ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • T-21 rup. 1-6
  • Nuhimbarwe mu Mubano wo mu Rugo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuhimbarwe mu Mubano wo mu Rugo
  • Nuhimbarwe mu mubano wo mu rugo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uko Urugo Rwabayeho
  • Ni Ubuhe Buryo bwo Kuroranirwa?
  • Uburyo bwo Gutunganirwa mu Rugo
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Ico wogira ngo mu rugo iwanyu harangwe agahimbare
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ingene mwohimbarwa mu rugo
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Hoba Hariho Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo?
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
Ibindi
Nuhimbarwe mu mubano wo mu rugo
T-21 rup. 1-6

Nuhimbarwe mu Mubano wo mu Rugo

Ingo zoba vy’ukuri zishobora kugira ubuhirwe?

Ivyo bishoboka gute?

Woba uzi ingo zifatanye mu nda kandi zihimbawe nk’urwo ubona kuri aka gataragiti? Hose ingo ziriko zirasambuka. Ukwahukana, ukubura akazi, ingorane z’ukurera abana uri umuvyeyi umwe, ukuvunika umutima—ivyo vyose biri mu biteza ayo magume. Umuhinga umwe mu vyerekeye umubano wo mu rugo yaridoze ati: “Gushika ubu, ivyari vyarabuwe ku gusenyuka kw’urugo nta muntu atavyibonera.”

Ni kuki ingo muri iki gihe zisugerejwe n’ibibazo mwene ivyo bikomakomeye? Dushobora gute guhimbarwa mu mubano wo mu rugo?

Uko Urugo Rwabayeho

Kugira ngo twishure ivyo bibazo, turakeneye kumenya inkomoko y’ukwabirana be n’urugo. Kuko niba ivyo biri n’Uwabitanguje—Umuremyi—abagize urugo barakwiye kumurondererako ubuyobozi, kubera ko ari we yotegerezwa kuba azi neza kuruta ukuntu dushobora guhimbarwa mu mubano wo mu rugo bimwe bishitse.

Igitangaje ni uko abantu benshi biyumvira yuko indinganizo y’ivy’urugo itagira uwayitanguje. Igitabu kimwe (Encyclopédie américaine) kivuga giti: “Incabwenge zimwezimwe zishaka kwiyumvira yuko ukwabirana kwakomotse ku kubana kw’ibikoko biri hanyuma y’umuntu.” Yamara, Yezu Kirisitu yaravuze ivy’iremwa ry’umugabo n’umugore. Yasubiyemwo amajambo yishimikije yo mu nkuru ya Bibiliya ivuga ivy’intango, aravuga ati: “Ico Imana yamatanije, umuntu ntaz’akimature.”—Matayo 19:4-6.

Yezu rero yavuze ukuri. Imana y’inyabwenge yaremye abantu ba mbere kandi iraringaniza ivy’uko bahimbarwa mu mubano wo mu rugo. Imana yashize hamwe umugabo n’umugore ba mbere mu mubano w’ababiranye, ivuga yuko umugabo ‘azobana n’umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe.’ (Itanguriro 2:22-24) Vyoshoboka none yuko ingorane zigeramiye ingo muri iki gihe zoba ziterwa n’ugukurikirana ingendo y’ubuzima irenga ku ngingo ngenderwako zashinzwe n’Umuremyi mw’Ijambo ryiwe, Bibiliya?

Ni Ubuhe Buryo bwo Kuroranirwa?

Nk’uko utegerezwa kuba ubizi, isi ya none iremesha ubwikunzi be n’ukuryimara. Umuhinga umwe mu vy’ubutunzi yabwiye abanyeshure basohotse kaminuza yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ati: “Umwina urakiza. Urashobora kuba umunyamwina kandi ukabandanya kwumva umerewe neza.” Mugabo kwiruka inyuma y’amatungo y’ivy’umubiri si vyo bituma umuntu aroranirwa. Uguhahamira amaronko mu vy’ukuri ni kimwe mu ntambamyi zihambaye kuruta zihanamiye umubano wo mu rugo, kubera yuko kuzibira imigenderanire y’abantu kandi kugatuma batakaza umwanya n’amahera yabo. Ibihushanye n’ivyo, rimbura ukuntu imigani ibiri gusa yo muri Bibiliya idufasha kubona ikintu gihambaye cotuma turonka ubuhirwe.

“Ingaburo y’imboga irimw’urukundo iruta inyama z’inka inuze zirimw’urwanko.”

“Indumange irimw’amahoro iruta ibinoboye vyuzuye inzu birimw’imitongano.”

Imigani 15:17; 17:1.

Ayo majambo arakomeye, si ko? Iyumvire gusa ingene isi yomera ukundi hamwe urugo rwose rwokwubahiriza ivyo bintu bihambaye kuruta! Bibiliya iratanga kandi ubuyobozi bw’agaciro ku kuntu abagize umuryango bakwiye gufatana. Rimbura impanuro nkeyi gusa itanga.

Abagabo: ‘Mukunde abagore banyu nk’imibiri yanyu bwite.’—Abanyefeso 5:28-30.

Ni impanuro ibayabaye, mugabo kirumara! Bibiliya kandi itegeka umugabo ‘gutera iteka umugore wiwe.’ (1 Petero 3:7) Abigira mu kumwitwararika bidasanzwe, harimwo ikibabarwe, ukumutahura n’ukumusubiriza umutima mu nda. Araha kandi agaciro ivyiyumviro vyiwe akanamutega ugutwi. (Gereranya n’​Itanguriro 21:12.) Ntiwemera none yuko urugo urwo ari rwo rwose ruzogira akunguko igihe umunega afatana umukenyezi wiwe ubwitwararitsi, nk’uko we ubwiwe yoshima ko bamufata?—Matayo 7:12.

Abagore: ‘Mwubahe cane abagabo banyu.’—Abanyefeso 5:33.

Umugore araterera ku buhirwe bw’urugo mu gusahiriza umunega wiwe kugira ashitse amabanga yiwe aremereye. Ivyo ni vyo vyari biteganijwe, kubera yuko Imana yatanze umugore ngo abe “umufasha bikwiranye.” (Itanguriro 2:18) Woba ushobora gutahura umuhezagiro uhaba mu mubano wo mu rugo igihe umugore agaragariza icubahiro umugabo wiwe mu gushigikira ingingo afata no mu gusenyera ku mugozi umwe na we kugira ngo bashike ku mahangiro y’urugo?

Abubatse: “Uburiri bgabo bgoye guhumanywa.”—Abaheburayo 13:4.

Igihe badahemukiraniye, ubuzima bwo mu rugo nta nkeka buraharonkera akunguko. Ukurenga ibigo kenshi kurasenya urugo. (Imigani 6:27-29, 32) Ni co gituma Bibiliya ivugana ubukerebutsi iti: “Unezererwe umugore wo mu buto bgawe. . . . N[i] iki cotuma ga mwana wanje uhimbarwa n’umugore w’icigenze?”—Imigani 5:18-20.

Abavyeyi: “Toze [abana banyu] indero [b]akwiye kwamana.”—Imigani 22:6.

Igihe abavyeyi bamarana umwanya n’abana kandi bakabitwararika, ubuzima bwo mu rugo nta nkeka buramera neza kuruta. Ni co gituma Bibiliya ihimiriza abavyeyi kwigisha abana babo ingingo zigororotse ‘iyo bicaye mu nzu iwabo, n’iyo bariko baragenda mu nzira, n’iyo baryamye, n’iyo bavyutse.’ (Gusubira mu Vyagezwe 11:19) Bibiliya ivuga kandi yuko abavyeyi bategerezwa kwerekana yuko bakunda abana babo mu kubatoza indero.—Abanyefeso 6:4.

Abana: “Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu.”—Abanyefeso 6:1.

Ego ni ko, muri iyi si itubaha amategeko, ntivyama vyoroshe kugamburukira abavyeyi banyu. Yamara none, ntimwemera yuko biranga ubukerebutsi gukora ivy’Uwatanguje urugo atubwira? Arazi icoba ciza kuruta cotuma umubano wacu wo mu rugo urushiriza kubamwo ubuhirwe. Nuko rero nimwigore mugamburukire abavyeyi banyu. Nimwiyemeze kuzibukira inyosha mbi nyinshi z’isi zibosha gukora ibibi.—Imigani 1:10-19.

Uko umwe wese mu bagize urugo azobandanya gushira mu ngiro impanuro za Bibiliya, umubano wo mu rugo uzohungukira. Abo mu rugo bazokwinovora ubuzima bwiza kuruta muri iki gihe, mugabo kandi bazogira icizigiro ca kazoza keza igitangaza mw’isi nshasha yasezeranywe n’Imana. (2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe 21:3, 4) Nuko rero nimugire akamenyero mu rugo ko kwigira hamwe Bibiliya. Ingo amamiliyoni hirya no hino kw’isi zasanze ubuyobozi buri mu gitabu Le secret du bonheur familial buzana akunguko nyakuri.

Kiretse aho vyerekanywe ukundi, Ivyanditswe vyose vyasubiwemwo mu majambo vyakuwe muri Bibiliya Yera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika