Ikigabane ca 6
Yezu Kirisitu Ni Intumwa y’Imana?
1, 2. (a) Ni igiki cerekana ko Yezu yabayeho koko? (b) Ni ibibazo ibihe bimwerekeye umuntu yokwibaza?
ABANTU nka bose ubu baramaze kwumva Yezu avugwa. Mu nkuru z’ivyabaye, nta wundi muntu n’umwe avugwa cane nka we. Mbere n’ikalenda ikoreshwa nka hose kw isi, ishimikiye ku mwaka biyumvira ko yavukiyemwo. Nk’uko igitabu citwa The World Book Encyclopedia kibivuga, “imyaka iri imbere y’uwo mwaka yitwa B.C. (before Christ) ni ukuvuga imbere ya Kirisitu, iyiri inyuma yawo na yo yitwa A.D. (anno Domini) ni ukuvuga mu gihe c’Umukama wacu.”
2 Yezu rero si umugani, ni umuntu yigeze kuba ngaha kw isi. “N’abansi b’ubukirisu ntibigeze baharīra ku vy’ukubaho kwa Yezu,” uko ni ko igitabu citwa Encyclopædia Britannica kivuga. Mu vy’ukuri Yezu yari nde none? Yari intumwa y’Imana koko? Ni kuki none yari rurangiranwa?
YABAYEHO IMBERE Y’UKO AZA KW ISI
3. (a) Umumarayika yavuze ko Mariya yovyaye umwana wa nde? (b) Vyashobotse gute ko Mariya avyara Yezu kandi ataramenya umugabo?
3 N’aho atari ko abantu bose bavyarwa, Yezu we yavyawe n’inkumi itaramenya umugabo, yitwa Mariya. Raba ivyo umumarayika yavuze kuri uwo mwana: “Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Isumba vyose.” (Luka 1:28-33; Matayo 1:20-25) Bishoboka bite ko umugore atigeze aryamana n’umugabo avyara umwana? Vyashobotse kubera impwemu yera y’Imana. Ubugingo bw’Umwana wiwe w’impwemu afise ububasha, Yehova yabukuye mw ijuru abwimurira mu nda ya Mariya ataramenya umugabo. Ico cari igitangaro! Uwaremanye umugore wa mbere ubushobozi bwo kuvyara ntiyonaniwe gutuma umwana atagira se w’umuntu avuka. Bibiliya ivuga ngo: “Maze igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore.” — Ab’i Galatiya 4:4.
4. (a) Yezu ataraba umuntu yari abayeho ate? (b) Ni ibiki Yezu yavuze vyerekana ko yigeze kuba mw ijuru?
4 Ataravyarwa kw isi nk’umuntu, Yezu rero yaba mw ijuru ari impwemu ifise ububasha. Nk’uko Imana itabonwa n’amaso y’abantu, ni ko na we nyene atāboneka. (Yohani 4:24) We nyene yarigeze kuvuga akatari gake ko mw ijuru yari ahafitiye icubahiro. Umusi umwe yarasenze avuga ati: “Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bwa bwiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa.” (Yohani 17:5) Abāriko baramwumviriza na bo yababwiye ibi: “Mwebwe mwamutse hasi, jeho namutse iyo mw ijuru; mwebwe muri ab’iyi si, jeho sindi uw’iyi si.” “None bizomera bite ni mwabona Umwana w’umuntu aduga aja iyo yahora ubwa mbere?” “Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.” — Yohani 8:23; 6:62; 8:58; 3:13; 6:51.
5. (a) Ni kuki Yezu yitwa “Jambo”; “Imfura”; “Umwana w’ikinege”? (b) Ni igikorwa ikihe Imana na Yezu bafadikanije?
5 Ataraza kw isi Yezu yitwa Jambo w’Imana. Iryo zina ryerekana ko mw ijuru yari umuvugizi w’Imana. Yitwa kandi “Imfura y’Imana”; irindi ni “Umwana w’ikinege.” (Yohani 1:14; 3:16; Abaheburayo 1:6) Ivyo vyerekana ko ari we yabanje kuremwa imbere y’ibindi biremwa vy’impwemu vyose vy’Imana, kandi ko ari we musa yiremewe n’Imana yo nyene. Bibiliya yigisha ko uwo mwana w’imfura yafadikanije na Yehova kurema ibindi bintu vyose. (Ab’i Kolosayi 1:15, 16) Igihe Imana yavuga ngo: “Tureme umuntu mw ishusho yacu,” yabwiririkanya n’uwo Mwana wayo. Vyemere, Uyo nyene yahavuye aza kw isi akavyarwa n’umugore, yabanje gufadikanya na Se kurema ibintu vyose! Yari yatanguye kubana na Se mw ijuru, ariko imyaka bamaranye ntimemyekana. — Itanguriro 1:26; Imigani 8:22, 30; Yohani 1:3.
UBUZIMA BWIWE KW ISI
6. (a) Mu misi ivuka rya Yezu ryari ryegereje no mu yarikurikiye habaye iki? (b) Yezu yavukiye he, kandi yakuriye he?
6 Mariya yari asabwe na Yozefu, ariko amaze kumenya ko yasamye inda, yibaza ko yaryamanye n’uwundi mugabo, aca afata ingingo yo kumuheba. Yehova amaze kumubarira ko Mariya yasamye inda ku bubasha bw’impwemu yera Yiwe, aca aremera aramwabira. (Matayo 1:18-20, 24, 25) Munyuma, Yezu avuka bāgiye i Betelehemu. (Luka 2:1-7; Mika 5:2) Yezu akiri uruyoya, Umwami Herodi ashaka kumwica, ariko Yehova abūrira Yozefu, na we afata abiwe ahungira mu Misiri. Herodi amaze gupfa, Yozefu na Mariya bagarukana Yezu i Nazareti muri Galilaya; ni ho yakuriye. — Matayo 2:13-15, 19-23.
7. (a) Habaye iki Yezu amaze imyaka 12? (b) Igihe Yezu yariko araca ubwenge yize umwuga uwuhe?
7 Yezu amaze imyaka 12 ajana n’umuryango wiwe i Yeruzalemu guhimbaza umusi mukuru uhambaye witwa Pasika. Ashitseyo, amara imisi itatu mu rusengero yumviriza abigisha kandi ababaza ibibazo. Abāmwumviriza bose bārumirwa kubera ubwenge bwiwe. (Luka 2:41-52) I Nazareti, Yezu yahigiye umwuga w’ububaji awigishijwe na Yozefu se w’umurezi, kubera ko na we nyene ari wo wari umwuga wiwe. — Mariko 6:3; Matayo 13:55.
8. Yezu amaze imyaka 30 habaye iki?
8 Yezu ashikanye imyaka 30 atangura kurāngūra ibanga rihambaye. Aja kwa Yohani Umubatizi asaba ngo amubatize, ni ukuvuga kumwibiza mu mazi ya Yorodani. Ehe raba uko Bibiliya ivuga: “Amaze kubatizwa, buno nyene Yezu aca araduga ava mu mazi, maze ijuru riruguruka, abona impwemu y’Imana imwururukirako imeze nk’inuma. Kandi hāri n‘ijwi riva mw ijuru rivuga riti: ‘Uyu ni Umwananje nkunda cane, ampimbara.’” (Matayo 3:16, 17, NW) Nta mazinda Yohani yari gusigarana ngo Yezu ntiyatumwe n’Imana.
9. (a) Yezu yabaye Kirisitu ryari kandi ni kuki yabibaye ico gihe? (b) Aho yabatizwa yitanze ngo arāngūre igikorwa ikihe?
9 Aho Yehova yasuka impwemu yera yiwe kuri Yezu, ni ho yamusīga amavuta, ni ukuvuga kumwimika ngo abe Umwami w’Ubwami bwiwe bwimirije. Amaze gusukwako impwemu yera aca aba “Mesiya” mu giheburayo, canke “Kirisitu” mu kigiriki, ayo majambo yose akaba asobanurwa ngo “Uwasīzwe.” Ni ho rero yaba Yezu Kirisitu canke Yezu Uwasīzwe. Ni co gituma intumwa Petero yavuze ngo: “Yezu umunyanazareti ingene Imana yamusutseko impwemu yera n’ubushobozi.” (Ivyakozwe n’intumwa 10:38) Bitayeko, aho yabatizwa mu mazi ni ho yishikana ku Mana ngo arāngūre igikorwa cari catumye imurungika ngaha kw isi. Ico gikorwa gihambaye cari ikihe?
ICAMUZANYE KW ISI
10. Ni ukuri ukuhe Yezu yaje kumenyekanisha ngaha kw isi?
10 Igihe yariko arasigura icamuzanye ngaha kw isi, Yezu yabwiye buramatari w’umuroma Ponsiyo Pilato ibi bikurikira: “Iki ni co navukiye, kandi iki ni co canzanye mw isi; ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” (Yohani 18:37) Ni ukuri ukuhe kuruta ukundi kwose Yezu yaje kumenyekanisha ngaha kw isi? Ukuri kwa mbere kwerekeye Se wo mw ijuru. Yigishije abigishwa biwe gusenga ngo izina rya Se “ryubahwe.” (Matayo 6:9) We nyene ubwiwe yasenze avuga ati: “Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye.” (Yohani 17:6) Kandi yongeyeko ati: “Ntegerezwa kuvuga [inkuru nziza y’ubwami bw’Imana] kuko ari co natumwe.” — Luka 4:43.
11. (a) Ni kuki Yezu yabona ko igikorwa ciwe gihambaye? (b) Ni igiki Yezu atigeze yirinda kugira? Tweho twogira iki none?
11 Yezu yoba yarabona ko ico gikorwa co kumenyesha izina rya Se n’ubwami bwiwe gihambaye? Raba ivyo yabwiye abigishwa biwe: “Indya zanje ni ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.” (Yohani 4:34) Ni kuki igikorwa c’Imana Yezu yakirutishije ivyokurya? Ni uko Imana izoshitsa imigambi yayo yerekeye abantu ibicishije kuri ubwo bwami. Ubwo bwami nyene ni bwo buzozimanganya ububi, buteko bukūre n’iceyi catawe kw izina rya Yehova. (Daniyeli 2:44; Ivyahishuriwe Yohani 21:3, 4) Ntaho rero Yezu yigeze yirinda kwamamaza izina ry’Imana n’ubwami bwayo. (Matayo 4:17; Luka 8:1; Yohani 17:26; Abaheburayo 2:12) Yāma avugisha ukuri, abantu bavyemera canke batavyemera. Ako ni ko karorero dukwiye gukurikira ni twaba dushaka gushimisha Imana. — 1 Petero 2:21.
12. Ni impamvu iyihe yindi nkuru yatumye Yezu aza kw isi?
12 Kugira ngo turonke ubuzima budashira mu ntwaro y’ubwami bw’Imana, Yezu yategerezwa gusēsa amaraso yiwe. Nk’uko babiri bo mu ntumwa za Yezu bābivuze, “ukwitwa abagororotsi tubikesha amaraso yiwe.” “Amaraso ya Yezu Umwana wayo, atwoza icaha cose.” (Abaroma 5:9, NW; 1 Yohani 1:7) Impamvu nkuru rero yamukuye mw ijuru ni ukudupfira. Yavuze ati: “Umwana w’umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, atari ugukorera abandi no gutanga ubugingo bwiwe kw incungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Ngo ubugingo bwa Yezu yabutanzeko “incungu”; ivyo ni ukuvuga iki? Ni kuki gusēsa amaraso yiwe vyari bikenewe kugira ngo turokoke?
UBUGINGO BWIWE YABUTANZEKO INCUNGU
13. (a) Incungu ni iki? (b) Yezu yatanze incungu iyihe kugira ngo atubohore mu caha n’urupfu?
13 Ijambo “incungu” rikunda gukoreshwa igihe hari umuntu yabaye umunyagano. Muri ico gihe, uwamufashe ashobora kuvuga ko amurekura abanje guhabwa igitigiri kanaka c’amahera yo gucungura iyo mbohe. Incungu rero ni ikintu gitangwa ngo kibohoze uwabaye umunyagano, kugira ngo ntahasige agatwe. Ubuzima bwa Yezu butagira agasembwa, bwatanzwe kugira ngo abantu babohorwe mu buja bw’icaha n’urupfu. (1 Petero 1:18, 19; Abanyefeso 1:7) Ni kuki uko kubohorwa kwari gukenewe?
14. Ni kuki incungu Yezu yatanze yari ikenewe?
14 Ni uko Adamu umuvyeyi twese dukomokako yagararije Imana, ubwo bugarariji bumugira umucumuzi kubera ko Bibiliya ivuga ko “icaha ari ukugarariza.” (1 Yohani 3:4; 5:17) Ntiyari agikwiye rero kuronka ubugingo budashira, ya ngabire y’Imana. (Abaroma 6:23) Gutyo rero Adamu yitesha ubuzima butagira agahonzi mw isi y’iparadizo, atako abutesha n’uruvyaro rwiwe rwose. Hari aho wobaza uti: ‘Ni kuki uruvyaro rwa Adamu rwose rutegerezwa gupfa kandi ari we wenyene yacumuye?’
15. Ko Adamu ari we yacumuye wenyene, ni kuki uruvyaro rumukomokako rutegerezwa na rwo nyene kubabara no gupfa?
15 Ikibituma ni uko igihe Adamu yacumura, yandukije abana biwe hamwe n’abantu bose bariho ubu, icaha n’urupfu. (Yobu 14:4; Abaroma 5:12) “Bose bakoze ivyaha, ntibashikīra ubwiza bw’Imana,” uko ni ko Bibiliya ivuga. (Abaroma 3:23; 1 Abami 8:46) Na Dawidi umusavyi w’Imana yavuze ati: “Navyawe mu mubabaro mvukana amakosa, kandi mawe yasamiye inda yanje mu caha.” (Zaburi 51:5, NW) Abantu bapfa kubera icaha banduye kuri Adamu. Vyashobotse bite none ko ubuzima bwa Yezu bwatanzweko inkuka bubohora abantu bose mu caha n’urupfu?
16. (a) Mu gutanga incungu Imana yerekanye ite ko itirengagije itegeko ryayo rivuga ngo ubuzima buhorwe ubundi? (b) Ni kuki Yezu ari we wenyene yashobora gutanga iyo ncungu?
16 Ingingo imwe mu vyagezwe Imana yashikirije Abisirayeli irabidusigurira. Ivuga ngo: ‘Ubuzima buhorwe ubundi.’ (Kuvayo 21:23; Gusubira mu vyagezwe 19:21) Kubera ubugaba bwiwe, Adamu atāgira akanenge yitakarije ubuzima butagira agahonzi mw iparadizo ngaha kw isi, atako abutakariza n’uruvyaro rwiwe rwose. Yezu Kirisitu na we yatanze ubuzima bwiwe butagira agahonzi ngo bube ikiguzi kigarura ico Adamu yatakaje. Ego ni vyo, Yezu “yitanzeko incungu iringaniye kubw’abantu bose.” (1 Timoteyo 2:5, 6, NW) Kubera ko Yezu yari umuntu atagira agahonzi nk’uko Adamu yari ameze, ni co gituma yitwa “Adamu wo hanyuma.” (1 Ab’i Korinto 15:45) Nta wundi muntu n’umwe kiretse Yezu yoshoboye gutanga iyo ncungu. Ivyo ni uko Yezu ari we muntu umwe gusa yabayeho, aringaniye na Adamu igihe yari akiri umwana w’Imana atagira agatotsi. — Zaburi 49:7; Luka 1:32; 3:38.
17. Iyo ncungu yashikirijwe Imana ryari?
17 Yezu yapfuye amaze imyaka 331/2. Hashize imisi itatu, arazurwa. Hashize imisi mirongo ine, asubira mw ijuru. (Ivyakozwe n’intumwa 1:3, 9-11) Ashitseyo, “aduserukira imbere y’inyonga z’Imana” yasubiye kuba ikiremwa c’impwemu; yitwaje n’igiciro c’incungu yatanze. (Abaheburayo 9:12, 24) Muri ico gihe, iyo ncungu yari ishikirijwe Imana mw ijuru. Uburyo bw’uko abantu babohorwa bwari bubonetse. Ariko none botinze bakava mu buja ryari?
18. (a) Iyo ncungu ishobora kudufasha gute no muri iki gihe nyene? (b) Mu misi iza kuza ho iyo ncungu izotugirira akamaro gaki?
18 N’ubu nyene iyo ncungu Yezu yatanze iri n’ico itwunguye. Ni igiki? Tuyemeye, iratwoza mu nyonga z’Imana, igatako igatuma tubungabunganwa igishika kinini. (Ivyahishuriwe Yohani 7:9, 10, 13-15) Hari aho benshi muri twebwe boba bacumuye ivy’agacamutwe imbere y’uko bamenya Imana. N’ubu nyene tuguma dukora ivyaha; kandi rimwe rimwe bikomeye, ariko dushobora gusaba imbabazi twishimikije iyo ncungu, twizigiye ko Imana iza kutwumvira. (1 Yohani 2:1, 2; 1 Ab’i Korinto 6:9-11) Bitayeko, mu misi iza kuza, iyo ncungu izotwugururira inzira yo kuronka ingabire y’Imana: ubuzima budahera mw isi nshasha y’ubutungane. (2 Petero 3:13) Muri ico gihe, uwo wese azokwizera iyo ncungu, azobohorwa rimwe rizima mu buja bw’icaha n’urupfu, agumane ubuzima butagira agahonzi imyaka yose.
19. (a) Ivy’iyo ncungu wumvise bikubwira iki? (b) Intumwa Paulo yavuze ko twokwerekana dute ko dushimye kubera iyo ncungu?
19 Ivyo vyerekeye iyo ncungu wumvise ntaco bikubwira? Ntiwiyumvamwo ko ukunze Imana Yehova yakwitwararitse bigeze iyo hose, gushika aho itanga Umwana wayo ikunda cane kubera wewe? (Yohani 3:16; 1 Yohani 4:9, 10) Zirikana kandi urukundo rwa Kirisitu. Yavuye mw ijuru n’umutima ukunze aza kw isi kudupfira. Ntiwiyumvamwo ko umukunze? Ntitwomukengurukira none? Intumwa Paulo yarerekanye ingene twomukengurukira igihe yavuga iti: “Icatumye apfira bose kwari ukugira ngo abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye akabazukira.” (2 Ab’i Korinto 5:14, 15) Uzokwerekana ko ukengurutse mu kwitanga ngo ukorere Imana na Yezu Kirisitu Umwana wayo wo mw ijuru?
IGITUMA YEZU YAKOZE IBITANGARO
20. Ugukizwa kw’umunyamibembe kutwigisha iki ku vyerekeye Yezu?
20 Yezu ni rurangiranwa ku bitangaro yakoze. Yezu ntiyari ruburakigongwe, yarababazwa cane n’ukubona abantu bari mu marushwa, agaca akoresha ububasha yahawe n’Imana akabaruhura. Akarorero, umunyamibembe umwe yaraje kuri we amubwira ati: “Ni waba ubishaka, urashobora kunkiza”. Yezu “afatwa n’ikigongwe aca aramvura ukuboko amukorako, ati ‘ndabishaka kira!’” Aca arakira! — Mariko 1:40-42, NW.
21. Yezu yafashije ishengero ry’abantu ate?
21 Raba akandi karorero kerekana ingene Yezu yari afise umutima w’ikigongwe: “Abantu benshi baza kuri we bazanye abacumbagira n’ibimuga n’impumyi n’ibiragi, n’abandi benshi, babashira imbere y’ibirenge vyiwe, arabakiza. Bituma ishengero ritangara ribonye ibiragi bivuga, n’ibimuga bikomera, n’abacumbagira bagenda neza n’impumyi zibona; bahimbaza Imana y’Abisirayeli.” — Matayo 15:30, 31.
22. Ni igiki cerekana ko Yezu yari ababaye cane abo yafashije?
22 Amajambo Yezu yabwiye abigishwa biwe munyuma, arerekana ko yari afise igishika co kuruhurira abaruhijwe: “Ishengero rinteye ikigongwe, kuko uyu musi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya. Ariko singomba kubasezera bashonje ntibagwire isari mu nzira.” Akora igitangaro, ahaza “abantu ibihumbi bine ukuyemwo abagore n’abana,” akoresheje imikate indwi gusa n’udufi dukeyi. — Matayo 15:32-38.
23. Ni igiki catumye Yezu azura umuhungu w’umupfakazi?
23 Ikindi gihe, Yezu yahuye n’abasokorotse mu gisagara c’i Nayini, bagiye gufuba umuntu. Bibiliya ibitwiganira itya: “Hasokoroka abajanye umuvyimba kuwuhamba, ariko yari ikinege, kandi nyina yari umupfakazi. . . . Umwami Yezu amubonye amutera ikigongwe.” Kubera ko yari asangiye umubabaro na nyene kubura, aca ategeka ico kiziga ati: “Muhungu ndakubariye nti vyuka!” Igitangaza! “Uwari yapfuye aravyuka aricara, atangura kuvuga; Yezu amuha nyina.” Iyumvīre uko uyo muvyeyi yamerewe! Wewe womerewe ute? Iyo nkuru iragenda ishika kure. Ntibitangaje rero kubona Yezu ari rurangiranwa. — Luka 7:11-17.
24. Ibitangaro Yezu yakoze vyerekana iki kizoba muri kazoza?
24 Ibitangaro Yezu yakoze vyari bifise akamaro k’igihe gito. Abo yakijije barasubiye kurwara, abo yazuye na bo basubira gusandaba. Ariko vyerekanye ko yatumwe n’Imana, kandi ko ari Umwana wayo. Bitayeko, vyerekanye ko ubushobozi bw’Imana bushobora kuruhura abantu ibibaruhije vyose. Vyabaye nk’ikigereranyo gito cerekana ivyo ubwami bw’Imana buzogirira abantu mw isi nshasha. Ico gihe, abashonje bazohaga, abarwayi bazoruhuka, eka n’abapfuye bazozuka! Indwara, urupfu n’ibindi bīza ntibizoba bigisubira gutera umubabaro. Ese ukuntu iyo migisha ari agatangaza! — Ivyahishuriwe Yohani 21:3, 4; Matayo 11:4, 5.
NYENINGANJI MU BWAMI BW’IMANA
25. Ni ibice bitatu ibihe bigize ubuzima bwa Yezu?
25 Kubaho k’Umwana w’Imana kugabanijwe mu bihe bitatu. Ica mbere, hari imyaka itazwi yamaranye na Se mw ijuru ataraba umuntu. Ica kabiri, ni imyaka 331/2 yamaze kw isi ari umuntu. Ubu na ho ni ikiremwa c’impwemu, yasubiye kwibera mw ijuru. Aho amariye kuzuka yahawe icubahiro ikihe?
26. Kubera ukwizigirwa kwiwe ngaha kw isi, Yezu yerekanye ko akwiye iki?
26 Yezu yari yagenewe kwimikwa. N’umumarayika yabwiye Mariya ngo: “Azohangama . . . ibihe bidashira, ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.” (Luka 1:33) Aho yari akiri kw isi, mu nyigisho ziwe ntiyahengeshanya kuvuga ivy’ubwami bw’Imana. N’abigishwa biwe yabigishije gusaba ngo “Ubwami bwawe ni buze, ivyo ugomba bigirwe kw isi nk’uko bigirwa mw ijuru,” atako arabaremesha ati: “Ni mubandanye kwitwaririka ubwami bw’Imana imbere ya vyose.” (Matayo 6:10, 33, NW) Kubera ukwizigirwa kwiwe ngaha kw isi, Yezu yerekanye ko akwiye kuganza mu bwami bw’Imana. None yaciye yimikwa buno nyene aho asubiriye mw ijuru?
27. (a) Yezu amaze gusubira mw ijuru yagize iki? (b) Yezu amaze kwimikwa mu bwami bw’Imana yabanje kurangūra igikorwa ikihe?
27 Oyaye. Raba uko intumwa Paulo ibisigura ikoresheje Zaburi 110:1: “[Yezu] amaze gushikana inkuka imwe y’intahava kubera ivyaha yavyagiye iburyo bw’Imana, aheraho arorēra igihe abansi biwe bazohindurirwa indava yo musi y’ibirenge vyiwe.” (Abaheburyo 10:12, 13, NW) Yarindiriye iri tegeko rya Yehova: “Genda uganze hagati mu bansi bawe.” (Zaburi 110:2, NW) Ico gihe kigeze, atangura gutyorora ijuru, arikuramwo Shetani n’abamarayika bayo. Inkurikizi y’iyo ntambara ngiyi: “Noneho agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubwami bw’Imana yacu n’ububasha bwa Kirisitu wayo: Kuko umurezi wa bene Data akororewe hasi, yahora abarega ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu!” (Ivyahishuriwe Yohani 12:10) Nk’uko twabibonye mu kigabane twahejeje, ni ibizwi neza ko iyo ntambara yamaze kuba mw ijuru, kandi ubu Yezu akaba aganza hagati y’abansi biwe.
28. (a) Yezu azokora iki adatevye? (b) Dutegerezwa gukora iki kugira ngo atuzigame?
28 Ntibitinze, Yezu n’abamarayika biwe bazokiza iyi si intwaro zose z’abantu. (Daniyeli 2:44; Ivyahishuriwe Yohani 17:14) Bibiliya ivuga ko afise “inkota ndende ikarishe kugira ngo ayikubite amahanga; azoyaragirisha inkoni y’icuma.” (NW) (Ivyahishuriwe Yohani 19:11-16) Kugira ngo bishoboke ko tuzigamwa muri iryo tikizwa ryimirije, dutegerezwa kwizera Yezu Kirisitu; (Yohani 3:36) tukamusaba kuko ari umwami wacu wo mw ijuru. Uzomusaba none?
[Ifoto ku rup. 58]
Yezu yararetse umwuga wiwe w’ububaji arabatizwa, aca aba uwasīzwe wa Yehova
[Ifoto ku rup. 63]
Yezu yari ameze nka Adamu igihe yari akigororotse
[Amafoto ku rup. 64]
Yezu yatērwa ikigongwe n’abarwaye hamwe n’abashonje agaca abatabara
[Ifoto ku rup. 67]
Igihe Yezu yazura abapfuye, yarerekanye ivyo yokoreye abantu benshi ubwami bw’Imana bumaze kuganza