Ikigabane ca Mbere
Hoba Hariho Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo?
1. Ni kuki ingo zishinze imizi zihambaye cane mu kibano c’abantu?
URUGO ni rwo rwego rwa kera kuruta izindi kw’isi, kandi rurangura uruhara ruhambaye mu kibano c’abantu. Muri kahise hose, ingo zishinze imizi zamye zifasha kwubaka ikibano gishinze imizi. Urugo ni yo ndinganizo nziza kuruta izindi yo kurereramwo abana ngo bazobe abantu bakuze.
2-5. (a) Dondora umutekano umwana yiyumvamwo mu rugo rurangwamwo agahimbare. (b) Ni ingorane izihe zivugwa mu ngo zimwezimwe?
2 Urugo rurimwo agahimbare ni ubwugamo butagiramwo inkomanzi kandi burangwamwo umutekano. Niwihe gatoyi ishusho y’urugo rwiza agahore. Mu gihe bariko barasangirira hamwe udufungurwa two ku mugoroba, abavyeyi b’abitwararitsi baricarana n’abana babo, bakaganira ivyabaye kuri uwo musi. Abana baracacanya mu kuvuga baryohewe babwira ba se na ba nyina ivyabaye kw’ishure. Igihe kiruhura bamarana, kiragarurira ingoga bose bigatuma baba biteguriye uwundi musi bazomara batari kumwe mu rugo.
3 Mu rugo rurangwamwo agahimbare, umwana aba azi yuko se na nyina bamwitwararika igihe arwaye, kumbure bakaza barakurakuranwa mu kumuguma iruhande mw’ijoro aho aryamye. Aba azi yuko ashobora kuja kwa nyina canke kwa se akamutura ingorane afise zijanye n’ubuto bwiwe, akaronka impanuro kandi agafatwa mu mugongo. Egome, umwana ariyumvamwo ko atagira inkomanzi, niyo mw’isi hoba huzuye umudurumbanyo gute.
4 Igihe abana bakuze, mu bisanzwe barubaka, bakagira ingo zabo bwite. Umugani umwe w’i Buraya uvuga uti: “Umuntu amenya uko umwenda afitiye abavyeyi ungana igihe afise umwana wiwe bwite.” Nya bana bakuze, kubera ko baba bumva bafise agatima k’ugukenguruka be n’urukundo bishika kure, baragerageza gutuma ingo zabo zibamwo agahimbare, bagaheza na bo bakitwararika abavyeyi babo bariko barasaza. Abavyeyi na bo barahimbarwa no kugumana n’abuzukuru babo.
5 Kumbure gushika aha uriko uriyumvira uti: ‘Jewe ndakunda urugo rwacu, mugabo ntirumeze nk’urwo ruhejeje kuvugwa. Jewe n’uwo twubakanye dufise urutonde rw’akazi rutandukanye, kandi ntidukunda kubonana. Ahanini dukunda kuganira ingorane z’ivy’amahera.’ Canke woba uvuga uti: ‘Abana banje hamwe n’abuzukuru banje baba mu yindi ntara, kandi sinigera ndababona’? Egome, kubera imvo usanga kenshi zirengeye abo vyega, mu ngo nyinshi usanga ubuzima budahimbaye. Mugabo, bamwebamwe usanga bahimbawe mu rugo. Uti bishoboka gute? Hoba hariho akabanga ko kuronka agahimbare mu rugo? Inyishu ni egome. Mugabo imbere yo kuganira ako ari ko, hariho ikibazo gihambaye dukwiye kwishura.
URUGO NI IKI?
6. Ni ingo bwoko ki ziza kuganirwako muri iki gitabu?
6 Mu bihugu vy’i Buraya, ingo nyinshi usanga ari izigizwe na serugo, inarugo n’abana. Ba sekuru na ba inakuru bashobora kuba bibera mu ngo zabo igihe kirekire cose bashoboye. Naho nyene bagumana ubucuti n’incuti zabo za kure, ivyo babitegako biguma ari bike. Mu bisanzwe, urwo ni rwo rugo tuza kuganirako muri iki gitabu. Ariko rero, hari izindi ngo zagiye ziragwira muri iyi myaka ya vuba. Izo na zo ni ingo zifise umuvyeyi umwe gusa, ingo zirimwo abana badasangiye abavyeyi, hamwe n’ingo usanga abavyeyi batabana biturutse ku mvo imwe canke iyindi.
7. Ubucuti buri hagati y’imiryango bwifashe gute?
7 Mu mico kama imwimwe haragwiriye ivy’ukugiriranira ubucuti hagati y’imiryango. Muri iyo ndinganizo, nimba bishoboka, ba sekuru na ba inakuru basanzwe barabwa n’abana babo, ugasanga abo mu rugo bafitaniye ubucuti bwa hafi n’incuti za kure, hakaba hariho n’ivyo babitegako. Nk’akarorero, abagize urugo bashobora gufasha mu gufata mu mugongo, mu kurera, eka mbere no mu kurihira amashure abasengezana, abishwa, canke izindi ncuti za kure. Ingingo ngenderwako ziganirwako muri iki gitabu zirerekeye kandi mwene iyo miryango.
URUGO RURABANGAMIWE
8, 9. Ni ingorane izihe ziri mu bihugu bimwebimwe zerekana yuko umuryango uriko urahinduka?
8 Muri iki gihe urugo ruriko rurahinduka. Ikibabaje ni uko rudahinduka rumera neza. Akarorero karabonekera mu Buhindi, aho umukenyezi ashobora kuba abana n’umuryango w’umugabo wiwe, kandi i muhira agakora ahagarikiwe n’ab’iwabo n’umugabo. Ariko muri iyi misi, birakunda gushika abagore b’Abahindikazi bakarondera akazi. Yamara n’aho nyene, biboneka ko biba vyitezwe ko bashitsa uruhara bamye bajejwe mu rugo kuva kera na rindi. Ikibazo cavyuwe mu bihugu vyinshi ni iki: Ugereranije n’abandi bo mu bagize urugo, bikwiye kwitegwa ko umugore afise akazi arangura ibikorwa bingana iki i muhira?
9 Mu bibano vy’i Buraya, ubucuti bukomeye bw’abo mu miryango usanga ari ubwamyeho kuva kera na rindi. Ariko rero, biturutse ku kosho k’ukuba ba satuntutwanje kwaho hamwe n’ukubangamirwa n’ingorane z’ubutunzi, umuryango uriko uragoyagoya. Abenshi rero babona ivy’ukwitwararika abashaje bo mu muryango nk’umuzigo aho kubibona nk’ibanga bajegwe canke nk’agateka batewe. Abavyeyi bamwebamwe bageze mu zabukuru usanga bakorerwa amabi. Mu vy’ukuri, ugukorera amabi abageze mu zabukuru be n’ukubirengagiza, biragwiriye mu bihugu vyinshi muri iki gihe.
10, 11. Ni ibintu ibihe vyerekana yuko urugo ruriko rurahinduka mu bihugu vy’i Buraya?
10 Ukwahukana kuriko kuragwirirana. Muri Esupanye, mu ntango z’imyaka cumi irangiza ikinjana ca 20, urugero rw’ukwahukana rwaraduze rurashika aho umubano 1 mu mibano 8 wahukana, rikaba ari iyongerekana rinini guhera ku mubano 1 kw’ijana wahukana mu myaka 25 y’imbere yaho. Mu Bwongereza, ahavugwa yuko hari urugero rw’ukwahukana runini kuruta hose i Buraya (aho imibano 4 muri 10 iba yitezwe ko isambuka), igitigiri c’ingo zifise umuvyeyi umwe caravumbutse.
11 Abenshi mu Budagi basa n’abaheba urugo buhere. Mu myaka y’1990, mu Budagi ingo 35 kw’ijana zari izigizwe n’umuntu umwe atarenga, 31 kw’ijana na zo zikaba izigizwe n’abantu babiri gusa. Abafaransa na bo nyene batera bareka kwubaka, n’abubaka ugasanga kenshi bahukana kandi bakahukana hakiri kare kuruta uko vyahora. Abarushiriza kuba benshi bashima kwibanira ata mabanga y’abubatse abega. Impengamiro nk’iyo uyisanga mw’isi yose.
12. Abana bacumukura gute biturutse ku guhinduka kw’urugo rwo mu gihe ca none?
12 Abana bo bite? Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no mu bindi bihugu vyinshi, abana bavuka ku batubatse bagenda bongerekana, bamwe bakavuka ku miyabaga. Abakobwa benshi b’imiyagaba usanga bafise abana batari bake bakuye ku bagabo batandukanye. Raporo ziva hirya no hino kw’isi ziravuga abana amamiliyoni batagira uburaro, birirwa barayerera mu mabarabara; abenshi bahunga iwabo kubera amabi bahakorerwa, canke bakaba batawe n’ingo ziba zitagishoboye kubatunga.
13. Ni ingorane izihe zikwiye henshi zituma mu ngo habura agahimbare?
13 Egome, urugo ruri mu magume. Turetse ivyo tumaze kuvuga, umugararizo w’abana b’imiyabaga, ugukorera amabi abana, ukugirira ubukazi uwo mwubakanye, akaborerwe hamwe n’izindi ngorane zitema zitongora, biratwara agahimbare ingo nyinshi. Ku bana be no ku bakuze benshi, kuronka ubwugamo mu rugo biri kure nk’ukwezi.
14. (a) Nk’uko bamwe babivuga, imvo zituma urugo ruja mu magume ni izihe? (b) Umutohozamategeko umwe wo mu kinjana ca mbere yadondoye gute isi ya kino gihe, kandi iranguka ry’amajambo yavuze ryakoze iki ku buzima bw’ingo?
14 Ni kuki ingo ziri mu magume? Bamwe ayo magume ingo zirimwo muri iki gihe bayegeka ku kuba abagore barinjiye mu vyo gukora akazi. Abandi bavuga ko biterwa n’ugutituka kw’ingeso runtu kwo muri iki gihe. Haravugwa n’izindi mvo. Haraciye imyaka nk’ibihumbi bibiri, umutohozamategeko umwe amenyekana yavuze yuko imikazo myinshi yokubaguye urugo, igihe yandika ati: “Mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana.” (2 Timoteyo 3:1-4) Ni nde yoharira yuko ayo majambo atariko araranguka muri iki gihe? None mw’isi ibamwo ibintu nk’ivyo, twotangazwa n’uko ingo ziri mu magume?
AKABANGA KO KURONKA AGAHIMBARE MU RUGO
15-17. Muri iki gitabu, ni isoko ntabanduka irihe ryerekanwa ko ari ryo ririmwo akabanga ko kuronka agahimbare mu rugo?
15 Impanuro z’ukuntu umuntu yoshikira agahimbare mu rugo usanga ziza zivuye hose. I Buraya, ibitabu n’ibinyamakuru bitanga impanuro, biguma vyisukīra. Ingorane ni uko abahanuzi b’abantu bavuguruzanya, ugasanga impanuro igezweko uyu musi ejo izoba itagikora.
16 Ni hehe none dushobora kuronderera ubuyobozi bw’urugo bwizigirwa? Mbega wohanga ijisho igitabu kimaze imyaka nk’1.900 canditswe? Canke wokwibaza ko igitabu nk’ico gitegerezwa kuba carataye igihe rwose? Ukuri ni uku: akabanga nyako ko kuronka agahimbare mu rugo ugasanga mu gitabu nk’ico nyene.
17 Ico gitabu ni Bibiliya. Nk’uko ibimenyamenya vyose bivyerekana, cahumetswe n’Imana ubwayo. Muri Bibiliya tuhasanga aya majambo: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka.” (2 Timoteyo 3:16) Muri iki gitabu, turakuremesha ngo urimbure ukuntu Bibiliya ishobora kugufasha ‘gutunganya ibintu’ igihe uriko urondera gutorera umuti ingorane zihanze ingo muri iki gihe.
18. Ni kuki vyumvikana kwemera ko Bibiliya ari yo twokwisunga mu guhanura imibano y’ababiranye?
18 Nimba wumva wokwikuramwo ivy’uko Bibiliya yoshobora gufasha kugira ingo zigire agahimbare, rimbura ibi: Nyene guhumeka Bibiliya ni we yatanguje umubano w’ababiranye. (Itanguriro 2:18-25) Bibiliya ivuga yuko izina ryiwe ari Yehova. (Yesaya 12:2) Ni we Muremyi na ‘Data, uwo imiryango yose yo mw’ijuru n’iyo mw’isi yitirirwa.’ (Abanyefeso 3:14, 15) Yehova arazi ubuzima bw’ingo kuva abantu bakiremwa. Arazi ingorane zishobora kuvyuka, kandi yaratanze impanuro zo kuzitorera umuti. Muri kahise kose, abakurikije ingingo za Bibiliya mu ngo zabo ata buryarya, bararonse agahimbare bimwe bihambaye.
19-21. Ni ibintu ibihe vyabaye vyo mu gihe ca none vyerekana ububasha Bibiliya ifise bwo gutorera umuti ingorane zo mu mubano w’ababiranye?
19 Nk’akarorero, umuzezwanzu umwe wo muri Indoneziya yari yatwawe n’ivy’ugukina akamari. Yaramaze imyaka yirengagiza abana biwe batatu kandi akama ariko aratata n’umunega wiwe. Maze yatanguye kwiga Bibiliya. Bukebuke, uwo mugore yahavuye yemera ivyo Bibiliya ivuga. Aho amariye gukurikiza impanuro itanga, yacitse umugore ameze neza kuruta. Utwigoro yagize dushingiye ku ngingo ngenderwako za Bibiliya twarazaniye agahimbare urugo rwiwe rwose.
20 Umuzezwanzu umwe wo muri Esupanye avuga ati: “Twatanguye kugiranira ingorane zikomakomeye tumaze umwaka umwe gusa twubakanye.” We hamwe n’umugabo wiwe nta vyinshi bumvikanako, kandi bavugana gake kiretse igihe baba bariko barahazuka. Naho bari bafise akigeme kakiri gatoyi, bafashe ingingo yo gutandukana biciye muri sentare. Mugabo imbere y’uko ivyo babigira, baremeshejwe kuraba muri Bibiliya. Baratohoje impanuro Bibiliya iha abagabo n’abagore bubakanye, hanyuma batangura kuzikurikiza. Ata gihe kirekire kihaciye, barashoboye kuganira mu mahoro, hanyuma urugo rwabo rutoyi rurafatana mu nda mu gahimbare.
21 Bibiliya irafasha n’abageze mu zabukuru. Nk’akarorero, rimbura ivyashikiye umugabo n’umugore b’Abayapani bari bubakanye. Umugabo yari umuntu ashangashirwa ningoga kandi rimwe na rimwe akaba inkazi. Ubwa mbere, abakobwa babo batanguye kwiga Bibiliya, naho nyene abavyeyi babo babarwanya. Maze umugabo yiyunga kuri ba bakobwa biwe, umugore we abandanya kuvyanka. Ariko rero haciye imyaka, uwo mugore yatanguye kubona akosho keza ingingo ngenderwako za Bibiliya zagize ku rugo rwiwe. Abakobwa biwe basigaye bamubungabunga neza, umugabo wiwe acika ingenzebuhoro kuruta uko yahora. Amahinduka mwene ayo yatumye nya mugore yirabira muri Bibiliya ubwiwe, hanyuma imugirako ka kosho keza nyene. Uwo mutamakazi yaravuze incuro nyinshi ati: “Twacitse umugabo n’umugore bubatse koko.”
22, 23. Bibiliya ifasha gute abantu bo mu mahanga yose kuronka agahimbare mu buzima bwabo bwo mu rugo?
22 Abo bari mu bantu benshi cane bamenye akabanga ko kuronka agahimbare mu rugo. Baremeye impanuro Bibiliya itanga, hanyuma barazikurikiza. Ego ni ko, baba muri iyi si nyene y’ubukazi, y’ubushegabo, ibangamiwe mu vy’ubutunzi, cokimwe n’abandi bantu bose. Vyongeye ni abanyagasembwa, mugabo bararonka agahimbare mu kugerageza gukora ukugomba kw’uwatanguje indinganizo y’ivy’urugo. Nk’uko Bibiliya ivuga, Yehova Imana “[a]kwigisha ibikugirira ikimazi, [a]kakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo.”—Yesaya 48:17.
23 Naho nyene Bibiliya imaze imyaka hafi ibihumbi bibiri yanditswe, impanuro itanga zirahuye n’igihe koko. Vyongeye kandi, yandikiwe abantu bose. Bibiliya si igitabu c’Abanyamerika canke c’Abanyaburaya. Yehova “yaremye amahanga yose y’abantu, [a]bakūye mu muntu umwe,” kandi abantu aho bari hose arazi ingene bakozwe. (Ivyakozwe 17:26) Ingingo za Bibiliya zirakora ku bantu bose. Uzikurikije, na wewe uzoheza umenye akabanga ko kuronka agahimbare mu rugo.