Ikigabane ca Kane
Ushobora Kuyobora Urugo Gute?
1. Ni kuki ukuyobora urugo bishobora kugora cane muri iki gihe?
“UKW ISI imeze uku, kugenda gu[hinduka].” (1 Ab’i Korinto 7:31) Ayo majambo haraheze imyaka 1.900 yanditswe, kandi ese ukuntu ari ay’ukuri muri iki gihe! Ibintu biriko birahinduka, canecane mu biraba urugo. Ivyahora bibonwa ko ari ibisanzwe canke ko ari ivyamye bigirwa imbere y’imyaka 40 canke 50 iheze, kenshi ntivyemerwa muri iki gihe. Kubera ico, kuyobora urugo neza bishobora kuba urugamba rutoroshe. Naho ari ukwo, iyo impanuro zo mu Vyanditswe zikurikijwe, urashobora gutsinda urwo rugamba.
NIMUBESHWEHO N’UBURYO MUFISE
2. Ni inyifato z’ibintu izihe mu vy’ubutunzi zishobora gutera amagume mu rugo?
2 Muri iki gihe abantu benshi ntibakibumbwa n’ubuzima bworoheje, bwo mu rugo. Kubera ko isi y’ivy’ubudandaji iguma ihingura ibintu vyinshi kandi igakoresha ubuhinga bwayo bw’iyamamaza mu kugerageza gukwegakwega abantu, ba serugo na ba inarugo amamiliyoni barakora amasaha menshi ku kazi kugira bashobore kugura ivyo bintu. Abandi bantu amamiliyoni babwirizwa kwita ku rutare imisi yose kugira gusa baronke icorirenza. Babwirizwa kumara umwanya munini rwose ku kazi kuruta uko vyahora, kumbure bagafata ubuzi bubiri, kugira gusa bironse utwa nkenerwa. Yamara abandi bohimbarwa no kuronka akazi, kubera ko ubushomeri ari ingorane ikwiye henshi. Egome, ubuzima ntibwama bworoheye urugo rwa kino gihe, mugabo ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirashobora gufasha ingo kugira zirwaneko uko zishoboye.
3. Ni ingingo ngenderwako iyihe intumwa Paulo yasiguye, kandi kuyishira mu ngiro bishobora gufasha umuntu gute maze agatunganirwa mu vyo kuyobora urugo?
3 Intumwa Paulo yarashikiwe n’imikazo yo mu vy’ubutunzi. Mu kuyishira mu buryo, yarize icigwa c’agaciro, ari co asigura mw’ikete yandikiye mugenziwe Timoteyo. Paulo yandika ati: “[N]ta co twazanye mw isi kand[i n]ta co dushobora kuyivanamwo. Arikw iyo dufise ivyo turya n’ivyo twamba[ra] biba bitubūmvye.” (1 Timoteyo 6:7, 8) Ego ni ko, ivyo urugo rukeneye si ibifungurwa n’ivyambarwa gusa. Rurakeneye kandi aho kuba. Abana barakeneye kuja mw’ishure. Hariho no kuriha imiti hamwe n’ayandi mahera asohoka. Mugabo, iyo ngingo ngenderwako yo mu majambo ya Paulo irakora. Mu gihe tubumbwa no kwironsa ivyo dukeneye atari ukurondera ivyo dushaka, ubuzima buzokworoha kuruta.
4, 5. Ukuzirikana ibintu imbere y’igihe n’ugutegekanya bifasha gute mu vyo kuyobora urugo?
4 Iyindi ngingo ngenderwako ifasha tuyisanga muri kimwe mu bigereranirizo vya Yezu. Yavuze ati: “Ni nde muri mwebge agomba kwubaka umutara w’amatafari muremure, [at]obanza kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yowubaka, ngw amenye yukw afise ayowunonosora?” (Luka 14:28) Yezu ngaha ariko avuga ukuzirikana ibintu imbere y’igihe, kubitegekanya hakiri kare. Twabonye mu kigabane giheruka ukuntu ivyo bifasha igihe abantu babiri bariko bazirikana ivyo kuzokwubakana. Kandi inyuma y’ubugeni, biranafasha mu kuyobora urugo. Kuzirikana ivyo bintu imbere y’igihe birimwo no gushinga amahera azokora, ugutegekanya hakiri kare yuko ayahari yokoreshwa n’ubukerebutsi bwinshi. Muri ubwo buryo urugo rurashobora kugabanya ayasohoka, bakaziganya amahera yo kugura ibindi bintu vya nkenerwa vyo ku musi ku musi canke ku ndwi, ntibabeho mu buryo burenze ubwo bafise.
5 Mu bihugu bimwebimwe, mwene ukwo gushinga amahera azokora bishobora gusobanura kwirinda kurya umwenda wo kuzorihana inyungu nini cane ku bw’ibintu bidakenewe. Mu bindi na ho, bishobora gusobanura kuguma wirinze gufata imyenda. (Imigani 22:7) Bishobora kandi gusigura kurwanya agatima ko kugura ikintu kubera ko ukibonye, utarimbuye ibikenewe n’inkurikizi vyozana. Vyongeye, gushinga ikigega bizotuma biboneka ko guhonereza amahera n’ubwikunzi n’akantu ku gukina akamari, ku kunywa itabi, hamwe no ku kunywa ukarenza urugero vyonona ubutunzi urugo rufise, vyongeye kandi bikaba biteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.—Imigani 23:20, 21, 29-35; Abaroma 6:19; Abanyefeso 5:3-5.
6. Ni ukuri kwo mu Vyanditswe ukuhe gufasha abategerezwa kubaho mu bukene?
6 Bite none ku bategerezwa kubaho mu bukene? Kimwe coco, bashobora guhumurizwa no kumenya yuko iyo ngorane ikwiye kw’isi yose ari iy’igihe gito. Mw’isi nshasha iri hafi kuza, Yehova azokuraho ubukene hamwe n’ibindi bibi vyose bitera abantu amarushwa. (Zaburi 72:1, 12-16) Mu kurindira, Abakirisu b’ukuri, naho nyene boba bakenye cane, ntibiyumvamwo yuko bihebuye ubutakivayo, kuko bizeye uyu muhango wa Yehova: “Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.” Ni co gituma uwizeye ashobora kuvugana umwizero ati: “Uhoraho n’umutabazi wanje, sinzotinya.” (Abaheburayo 13:5, 6) Muri iyi misi igoye, Yehova arashigikira mu buryo bwinshi abamusenga igihe babaho bisunga ingingo ngenderwako ziwe kandi bagashira Ubwami bwiwe mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo. (Matayo 6:33) Benshi cane muri bo barashobora kuvyemeza bakoresheje amajambo y’intumwa Paulo, bati: “Muri cose no muri vyose nātiwe ibanga ryo mu vyo guhāga no mu vyo gusonza, ryo mu vyo kugira umurengera no mu vyo gukena. Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.”—Ab’i Filipi 4:12, 13.
GUSANGIRA UMUTWARO
Kubungabunga urugo ni igikorwa cega abarugize
7. Ni amajambo ya Yezu ayahe, akurikijwe, azofasha kugira ngo ukuyobora urugo kuroranirwe?
7 Amaja mu mpera y’ubusuku yaranguye kw’isi, Yezu yavuze ati: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.” (Matayo 22:39) Gukurikiza iyo mpanuro mu rugo birafasha cane rwose mu kuruyobora. Nakare, abagenzi bacu ba hafi, bakundwa kuruta abandi, ni bande atari abo dusangiye urugo, ni ukuvuga abagabo n’abagore, abavyeyi n’abana? Abagize urugo bashobora kugaragarizanya gute urukundo?
8. Urukundo rushobora guserurwa gute mu rugo?
8 Uburyo bumwe, ni igihe umwe wese mu bagize urugo arangura uruhara rugereranye ashinzwe rw’udukorwa two mu rugo. Gutyo, abana barakeneye kwigishwa kubika ibintu igihe bahejeje kubikoresha, zaba impuzu canke ibikinisho. Bishobora gutwara umwanya n’akigoro kugira ngo umuntu yame atunganya uburiri imisi yose mu gitondo, mugabo birafasha cane mu vyo kuyobora urugo. Birumvikana, ibintu ntibibura gutosekara na gatoyi, mugabo bose barashobora gukorera hamwe kugira ngo batume mu nzu haguma hasesuka bimwe bitegereka, eka bakanahasukura inyuma yo gufungura. Ubunebwe, ukwiryoherererwa, agatima k’inzigo canke ko gutinyatinya, biragira ingaruka mbi ku wo ari we wese. (Imigani 26:14-16) Ku rundi ruhande, ukugira umutima ukunze w’urweze, birazana ubuzima bw’agahimbare mu rugo. “Imana ikunda ūtanga anezerewe.”—2 Ab’i Korinto 9:7.
9, 10. (a) Ni umuzigo uwuhe kenshi wama uri ku mukenyezi mu nzu, kandi uwo ushobora kuremururwa gute? (b) Ni ukubona ibintu ku burimbane ukuhe tugirwa inama yo kugira?
9 Ukwubahana n’urukundo bizofasha gukinga ibintu bikunda kuba ingorane zikomeye mu ngo zimwezimwe. Ba inarugo bamye ari bo bagumyarugo kuva na kera. Barabungabunga abana, bagasukura i muhira, bakamesura impuzu z’abo mu rugo, bagasuma bakongera bagateka. Mu bihugu bimwebimwe, abagore baramenyereye kandi gukora mu mirima, bagashora kw’isoko ivyo bimbuye, canke mu bundi buryo bagaterera agacumu k’ubumwe ku kigega gitunga urugo. Mbere n’ahantu ivyo bitari bisanzwe bigirwa, vyarabaye ngombwa ko abagore amamiliyoni bubatse barondera akazi. Umugore yubatse akaba kandi na inabibondo akora agatama muri iyo mice itandukanye, arakwiye gushimirwa. Nka kumwe kwa wa “mugore aroranye” avugwa muri Bibiliya, imisi yiwe yama yuzuye ibikorwa. “Ntarya ivyo kurya vy’ukwamikara.” (Imigani 31:10, 27) Ivyo mugabo ntibisobanura yuko umukenyezi ari we wenyene ashobora gukora i muhira. Umugabo n’umugore iyo bamaze bompi umusi wose bakorera hanze y’i muhira, umugore wenyene yoba ari we akwiye kwikorera umuzigo wo gukora hanze y’i muhira, umugabo be n’abasigaye mu rugo na bo biyicariye? Oya nawe. (Gereranya na 2 Ab’i Korinto 8:13, 14.) Rero nk’akarorero, mu gihe inarugo agiye gutegura ibifungurwa, ashobora gukenguruka mu gihe abandi bo mu bagize urugo bafashije mu gutegura imeza, bakaja gusuma utuntu tumwetumwe, canke gusukura hirya no hino mu nzu. Egome, bose barashobora gusangira iryo banga.—Gereranya n’Ab’i Galatiya 6:2.
10 Bamwe bovuga bati: “Jewe aho mba, gukora mwene ivyo bintu si uruhara rw’umugabo.” Ivyo bishobora kuba ari ivy’ukuri. Ariko ubwo ntivyoba vyiza barimbuye ico kintu gatoyi? Igihe Yehova Imana yatanguza urugo, ntiyategetse yuko ibikorwa bimwebimwe vyokozwe n’abakenyezi gusa. Umusi umwe, igihe wa mugabo w’umwizerwa Aburahamu yagenderwa n’intumwa zidasanzwe zivuye kwa Yehova, we ubwiwe yaragize uruhara mu gutegura no mu kuzimana abashitsi ibifungurwa. (Itanguriro 18:1-8) Bibiliya ihanura iti: “Abagabo na bo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite.” (Abanyefeso 5:28) Nimba mu mpera y’umusi umugabo arushe hanyuma agashaka kuruhuka, ntivyoshoboka none yuko n’umugore na we nyene aba amerewe gutyo, canke mbere akaba amurusha? (1 Petero 3:7) None, ubwo ntivyoba bibereye kandi biranga urukundo umugabo afashije i muhira?—Ab’i Filipi 2:3, 4.
11. Ni mu buryo ubuhe Yezu yahaye akarorero keza uwo mu bagize urugo wese?
11 Yezu ni we karorero ntangere k’umuntu yahimbara Imana kandi akazanira agahimbare abasangirangingo biwe. Naho atigeze yubaka, Yezu ni akarorero keza ku bagabo, no ku bagore n’abana nyene. Yavuze ubwiwe ati: “Umwana w’umuntu [ntiya]zanywe no gukorerwa, atar’ugukorera abandi.” (Matayo 20:28) Ibaze nawe ukuntu ingo aho abazigize bose batsimbataza mwene ako gatima, zihiriwe!
NI KUKI UKUGIRA ISUKU BIHAMBAYE?
12. Yehova asaba iki abamukorera?
12 Iyindi ngingo ngenderwako yo muri Bibiliya ishobora gufasha mu ndinganizo y’ivy’urugo tuyisanga mu 2 Ab’i Korinto 7:1. Tuhasoma duti: “Twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’umutima.” Abagamburuka ayo majambo yahumetswe baremerwa na Yehova, we asaba “ugusenga gusukuye kandi kudahumanye.” (Yakobo 1:27, NW) Kandi urugo rwabo ruraronka ivyiza bijana n’ugukora ivyo.
13. Ni kuki ukugira isuku bihambaye mu vyo kuyobora urugo?
13 Nk’akarorero, Bibiliya iradukura amazinda yuko hazobaho umusi aho kurwara bitazoba bikiriho. Muri ico gihe “Uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye.” (Yesaya 33:24; Ivyahishuriwe 21:4, 5) Ariko rero mu kurindira ico gihe, urugo rwose rubwirizwa rimwe na rimwe gutunganya ikibazo c’indwara. Mbere Paulo be na Timoteyo bararwara. (Ab’i Galatiya 4:13; 1 Timoteyo 5:23) Mugabo, abahinga mu vy’ubuvuzi bavuga yuko indwara nyinshi zishobora gukingwa. Ingo zikerebutse zirikinga indwara zimwezimwe zishobora gukingwa, iyo abo muri nya ngo birinze umwanda wo ku mubiri n’uwo mu vy’impwemu. Reka tubirabe.—Gereranya n’Imigani 22:3.
14. Ni mu buryo ubuhe isuku ryo mu nyifato runtu rikingira urugo indwara?
14 Isuku ryo mu vy’impwemu ririmwo n’isuku ryo mu vy’ukwigenza runtu. Nk’uko bizwi cane, Bibiliya iravuga neza ingingo mfatirwako maze ikiyamiriza ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’uguhuza igitsina n’umuntu atari uwo mwubakanye. Ivuga iti: “Abashakanyi, . . . cank’abasambanyi, cank’abagabo bendwa, cank’abagabo bendana . . . ntibazoragwa ubgami bg’Imana.” (1 Ab’i Korinto 6:9, 10) Gukurikiza izo ngingo mfatirwako ni ikintu gihambaye ku Bakirisu baba muri iyi si itera itituka. Kugenza gutyo birahimbara Imana kandi bigafasha gukingira urugo indwara zandukira ziciye mu bihimba vy’irondoka, nka SIDA, sifirisi, mburugu, hamwe n’indwara yitwa kilamidiya.—Imigani 7:10-23.
15. Tanga akarorero k’ukubura isuku ry’umubiri gushobora gutera indwara bitari ngombwa.
15 ‘Ukwiyuhagira ubuhumane bgose bg’umubiri’ birafasha gukingira urugo izindi ndwara. Indwara nyinshi ziterwa n’ukutagira isuku ry’umubiri. Akarorero gakomeye ni akamenyero ko kunywa itabi. Ukunywa itabi ntigusuka umwanda gusa mu mahaha, mu vyambarwa hamwe no mu kayaga nyene, ahubwo kandi birarwaza abantu. Abantu amamiliyoni barapfa ku mwaka ku mwaka bishwe n’uko banywa itabi. Vyiyumvire, ku mwaka ku mwaka abantu amamiliyoni ntiborwaye kandi ngo bapfe hakiri kare hamwe bokwirinda ubwo ‘buhumane bw’umubiri’!
16, 17. (a) Ni itegeko irihe ryatanzwe na Yehova ryakingira Abisirayeli indwara zimwezimwe? (b) Ingingo ngenderwako yihishije mu Gusubira mu Vyagezwe 23:12, 13 ishobora gukurikizwa gute mu rugo?
16 Rimbura akandi karorero. Haraciye nk’imyaka 3.500 Imana ihaye ihanga rya Isirayeli Ivyagezwe vyayo kugira ngo iringanize ugusenga kwabo, kugira ngo kandi igire ukuntu iringanije ubuzima bwabo bwa misi yose. Ivyo Vyagezwe vyarafashije gukingira iryo hanga indwara mu gushiraho amategeko amwamwe y’ishimikiro agenga isuku. Rimwe muri ayo mategeko ryari rijanye n’uguta umwanda w’umuntu, uwo ukaba wabwirizwa kuzikwa neza kure y’ikambi, ku buryo aho abantu baba hatokwononywe n’umwanda. (Gusubira mu Vyagezwe 23:12, 13) Iryo tegeko rya kera n’ubu riracari impanuro nziza. No muri iki gihe abantu bararwara kandi bagapfa biturutse ku kutarikurikiza.a
17 Duhuje n’ingingo yari yihishije muri iryo tegeko ryahawe Abisirayeli, ubwogero bw’abo mu rugo hamwe n’akazu kabo ka surwumwe—vyaba biri imbere mu nzu canke hanze—bikwiye kugumizwa bisukuye kandi bikamemerwamwo imiti yica imikorobo. Nimba mu kazu ka surwumwe hatagumye hasukuye kandi hapfundikiye, urusazi ruzohaduma hanyuma rukwiragize imikorobo ahandi hantu mu nzu—no ku bifungurwa dufungura! Vyongeye, abana hamwe n’abakuze bakwiye gukaraba iyo bavuye aho hantu. Ahandiho, baza bazanye imikorobo ku rukoba. Nk’uko vyavuzwe n’umugangakazi umwe w’Umufaransa, ugukaraba “kuracari kimwe mu bimaramazinda vy’uko umuntu yirinze kwandura indwara zandurwa biciye mu mushishito, mu guhema, canke mu rukoba.”
Kuguma dusukuye ibintu birazimbutse kuruta kugura umuti
18, 19. Ni inama izihe zitangwa ku bwo kubungabunga inzu isukuye no mu kibano gikenye?
18 Ego ni ko, ukugira isuku ni urugamba mu kibano gikenye. Umuntu umwe amenyereye kuba mwene aho hantu avuga ati: “Ahantu h’ubushuhe bukaze haratuma igikorwa co kugira isuku kigora ibihetangabo kabiri. Ibivumbuzi vy’inkungugu biruzuza intumo ahantu hose inzu ifise umwenge. . . . Iyongerekana ry’abantu mu bisagara, hamwe no mu zindi ntara zimwezimwe zo mu gihugu hagati, na ryo nyene rirazana impanuka z’amagara. Imifurege irangaye itwara ibizi vy’umwanda, ibirundo vy’imyanda bisabagiye, utuzu twa surwumwe dukoreshwa na benshi, tutibagiye imbeba, inyenzi be n’isazi bikwiragiza indwara, ni ibintu dukunda kubona.”
19 Ukuzigama isuku igihe ibintu vyifashe gutyo biragoye. Mugabo, ako kigoro si ak’ubusa. Isabuni n’amazi hamwe n’igikorwa gitoyi ciyongereye, birazimbutse kuruta umuti n’ibitaro. Nimba uba ahantu mwene aho, uko bishoboka kwose, nugume usukuye inzu yawe n’imbuga yawe, ugume kandi uharinze imyanda y’ibitungwa. Nimba inzira ija i muhira iwawe isa n’iyuzura ivyondo mu bihe vy’imvura, ubona ushizeho urucekeri canke amabuye vyofasha kuguma mwirinze ivyondo mu nzu? Nimba mukoresha ibirato canke isandala, uwuvyambaye yoba yoshobora kubikura imbere y’uko yinjira mu nzu? Vyongeye, mutegerezwa kuguma murinze amazi yanyu ntiyandure. Bigereranywa yuko abantu n’imiburiburi imiliyoni zibiri bapfa ku mwaka kubera amazi yanduye be n’isuku rike.
20. Kugira ngo inzu ibe iyisukuye, ni bande bategerezwa gusangira iryo banga?
20 Kugira ngo inzu ibe isukuye biva kuri bose—kuri inarugo, kuri serugo, ku bana, no ku bashitsi. Nyina w’abana babiri umwe wo muri Kenya yavuze ati: “Bose barize kurangura uruhara rwabo.” Inzu isukuye, isesuka, iratuma urugo rwose rugira izina ryiza. Hari umwibutsa umwe w’Igisupanyoli uvuga uti: “Nta suku ribura ngo ni kubera ubukene.” Umuntu yaba aba mu ngoro, mu nyubakwa ihambaye, mu kazu gaciye bugufi canke mu karuri, ukugira isuku ni rwo rupfunguzo rwo gutuma abo mu rugo bagira amagara meza.
INDEMESHO IRATUMA TURORANIRWA
21. Duhuje n’Imigani 31:28, ni igiki kizofasha kuzanira agahimbare urugo?
21 Igihe igitabu c’Imigani kivuga ivy’umugore abushitse, kivuga giti: “Abana biwe bava hasi bakamuhezagira, n’umugabo wiwe na we, akamushemagiza.” (Imigani 31:28) Mbega uheruka ryari gushimira umuntu wo mu rugo iwanyu? Koko, tumeze nk’ibiterwa mu gihe c’impeshi biba vyiteguriye gushurika igihe bironse akazuba n’amazi. Ku bitwerekeye, akazuba dukeneye ni ugushimirwa. Birafasha umukenyezi kumenya yuko umugabo wiwe amushimira igikorwa akora kitoroshe n’ubwitwararitsi bwiwe bwuzuye urukundo, kandi ntamufate ko yabwirizwa kubikora. (Imigani 15:23; 25:11) Kandi birahimbara igihe umugore ashimira umugabo wiwe ku gikorwa akorera ku kazi no mu rugo. Abana na bo nyene barashurika igihe abavyeyi babo babashimagiza ku bw’utwigoro bagira i muhira, kw’ishure, canke mw’ishengero rya gikirisu. Kandi urazi iyo ugukenguruka gutoyi kugera! None kuvuga uti “Urakoze” hari ico bigutwara? Ni gito cane, yamara ico bivamwo mu vy’inyifato y’urugo gishobora kuba kinini.
22. Ni igiki gikeneye ‘gukomezwa,’ kandi ivyo bishobora gushikwako gute?
22 Kuyobora urugo ntivyoroshe biturutse ku mvo nyinshi. Mugabo birashobora kugirwa bikaroranirwa. Umugani umwe wa Bibiliya uvuga uti: “Ubgenge ni bgo bgubaka urugo, kand’ubukerebutsi ni bgo burukomeza.” (Imigani 24:3) Ubukerebutsi n’ugutegera, umuntu arashobora kubironka mu gihe bose mu rugo bita ku rutare ngo bige ukugomba kw’Imana bongere bagukurikize mu buzima bwabo. Nta nkeka, kugira urugo rugire agahimbare, ako kigoro karakenewe!
a Mu gitabu gitanga impanuro ku kuntu twokwirinda ugucibwamwo—na yo ikaba ari indwara ikwiragiye henshi ituma abana benshi bapfa—Ishirahamwe Mpuzamakungu Rijejwe Amagara y’Abantu kw’Isi rivuga riti: “Nimba ata kazu ka surwumwe kariho: niwitume kure y’inzu, kandi kure y’aho abana bakinira, ku metero n’imiburiburi 10 uvuye aho muvoma amazi; ayo mazirantoke muyarenzeko ivu.”