ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • pe ikig. 14 rup. 120-126
  • Abaja mw Ijuru Ni Bande; Kubera Iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abaja mw Ijuru Ni Bande; Kubera Iki?
  • Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ABAGOROROTSI BOSE BAJA MW IJURU?
  • NI KUKI HARI INTAHEMUKA ZIJA MW IJURU?
  • NI BANGAHE BAJA MW IJURU?
  • NI KUKI BAROBANURWA KW ISI?
  • ISHENGERO RY’IMANA
  • IKINTU GISHA MU MIGAMBI Y’IMANA
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Abantu beza bose boba baja mw’ijuru?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Abakirisu bose b’abizigirwa boba baja mw’ijuru?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
pe ikig. 14 rup. 120-126

Ikigabane ca 14

Abaja mw Ijuru Ni Bande; Kubera Iki?

1. Ni bande baja mw ijuru, kandi bajayo kubera iki; abantu benshi bishura ico kibazo ngo iki?

ABANTU benshi bavuga ko ‘abeza bose baja mw ijuru.’ Ariko ubabajije igituma bajayo, hari aho bishura ko ‘baja kubana n’Imana,’ canke ngo ‘ni impera y’ubutungane bwabo.’ Bibiliya yigisha iki kuri ivyo?

2, 3. (a) Ikitwemeza ko hariho abazoja mw ijuru ni igiki? (b) Ni ikibazo ikihe gikeneye inyishu?

2 Bibiliya yerekana neza ko Yezu yazuwe mu bapfuye, hanyuma akaja mw ijuru. Kandi yigisha ko hariho abandi bojanyweyo. Ku mugoroba umwe Yezu yimirije gupfa, yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka ati: “I muhira kwa Data hari ibibanza vyinshi. Ahandiho, nari kubibabwira, kuko ngiye kubategurira icicaro. Kandi ko ngiye kubategurira icicaro, ndiko ndagaruka, hanyuma nze ndabākirire iwanje, kugira ngo aho ndi abe ari ho namwe muba.” — Yohani 14:1-3, NW.

3 Nta gukeka, Yezu yariko abwira intumwa ziwe ko zojanywe mw ijuru kubana na we. N’intumwa Paulo, yama ibwira abakirisu ba mbere ivyerekeye ico cizigiro c’agatangaza. Ngibi ivyo yanditse: “Tweho iwacu ni mw ijuru, ni ho twiteze umukiza ko azova, ni we Mwami Yezu Kirisitu.” (Ab’i Filipi 3:20, 21; Abaroma 6:5; 2 Ab’i Korinto 5:1, 2) Abantu ibihumbi n’ibihumbi bashize agatima ku buzima bwo mw ijuru, bishimikije iyo nsezerano. Ariko none abeza bose bazoja mw ijuru?

ABAGOROROTSI BOSE BAJA MW IJURU?

4, 5. Ni igiki cemeza ko Dawidi na Yobu batagiye mw ijuru?

4 Hāri hashize igihe gito Yezu azuwe mu bapfuye, intumwa Petero ibwira ishengero ry’abayahudi iti: “Sogokuruza wacu mukuru Dawidi, yarapfuye arahambwa, n’imva yiwe iri hagati ino muri twebwe na bugingo n’ubu. Kandi Dawidi ntiyaduze mw ijuru.” (Ivyakozwe n’intumwa 2:29, 34) Umugororotsi Dawidi rero ntiyagiye mw ijuru. Wa muntu w’intungane Yobu we bite?

5 Igihe Yobu yari aruhijwe, yasavye Imana ati: “Icompa ukampisha i kuzimu, ukandindira ahihishije gushitsa aho uburake bwawe buzoshirira; ukanshingira igihe kandi ukazonyibuka!” Yobu yari yiteze ko apfa agahambwa ntihagire na kimwe aba acumva. Yari azi ko atogiye mw ijuru. Ariko aya majambo yongeyeko, yerekana ko yari afise ikizigizigi: “Umuntu akomeye apfuye, mbega arasubira kubaho? [Mu gihe cose wanshingiye nzoba ndindiriye, King James Version] (i kuzimu) gushika irekurwa ryanje rigeze. Uzohamagara nanje nzokwitaba.” — Yobu 14:13-15, NW.

6, 7. (a) Ni igiki cerekana ko ata n’umwe yatanze Yezu gupfa yagiye mw ijuru? (b) Bizogenda gute ku ntahemuka zatanze Yezu gupfa?

6 Yohani umwe yabatiza Yezu, na we nyene yari intungane. Mugabo Yezu yavuze ati: “Ariko umutoya mu bwami bwo mw ijuru aramuruta.” (Matayo 11:11) Ivyo ni ukubera ko Yohani umubatizi atazoja mw ijuru. Igihe Yezu yari kw isi; hāri hashize imyaka irenga 4 000 Adamu na Eva bagararije; yavuze ibi bikurikira: “Nta n’umwe yaduze mw ijuru, atari uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu.” — Yohani 3:13.

7 Dukurikije rero amajambo ya Yezu we nyene, muri iyo myaka 4 000 yose y’ukubaho kw’abantu gushika mu gihe ciwe, nta muntu n’umwe yari bwaje mw ijuru. Dawidi, Yobu na Yohani Umubatizi, bazozukira kuba ngaha kw isi. Na none abagabo n’abagore bose batāhemutse, bāpfuye imbere y’urupfu rwa Yezu, bari bafise icizigiro co kuzuka bakaba ngaha kw isi, si mw ijuru. Bazozukira kwifatanya n’izindi ngabo z’ubwami bw’Imana. — Zaburi 72:7, 8; Ivyakozwe n’intumwa 17:31.

NI KUKI HARI INTAHEMUKA ZIJA MW IJURU?

8. Ni ibibazo ibihe bifise inyishu z’ingirakamaro; kandi kuki?

8 Ni kuki Yezu yagiye mw ijuru? Yagiye gukorayo iki? Inyishu z’ivyo bibazo ni ingirakamaro, kubera ko abazojayo bazofadikanya na we ico gikorwa, ni na co mbere kibajanayo.

9, 10. Nk’uko Daniyeli abitumenyesha, ni bande bazotwara mu ntwaro y’Imana turetse Yezu?

9 Nk’uko twamaze kuvyiga mu bigabane twahejeje, Yezu ni Umwami w’intwaro y’Imana yo mw ijuru, azotwara isi nshasha izoba yabaye iparadizo. Daniyeli yari yaravuze ko “umwana w’umuntu yohawe ubutware,” imyaka myinshi imbere y’uko Yezu aza kw isi. Uwo “mwana w’umuntu” ni Yezu Kirisitu. (Mariko 14:41, 62) Daniyeli yarabandanije ati: “Ingoma yiwe ni ingoma izokwamaho; itazohangura, kandi ubwami bwiwe ntibuzokwigera buneshwa.” — Daniyeli 7:13, 14, NW.

10 Birakenewe kumenya ko ngaha muri iki gitabu ca Daniyeli havuga ko “umwana w’umuntu” atari we azoganza wenyene. Bibiliya ivuga iti: “Kandi ubwami n’inganji . . . bizogabirwa ihanga ry’abera b’Isumba vyose. Ubwami [bwabo ntibuzohangura.”] (Daniyeli 7:27) Aya majambo “ihanga” n’“ubwami bwabo,” atwereka ko hari abandi bazoganza hamwe na Kirisitu mu ntwaro y’Imana.

11. Ni igiki cerekana ko abigishwa ba Yezu ba mbere bazofandikanya na we kuganza?

11 Mw ijoro rya nyuma Yezu yamaranye n’intumwa ziwe 11 z’intahemuka, yarazeretse ko zoganje hamwe na we mu bwami bw’Imana. Yazibwiye ati: “Ni mwebwe mwagumanye nanje mu gihe nageragezwa, kandi nanje ndabaraganiye ubwami, nk’uko Data yabundaganiye.” (Luka 22:28, 29, NW) Munyuma, intumwa Paulo na Timoteyo binjizwa muri iryo sezerano ry’ubwami. Ni co gituma Paulo yandikiye Timoteyo ati: “Ni twabandanya kwihangana, natwe tuzoganza nk’abami hamwe na we.” (2 Timoteyo 2:12, NW) N’intumwa Yohani yaravuze ivy’abazofadikanya na Kirisitu “kuganza isi.” — Ivyahishuriwe Yohani 5:9, 10; 20:6.

12. Ni ikintu ikihe cerekeye “uruvyaro” rwa Aburahamu kimenyesha ko Kirisitu azogira abasangirangingo mu ntwaro yiwe?

12 Abaja mw ijuru bose rero, bajayo ngo babe ibisongerezi vya Yezu, bimufasha kuganza mu ntwaro y’Imana iri mw ijuru. N’aho Yezu ari we “ruvyaro” rukuru rwatanzweko umuhango, hariho abandi Imana yitoraniriza ibakuye mu bantu, kugira ngo bafatanye na we kuganza muri ubwo bwami. Abo kandi baca bafadikanya na we kuba rwa “ruvyaro” nk’uko Bibiliya ibivuga: “Ko muri aba Kirisitu, muri uruvyaro rwa Aburahamu, muri abaragwa nk’uko vyasezeranywe.” — Ab’i Galatiya 3:16, 29; Yakobo 2:5.

NI BANGAHE BAJA MW IJURU?

13. (a) Ni kuki inzoya zitazojanwa mw ijuru? (b) Yezu yavuze iki ku vyerekeye igitigiri c’abahabwa Ubwami?

13 Kubera ko bazoganza isi, birumvikana ko abaja mw ijuru bategerezwa kuba ari abigishwa ba Kirisitu bāgeragejwe. Ivyo vyerekana ko inzoya canke abana bato bataraba abakirisu bāgeragejwe mu misi bamaze bakorera Imana batazojanwayo. (Matayo 16:24) Mugabo abana nk’abo bapfuye, biteze kuzurwa bakaba ngaha kw isi. (Yohani 5:28, 29) Abazoja mw ijuru rero, ubagereranije n’abazoronkera ubuzima ngaha kw isi mu ntwaro y’ubwami, ni imparurwa. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Yemwe mwa busho buto, ntimutinye, kuko so bimuhimbara kubaha ubwami.” — Luka 12:32.

14. Abagize “ubusho buto” buja mw ijuru ni bande?

14 Abo bantu imparurwa bazoganza mu ntwaro y’ubwami ni bangahe? Zizoba ari intumwa gusa hamwe n’abandi bigishwa ba Yezu ba mbere? Oya, Bibiliya yerekana ko muri ubwo “busho buto,” harimwo n’abandi. Mu Vyahishuriwe Yohani 14:1, 3 Bibiliya ivuga iti: “Kandi mbona umwagazi w’intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine . . . bācunguwe ngo bakurwe mw isi.” Raba! Abantu 144 000 gusa ni bo Yohani yabonye bari kumwe n’umwagazi w’intama Yezu Kirisitu ku musozi Siyoni wo mw ijuru. (Abaheburayo 12:22) Bibiliya ntiyigisha ko abeza bose baja mw ijuru, ahubwo iduhishurira ko abantu 144 000 gusa bāgeragejwe ntibamene ibanga, ari bo bazojanwayo, kugira ngo baganze bafadikanije na Kirisitu.

NI KUKI BAROBANURWA KW ISI?

15. Ni kuki Imana yatoranije abo batware b’Ubwami mu bana b’abantu?

15 None ni kuki abo batware Imana ibarohanura mu bana b’abantu? Ni kuki itatoranije abamarayika ngo babe ari bo basangira inganji na Kirisitu? Aha kw isi ni ho impari zerekeye uwukwiye kugaba akaganza uwo ari we zabereye. Aha kw isi ni ho abantu bokwerekaniye ko ari intahemuka ku Mana, n’aho bogeragejwe na Shetani. Aha kw isi ni ho Yezu yageragerejwe aguma ari umwizigirwa ku Mana, atako atanga ubuzima bwiwe kugira ngo bube incungu y’abantu bose. Ni ngaha kw isi rero Yehova yategekanije ko azokura ishengero rike ry’abantu, kugira ngo babe abasangirangingo n’Umwana wiwe mu bwami bw’ijuru. Kubera ko ari intahemuka ku Mana, bārahinyuje rero Shetani, yavuze ko abantu bakorera Imana kubera ko bayizeyeko impera. Birabereye rero ko Yehova akoresha abo bantu kugira ngo ashimagizwe. — Abanyefeso 1:9-12.

16. Ni kuki twoshimira Imana kubona abo batware mu Bwami bārabaye kw isi?

16 Zirikana kandi ukuntu bizoba ari agatangaza gutwarwa n’abantu batāhemukiye Imana ngaha kw isi, mbere benshi muri bo bakaba baratanze n’ubuzima bwabo kugira ngo bakorere Ubwami. (Ivyahishuriwe Yohani 12:10, 11; 20:4) Abamarayika ntibāgeragejwe gutyo, kandi nta n’ingorane zigora abantu bigeze bagira. Ntibotahuye neza rero ingorane z’abantu hamwe n’ivyaha vyabo. Ariko ba bandi 144 000 bazobitegera, kubera ko nabo nyene babiciyemwo. Bamwe muri bo barinze gutsinda imigenzo mibi, ni co gituma bazi ko atari ivyoroshe kuyiheba. (1 Ab’i Korinto 6:9-11) Kubera ico, ntibazotwaza umukazo ingabo zabo zizoba ziri ngaha kw isi. — Abaheburayo 2:17, 18.

ISHENGERO RY’IMANA

17. Ijambo “ishengero” ryerekana iki?

17 Bibiliya itubwira ko Kirisitu ari we mutwe w’ishengero ry’Imana, kandi ko abarigize bategerezwa kumuha icubahiro. (Abanyefeso 5:23, 24) Ijambo “ishengero” rero, canke “ishengero ry’Imana,” ryerekana umurwi w’abakirisu. (1 Ab’i Korinto 15:9) Ubu akarwi k’abakirisu turimwo, dushobora kukita ishengero. No muri Bibiliya ni uko biri, dusanga ahanditswe ngo “ishengero ry’i Lawodikiya;” kandi no mw ikete intumwa Paulo yandikiye Filemoni, dusangamwo ngo n’“ishengero ryo mu nzu yawe.” — Ab’i Kolosayi 4:16; Filemoni 2.

18. (a) “Ishengero ry’Imana nzima” rigizwe na bande? (b) Iryo shengero rifise amatazirano ayahe yandi muri Bibiliya?

18 Ariko igihe Bibiliya ivuga ngo “ishengero ry’Imana nzima,” iba ishaka kwerekana umurwi w’abigishwa ba Kirisitu uri ukwawo. (1 Timoteyo 3:15) Ibita kandi ngo ni “ishengero ry’abana b’imfura banditswe mw ijuru.” (Abaheburayo 12:23) Iryo “shengero ry’Imana nzima” rero, rigizwe n’abakirisu bose bari kw isi, bafise icizigiro co kuja kuba mw ijuru. Bose hamwe, ni abantu 144 000 gusa bagize iryo “shengero ry’Imana.” Ubu bake gusa, amasigarira, ni bo bakiri kw isi. Abakirisu biteze kuzobaho ibihe bidashira ngaha kw isi, mu vy’ukwizera barōngōwe n’abagize iryo “shengero ry’Imana nzima.” Abo bantu 144 000 bagize iryo shengero, Bibiliya ibatazira kandi ngo ni “umugeni, umugore w’umwagazi w’intama,” “umubiri wa Kirisitu,” “urusengero rw’Imana,” “abisirayeli b’Imana,” “Yeruzalemu musha.” — Ivyahishuriwe Yohani 21:9; Abanyefeso 4:12; 1 Ab’i Korinto 3:17; Ab’i Galatiya 6:16; Ivyahishuriwe Yohani 21:2.

IKINTU GISHA MU MIGAMBI Y’IMANA

19. Ni ikintu ikihe gisha Imana yagize kugira ngo irāngūre umugambi wa mbere yari ifitiye isi?

19 Imana Yehova ntiyahinduye imigambi yari ifitiye isi n’abantu, kuva aho Adamu amariye gukwegera abantu icaha n’urupfu. Iyo ihindura vyari guca vyerekana ko inaniwe gushitsa imigambi yayo ya mbere. Yari yagabiye kuva mu ntango ko isi yose yobaye iparadizo ibamwo abantu bahimbawe, kandi bafise amagara meza. Kuri ico, Imana ntiragambura imigambi yayo. Ikintu gisha yagize, ni ugutegura intwaro nshasha izorāngūra uwo mugambi. Nk’uko twabibonye, Umwana wayo Kirisitu Yezu ni we mutware mukuru muri iyo ntwaro, kandi abantu 144 000 bazorobanurwa mu bantu baje kuganza hamwe na we mw ijuru. Ivyahishuriwe Yohani 7:4.

20. (a) “Ijuru risha” n’“isi nsha” bigizwe na bande? (b) Kugira ngo winjire mu murwi w’abagize “isi nsha” utegerezwa kugira iki?

20 Abo batware bashitse mw ijuru, bazoba “ijuru risha” riganza isi nshasha y’Imana. Birumvikana ko ni haba hari abatware nk’abo b’intungane batwara isi, hategerezwa kuba hari n’abo batwara. Bibiliya yita abo batwarwa ngo ni “isi nsha.” (2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe Yohani 21:1-4) Yobu, Dawidi, Yohani Umubatizi, eka n’abandi bose bāpfuye badahemutse bābayeho Yezu ataraza kw isi, bazoba bari muri iyo si nshasha. Abazogira “isi nsha” si abo gusa: n’abazorokoka igihe iyi si mbi izotikirizwa, na bo nyene ntitubasige inyuma. Uzorangwa mu bazorokoka nawe? Urashaka kuba muri iyo ntwaro y’Imana? Ni waba ubishaka, hari ivyo ukwiye gushitsa.

[Amafoto ku rup. 121]

Aba bagororotsi bagiye mw ijuru?

Umwami Dawidi

Yobu

Yohani Umubatizi

[Ifoto ku rup. 122]

Mw ijoro rya nyuma Yezu yamaranye n’intumwa ziwe, yazibwiye ko zofadikanije na we kuganza mu bwami bwa Se

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika