyi bawe ushobora rero kubatera iteka mu buryo bwinshi—mu babanyi no kw ishure—mu kugira ubuntu, mu gufasha abandi, mu kububaha no mu kugiranira ubugenzi na bo. Kandi n’Umuremyi uba umuteye iteka.—Imigani 20:11; Abaheburayo 13:16.
12. Ni kuki vyoba vyiza abana bifatanije n’abavyeyi mu vy’akigoro bagira mu kubarera?
12 Iyo abakwibarutse bahimbawe na wewe urahimbarwa. Igihe bīgora mu kukurera baba barondera ko ivy’ukugendera mu nzira y’ubuzima ubitangura neza. Wifatanije na bo mu vyo ugira vyobahimbara rwose, kubera ko ico barondera ari uko womererwa neza rwose. Ni nk’uko umwanditsi yahumekewe n’Imana yabivuze, ati: “Mwana wanje, umutima wawe ni wagira [ubukerebutsi, umutima wanje, NW] uzonezerwa.” (Imigani 23:15) Niba abakwibarutse bemeye ibanga bashinzwe n’Imana ry’ukukuyobora mu nzira ziranga ubukerebutsi nyakuri, borohereze barangūre iryo banga nk’uko bitegerejwe. “[Niwumvirize impanuro, wemere gutozwa indero, kugira ngo ube inkerebutsi, NW] mu bihe vyo hanyuma.”—Imigani 19:20.
13. Ni igiki cofasha umwana ngo ivyo abavyeyi bamubuza gukora abibone nk’uko bibereye?
13 Harashobora kuba ibihe ubona ko abavyeyi bawe bashaka yuko ugira ibintu vyinshi bimwe birenze urugero, canke ivyo bakubuza gukora ukabona umengo ni vyinshi cane. Gutoza umwana indero bikagirwa ku rugero rubereye ntivyoroshe. Umusi umwe, niba uzoronka abana, birashoboka ko na wewe wosanga bitakworoheye. Niba abavyeyi bawe bakubujije kugendana n’abana bamwe bamwe, canke bakakugabisha ku vyerekeye ukunywa ibiyayura umutwe, canke niba batemeye ko ugendana cane n’abakobwa canke n’abahungu, itonde uzirikane ukuntu ari vyiza rwose kugira abavyeyi batanga indero kuruta ukugira abo ata co bitaho! (Imigani 13:20; 3:31) Emera bagutoze indero. Wewe ubwawe urahungukira, ukanezereza n’imitima yabo.—Imigani 6:23; 13:1; 15:5; Abaheburayo 12:7-11.
14, 15. Igihe hadutse ingorane mu babana mu rugo, ni ingingo zo muri Bibiliya izihe zokurikizwa zigafasha umwana ntahungabanye amahoro?
14 Birumvikana ko ibihora vyaduka mu rugo vyinshi bitaba bivuye kuri wewe. Mugabo ivyo uca ugira birashobora guhindura ukuntu i muhira hameze. Bibiliya iratanga iyi mpanuro: “Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose.” (Abaroma 12:18) Ivyo kubishitsa ntivyama vyoroshe. Twese ntitumeze kumwe; ibintu ntitubibona kumwe, kandi ntiduca tugira ibimeze kumwe. Ivyo umuntu yiyumvīra n’ivyo ashaka usanga bidahuye n’ivy’uwundi. Tuvuge nk’igihe mwenewanyu, mushikawe canke musazawe, ari we mutumvikanye. Kumbure ubona ko agira ibiranga ubwikunzi. Wovyifatamwo gute?
15 Hari abana boca basemerera bakamurega kandi bagasaba ko umwe mu bavyeyi babo yogira ico abivuzeko. Canke hari aho bavyitunganiriza bo nyene ubwabo, bagasunurana n’ugukubitana bagakubitana, kugira ngo ivyo barondera bibe. Umugani wahumetswe n’Imana wo uvuga ibi bikurikira: “[Kuba umuntu aciye mu kajisho nta gukēka bitera, NW] guteba kuraka.” (Imigani 19:11) Gute? Kubera ko bituma atirengagiza ivyotuma ikosa riboneka ko ryoroshe. (Kumbure ico kintu nticagizwe n’ibigirankana.) Bituma yibuka ibihe we nyene ubwiwe yigeze kugira amakosa. (N’ukuntu akenguruka rwose kubera ko Imana yamubabariye!) Hari aho bituma kandi atahura yuko naho mwenenyina yoba yagize ikosa, aretse ngo ishavu afise rihungabanye amahoro y’urugo rwose, na we nyene yoba agize ikosa. Ku vyerekeye umuntu aciye mu kajisho gutyo, uwo mugani urabandanya uti: “[Ubutore bwiwe, NW] ni ukwirengagiza ico yacumuweko.”—Raba no mu b’i Kolosayi 3:13, 14.
16. Abana bokwigenza gute ku ruhande rwabo, bigatuma abavyeyi bibanga Imana banezerwa?
16 Mu bisanzwe, ikinezereza abavyeyi bibanga Imana ni co kinezereza n’umutima wa Yehova. Ikibatuntuza na Yehova kiramubabaza. (Zaburi 78:36-41) Abavyeyi batazi ivyiyumviro vy’Imana Yehova, barashobora kunezerwa iyo abana babo babaye rurangiranwa muri iyi si, iyo bironkeye izina, baronse amahera menshi, n’ibindi. Ariko abavyeyi Imana yabo ari Yehova, barazi ko iyi si n’ivyipfuzo vyayo biriko birarengana, ariko ko “ūkora ivyo Imana igomba yamaho ibihe bidashira.” (1 Yohani 2:15-17) Ikibahimbara rero vy’ukuri, ni ukubona abana babo bumvira Umuremyi, bakora ivyo agomba, kandi bakaba icirore kigaragaza kamere ziwe. Ego ni ko abavyeyi basenga Imana barahimbarwa iyo abana babo bakora neza mu vyo biga mu mashure. Mugabo barushiriza guhimbarwa iyo ukuntu bigenza kw ishure n’ahandi bigaragaza ko bakurikiza ingingo zashinzwe n’Imana, kandi ko bashaka kuyihimbara. Vyongeye barahimbarwa nyabuna iyo inzira za Yehova zigumye zihimbara abo bana mu buzima bwabo bwose igihe bamaze gukura.
IBANGA RY’UKUBUNGABUNGA ABAVYEYI
17-19. Abana b’abahungu n’ab’abakobwa bamaze gukura bokwerekana bate ko bakengurutse ababibarutse?
17 Ntitwoheba kwitwararika abavyeyi ngo ni uko dusohotse tutakiba mu rugo twakuriyemwo. Dushaka ko bahimbarwa mu buzima bwabo bwose. Bāmaze imyaka n’iyindi bitwararika kuturonsa ivyo dukeneye, kenshi na kenshi ivyo bakabishitsa barinze kwibabaza rwose. Ico gihe twogira iki none kugira twerekane ko dukengurutse?
18 Ibi Imana idusaba gushitsa turashobora kubigumiza ku muzirikanyi: “[Tera iteka, NW] so na nyoko.” (Matayo 19:19) Hari aho tuba dufise ibikorwa vyinshi. Ariko dukwiye kumenya yuko igihe abatwibarutse baronse agakete tubandikiye n’igihe tugiye kubarāba, bigira ico bivuze koko.
19 Uko imyaka ihera, ivy’‘ukubatera iteka’ bishobora kugirwa mu bundi buryo. Niba bakeneye gufashwa mu vy’umubiri, erekana ko ukenguruka ivyiza bākugiriye vyose, ko ukenguruka n’ivyo Yehova agusaba gushitsa bitunganye. Intumwa Paulo yaranditse avuga ivyerekeye abageze mu zabukuru, ati: “Umupfakazi wese, namba afise abana canke abuzukuru, nibabanze kwiga [gukora ibiranga ukwihebera ivy’ugusenga Imana mu bo mu muryango wabo, no kuguma bishura ivyiza abavyeyi babo hamwe n’abavyaye abo bavyeyi, NW] kuko ivyo ari vyo bishimwa mu nyonga z’Imana.”—1 Timoteyo 5:3, 4.
20, 21. (a) Turāvye ibiri muri Matayo 15:1-6, ugutera iteka abavyeyi birimwo n’ukugira iki? (b) Ubwo umuntu yoronka urwitwazo rw’ukudatera iteka abavyeyi biwe muri ubwo buryo?
20 Ivy’uko ‘ugutera iteka’ abavyeyi birimwo n’ivy’ukubafasha mu vy’umubiri, birerekanwa neza mu Vyanditswe. Hari igihe Abafarisayo bari begereye Yezu barega abayoboke biwe ngo ntibakurikiza imigenzo y’abakera. Yezu mu kubishura yabahaye akarorero, ati: “Mweho ni iki catumye murenga icagezwe c’Imana kubw’imigenzo yanyu? Kuko Imana yavuze, iti ‘wubahe so na nyoko’; kandi iti ‘ūtutse se canke nyina ntaze abure kwicwa.’ Ariko mweho, mugira muti ‘umuntu wese abwira se canke nyina, ati “ico nari kugufashisha ni co nzoshikanira Imana,” [si ngombwa ngo atere iteka, NW] se canke nyina.’ None mwatitūye ijambo ry’Imana kubw’imigenzo yanyu.”—Matayo 15:1-6.
21 Uwakurikiza imigenzo y’abakera akavuga ngo amahera canke ivyo ntunze ni ibintu “nzoshikanira Imana,” ibanga yashinzwe ry’ukubungabunga abavyeyi ntiyaba akirirangūye. Ariko ivyo Yezu yaravyanse. Kandi muri iki gihe ivyo dukwiye kubishira ku muzirikanyi. Ego ni ko mu bihugu bitari bike abageze mu zabukuru bamwe bamwe bararonka ivyo bakeneye, kubera ‘ugufashwa na Reta.’ Ubwo mu vy’ukuri ivyo birahagije none? Niba bidahagije canke n’ukubaho bitariho, abana bazi gutera iteka ababibarutse barakora uko bashoboye kugira babaronse ivyo vyose bakeneye koko. Kubungabunga abavyeyi bageze mu zabukuru bakenye, nk’uko intumwa Paulo yabivuze, mu vy’ukuri ni ikimenyamenya c’ukugira ibiranga “ukwihebera ivy’ugusenga Imana,” biragaragaza ukwihebera Imana Yehova yo nyene ubwayo, agasangwa ivy’ingo bikomoka kuri yo.
22. Turetse ivy’umubiri, ni ibiki twoha abatwibarutse?
22 Mugabo ntitwigere twiyumvīra ko iyo abavyeyi bamaze gukura bakaba bafise ibifungurwa bihagije, ivyo bambara hamwe n’inzu, ata kindi kiba gikenewe. Barakeneye n’ivyerekeye akanyengetera, hamwe n’ivy’umutima. Barakeneye gukundwa no kubona ko hari uwubitaho umutima ukaja mu nda, bakaba kenshi na kenshi ivyo batabigirirwa. Mu buzima bwacu bwose turarondera kwiyumvamwo ko hariho uwudukunda, ko turi ab’umuntu kanaka, ko tutari twenyene. Abana ntibakwiye kwirengagiza ivyo abavyeyi babo bageze mu zabukuru bakeneye, vyaba ivy’umubiri canke ivyerekeye akanyengetera. “[Ūcuranguza se, NW] akirukana nyina ni umwana w’agatētereza kandi w’agatukisha.”—Imigani 19:26.
23. Umwana ashobora gutera akanyamuneza abamwibarutse gute?
23 Abana kuva bakiri bato rwose gushika no mu gihe baba ari abantu bakuze, abavyeyi ntibigera babakurako ivyiyumviro mu buzima bwabo bwose. Abana benshi baratera intuntu n’umubabaro. Mugabo igihe wubahiriza ubukuru abavyeyi bafise ukumviriza n’impanuro baguha, igihe werekana ko ubakunda vy’ukuri kandi ko ubafitiye igishika, imisi yose urashobora kubatera akanyamuneza mu mutima. Ego “so na nyoko nibanezerwe, nyoko yakuvyaye nahimbarwe.”—Imigani 23:25.