ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fy ikig. 2 rup. 13-26
  • Kwitegurira Umubano w’Ababiranye Uroranirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwitegurira Umubano w’Ababiranye Uroranirwa
  • Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • WOBA UGEZE KWUBAKA URWAWE?
  • BANZA WIMENYE
  • ICO WORONDERA MU WO MUZOKWUBAKANA
  • NUBIRABE HAKIRI KARE
  • NI MUGUMANE INYIFATO ITEYE ITEKA MU GIHE MURIKO MURONDERA KURESHANYA
  • KURABA INYUMA Y’UMUSI W’UBUGENI
  • Gushingira Umubano Wanyu Ishimikiro Nyaryo
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Umubano w’ababiranye ni ingabirano iva ku Mana y’urukundo
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
Ibindi
Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
fy ikig. 2 rup. 13-26

Ikigabane ca Kabiri

Kwitegurira Umubano w’Ababiranye Uroranirwa

Ifoto ku rup. 13

1, 2. (a) Yezu yashimitse gute ku kamaro k’ugutegekanya ibintu imbere y’igihe? (b) Ni mu gisata ikihe canecane ugutegekanya ari ukwa nkenerwa?

KWUBAKA inyubakwa bisaba ko umuntu yitegura avyitondeye. Imbere yo kwubaka umushinge, abanza kuronka ikibanza, n’imigero igashushanywa. Ariko rero, hariho ikindi kintu ca nkenerwa. Yezu yavuze ati: “Ni nde muri mwebge agomba kwubaka umutara w’amatafari muremure, [at]obanza kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yowubaka, ngw amenye yukw afise ayowunonosora?”​—Luka 14:28.

2 Uko bigenda mu kwubaka inyubakwa ni na ko bigenda mu kwubaka umubano w’ababiranye uroranirwa. Abenshi baravuga bati: “Nshaka kwubaka urwanje.” Ariko ni bangahe babanza kurimbura ico bisaba? Naho Bibiliya ivuga neza umubano w’ababiranye, irerekana kandi urugamba uwo mubano uzana. (Imigani 18:22; 1 Ab’i Korinto 7:28) Ni co gituma abiyumvira kwubaka urwabo bakeneye kubona batibesha ivy’imihezagiro iva ku kwubaka urugo be n’ico bisaba.

3. Ni kuki Bibiliya ari igikoresho c’agaciro gifasha abategekanya kwubaka urwabo, kandi ni ibibazo bitatu ibihe idufasha kwishura?

3 Bibiliya irashobora gufasha. Impanuro itanga zahumetswe n’uwatanguje umubano w’ababiranye, ari we Yehova Imana. (Abanyefeso 3:14, 15; 2 Timoteyo 3:16) Dukoresheje ingingo ngenderwako dusanga muri ico gitabu nyobozi ca kera yamara gihuye cane n’igihe, reka turabe: (1) Umuntu ashobora gute kumenya ko ageze kwubaka? (2) Umuntu akwiye kurondera iki mu wo bazokwubakana? kandi (3) Ikiringo c’ukureshanya gishobora gute kugumizwa ari igiteye iteka?

WOBA UGEZE KWUBAKA URWAWE?

4. Ni ikintu ikihe gihambaye gifasha kubungabunga umubano w’ababiranye uroranirwa, kandi ni kubera iki?

4 Kwubaka inyubakwa bishobora kuba bizimvye, mugabo kuguma uyibungabunga igihe kirekire na vyo nyene ntibitwara amahera make. No ku mubano w’ababiranye ni ko bimeze. Kwubaka urwawe bisa n’urugamba rutoroshe; ariko rero ubucuti bwanyu bw’ababiranye kububungabunga ku mwaka ku mwaka na vyo nyene mutegerezwa kubirimbura. None kubungabunga mwene ubwo bucuti bisaba iki? Ikintu kimwe gihambaye ni ukuragana n’umutima wawe wose. Raba ingene Bibiliya idondora ubucuti bwo mu mubano w’ababiranye: “Umuntu azosiga se na nyina, [abane] n’umugore wiwe akaramata, [babe] umubiri umwe.” (Itanguriro 2:24) Yezu Kirisitu yaratanze imvo imwe yonyene yemewe n’Ivyanditswe irekura ukwahukana hanyuma bigashoboka ko umuntu yongera kurongora canke kurongorwa. Iyo mvo na yo ni “ubusambanyi,” ni ukuvuga uguhuza ibitsina kutemewe, n’umuntu mudasangiye umubano w’ababiranye. (Matayo 19:9) Nimba uriko wiyumvira kwubaka urwawe, nugumize mu muzirikanyi izo ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Nimba wumva utogira iyo ndagano icese, uzoba rero utaragera kwubaka urwawe.​—Gusubira mu Vyagezwe 23:21; Umusiguzi 5:4, 5.

5. Naho kugira icese indagano y’ukwabirana bitera bamwe ubwoba, ni kuki ahubwo bikwiye guhabwa agaciro n’abagomba kwabirana?

5 Iciyumviro co kuragana icese kiratera ubwoba abatari bake. Umusore umwe yariyemereye ati: “Kumenya yuko twempi twiyemeje kubana akaramata mu buzima bwacu bwose vyatumye numva ntunangijwe, nzitiwe, mboshwe vy’ukuri.” Mugabo nimba vy’ukuri ukunda nya muntu ugomba ko mwubakana, kugira indagano ntibizokubera nk’umuzigo. Ahubwo, bizobonwa nk’isoko ry’umutekano. Kwiyumvamwo ko baraganye mu mubano w’ababiranye, bituma umugabo n’umugore bashaka kugumana mu mahirwe no mu magorwa, kandi bagafatana mu mugongo naho hoza iki. Paulo intumwa w’Umukirisu yanditse yuko urukundo nyakuri “rurenzako muri vyose” kandi “rwihanganira vyose.” (1 Ab’i Korinto 13:4, 7) Umugore umwe avuga ati: “Indagano twagize y’ukwabirana ituma numva ntekaniwe rwose. Ndashima ukumererwa neza kuzanwa n’ukuba twaremeranije bene umurango babona yuko dushaka kubana akaramata.”​—Umusiguzi 4:9-12.

6. Ni kuki ari vyo vyiza kutubaka gihutihuti ukiri muto?

6 Kubaho umuntu yisunga mwene iyo ndagano bisaba ubuhumure. Gutyo Paulo ahanura yuko Abakirisu vyoba vyiza batubatse gushika “[b]arenganye ishurika ry’ubuto” (NW), kikaba ari igihe inyiyumvo z’ivy’igitsina ziba zikaze, kandi zigashobora guhuvya ukungene umuntu akwiye kubona ibintu. (1 Ab’i Korinto 7:36) Abakiri bato bahinduka ningoga uko bakura. Abenshi mu bubaka izabo bakiri bato cane basanga inyuma y’imyaka mikeyi gusa ivyo bakenera be n’ivyipfuzo vyabo hamwe n’ivy’abo bubakanye vyarahindutse. Ibitigiri bihishura yuko abayabaga bubaka izabo ari bo canecane basa n’ababura agahimbare kandi bakarondera kwahukana, kuruta abarindira kandi gatoyi. Ntiwubake gihutihuti rero. Kumara imyaka uri umuntu akiri muto, ukanayimara uri uwukuze yirebanga, birashobora kugucisha uruma rw’agaciro ruzokugira umuntu ahumuye kuruta, ukaba n’umunega canke umukenyezi abushitse rwose. Kurindira imbere yo kwubaka urwawe birashobora kandi kugufasha kwimenya neza, ico kikaba ari ikintu ca ngombwa nimba ushaka gutsimbataza ubucuti buroranirwa bwo mu mubano wanyu w’ababiranye.

BANZA WIMENYE

7. Ni kuki abategekanya kwubaka izabo bakwiye kubanza kwisuzuma?

7 Woba ubona vyoroshe kugira urutonde rwa kamere ushaka mu wo mwokwubakana? Benshi biraborohera. Ariko rero, kamere zawe ubwawe zo bite? Ni kamere izihe ufise zizogira ico ziterereye kugira ngo umubano wanyu uroranirwe? Mbega uzoba umugabo canke umugore ameze gute? Nk’akarorero, woba wemera amakosa yawe kandi ukemera impanuro ata karigangamuhogo? Canke nantaryo wama uca wisigura igihe bagukosoye? Woba mu bisanzwe uri umuntu w’umunyarweze kandi yizigira, canke woba usa n’uwama yijiriwe kandi akunda kwidoga? (Imigani 8:33; 15:15) Niwibuke yuko umubano w’ababiranye utazohindura kamere yawe. Nimba uri umuntu w’umunyabwibone, w’inkomwahato canke ukaba uwihebura kurenza urugero igihe uri umwirebange, n’inyuma y’ukwubaka urwawe uzoba uri wa wundi nyene. Kubera ko bigoye kwibona nk’uko abandi batubona, ni kuki utobaza umuvyeyi canke umugenzi wizigiye kugira ngo akubwire uko umeze ataguhisha yongere akugire inama? Wumvise hari ibintu woshobora guhindura, nubitunganye imbere y’uko utera intambwe zo kwubaka urwawe.

Ifoto ku rup. 19

Igihe ukiri umwirebange, nutsimbataze kamere, utumenyero be n’ubushobozi bizokugirira akamaro mu mubano w’abubatse

8-10. Ni impanuro iyihe Bibiliya itanga izofasha umuntu kwitegurira kwubaka urwiwe?

8 Bibiliya iraturemesha ngo tureke impwemu yera y’Imana ikorere muri twebwe, ituzanemwo kamere nk’ “urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwi[gumy]a.” Itubwira kandi ‘guhinduka mu nguvu ikoresha ubwenge bwacu’ (NW) no “[kw]ambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri.” (Ab’i Galatiya 5:22, 23; Abanyefeso 4:23, 24) Gukurikiza iyo mpanuro igihe ukiri umwirebange bizomera nk’ukubika amahera muri banki. Bizokugirira akamaro muri kazoza niwubaka urwawe.

9 Nk’akarorero, nimba uri umwigeme, niwige kurushiriza kwitwararika “umuntu ahishijwe wo mu mutima” kuruta uko witwararika ukuntu uboneka inyuma. (1 Petero 3:3, 4) Ukwifata ruto hamwe n’ugukomera mu muzirikanyi bizogufasha kugira ubukerebutsi, “igitsibo [nyakuri] c’ubwiza.” (Imigani 4:9; 31:10, 30; 1 Timoteyo 2:9, 10) Nimba uri umusore, niwige gufatana abagore ubuntu n’icubahiro. (1 Timoteyo 5:1, 2) Mu gihe wiga gufata ingingo no kwikorera amabanga, niwige kandi kwifata ruto no kwicisha bugufi. Agatima ko kwiganza kazana umudugararo mu mubano w’ababiranye.​—Imigani 29:23; Mika 6:8; Abanyefeso 5:28, 29.

10 Naho nyene guhindura umuzirikanyi muri ivyo bintu atari icoroshe, ni ikintu Abakirisu bose bakwiye gutunganya. Kandi bizogufasha kwubaka neza kuruta.

ICO WORONDERA MU WO MUZOKWUBAKANA

11, 12. Abantu babiri bashobora gute kumenya ko bashobokana canke badashobokana?

11 Aho uba vyoba bimenyerewe ko umuntu yitorera uwo bazokwubakana? Nimba ari ukwo biri, wobigenza gute igihe hari umuntu ugomwe mudasangiye igitsina? Banza wibaze uti: ‘Noba vy’ukuri ngomba kwubaka urwanje?’ Gukinisha akanyengetera k’uwundi muntu mu kumuvyurira ivyizigiro bitaribushoboke, ni ukuba ruburakigongwe. (Imigani 13:12) Ca wibaza uti: ‘Noba nshoboye kwubaka urwanje?’ Nimba inyishu kuri ivyo bibazo vyompi ari egome, intambwe utera mu nyuma zizovana n’umugenzo w’aho iwanyu. Mu bihugu bimwebimwe, iyo umaze igihe witegereza nya muntu, ushobora kumwegera hanyuma ukamuserurira icipfuzo ufise c’uko mwomenyana neza kuruta. Mu gihe yanse, ntukovye gushika aho uba umuntu agorana. Uribuka yuko nya wundi muntu na we nyene afise uburenganzira bwo gufata ingingo kuri ico kibazo. Ariko rero nimba yemeye, ushobora kuringaniza yuko mwomarana umwanya muri kumwe mu mirimo myiza. Ivyo bizoguha akaryo ko kubona nimba kwubakana n’uwo muntu vyoba biranga ubukerebutsi.a None kuri iyo ntambwe ukwiye kuba urondera iki?

12 Kugira twishure ico kibazo, niwiyumvire ibicurarangisho bibiri, kumbure ikinanda n’igitari. Igihe biranguruye neza, kimwe cose kirashobora gutanga umuziki uryoshe ari conyene. Yamara bigenda gute mu gihe ivyo bicurarangisho bivugirijwe rimwe? Muri ico gihe bitegerezwa kujana mw’ijwi. Ni ko bimeze kuri wewe n’uwo mugomba kuzokwubakana. Umwe wese muri mwebwe ashobora kuba yarakoze agatama kugira ngo “arangurure” utugeso two muri kamere yiwe. Mugabo ikibazo ubu ni iki: Mwoba mujana? Mu yindi mvugo, mwoba mushobokana?

13. Ni kuki ari ubujuju cane kurondera kureshanya n’umuntu mudasangiye ukwizera?

13 Birahambaye ko mwempi muba musangiye ivyo mwemera be n’ingingo ngenderwako. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ata co musangiye.” (2 Ab’i Korinto 6:14; 1 Ab’i Korinto 7:39) Kwubakana n’umuntu mudahuje ukwizera mu Mana bituma hashobora rwose kuzoba ukudahuza gukomeye. Ku rundi ruhande, ukuba mwempi muyoboka Yehova Imana ni ryo shimikiro rikomeye kuruta ayandi ryo kugira ubumwe. Yehova ashaka ko uhimbarwa kandi ukinovora ukugiranira ubucuti bwa somambike bushoboka na nya muntu mwoba mwubakanye. Ashaka ko mumugumako kandi mukaguma mufatanijwe n’umugozi ugizwe n’itatu w’urukundo.​—Umusiguzi 4:12.

14, 15. Mbega kugira ukwizera kumwe ni wo muce wonyene uzana ubumwe mu mubano w’ababiranye? Sigura.

14 Naho gusenga Imana muri kumwe ari wo muce uhambaye kuruta yose w’ubumwe, harimwo n’ibindi. Kugira ngo mushobore kujana, wewe hamwe n’uwo mugomba kuzokwubakana mukwiye kugira amahangiro amwe. Amahangiro yanyu ni ayahe? Nk’akarorero, mwempi mwumva gute ivyerekeye ukugira abana? Ni ibintu ibihe bifise ikibanza ca mbere mu buzima bwanyu?b (Matayo 6:33) Mu mubano w’ababiranye uroraniwe vy’ukuri, usanga umugabo n’umugore ari abagenzi beza, kandi barahimbarwa no kugumana. (Imigani 17:17) Kugira bimere gutyo, barakeneye kugira ibintu bahurizako. Igihe atari ukwo bimeze, biragoye kubungabunga ubugenzi, umubano w’ababiranye wo ntuvuge. Mugabo, nimba uwo mugomba kuzokwubakana hari ikintu kinaka kimuryohera kugira, nk’ugutembera n’amaguru, nawe ukaba utabikunda, vyoba bisobanura ko mwebwe babiri mudakwiye kwubakana? Si ngombwa. Kumbure hari ibindi bintu bihambaye kuruta muhuriyeko. Vyongeye, woshobora gutuma uwo mugomba kwubakana agira agahimbare mu gukorera hamwe na we utuntu akunda.​—Ivyakozwe 20:35.

15 Si ivy’imbeshere, ahanini ugushobokana kwerekanwa n’ukuntu mwempi mugenda murahuza, kuruta ukumera cokimwe. Aho kubaza ngo: “Twoba twumvikana ku kantu kose?” ibibazo bimwebimwe vyiza kuruta wokwibaza ni nk’ibi: “Bigenda gute igihe tutumvikanye? Twoba dushobora kubiganira dutekanye, tukubahana kandi tukagiriranira urupfasoni? Canke ibiganiro vyacu kenshi bivamwo uguhazuka?” (Abanyefeso 4:29, 31) Nimba ushaka kwubaka, uriyubara umuntu wese w’umunyabwibone kandi adakurwa kw’ijambo, atigera agomba ko mwumvikana, canke yama nantaryo arondera ku rwenge yuko ibintu bimera uko ashaka.

NUBIRABE HAKIRI KARE

16, 17. Ni ibiki umusore canke umwigeme yorondera igihe ariko arimbura uwo bagomba kuzokwubakana?

16 Mw’ishengero ry’Abakirisu, abazezwa amabanga babwirizwa ‘kubanza kugezwa.’ (1 Timoteyo 3:10) Na wewe nyene urashobora gukoresha iyo ngingo ngenderwako. Nk’akarorero, umwigeme yoshobora kwibaza ati: “Uwo musore azwi gute? Abagenzi biwe ni bande? Yoba agaragaza ukwigumya? Mbega afata gute abageze mu zabukuru? Ava mu muryango umeze gute? Akorana gute n’ab’iwabo? Yifata gute ku mahera? Yoba arenza urugero mu kunywa inzoga ziboreza? Yoba ashavura ningoga canke mbere akaba inkazi? Ni amabanga ayahe afise mw’ishengero, kandi ayarangura gute? Ubwo noshobora kumwubaha cane?”​—Abalewi 19:32; Imigani 22:29; 31:23; Abanyefeso 5:3-5, 33; 1 Timoteyo 5:8; 6:10; Tito 2:6, 7.

17 Umusore ashobora kwibaza ati: “Uwo mwigeme yoba agaragaza ugukunda Imana n’ukuyubaha? Yoba ashoboye kubungabunga inzu? Ab’iwabo boba bazotwitegako iki? Yoba ari umuntu w’inkerebutsi, akunda ibikorwa, adasesagura? Aganira ibiki? Yoba vy’ukuri arazwa ishinga n’ukumererwa neza kw’abandi, canke yoba ari satuntutwanje, canke umunyarusaku? Yoba ari umwizigirwa? Yoba yoyobokera uwuri umutwe wiwe n’umutima ukunze, canke yoba ari intagondwa, canke mbere umugarariji?”​—Imigani 31:10-31; Luka 6:45; Abanyefeso 5:22, 23; 1 Timoteyo 5:13; 1 Petero 4:15.

18. Nka hamwe intege nke zibonetse igihe abantu bariko barondera kureshanya, ni ibiki bakwiye kugumya mu muzirikanyi?

18 Ntiwibagire yuko uwo muntu wihweza ari umunyagasembwa yakomotse kuri Adamu. Si umusore canke umwigeme w’agahore nka bamwe bo mu bitito. Umuntu wese arafise utunenge, kandi tumwetumwe muri utwo tuzobwirizwa kwirengagizwa, twaba utwawe canke utw’uwo mugomba kuzokwubakana. (Abaroma 3:23; Yakobo 3:2) Vyongeye, iyo intege nke zibonetse, karashobora kuba akaryo ko gukura mu vy’impwemu. Nk’akarorero, dufate yuko mugize ibihari igihe muriko murondera kureshanya. Rimbura ibi: N’abantu nyene bakundana kandi bakubahana, rimwe na rimwe haragira ivyo batumvikanako. (Gereranya n’​Itanguriro 30:2; Ivyakozwe 15:39.) Vyoba bishoboka yuko mwempi mwoba gusa mukeneye ‘kwitangīra mu mutima’ kandi gatoyi, hanyuma mukiga ingene mwoshira ibintu mu buryo mu mahoro? (Imigani 25:28) Uwo mugomba kuzokwubakana yoba yerekana icipfuzo co kugira ivyo agoroye? Weho? Woshobora kwiga kugabanya ugushavura ningoga n’ugusesererwa? (Umusiguzi 7:9) Kwiga gutorera umuti ingorane birashobora gushiraho icitegererezo co kuzoganira mudahishanya, ivyo na vyo bikaba ari ntahara hamwe mwebwe babiri mwokwubakana.​—Ab’i Kolosayi 3:13.

19. Ni igiki wogira kiranga ubukerebutsi nimba hibonekeje ingorane zikomakomeye mu gihe muriko murondera kureshanya?

19 Bite hoho mu gihe ubonye ibintu bikudugaritse umutima cane? Mwene izo nkeka ukwiye kuzirimbura uzitondeye. Naho woba wumva waramugomwe gute, canke ukaba wumva ushashaye cane kwubaka, nturenze uruho rw’amazi ku makosa akomakomeye. (Imigani 22:3; Umusiguzi 2:14) Nimba ufitaniye ubucuti n’umuntu, ukaba wumva umufiseko amakenga akomeye, inzira y’ubukerebutsi ni uko mwohagarika iyo migenderanire maze ukareka kugiranira na we indagano ziramba.

NI MUGUMANE INYIFATO ITEYE ITEKA MU GIHE MURIKO MURONDERA KURESHANYA

20. Abarondera kureshanya bashobora gute kuguma bakingiye ukwigenza runtu kwabo ntikugire umugayo?

20 Ni gute mwogumana inyifato iteye iteka mu gihe muriko murondera kureshanya? Ubwa mbere, murarabe neza mugume mwigenza runtu. Mbega aho uba, ugufatana amaboko, ugusomana canke ukugwana mu nda vyoba biboneka ko ari inyifato ibereye ku bantu batubakanye? Naho nyene mwene ubwo buryo bwo kugaragarizanya igishika bwoba butaboneka nabi, bukwiye kurekurwa gusa igihe imigenderanire ya nya bantu igeze aho ubugeni bwabo buba bumaze gutegekanywa bimwe bitabanduka. Muriyubara kugira ngo ukugaragarizanya igishika ntikuduge ngo kuvemwo ukwigenza nabi canke mbere ubusambanyi. (Abanyefeso 4:18, 19; gereranya n’Indirimbo ya Salomo 1:2; 2:6; 8:5, 9, 10.) Kubera ko umutima wibesha, mwempi mwoba mugaragaje ubukerebutsi mwirinze kuguma ahantu ha mwenyene mu nzu, mu muduga uhagaritswe ahantu, canke ahandi hantu hose hotuma mwigenza nabi. (Yeremiya 17:9) Kuguma wigenza runtu mu gihe muriko murondera kureshanya, biratanga ikimenyamenya c’uko ufise ukwigumya, be n’uko imbere y’ivyipfuzo vyawe bwite urajwe ishinga no gushira imbere ukumererwa neza kw’uwo muntu. Igihambaye kuruta, ni uko ukurondera kureshanya mu buryo butanduye bihimbara Yehova Imana, we ategeka abasavyi biwe kwirinda ubuhumane n’ubusambanyi.​—Ab’i Galatiya 5:19-21.

21. Hashobora gukenerwa uguseruriranira akari ku mutima ukuhe kugira ngo ikiringo co kurondera kureshanya kigume giteye iteka?

21 Ikigira kabiri, mu kiringo co kurondera kureshanya mu buryo buteye iteka harimwo n’uguseruriranira akari ku mutima ata guhishanya. Uko bigenda bitomoka yuko muzokwubakana, hari ibintu bimwebimwe bizokenera ko mubiganirako mudahishanya. Muzoba hehe? Mbega muzokora akazi mwempi? Mwoba mushaka kuzogira abana? Vyongeye, birabereye koko yuko umuntu ahishura ibintu kumbure vyo muri kahise kiwe vyoshobora kugira ico bikoze ku mubano w’ababiranye. Muri ivyo hashobora kujamwo imyenda canke ivyo abantu kanaka bari bakuzeyeko, canke ivyerekeye amagara, nk’indwara ikomeye iyo ari yo yose canke ukuntu woba umerewe ukwo ari kwo kwose. Kubera ko abantu benshi banduye umugera wa SIDA ata kimenyetso gishoka kibabonekako, ntivyoba ari bibi umuntu canke abavyeyi b’abitwararitsi basavye uwahora ashurashura canke yahora yiteza ibiyayura umutwe kwipimisha amaraso, ngo barabe ko atarwaye SIDA. Nimba urwo rupimo rwerekanye ko ayirwaye, nyene kwandura ntakwiye kugobera uwo yarondera ko bokwubakana ngo abandanye imigenderanire na we, asangwa nya muntu aciye ashima ko bobihagarika. Vy’ukuri, umuntu wese yaciye mu buzima buteye amakenga vyoba vyiza yipimishije n’umutima ukunze kugira arabe ko atarwaye SIDA, imbere y’uko hatangura ivyo kurondera kureshanya.

KURABA INYUMA Y’UMUSI W’UBUGENI

22, 23. (a) Umuntu ashobora gute kurenza urugero igihe yitegurira ubugeni? (b) Umuntu akwiye kugumana ukubona ibintu ukuhe kuri ku rugero igihe arimbura ivy’ubugeni n’ivy’umubano w’ababiranye?

22 Mu mezi ya nyuma y’imbere yo kubana, mwempi bisa n’uko muzoba mufise vyinshi mukora bijanye n’ugutegura ubugeni. Murashobora kugabanya ingorane mu kugira ibiri ku rugero. Ubugeni buhinguye bushobora guhimbara ababanyi hamwe n’abo mu kibano, mugabo bushobora gusiga ababiranye hamwe n’imiryango yabo bacotse ku mubiri kandi bifumbereje mu bijanye n’amahera. Ugukurikira imigenzo y’aho hantu biraba vyiza, ariko ukuba umuja wayo canke kumbure mukarondera kugira ibiruta ivy’abandi, birashobora kuzimanganya insobanuro y’uwo musi, bigashobora no kubatwara umunezero mwari mukwiye kugira. Naho inyiyumvo z’abandi zitegerezwa kwubahirizwa, umusore agiye kwubaka ni we ubwa mbere na mbere ajejwe ugufata ingingo y’ibizoba ku musi w’ubugeni.​—Yohana 2:9.

23 Nimwibuke yuko ubugeni bwanyu bumara umusi utarenze umwe, mugabo umubano wanyu w’ababiranye uzomara ubuzima bwanyu bwose. Muririnda kwitwararika umusi w’ubugeni kurenza urugero. Ahubwo, nimuhange amaso Yehova Imana abahe ubuyobozi, hanyuma mutegekanye hakiri kare ubuzima bw’inyuma y’ubugeni. Aho ni ho muzoba mwiteguriye neza umubano w’ababiranye uroranirwa.

a Ivyo vyokora mu bihugu aho ukugenderanira kubonwa ko kubereye ku Bakirisu.

b No mw’ishengero ry’Abakirisu, hariho abo usanga bafise umwete muke. Aho kuba abasavyi b’Imana n’umutima wabo wose, bashobora kuba boshwa n’udutima tw’isi be n’imigenzo yayo.​—Yohana 17:16; Yakobo 4:4.

IZI NGINGO NGENDERWAKO ZA BIBILIYA ZISHOBORA GUTE GUFASHA . . . UMUNTU KWITEGURIRA UMUBANO W’ABABIRANYE URORANIRWA?

Umugabo n’umugore bategerezwa kuba bararaganye kugumana.​—Itanguriro 2:24.

Umuntu w’imbere ni we ahambaye kuruta ukuntu umuntu aboneka inyuma.​—1 Petero 3:3, 4.

‘Ntimwifatanye n’abo ataco musangiye.’​—2 Ab’i Korinto 6:14.

Abantu bahumanye mu nyifato runtu bariyonkoye ku Mana.​—Abanyefeso 4:18, 19.

IMIGENZO NA BIBILIYA

Gutanga Inkwano: Mu bihugu bimwebimwe umuryango w’umukwe witegwa ko uha inkwano umuryango w’umugeni. Mu bindi na ho, umuryango w’umugeni ni wo uha amahera uw’umukwe. Hashobora kuba ata kibi kiri muri iyo migenzo bugingo vyoba bijanye n’amategeko. (Abaroma 13:1) Ariko rero, uko biri kwose, umuryango wakira nya mahera ukwiye kwirinda kwaka amahera canke ibintu birenze ibikwiriye ubitewe n’umwina. (Imigani 20:21; 1 Ab’i Korinto 6:10) Vyongeye, ukuriha inkwano ntigukwiye kwigera kubonwa nk’ugutuma umugore aba nk’ikintu gusa kiguzwe; eka mbere n’umugabo wiwe ntakwiye kwiyumvamwo yuko ibanga ryonyene ajejwe ku mugore wiwe no ku b’iwabo n’umugore ari ukubaha ayo mahera gusa.

Uguharika: Imico kama imwimwe iremerera umugabo kwabira abagore barenze umwe. Igihe ibintu vyifashe ukwo, umugabo ashobora gucika umwami w’abami aho kuba umunega na sebibondo. Turetse ivyo, ukwabira abagore benshi kuratuma kenshi abagore bari muri uwo mubano bahiganwa. Ku Bakirisu, Bibiliya irekura gusa ubwirebange canke ukwabira umugore umwe wenyene.​—1 Ab’i Korinto 7:2.

Umubano w’Ugupima: Abagabo n’abagore benshi babiranye bavuga yuko kwibanira imbere yo kwabirana bizobafasha gusuzuma ko bashobokana. Yamara, umubano w’ugupima hariho ikintu kimwe mu bikomeye kuruta ibindi udashobora gupima na co ni ukuragana. Turetse umubano w’ababiranye, nta yindi ndinganizo binganya gutanga uburinzi n’umutekano kuri bene kubana—ushizemwo n’abana abo ari bo bose bashobora kuva kuri uwo mubano. Mu nyonga za Yehova Imana, kubana mwiyumvikaniye mutabiranye ni ubusambanyi.​—1 Ab’i Korinto 6:18; Abaheburayo 13:4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika