ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • pe ikig. 13 rup. 112-119
  • Intwaro y’Imana Itekanye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intwaro y’Imana Itekanye
  • Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KUGARAGAZA AKAMARO K’UBWO BWAMI
  • ITEGURWA RY’INTWARO NSHASHA YO KW ISI
  • YEHOVA YIBUKA ISEZERANO RYIWE
  • Ubwami bw’Imana ni iki? Twokwerekana gute ko tubushaka?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ubwami bw’Imana Buraganza
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Intwaro izozana Iparadizo
    Intwaro izozana Iparadizo
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
pe ikig. 13 rup. 112-119

Ikigabane ca 13

Intwaro y’Imana Itekanye

1. Ni igiki intwaro z’abantu zananiwe kugira?

MBESE, URAMAZE kubona ko intwaro z’abantu n’aho zoba zifise imigambi ishimishije gute, zananiwe gushika abantu ku nyota? Nta n’imwe yazimanganije ubugarariji, urwanko ruva ku moko; canke yaronkeje abanyagihugu bose ibifungurwa bibereye hamwe n’aho babika umusaya. Ntizashoboye kubaruhura indwara; nta n’imwe muri zo ishobora kubakingira ubusaza canke urupfu; kandi nta n’imwe irigera igarukana abapfuye bagasubira kubaho. Turetse n’ivyo, nta n’imwe irigera izanira abo itwara amahoro n’umutekano biramba. Intwaro z’abantu ntizishobora gutorera umuti ingorane zibangamiye abantu.

2. Inyigisho ngenderwako ya Bibiliya ni iyihe?

2 Umuremyi wacu arazi ingene tunyotewe intwaro itunganye, izotuma abantu babaho imyaka yose mu gahimbare. Ni co gituma Bibiliya ivuga ivyerekeye intwaro izorōngōrwa n’Imana. Na none iyo ntwaro twaraganiwe n’Imana, ni yo nyigisho ngenderwako ya Bibiliya.

3. Muri Yesaya 9:6, 7 havuga iki ku vyerekeye intwaro y’Imana?

3 Hari aho wobaza uti: ‘ni hehe Bibiliya ivuga ivy’intwaro y’Imana?’ Irabivuga. Akarorero muri Yesaya 9:6, 7 havuga ibi bikurikira: “Kuko umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro. Ukugwira k’ubutware bwiwe n’amahoro ntibizogira iherezo.”

4. Umwana ategerezwa kuba umwami mu ntwaro y’Imana ni nde?

4 Aho Bibiliya yerekana ivuka ry’umwana; umutware. Uwo ‘mwana w’umwami’ yotinze akaba umukuru ahambaye, “Umukama w’amahoro.” Ni we yorōngōye intwaro nyakuri y’agatangaza. Iyo ntwaro izozana amahoro kw isi yose, kandi ayo mahoro ntazohera. Uyo yavugwa muri Yesaya 9:6, 7 ko azovuka, yari Yezu. Igihe umumarayika Gaburiyeli yamenyesha ya nkumi Mariya ivuka ryiwe yavuze ati: “Azohangama . . . ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.” — Luka 1:30-33.

KUGARAGAZA AKAMARO K’UBWO BWAMI

5. (a) Akamaro k’Ubwami bw’Imana kerekanwa gute muri Bibiliya? (b) Ubwami bw’Imana ni iki; kandi buzokora iki?

5 Igihe Yezu n’intumwa ziwe bari ngaha kw isi, igikorwa gikuru bakoze, cari ic’ukwigisha ivy’Ubwami bw’Imana buzoza. (Luka 4:43; 8:1) Muri Bibiliya, ubwo bwami bābuvuze nk’incuro 140. Mbere Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga bati: “Ubwami bwawe ni buze, ivyo ugomba bigirwe kw isi nk’uko bigirwa mw ijuru.” (Matayo 6:10, NW) Ubwo bwami abakirisu basaba ni intwaro koko? Hari aho woba utaribaza ko ari yo. Shirwa noneho ni yo, mbere Yezu Umwana w’Imana ni we Mwami ayirōngōye, na we azoganza isi yose. Ese ukuntu bizoba bihimbaye cane igihe abantu batazoba bakigabuwemwo imirwi itwarwa n’ibihugu vyinshi bidashize hamwe, ariko bose bagahurikira hamwe mu mahoro, barōngōwe n’Ubwami bw’Imana!

6. Igihe Yezu yari ngaha kw isi, ni kuki Ubwami bw’Imana bwavuzwe ko “bwegereje”; kandi ngo buri “hagati yanyu”?

6 Yohani umubatizi yatanguye kwigisha ivy’iyo ntwaro avuga ati: “Mwihane, kuko ubwami bw’ijuru buri hafi.” (Matayo 3:1, 2) Ni kuki yavuga atyo? Ni uko Yezu, uwohavuye aba umutware w’ubwo bwami bwo mw ijuru, yari hafi kuza ngo amubatize, ace asīgwa impwemu yera y’Imana. Uca rero wumva igituma munyuma Yezu yabwiye abafarisayo ati: “Raba! Ubwami bw’Imana buri hagati yanyu. (Luka 17:21, NW) Ni ukubera ko Yezu, uwo Imana yari yasīze ngo abe umwami yari kumwe na bo. Guhangama ku ngoma arabikwiye, yabihawe n’uko atahemukiye Imana gushika gupfa, igihe yamara imyaka itatu n’igice yamamaza inkuru nziza kandi yigisha abantu.

7. Ni igiki cerekana ko ubwami bw’Imana cari ikibazo gihambaye igihe Yezu yari ngaha kw isi?

7 Kugira ngo tumenye ko ubwami bw’Imana cari ikibazo gihambaye mu gihe Yezu yariko ararāngūra igikorwa ciwe, reka turabe ivyamushikiye ku musi yari arariye gupfa. Bibiliya itubwira ko bāmwagiriza bavuga bati: “Uyu twamubonye agomesha ubwoko bwacu, akabuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kirisitu, Umwami.” Buramatari w’umuroma Ponsiyo Pilato ngo avyumve, aca abaza Yezu ati: “Wewe uri umwami w’abayahudi?” NW. — Luka 23:1-3.

8. (a) Yezu yishuye iki igihe bāmubaza ko ari umwami? (b) Yezu yashaka kuvuga iki igihe yishura ko ubwami bwiwe “atari ubw’ino”?

8 Yezu ntiyishuye ikibazo ca Pilato mu buryo buramvuye, ahubwo yishuye ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo ubwami bwanje buba ubwo muri iyi si, abagendanyi banje baba barwanye ngo sintabwe mu minwe y’abayahudi. Ariko noneho ubwami bwanje si ubw’ino.” Yezu yishuye uko kubera ko ubwami bwiwe butobaye ubwo muri iyi si. Ntiyoganje ari kw isi nk’uko abandi bami baganza, ariko we yoganje ari mw ijuru. Ikibazo rero cari ic’uko Yezu akwiye kuganza nk’umwami canke ko atabikwiye. Pilato asubira kubaza Yezu ati: “None wewe uri umwami?” NW.

9. (a) Ni ukuri ukuhe kw’agatangaza Yezu yigishije? (b) Ni ibibazo ibihe bihambaye muri iki gihe cacu?

9 Ni ko, Yezu yari asagirijwe n’amarushwa, kubera ko yama yigisha ivy’intwaro nshasha. Yezu yishura Pilato ati: “Ni wewe uvyivugiye ko ndi umwami. Iki ni co navukiye, kandi iki ni co canzanye mw isi, ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” (Yohani 18:36, 37) Ego, imisi Yezu yamaze kw isi, yayimaze yiganira abantu ibitangaza vy’intwaro y’ubuwami bw’Imana. Ni yo yari inyigisho yiwe y’ishimikiro, kandi ubwo bwami bukaba n’ubu ari ikibazo gihambaye. Ngibi ibibazo bigikeneye inyishu: Ni intwaro iyihe ifise ico imariye ubuzima bwa buri muntu wese? Ni iy’abantu, canke ni ubwami bw’Imana burōngōwe na Kirisitu?

ITEGURWA RY’INTWARO NSHASHA YO KW ISI

10. (a) Ni ryari Imana yabonye ko intwaro nshasha ikenewe? (b) Muri Bibiliya ni he havuga ubwa mbere ivy’iyo ntwaro? (c) Ni nde agereranywa n’inzoka?

10 Igihe Shetani yatuma Adamu na Eva bagarariza nka yo, ni ho Yehova yabona ko abantu bakeneye intwaro nshasha. Mu maguru masha, Imana imenyesha imigambi ifise yo kuyishinga. Yabivuze igihe yariko iracira urubanza ya nzoka, ariko mu vy’ukuri ari Shetani Mureganyi abwirwa: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe, ruzogukomeretsa ku mutwe, nawe uzorukomeretsa ku gitsintsiri.” — Itanguriro 3:14, 15.

11. Urwanko rwobaye hagati ya bande?

11 Hari aho wobaza uti: ‘ko ata kintu na kimwe cerekeye intwaro cavuzwe ngaha?’ Reka dutohoze neza ayo majambo, turaja kubitora. Icanditswe kivuga yuko hazoba inyankane, canke urwanko hagati ya Shetani n’uyu mugore. Bisubiye, habe urwanko hagati y’“uruvyaro” rwa Shetani, n’“uruvyaro” rw’uyu mugore. Imbere ya vyose, dukwiye kubanza kumenya “uyo mugore” uwo ari we.

12. Mu vyahishuriwe Yohani ikigabane ca 12 havugwa iki ku vyerekeye “umugore”?

12 Si umugore wo ngaha kw isi. Nta mugore n’umwe afise umubiri w’umuntu, Shetani yogiriye urwanko rungana rutyo. Ahubwo, uyo ni umugore w’ikigereranyo. Ni ukuvuga ko agereranya ikindi kintu. Ivyo vyerekanwa neza mu gitabu ca nyuma ca Bibiliya; Ivyahishuriwe Yohani. Havuga ko “izuba ari ryo gisharizo uyo mugore yambaye; ko ahagaze ku kwezi, kandi ko yambaye urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri.” (NW) Kugira ngo dutore ico uyo mugore agereranya, reka turabe ivyo ico gitabu kibandanya kuvuga vyerekeye umwana wiwe: “Avyara umwana w’umuhungu, ni we azoragiza amahanga inkoni y’icuma. Umwana wiwe arasahurwa, ajanwa ku Mana no ku ntebe yayo.” — Ivyahishuriwe Yohani 12:1-5.

13. “Umwana w’umuhungu” n’“umugore” bagereranya iki?

13 Nitwamenya uwo “mwana w’umuhungu” ico ari co, bica bitworohera no kumenya “uyo mugore” ico agereranya. Uwo mwana si umuntu nk’uko uyo mugore atari umugore asanzwe. Icanditswe cerekana ko uwo “mwana w’umuhungu azogaba amahanga yose.” Uwo “mwana” rero agereranya intwaro y’Imana izorōngōrwa na Kirisitu Umwami. “Uyo mugore” na we, aca agereranya ikinja ry’ibiremwa vy’Imana bidahemuka biri mw ijuru. Nk’uko wa “mwana w’umuhungu” yavuye muri wa mugore, ni ko n’Umwami Kirisitu Yezu yaje ava mw ikinja ry’ibiremwa vy’impwemu bidahemuka biri mw ijuru, bihurikiye hamwe ngo birāngūre imigambi y’Imana. Iryo kinja, mu b’i Galatiya 4:26 ryitwa “Yeruzalemu wo hejuru.” Kuva igihe rero Adamu na Eva batereye akagere intwaro y’Imana, Yehova yaciye ategekanya Ubwami, canke intwaro yobaye icizigiro c’abakunda ubutungane.

YEHOVA YIBUKA ISEZERANO RYIWE

14. (a) Yehova yerekanye ate ko yibutse umuhango yatanze werekeye “uruvyaro” rwofyonyoye Shetani? (b) Urwo “ruvyaro” rwatanzweko umuhango ni nde?

14 Yehova ntiyibagiye umuhango yatanze, wo kurungika “uruvyaro” rwoganje mu ntwaro y’Imana. Uwo mutware yosanganguye Shetani, mu kumufyonyora umutwe. (Abaroma 16:20; Abaheburayo 2:14) Munyuma, Yehova yavuze ko urwo ruvyaro rwatanzweko umuhango rwoturutse kuri Aburahamu umwizigirwa ati: “Amahanga yose yo kw isi, umugisha azowukesha uruvyaro rwawe.” (Itanguriro 22:18, NW) Urwo “ruvyaro” rwavuzwe ko ruzova mu nda ya Aburahamu ni nde? Bibiliya yishura iti: “Nuko Aburahamu ni we yasezeraniwe amasezerano, bo n’uruvyaro rwiwe. Ntiyavuze iti ‘imvyaro,’ nk’uvuga benshi: yamara yavuze nk’uvuga umwe, iti ‘n’uruvyaro rwawe,’ ni rwo Kirisitu.” (Ab’i Galatiya 3:16) Yehova yabwiye kandi Isaka umuhungu wa Aburahamu, na Yakobo umwuzukuru wa Aburahamu ko “uruvyaro” rw’“umugore” w’Imana rwoturutse mu muryango wabo. — Itanguriro 26:1-5; 28:10-14.

15, 16. Ni igiki kitwemeza ko urwo “ruvyaro” rwobaye umwami aganza?

15 Kugira ngo Yakobo yerekane ko urwo ruvyaro rwovyagiye ku ngoma, yabwiye Yuda aya majambo akurikira: “Icumu [canke inganji] ntirizova kuri Yuda, inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo aje; uwo amahanga yose azokwumvira.” (Itanguriro 49:10, NW) Yezu Kirisitu yavyawe mu bwoko bwa Yuda, ni we rero “Shilo amahanga yose azokwumvira.” — Abaheburayo 7:14.

16 Hashize nk’imyaka 700 Yuda abwiwe ivyo, Yehova avuga ivyerekeye Dawidi wo mu bwoko bwa Yuda ati: “Nābonye Dawidi umusavyi wanje, . . . kandi uruvyaro rwiwe nzoruha kuramba gushitsa ibihe bidashira, bo n’ingoma yiwe nk’imisi y’ijuru.” (Zaburi 89:20, 29) Aho Imana ivuga ngo “uruvyaro” rwa Dawidi ruzoramba “ibihe bidashira,” kandi ko n’“ingoma yiwe” izomara imisi “nk’iy’ijuru,” ishaka kuvuga iki? Ishaka kuvuga ko Ubwami, canke intwaro irōngōwe n’umwami yatoranijwe Yezu Kirisitu izokwamaho. Tubibwirwa n’iki?

17. Ni igiki kitwereka ko umwami abantu bāraganiwe ari Kirisitu Yezu?

17 Ibuka ko Gaburiyeli umumarayika wa Yehova, yabwiye Mariya ivy’umwana yovyaye ati: “Uze umwite Yezu.” Ariko Yezu ntiyoheze ibwana, canke ngo agume ari umuntu kw isi. Gaburiyeli arabandanya ati: “Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Isumba vyose, kandi [Imana Yehova] izomuha intebe y’ubwami ya sekuruza Dawidi, ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubwami bwibe ntibuzogira iherezo.” (Luka 1:31-33) Ntibishimishije none kubona ko Yehova yategekanije intwaro itunganye, izozanira imigisha yamaho abo bose bamukunda kandi bamwizigiye?

18. (a) Bibiliya yigana ite ugukomvomvorwa kw’intwaro z’iyi si? (b) Intwaro y’Imana izogirira iki abantu?

18 Igihe kirageze ko Ubwami, canke intwaro y’Imana ikomvomvora izi ntwaro zose z’iyi si. Kirisitu Yezu rero azokwinjira mu rugamba nk’umwami nyenintsinzi. Bibiliya yigana iyo ntambara itya: “Ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ‘juru [izoshinga ubwami butazigera buneshwa.] . . . Buzomara bukomvomvore ubwami bwose bw’abo bami, yamara bwo buzohangama gushitsa ibihe vyose.” (Daniyeli 2:44; Ivyahishuriwe Yohani 19:11-16) Izi ntwaro zindi zimaze kuva mu nzira, intwaro y’Imana izoshika abantu ku nyota. Umwami Yezu Kirisitu azokingira ingabo ziwe indwara, ubusaza n’urupfu. Ubugarariji, ubukene bw’inzu nziza, inzara n’izindi ngorane bizotorerwa umuti. Kw isi hose hazoba amahoro n’umutekano nyakuri. (2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe Yohani 21:3-5) Mugabo turakeneye kumenya vyinshi vyerekeye abazotwara muri iyo ntwaro y’Ubwami bw‘Imana.

[Ifoto ku rup. 112, 113]

Yezu yarungitse abigishwa biwe ngo bakore igikorwa gihambaye co kwamamaza ubwami bw’Imana

[Ifoto ku rup. 114]

Igihe Yezu yariko acirwa urwo gupfa yabandanije yamamaza ubwami bw’Imana

[Ifoto ku rup. 119]

Wewe Yezu umwiyumvira ute—nk’umwami nyenintsinzi canke nk’uruyoya rutagira gitabara?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika