Ikigabane ca Gatatu
Impfunguzo Zibiri Zituma Umubano w’Ababiranye Urama
1, 2. (a) Umubano w’ababiranye wari wagenewe kumara igihe kingana iki? (b) Ivyo bishoboka gute?
IGIHE Imana yahuza umugabo n’umugore ba mbere mu mubano w’ababiranye, nta kintu na kimwe cariho cerekana ko uwo mubano wobaye uw’igihe gito gusa. Adamu na Eva bari kubana ubuzima bwose. (Itanguriro 2:24) Imana ifata ko umubano w’ababiranye uba uwuteye iteka igihe umugabo umwe n’umugore umwe babaye umwe. Ubushegabo buteye isoni bugizwe n’umwe mu bubakanye ni bwo gusa butanga imvo zihuye n’Ivyanditswe zo kwahukana, bikabona gushoboka ko umuntu yongera kurongora canke kurongorwa.—Matayo 5:32.
2 Vyoba bishoboka ko abantu babiri babana bahimbawe mu gihe kirekire kitazwi? Egome, kandi Bibiliya iravuga ibintu bibiri bihambaye, ari zo mpfunguzo zifasha gutuma ivyo bishoboka. Mu gihe umugabo n’umugore bompi bazikoresheje, bazokwugurura urugi rujana mu gahimbare no mu mihezagiro myinshi. None izo mpfunguzo ni izihe?
URUPFUNGUZO RWA MBERE
Ugukundana n’ukwubahana hagati y’abubatse bituma umubano wabo utunganirwa
3. Ni ubwoko butatu ubuhe bw’urukundo abubakanye bakwiye gutsimbataza?
3 Urupfunguzo rwa mbere ni urukundo. Birahambaye kuba hari ubwoko butandukanye bw’urukundo buvugwa muri Bibiliya. Rumwe ni igishika kivuye ku mutima kigirirwa umuntu, mwene rwa rukundo ruba hagati y’abagenzi somambike. (Yohana 11:3) Urundi ni rurya rukundo rukomera hagati y’abagize umuryango. (Abaroma 12:10) Urwa gatatu ni urukundo rukwegera umubiri, urwo umuntu ashobora kwumvira uwo badasangiye igitsina. (Imigani 5:15-20) Birumvikana, ubwo bwoko bwose bw’urukundo umugabo n’umugore barakwiye kubutsimbataza. Mugabo hariho ubwoko bugira kane bw’urukundo buhambaye kuruta ubundi.
4. Ubwoko bugira kane bw’urukundo ni ubuhe?
4 Mu rurimi rw’intango Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu vyanditswemwo, ijambo ry’ubwo bwoko bugira kane bw’urukundo ni a·gaʹpe. Iryo jambo rirakoreshwa muri 1 Yohana 4:8, aho tubwirwa duti: “Imana [ni] urukundo.” Ni ivy’ukuri, “twebge tugira urukundo, kukw ari [Imana] yabanje kudukunda.” (1 Yohana 4:19) Umukirisu urwo rukundo arutsimbatariza ubwa mbere na mbere Yehova Imana, hanyuma akarutsimbatariza abantu nka we. (Mariko 12:29-31) Ijambo a·gaʹpe rirakoreshwa kandi mu Banyefeso 5:2, ahavuga hati: “Mugendere mu rukundo, nk’uko Kristo na we yabakunze, akatwigura.” Yezu yavuze yuko ubwo bwoko bw’urukundo ari bwo bworanze abayoboke nyakuri biwe, ati: “Ni mwagiriranira urukundo [a·gaʹpe] ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” (Yohana 13:35) Raba kandi ikoreshwa rya a·gaʹpe mu 1 Ab’i Korinto 13:13: “Hagumyeh’ukwizera, n’ivyizigiro, n’urukundo, ivyo ukw ari bitatu: arikw ikibiruta n’urukundo [a·gaʹpe].”
5, 6. (a) Ni kuki urukundo ruhambaye kuruta ukwizera n’ivyizigiro? (b) Imvo zimwezimwe zizotuma urukundo rufasha kugira ngo umubano w’ababiranye urame ni izihe?
5 Ni igiki gituma urwo rukundo a·gaʹpe ruruta ukwizera n’ivyizigiro? Rugengwa n’ingingo ngenderwako—ingingo ngenderwako zigororotse—zisangwa mw’Ijambo ry’Imana. (Zaburi 119:105) Ni ukurazwa ishinga n’ukugirira abandi ikibereye kandi ciza nk’uko Imana ikibona ata bwikunzi bigiranywe, nyene kukigirirwa yaba aboneka ko abibereye canke atabibereye. Mwene urwo rukundo ruratuma abubakanye bakurikiza iyi mpanuro ya Bibiliya: “Mwihanganiran[e], muhariran[e], iy’umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana.” (Ab’i Kolosayi 3:13) Abubakanye b’abanyarukundo “[barakovya] mu gukundana [a·gaʹpe], kuk’urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.” (1 Petero 4:8) Urabona yuko urukundo rupfuka amakosa. Ntiruyakuraho, kubera ko ata muntu w’umunyagasembwa ashobora kubura guhuba.—Zaburi 130:3, 4; Yakobo 3:2.
6 Igihe mwene urwo rukundo tugirira Imana tukanarugiriranira rutsimbatajwe n’abubakanye, umubano wabo uzorama wongere ubemwo agahimbare, kuko “urukundo nta ho rushira.” (1 Ab’i Korinto 13:8) Urukundo ni “umugozi utagira agasembwa wunga ubumwe.” (Ab’i Kolosayi 3:14, NW) Niwaba wubatse, wewe n’uwo mwubakanye mushobora gute gutsimbataza ubwo bwoko bw’urukundo? Nimuze murasomera hamwe Ijambo ry’Imana, mwongera muriganira. Nimwige akarorero Yezu yatanze k’urukundo hanyuma mugerageze kumwigana, kwiyumvira no gukora nka we. Vyongeye, nimuze muritaba amakoraniro ya gikirisu, aho Ijambo ry’Imana ryigishirizwa. Nimuze kandi murasaba Imana ngo ibafashe gutsimbataza ubwo bwoko buhanitse bw’urukundo, ururi icamwa c’impwemu yera y’Imana.—Imigani 3:5, 6; Yohana 17:3; Ab’i Galatiya 5:22; Abaheburayo 10:24, 25.
URUPFUNGUZO RUGIRA KABIRI
7. Kwubaha ni iki, kandi ni nde akwiye kugaragaza icubahiro mu mubano w’ababiranye?
7 Mu gihe abantu babiri bubakanye bakundana vy’ukuri n’ukwubahana barubahana, icubahiro kikaba ari urupfunguzo rugira kabiri rw’ugutuma umubano w’ababiranye ubamwo agahimbare. Ukwubaha gusigurwa yuko ari “ugusonera abandi, kubatera iteka.” Ijambo ry’Imana rihanura Abakirisu bose ushizemwo abagabo n’abagore bubakanye riti: “Ku vy’icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we.” (Abaroma 12:10) Intumwa Petero yanditse ati: “Namwe bagabo n’uko, mubane n’abagore banyu [mwi]sunze ubumenyi, mubatera iteka nk’urwavya rurushirije kworoha, urwavya rugore.” (1 Petero 3:7, NW) Umugore ahanurwa ‘kwubaha [rwose] umugabo wiwe.’ (Abanyefeso 5:33) Mu gihe ushaka gutera iteka umuntu, uramugaragariza umutima mwiza, ukubahiriza urupfasoni rwiwe n’ivyiyumviro aserura, kandi ukama ugabirije kumuronsa ikintu cose gitegereka agusavye.
8-10. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe ukwubaha kuzofasha kugira ngo umubano w’ababiranye uragame kandi ubemwo agahimbare?
8 Abipfuza kugira umubano w’ababiranye urimwo agahimbare baraha icubahiro abo bubakanye mu ‘kutiyumvira ivyabo gusa, ariko bakiyumvira n’ivy’abo bubakanye.’ (Ab’i Filipi 2:4) Ntibaraba gusa ivyobabera vyiza bo ubwabo kuko kwoba ari ukwikunda. Ahubwo, bararaba kandi ivyobera vyiza abo bubakanye. Si ivy’imbeshere, ivyo babishira imbere.
9 Ukwubahana kuzofasha abubakanye kwemanga amatandukaniro bafise mu vy’ukubona ibintu. Ntivyumvikana kwitega ko abantu babiri babona ibintu vyose kumwe. Igishobora kuba gihambaye ku mugabo gishobora kuba kidahambaye ku mugore, kandi ico umugore akunda gishobora kuba kidakundwa n’umugabo wiwe. Mugabo umwumwe wese akwiye kwubahiriza ivyiyumviro be n’amahitamwo vy’uwundi, bugingo ivyo biba bitarenga akarimbi k’amategeko n’ingingo ngenderwako vya Yehova. (1 Petero 2:16; gereranya na Filemoni 14.) Si ivyo gusa, umwe wese akwiye kwubahiriza agateka k’uwundi mu kutamuvugako ivyo kumushira hasi canke kumugirako ibitwenza vyo kumutyoza, haba mu bantu canke ahiherereye.
10 Egome, ugukunda Imana be n’ugukundana hamwe n’ukwubahana ni impfunguzo zibiri za nkenerwa zituma umubano w’ababiranye uroranirwa. None bishobora gukurikizwa gute mu mice imwimwe ihambaye cane y’ubuzima bw’ababiranye.
UBUBEMUTWE NK’UBWA KIRISITU
11. Turavye mu Vyanditswe, ni nde ari umutwe mu mubano w’ababiranye?
11 Bibiliya itubwira yuko umugabo yaremanywe kamere zimuranga zotumye aroranirwa mu kuba umutwe w’urugo. Umugabo ni we rero yobaye ajejwe imbere ya Yehova ukumererwa neza kw’umugore wiwe n’abana biwe mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. Yobwirijwe gufata ingingo ziri ku burimbane zigaragaza ukugomba kwa Yehova, kandi akaba akarorero keza mu vy’ukwigenza nk’uko Imana ishaka. “Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko mugamburukira Umwami wacu. Kuk’umugabo ari we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kristo na we ar’umutwe w’ishengero.” (Abanyefeso 5:22, 23) Ariko rero, Bibiliya ivuga yuko umugabo na we nyene afise uwumubereye umutwe, Uwumufiseko ubukuru. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ndagomba ko mumenya k’umutwe w’umugabo wese ari Kristo, kandi k’umutwe w’umugore ar’umugabo, kandi k’umutwe wa Kristo ar’Imana.” (1 Ab’i Korinto 11:3) Umugabo w’inkerebutsi ariga ukuntu yokoresha ububemutwe mu kwigana uwuri umutwe wiwe bwite, ari we Kirisitu Yezu.
12. Ni akarorero keza akahe Yezu yashizeho mu vyo kugaragaza ukuyoboka no gukoresha ububemutwe?
12 Yezu na we nyene arafise uwumubereye umutwe, ni ukuvuga Yehova, kandi aramuyobokera bimwe bibereye. Yezu yavuze ati: “[Sindo]ndera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba.” (Yohana 5:30) Ese ukuntu ari akarorero keza agahore! Yezu ni “we mfura mu vyaremwe vyose.” (Ab’i Kolosayi 1:15) Yacitse Mesiya. Yobaye Umutwe w’ishengero ry’Abakirisu basizwe akaba n’Umwami yatoranijwe w’Ubwami bw’Imana, agashirwa hejuru y’abamarayika bose. (Ab’i Filipi 2:9-11; Abaheburayo 1:4) Naho afise ikibanza kiri hejuru kingana gityo kandi akaba yiteze ibintu bihambaye gutyo, uwo mugabo Yezu ntiyaryagagurana, ntiyari intagondwa canke uwusaba ibirenze urugero. Ntiyatwaza igikenye canke ngo yame nantaryo yibutsa abigishwa biwe yuko babwirizwa kumugamburukira. Yezu yari umunyarukundo kandi w’umunyembabazi, canecane ku bantu bacinyizwa. Yavuze ati: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; [“mwishireko ingogo,” NW] yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu. Kukw ing[ogo] yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse.” (Matayo 11:28-30) Kuba kumwe na we kari agahimbare.
13, 14. Umugabo w’umunyarukundo azokoresha ububemutwe bwiwe gute mu kwigana Yezu?
13 Umugabo yipfuza kugira ubuzima bwo mu rugo burimwo agahimbare vyoba vyiza arimbuye kamere Yezu yagaragaje. Umugabo mwiza ntaryagagurana kandi ntatwaza umukazo ngo akoreshe nabi ububemutwe bwiwe nk’ubuhiri bwo kuza araturubikisha umugore wiwe. Ahubwo riho aramukunda kandi akamutera iteka. Nimba Yezu yari “[y]iyoroheje mu mutima,” umugabo rero arafise imvo zikwiye zo kumera gutyo, kubera ko we atari nka Yezu, arakora amakosa. Igihe akoze amakosa, arashaka ko umugore wiwe amutahura. Ni co gituma umugabo yicisha bugufi yemera amakosa yiwe, naho nyene bishobora kuba bitoroshe kuvuga amajambo ya “mbabarira, wari wagize vyo.” Umugore azosanga kwubaha ububemutwe bw’umugabo yifata ruto kandi yicisha bugufi birushiriza kworoha kuruta ukwubaha ububemutwe bw’umugabo w’umunyabwibone kandi w’intagondwa. Umugore yubaha na we nyene arasaba imbabazi igihe yahuvye.
14 Imana yaremanye umugore kamere nziza zimuranga ashobora gukoresha mu guterera agacumu k’ubumwe kugira mu mubano w’ababiranye habe agahimbare. Umugabo w’inkerebutsi ivyo aravyemera, kandi ntamunigira mu menshi. Abagore benshi basa n’abagomba kugira imbabazi n’impuhwe birushirije, izo zikaba ari kamere zikenewe mu vyo kwitwararika umuryango no kubungabunga imigenderanire hagati y’abantu. Mu bisanzwe, umugore usanga azi cane ivyo gutunganya mu nzu akahagira ahantu haryoshe kuba. Wa “mugore aroranye” adondorwa mu Migani ikigabane ca 31 yari afise kamere nyinshi nziza igitangaza hamwe n’ubuhanga bwiza agahore, kandi urugo rwiwe rwarazungukirako bimwe bishitse. Kuki? Kubera ko umutima w’umugabo wiwe “wama umwizigira.”—Imigani 31:10, 11.
15. Ni gute umugabo ashobora kugaragariza umugore wiwe urukundo n’ukwubaha nka Kirisitu?
15 Mu mico kama imwimwe, ubukuru bw’umugabo burashimikwako kurenza urugero, gushika n’aho kumubaza ikibazo bibonwa nk’ukubura urupfasoni. Ashobora gufata umugore wiwe hafi nk’umuja. Mwene iryo koresha nabi ry’ububemutwe rituma ubucuti bugoyagoya, atari gusa ubwo umugabo afitaniye n’umugore wiwe, ariko kandi n’ubwo afitaniye n’Imana. (Gereranya na 1 Yohana 4:20, 21.) Ku rundi ruhande, abagabo bamwebamwe barirengagiza kuja imbere, bakareka abagore babo bakaba ari bo baganza urugo. Umugabo ayobokera Kirisitu mu buryo bubereye ntarya imitsi umugore wiwe canke ngo amukureko urupfasoni rwiwe. Ahubwo arigana rwa rukundo rw’ukwitanga rwa Yezu, kandi akabigenza nk’uko intumwa Paulo yahanuye ati: “Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura.” (Abanyefeso 5:25) Kirisitu Yezu yarakunze cane abayoboke biwe gushika n’aho abapfira. Umugabo mwiza aragerageza kwigana ako gatima ko kutikunda, akarondera ineza y’umugore wiwe, aho kumuremereza. Igihe umugabo ayobokera Kirisitu kandi akagaragaza urukundo be n’ukwubaha nka Kirisitu, umugore wiwe azokwumva avyuriwe umutima wo kumuyobokera.—Abanyefeso 5:28, 29, 33.
UKUYOBOKA KW’UMUGORE
16. Ni kamere izihe umugore akwiye kugaragaza mu migenderanire afitaniye n’umugabo wiwe?
16 Inyuma gatoyi y’aho Adamu amariye kuremwa, “Uhoraho Imana aravuga, ati Si vyiza k’uyu muntu yibana wenyene; hinge ndamuronderere umufasha bikwiranye.” (Itanguriro 2:18) Imana yaremye Eva ngo abe “umufasha” w’umugabo, si uwuhiganwa na we. Umubano ntiwobaye nk’ubwato bugendeshwa na babiri bahiganwa. Umugabo yabwirizwa gukoresha ububemutwe burangwa urukundo, umugore na we akabwirizwa kugaragaza urukundo, ukwubaha, hamwe n’ukwiyorosha abikunze.
17, 18. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe umugore ashobora kuba umufasha nyawe w’umugabo wiwe?
17 Ariko rero, umugore mwiza ntiyiyorosha gusa. Aragerageza kuba umufasha nyawe, agashigikira umugabo wiwe mu ngingo afata. Birumvikana yuko birushiriza kumworohera igihe yemeranya n’ingingo umugabo afata. Ariko no mu gihe atemeranya na zo, mu kumushigikira kwiwe yivuye inyuma arashobora gufasha umugabo wiwe kugira ingingo afata ziroranirwe neza kuruta.
18 Umugore arashobora gufasha umugabo wiwe kuba umutwe mwiza mu bundi buryo. Arashobora guserura ko ashima utwigoro agira mu vyo kuja imbere, aho kumunebagura canke ngo yumve ko adashobora kwigera ashitsa ivyo akeneye. Mu gukorana n’umugabo wiwe mu buryo bwiza, umugore akwiye kwibuka yuko “umutima w’ubugwaneza utekereje, . . . [ari wo w’]igiciro kinini imbere y’Imana,” atari gusa imbere y’umugabo wiwe. (1 Petero 3:3, 4; Ab’i Kolosayi 3:12) Bite hoho mu gihe umugabo atizeye? Yaba yizeye canke atizeye, Ivyanditswe biremesha abagore “gukunda abagabo babo n’abana babo, no kudahugumba, no kwirinda ubgēruzi, no kwubaka ingo zabo, no kuba inda nziza, bagororokere abagabo babo, kugira ngw ijambo ry’Imana ntiritukwe.” (Tito 2:4, 5) Mu gihe havyutse ibibazo biraba ijwi ryo mu mutima, bisa cane n’uko umugabo atizera azokwubahiriza iciyumviro c’umugore wiwe mu gihe agishikirije “n’ubugwaneza, [a]tinya.” Abagabo batizera bamwebamwe ‘bararehejwe n’ingeso z’abagore babo, batagize ijambo bavuze, kuko babona ingeso zabo zitunganye zifatanije n’ugutinya.’—1 Petero 3:1, 2, 15; 1 Ab’i Korinto 7:13-16.
19. Vyogenda gute mu gihe umugabo asavye umugore wiwe kurenga itegeko ry’Imana?
19 Vyogenda gute mu gihe umugabo yosaba umugore wiwe gukora ikintu kibujijwe n’Imana? Mu gihe ivyo vyoshika, ategerezwa kwibuka yuko Imana ari yo Mutware wiwe mukuru. Afatira akarorero ku co intumwa zagize igihe zasabwa n’abakuru kurenga itegeko ry’Imana. Mu Vyakozwe 5:29 havuga hati: “Petero n’intumwa barabishura, bat’Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.”
UGUSERURIRANIRA NEZA AKARI KU MUTIMA
20. Ni mu muce uwuhe uhambaye urukundo n’ukwubaha ari ntahara?
20 Urukundo n’ukwubaha ni ntahara mu wundi muce w’umubano w’ababiranye, na wo ni uguseruriranira akari ku mutima. Umugabo w’umunyarukundo arayaga n’umugore ku vyerekeye imirimo yiwe, ingorane umugore wiwe agira, ukuntu abona ibintu bitandukanye. Ivyo umugore arabikeneye. Umugabo afata umwanya wo kuganira n’umugore wiwe kandi vy’ukuri akumviriza ico avuga, aba yerekanye urukundo n’icubahiro amufitiye. (Yakobo 1:19) Hari abagore bidoga yuko abagabo babo baganira na bo akanya gatoyi cane. Ivyo birababaje. Ego ni ko, muri ibi bihe birimwo ibikorwa vyinshi, abagabo bashobora gukora amasaha menshi ahatari i muhira, kandi ingorane z’ubutunzi zigashobora gutuma abagore bamwebamwe na bo nyene bakora akazi. Mugabo abubakanye bakeneye kubikiranira umwanya. Ahandiho, bashobora gucika abatari magiriranire. Ivyo bishobora kubazanira ingorane zikomeye hamwe uwubatse yokwumva yoronderera ahandi umugenzi yomwumvira impuhwe atari mu mubano wabo.
21. Imvugo ibereye izofasha gute kugira ngo mu mubano hagume agahimbare?
21 Uburyo abagore n’abagabo baseruriranira akari ku mutima burahambaye. “Amajambo aryoshe . . . asōsera umutima, anonora amagufa.” (Imigani 16:24) Uwo mwubakanye yaba yizeye canke atizeye, iyi mpanuro ya Bibiliya irakora: “Imvugo zanyu zamane ubuntu . . . zirunzwe umunyu,” ni ukuvuga ziryoshe. (Ab’i Kolosayi 4:6) Igihe umusi uba utagendeye umuntu neza, utujambo dukeyi tw’ubuntu, turanga ikibabarwe tuvuzwe n’uwo mwubakanye turashobora gukora iciza kinini. “Ijambo rivuzwe mu buryo bubereye ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza.” (Imigani 25:11) Ijwi rikoreshwa hamwe n’amajambo atorwa birahambaye cane. Nk’akarorero, umuntu arashobora kubwira uwundi n’ishavu n’akantu kandi ategeka, ati: “Ugara urwo rugi!” Mugabo avuze ati “Wonkundira ukugara urwo rugi?” ese ukuntu ayo majambo avuganywe ubutekereji kandi mw’ijwi riranga ugutahura yorushiriza kuba ‘ayarunzwe umunyu’!
22. Ni inyifato izihe abubakanye bakeneye kugira bagume baseruriranira neza akari ku mutima?
22 Uguseruriranira akari ku mutima neza kurasagamba igihe haba ukubwirana utujambo tuvuganywe umutima mwiza, ukurabana n’ukugiriranira utuntu mu bugwaneza, ubuntu, ugutahura hamwe n’ikibabarwe. Mu gukora bagatama kugira ngo bagume baseruriranira neza akari ku mutima, umugabo n’umugore bompi bazovuga ivyo bakeneye ata kangonongono, kandi umwe arashobora kubera uwundi isoko ry’impumurizo n’imfashanyo mu bihe umuntu aba yihebuye canke aremerewe n’ivyiyumviro. Ijambo ry’Imana rihimiriza riti: “Muremeshe abarandutse imitima.” (1 Ab’i Tesalonike 5:14) Hazobaho ibihe umugabo yumva adendebukiwe, n’ibihe umugore yumva adendebukiwe. Barashobora ‘kuremeshanya,’ bagakomezanya.—Abaroma 15:2.
23, 24. Urukundo n’ukwubahana bizofasha gute igihe hari ukutumvikana? Tanga akarorero.
23 Abubakanye bagaragarizanya urukundo n’ukwubahana ntibazobona ukutumvikana kwose nk’urugamba. Bazokwita ku rutare kugira ngo umwe ‘ntabere umururazi’ uwundi (Ab’i Kolosayi 3:19) Bompi bakwiye kwibuka yuko “ukwishura kwiyoroheje guhwam[ika] uburake.” (Imigani 15:1) Uraraba neza ntufatire mu rwara uwo mwubakanye canke ngo umunegure igihe aserura inyiyumvo afise mu mutima. Ahubwo, mwene ukwo guserura akamurimwo nukubone nk’akaryo ko kumenya iciyumviro uwundi afise. Muri kumwe, nimugerageze gutunganya ivyo mudahuzako hanyuma mushike ku nsozero muhuriyeko.
24 Nimwibuke ca gihe Sara yabaza umugabo wiwe Aburahamu umuti wotorerwa ikibazo kimwe hanyuma ntibihure n’inyiyumvo ziwe. Yamara, Imana yabwiye Aburahamu iti: “Ivyo Sara akubariye vyose n’uvyemere.” (Itanguriro 21:9-12) Aburahamu yaravyemeye, kandi yarahahezagiriwe. Muri ubwo buryo nyene, mu gihe umugore atanze iciyumviro gitandukanye n’ic’umugabo wiwe afise mu muzirikanyi, akwiye n’imiburiburi kwumviriza. Muri ico gihe nyene, umugore ntakwiye kwihariza ikiyago, ahubwo akwiye kwumviriza ico umugabo wiwe ashaka kuvuga. (Imigani 25:24) Umugabo canke umugore akobeje ngo ibintu bikorwe uko ashaka, ntibiranga urukundo n’ukwubaha.
25. Ni gute uguseruriranira neza akari ku mutima bizoterera agacumu k’ubumwe ku gahimbare mu bintu vya somambike vyo mu mubano w’ababiranye?
25 Uguseruriranira neza akari ku mutima birahambaye kandi mu migenderanire yabo yo mu vyo kumarana inambu y’umubiri. Ubwikunzi hamwe n’ukubura ukwigumya birashobora kwonona bimwe bikomeye iyo migenderanire yabo ya somambike kuruta iyindi mu mubano w’ababiranye. Uguseruriranira akari ku mutima ata guhishanya, bifatanije n’ukwihangana, ni ntahara. Igihe umwe wese arondera ukumererwa neza kwa mugenziwe hatagiyemwo ubwikunzi, ukumarana inambu y’umubiri ni gake biba ingorane ikomeye. Muri ivyo be no mu bindi, “ntihagire umuntu ababara ivyiwe, arikw ababare ivya mugenzi we.”—1 Ab’i Korinto 7:3-5; 10:24.
26. Naho nyene umubano w’ababiranye wose wifitiye amahirwe yawo n’ingorane zawo, ukwumvira Ijambo ry’Imana bizofasha gute abubakanye kuronka agahimbare?
26 Mbega impanuro nziza Ijambo ry’Imana ritanga! Ego ni ko, umubano w’ababiranye wose urafise amahirwe yawo n’ingorane zawo. Mugabo mu gihe abubakanye bayobokera ukwiyumvira kwa Yehova, nk’uko kwahishuwe muri Bibiliya, kandi mu migenderanire yabo bakishimikiza urukundo rugengwa n’ingingo ngenderwako, bakishimikiza n’ukwubahana, barashobora kwizigira yuko umubano wabo w’ababiranye uzorama kandi ukabamwo agahimbare. Gutyo ntibazoterana iteka gusa, mugabo kandi bazoritera uwatanguje umubano w’ababiranye, ari we Yehova Imana.