ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kl ikig. 8 rup. 70-79
  • Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura?
  • Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IMANA SI YO IDUCUMUKUZA
  • INTANGO YARI AGAHORE
  • UMUHIGO URIMWO URWENGE
  • INGENE NYA BIBAZO VYASHIZWE MU BURYO
  • NI IBIKI VYAGARAGAYE?
  • NONE WEWE UZOKORA IKI?
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ikibazo Gihambaye Kikwerekeye
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Igituma ubukozi bw’ikibi bubandanya kubaho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Tubeho mu buryo buhimbara Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
kl ikig. 8 rup. 70-79

Ikigabane ca 8

Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura?

1, 2. Abantu kenshi bavyakira gute iyo baravye ingene umuntu acumukura?

IYO hateye ivyago bigasenyagura amazu bikanahitana ubuzima, abantu benshi ntibashobora gutahura igituma ibintu nk’ivyo vy’agacamutima bishika. Abandi baravurugwa ubwenge n’ukuntu ubugizi bwa nabi be n’ubukazi bigwiriye, ukungene vyuzuye ububisha, n’ukuntu vyabuze ihaniro. Hari aho na wewe nyene woba waribajije uti: ‘Ni kuki Imana ireka abantu bagacumukura?’

2 Abenshi kubera ko ata nyishu ishika ku nyota baronkeye ico kibazo, barahevye kwizera Imana. Bibaza yuko ititayeho abantu. Abandi na bo bemera ko ugucumukura ari nk’ikintu gitegerezwa gushika mu buzima, birabababaza, bagata ishavu ku Mana ku bw’ibibi vyose bishika mu kibano c’abantu. Nimba nawe umaze kwumva umerewe gutyo, ngirango woshima cane kumenya ico Bibiliya ivuga kuri ivyo bintu.

IMANA SI YO IDUCUMUKUZA

3, 4. Ni kuki dushobora kwemera tudakeka yuko ikibi hamwe n’ugucumukura bitava kuri Yehova?

3 Bibiliya iradukura amazinda yuko ubucumukure tubona hirya no hino budaterwa na Yehova Imana. Nk’akarorero, umwigishwa Yakobo w’Umukirisu yanditse ati: “Umuntu ni yageragezwa gukora ibibi, yoye kuvuga ngw Imana ni yo ingerageje. Kukw Imana itageragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha.” (Yakobo 1:13) Ko ari ukwo biri, Imana si yo yoba yarateye aya magume menshi aruhije abantu. Ntiteza abantu ibigeragezo kugira ngo bashobore kuba ababereye ubuzima bwo mw’ijuru, eka mbere ntituma abantu bacumukura kubera ibibi boba barakoze kera.—Abaroma 6:7.

4 Vyongeye, naho hari ibintu vy’agacavutu vyakozwe mw’izina ry’Imana canke rya Kirisitu, muri Bibiliya nta kintu na kimwe kivuga yuko hari n’umwe muri bo yigeze ashima mwene ivyo bikorwa. Imana na Kirisitu ntaco basa basana n’abavuga ngo barabakorera ariko bakiba bakongera bakanyuruza, bakica, bagasahura, bagakora n’ibindi bintu bicumukuza abantu. Kukaba nkako, “inzira y’umunyakibi n’igisesema k’Uhoraho.” Imana “[i]ba kure y’abanyakibi.”—Imigani 15:9, 29.

5. Zimwezimwe muri kamere za Yehova ni izihe, kandi amererwa gute ku vyerekeye ibiremwa vyiwe?

5 Bibiliya ivuga ko Yehova “yuzuye imbabazi akaba ari [n’]umunyakigongwe.” (Yakobo 5:11, UB) Imenyesha yuko “Uhoraho akunda [“ubutungane,” NW].” (Zaburi 37:28; Yesaya 61:8) We si mudaheranwa. Arabungabungana imbabazi ibiremwa vyiwe kandi vyose akabiha ikintu cobibera ciza kuruta kugira ngo bimererwe neza. (Ivyakozwe 14:16, 17) Ivyo Yehova yabigize kuva ubuzima bugitangura kw’isi.

INTANGO YARI AGAHORE

6. Inkuru zimwezimwe z’ibitito zikikiriza gute ku ntango y’ukubaho kw’abantu?

6 Twese turamenyereye kubona ibintu biteye umubabaro, tukawiyumvamwo, ndetse tugacumukura. Vyogora rero kwiyumvira igihe hoba hatagira ugucumukura, mugabo ukwo ni ko ibintu vyari bimeze mu ntango y’ukubaho kw’abantu. Mbere hariho n’ibitito vy’ibihugu bimwebimwe usanga bikikiriza kuri iyo ntango yarangwa n’agahimbare. Mu migani y’Abagiriki, ica mbere mu “Biringo Bitanu vy’Umuntu” ciswe “Ikiringo c’Agahimbare.” Muri ico kiringo abantu bari babayeho bahimbawe, badatama, ata mubabaro, eka ata muntu akubagurwa n’ubusaza. Abashinwa bavuga yuko ngo mu gihe c’ingoma ya wa Mwami w’abami w’Umuhondo (Huang-Ti) avugwa mu migani, abantu bari babayeho mu mahoro, ngo bakaba barahuza n’ikirere be n’inyamaswa. Abaperesi, Abanyamisiri, Abatibeti, Abanyaperu hamwe n’Abanyamegizike, abo bose bari n’ibitito bivuga ivy’igihe c’agahimbare aho ibintu vyari agahore mu ntango y’ukubaho kw’abantu.

7. Ni kuki Imana yaremye isi n’umuryango w’abantu?

7 Iyo migani y’ibihugu isa n’iyisubiramwo gusa ya nkuru yanditswe ya kera kuruta zose yerekeye kahise k’abantu, ari yo Bibiliya. Bibiliya iratumenyesha yuko Imana yashize umugabo n’umugore ba mbere Adamu na Eva mw’iparadizo yitwa itongo ry’i Edeni, hanyuma ikabategeka iti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze.” (Itanguriro 1:28) Abavyeyi bacu ba mbere ntibagira agasembwa, kandi bari bafise icizigiro co kuzobona isi yose icitse iparadizo ibamwo umuryango w’abantu utagira agasembwa, wibereyeho mu mahoro n’agahimbare biramba. Uwo ni wo wari umugambi w’Imana igihe yarema isi n’umuryango w’abantu.—Yesaya 45:18.

UMUHIGO URIMWO URWENGE

8. Adamu na Eva vyari vyitezwe ko bagamburuka ibwirizwa irihe, mugabo ni ibiki vyashitse?

8 Kugira ngo Adamu na Eva bagume bashimwa n’Imana, bobwirijwe kwirinda kurya ku “giti kimenyekanisha iciza n’ikibi.” (Itanguriro 2:16, 17) Iyo bagamburuka itegeko rya Yehova, ntihobayeho kwa gucumukura kwononeye ubuzima abantu. Iyo bagamburukira ibwirizwa ry’Imana, bari kuba berekanye urukundo bafitiye Yehova be n’uko badahemuka kuri we. (1 Yohana 5:3) Mugabo nk’uko twavyize mu Kigabane ca 6, ibintu si uko vyagenze. Eva ahimirijwe na Shetani, yarariye icamwa co kuri ico giti. Mu nyuma, Adamu na wene yarariye kuri nya camwa kibujijwe.

9. Ni ikibazo ikihe cerekeye Yehova, Shetani yabajije?

9 Woba ubona ingene ivyabaye vyari bikomeye? Shetani yariko ararwanya ikibanza Yehova afise c’ukuba Musumbavyose. Mu kuvuga ngo “Haba n’intete ntimuzopfa,” uyo Mucokoranyi yari avuguruje amajambo Imana yari yaravuze, iti: “Uzopfa nta kabuza.” Ayandi majambo Shetani yavuze yarimwo iciyumviro c’uko Yehova atakundiye Adamu na Eva kumenya uburyo bwoshobora gutuma bamera nk’Imana, kuko ngo vyotumye bataba bakiyikeneye mu kumenya iciza n’ikibi. Umuhigo wa Shetani rero watumye uburenganzira n’ubunyakuri Yehova afise bw’ukuba Segaba w’isi n’ijuru bikekeranywa.—Itanguriro 2:17; 3:1-6.

10. Ni amajambo ayahe yerekeye abantu Shetani yavuze ahinyika?

10 Shetani wa Mucokoranyi yaravuze kandi ahinyika ngo abantu boguma bagamburukira Yehova igihe gusa ukugamburukira Imana vyoba bibazanira akarusho. Mu yindi mvugo, ukutadohoka kw’abantu kwari gukekeranijwe. Shetani yavyuye ikirego c’uko ngo ata muntu n’umwe yoguma ari umwizigirwa ku Mana bivuye ku gushaka kwiwe. Ico citwazo kirimwo urwenge cazanywe na Shetani kirahishuwe neza mu nkuru yo muri Bibiliya yerekeye Yobu, umusavyi wa Yehova w’umwizigirwa yashikiwe n’ikigeragezo gikomeye mu gihe kanaka c’imbere y’umwaka w’1600 B.G.C. Usomye ibigabane bibiri vya mbere vy’igitabu ca Yobu, urashobora gutahura neza igituma abantu bacumukura be n’igituma Imana ibireka bikaba.

11. Yobu yari umuntu nyabaki, mugabo Shetani yavyuye ikirego ikihe?

11 Yobu, “umuntu atunganye w’umugororotsi,” yaratewe na Shetani. Ubwa mbere, Shetani yagirije Yobu yuko akorana imvo mbi, mu kubaza iki kibazo: “Ugira ngo Yobu yubahira Imana ubusa?” Maze uyo Mucokoranyi n’urwenge n’akantu acokōra Imana na Yobu bompi mu kwagiriza Yehova ngo yari yaguze ukudahemuka kwa Yobu mu kumukingira no mu kumuhezagira. Shetani yahigishije Yehova mu kuvuga ati: “Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, wubike ivy’afise vyose, urābe kw atazokurogotako imbonankubone.”—Yobu 1:8-11.

12. (a) Ni ibibazo ibihe vyari gushobora kwishurwa gusa Imana iramutse iretse Shetani akagerageza Yobu? (b) Ikigeragezo ca Yobu cavuyemwo iki?

12 Mbega Yobu yariko akorera Yehova kubera gusa ibintu vyiza vyose yari yararonse ku Mana? Mbega ukutadohoka kwa Yobu kwoba kwari kurama no mu kigeragezo? Mbega Yehova we yari yizigiye umusavyi wiwe bimwe bihagije ku buryo yari kureka akageragezwa? Ivyo bibazo vyari gushobora kwishurwa Yehova aretse Shetani agateza Yobu ibigeragezo bikaze kuruta vyose. Ukwizerwa kwa Yobu muri ico kigeragezo kirekuwe n’Imana, nk’uko kwiganwa mu gitabu ca Yobu, kwaremeje rwose ko Yehova ari umugororotsi be n’uko umuntu ashobora kutadohoka.—Yobu 42:1, 2, 12.

13. Ivyashitse muri Edeni no kuri Yobu twebwe bitwerekeye gute?

13 Ariko rero, ivyabaye mw’itongo ry’i Edeni hamwe no kuri uwo muntu Yobu biri n’ico bivuze gishika kure kuruta. Ibibazo Shetani yavyuye vyerekeye abantu bose, ushizemwo na twebwe muri iki gihe. Izina ry’Imana ryaracokowe, eka n’ukuba Segaba kwayo kuraharirirwa. Ubugororotsi bw’ikiremwa-muntu c’Imana bwari bukekeranijwe. Ivyo bibazo vyari bikwiye gushirwa mu buryo.

INGENE NYA BIBAZO VYASHIZWE MU BURYO

14. Igihe umuntu yagirijwe bimwe vy’akadenderezo yogira iki?

14 Kugira ngo tubigereranye, tuvuge yuko uri umuvyeyi w’urukundo afise abana nka bangahe mu muryango uhimbawe. Dufate yuko umwe mu babanyi bawe akwiragije ibinyoma, akwagiriza ko uri umuvyeyi mubi. Bite nka hamwe uwo mubanyi avuze yuko abana bawe batagukunda, yuko bagumana nawe kubera gusa ata kundi bari bugire, akavuga kandi yuko bokwikurira meza hagize uwubereka inzira. Kumbure wovuga, uti ‘Ni ibitumvikana!’ Ego ni ko, yamara wovyemeza ute? Hari abavyeyi boca baraka. Uretse ko kugira gutyo vyozana izindi ngorane, vyoba bishigikiye nya binyoma. Uburyo bumara amazinda bwo gutunganya iyo ngorane bwoba ukurekera akaryo uwukwambitse iryo bara kugira ngo yerekane ivyo yavuze, n’ukureka ngo abana bawe bagaragaze yuko bagukunda bivuye ku mutima.

15. Yehova yahisemwo kuvyifatamwo gute igihe Shetani yamuhigisha?

15 Yehova ameze nk’uwo muvyeyi w’urukundo. Adamu na Eva bogereranywa na nya bana, Shetani na we ahuye na wa mubanyi w’umunyabinyoma. Imana yaragize ubukerebutsi mu kudaca buno nyene yica Shetani na Adamu be na Eva, mugabo arareka izo nkozi z’ikibi zirabandanya kubaho kandi gatoyi. Ivyo vyarahaye abavyeyi bacu ba mbere igihe co gutanguza umuryango w’abantu, bikaba vyahaye uyo Mucokoranyi akaryo ko kugaragaza ko ivyo yavuze vyari vyo canke bitari vyo, kugira ngo vya bibazo bishobore gushirwa mu buryo. Ariko rero kuva mu ntango, Imana yari izi ko hari abantu batodohotse kuri yo, bakanagaragaza ko Shetani ari umubeshi. Ese ukuntu dukenguruka kuba Yehova yarabandanije guhezagira no gufasha abamukunda!—2 Ngoma 16:9; Imigani 15:3.

NI IBIKI VYAGARAGAYE?

16. Vyagenze gute ngo isi ije mu bubasha bwa Shetani?

16 Muri kahise k’umuntu nka kose, Shetani yarishize arizana mu kurangura imigambi yiwe y’urwenge yo kuganza abantu. Nk’akarorero, yaroheje intwaro yongera araremesha amadini amusenga mu buryo butibonekeza, aho gusenga Yehova. Gutyo uyo Mucokoranyi yabaye “Imana y’iki gihe,” akitwa kandi “umutware w’iyi si.” (2 Ab’i Korinto 4:4; Yohana 12:31) Vy’ukuri, “isi yose iri muri wa Mubi.” (1 Yohana 5:19) None ivyo vyoba bisobanura yuko Shetani yagaragaje ko ca citwazo ciwe ari ic’ukuri c’uko yoshobora gukura abantu bose kuri Yehova Imana? Ihibambewe! Naho yaretse Shetani akabaho, Yehova yarashishikaye kurangura umugambi wiwe. None rero Bibiliya ihishura iki ku vyerekeye ukuba Imana yararetse ububisha?

17. Ni igiki dukwiye kugumiza mu muzirikanyi ku biraba igituma haba ububisha n’ugucumukura?

17 Ububisha n’ugucumukura ntibiterwa na Yehova. Kubera ko Shetani ari we mutware w’iyi si akaba na we mana y’uru runkwekwe rw’ibintu, we hamwe n’abari ku ruhande rwiwe ni bo bobazwa ivy’ukuntu abantu bamerewe ubu hamwe n’amarushwa yose babonye. Nta n’umwe ashobora kuvuga atabeshe yuko Imana ari yo ituma haba amagume mwene ayo.—Abaroma 9:14.

18. Ukuba Yehova yararetse ububisha n’ugucumukura vyagaragaje iki ku biraba iciyumviro c’ukutisunga Imana?

18 Kuba Yehova yararetse ububisha be n’ugucumukura bikabaho, vyaragaragaje yuko kutisunga Imana bitazana isi nziza kuruta. Nta wohakana ko kahise karanzwe n’ivyago vy’urutavanako. Icabitumye ni uko abantu bahisemwo kwironderera ubwigenge bwabo bwite kandi ntibasonere vy’ukuri Ijambo ry’Imana be n’ivyo igomba. Igihe abasavyi ba Yehova ba kera be n’indongozi zabo bakurikirana ‘inzira ya benshi’ bimwe biranga uguhemuka, vyongeye bakanka ijambo ryiwe, ingaruka zabaye ubugesera. Biciye mu muhanuzi wayo Yeremiya, Imana yababwiye iti: “Abanyabgenge baratēterewe, barajorewe, bafashwe mpiri: erega n’uko bāgaye ijambo ryanje Uhoraho; mbeg’ubgenge buri muri bo n’ubuki?” (Yeremiya 8:5, 6, 9) Kubera ko abantu tubafatiye hamwe bananiwe gukurikira ingingo ngenderwako za Yehova, bacitse nk’ubwato butagira ingafe, buzungazungishwa mu kiyaga c’ibisebuzi.

19. Ni icemeza ikihe kihari c’uko Shetani adashobora guhindura abantu bose ngo barwanye Imana?

19 Ukuba Imana yararetse ububisha be n’ugucumukura vyaragaragaje kandi yuko Shetani atashoboye guhindura abantu bose ngo bave kuri Yehova. Inkuru y’ivyabaye yerekana yuko hamye hariho abantu bagumye ari abizerwa ku Mana naho baba batejwe ibigeragezo canke ivyago bimeze gute. Mu binjana n’ibindi, ububasha bwa Yehova bwaragaragajwe ku neza y’abasavyi biwe, kandi izina ryiwe ryaramenyekanishijwe mw’isi yose. (Kuvayo 9:16; 1 Samweli 12:22) Mu Baheburayo ikigabane ca 11 haratubwira urutonde rurerure rw’ababaye abizigirwa, ushizemwo Abeli, Henoki, Nowa, Aburahamu, na Musa. Mu Baheburayo 12:1 habita ‘igipfungu kinini c’ivyabona.’ Babaye uturorero tw’ukwizera Yehova kutanyiganyiga. No muri ibi bihe nyene, abantu benshi baratanze ubuzima bwabo mu kuba intadohoka ku Mana, zitanyiganyizwa. Biciye ku kwizera kwabo no ku rukundo rwabo, mwene abo bantu baragaragaje bimwe biboneka yuko Shetani adashobora guhindura abantu bose ngo bave ku Mana.

20. Kuba Yehova yararetse ububisha n’ugucumukura bikabandanya vyagaragaje iki ku biraba Imana n’abantu?

20 Ica nyuma, kuba Yehova yararetse ububisha be n’ugucumukura bikabandanya vyaratanze igihinyuza c’uko Yehova we musa, we Muremyi, ari we afise ubushobozi n’uburenganzira vyo kuganza abantu ngo bibazanire umuhezagiro n’ubuhirwe vyamaho. Abantu baramaze ibinjana n’ibindi bagerageza ubwoko bwinshi bw’intwaro. Mugabo vyavuyemwo iki? Ingorane z’urusobangane hamwe n’amagume ahanze amahanga muri iki gihe ni ikimenyamenya gikwiye c’uko vy’ukuri, nk’uko Bibiliya ibivuga, “umuntu umwe [yagize] ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Yehova wenyene ni we ashoboye kudutabara kandi agashitsa umugambi yari afise mu ntango. None ivyo azobikora ate, kandi ryari?

21. Shetani azogirwa iki, kandi ni nde azokoreshwa mu gushitsa ivyo?

21 Inyuma nyene y’aho Adamu na Eva bamariye gufatwa n’umutego w’urwenge wa Shetani, Imana yaramenyesheje umugambi wayo werekeye uburyo bwo gukiza abantu. Ibi ni vyo Yehova yamenyesheje ku biraba Shetani, ati: “Nzoshira inyankane hagati yawe n[a wa] mugore, no hagati y’[urubuto, NW] rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.” (Itanguriro 3:15) Aya majambo yari icemeza yuko wa Mucokoranyi atoretswe ngo akore ibikorwa vyiwe bibi ibihe vyose. Kubera ko urwo Rubuto rwasezeranywe ari we Mwami Yezu Kirisitu w’Ubwami bwa Kimesiya, ‘azokomeretsa Shetani mu mutwe.’ Egome, “vuba” Yezu agiye gufyonyora uwo mugarariji Shetani!—Abaroma 16:20.

NONE WEWE UZOKORA IKI?

22. (a) Ni ibibazo ibihe utegerezwa guhangana na vyo? (b) Naho Shetani ata ishavu ku baguma ari abizerwa ku Mana, ni igiki bashobora kwemera badakeka?

22 None ko uzi ibibazo vyabajijwe, wewe uzoja ku ruhande rwa nde? Woba uzogaragaza mu bikorwa vyawe yuko ushigikiye Yehova udahemuka? Kubera ko Shetani azi yuko igihe afise ari gito, azokora ivyo ashoboye vyose kugira ngo ate ishavu ku bashaka kuguma ari intadohoka ku Mana. (Ivyahishuriwe 12:12) Mugabo urashobora guhanga amaso Imana kugira ngo igufashe, kubera ko “Umwami Imana [azi] gukiza abamwubaha ibibagerageza.” (2 Petero 2:9) Ntazoreka ngo ugeragezwe ibiruta ivyo ushoboye kwihanganira, kandi azogucira icanzo kugira ushobore kwihanganira ibigeragezo.—1 Ab’i Korinto 10:13.

23. Ni igiki dushobora kurindirana igishika n’ukwizigira?

23 Nimuze turindirane igishika n’ukwizigira, igihe Umwami Yezu Kirisitu azovira hasi Shetani hamwe n’abamukurikira bose. (Ivyahishuriwe 20:1-3) Yezu azokuraho abo bose bagize uruhara mu guteza ivyago n’uruhagarara vyacumukuje abantu. Mu kurindira ico gihe, ugucumukura kumwe kubabaje canecane ni ukubura abacu bahitanywe n’urupfu. Soma ikigabane gikurikira kugira ngo umenye ingene bibagendera.

SUZUMA UBUMENYI BWAWE

Tumenya dute yuko Yehova adacumukuza abantu?

Ni ibibazo ibihe vyavyuwe na Shetani muri Edeni hanyuma bigatomorwa mu gihe ca Yobu?

Kuba Imana yararetse ugucumukura kukabaho vyagaragaje iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika