Ururirimbo rwa 200
Twerekane ko turi abigishwa
1. ’Rukundo ni rwo ruri
Mu bak’risu nyakuri.
Yezu rwaramuranga,
Yari mudatibanga.
Har’ahandi rwobonwa
Rutar’urwo ku munwa?
Niwitange ubwawe
Abeho mugenzawe.
2. Urukundo ruriho
Bake si bo rwitaho.
Ni ko ruratungisha,
Ruratang’umugisha.
Ni rya bwirizwa rindi
Kuko rufash’abandi.
Rwo ruritwararika
Kw’abandi borokoka.
3. Rurabona ineza
’Bumwe rugakomeza.
Ubuntu ruragira,
Ni ’neza rurondera.
Rutuma is’ibona
Ko dukundwa n’Imana;
Yaratanze wa Mwana
Kubera kw’ikundana.