Ikigabane ca Gatanu
Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
1, 2. Ni nde abavyeyi bakwiye guhanga amaso mu kurera abana babo?
“ABANA ni bo ngabire Uhoraho agaba.” Ivyo ni vyo umuvyeyi akenguruka yavuze yikugura, ubu hakaba haheze imyaka 3.000. (Zaburi 127:3) Kukaba nkako, umunezero w’ubuvyeyi ni impembo y’agaciro iva ku Mana, abantu benshi bubatse bakaba bashobora kuwuronka. Ariko rero, abafise abana ntibateba kubona yuko, turetse umunezero, ubuvyeyi buzana amabanga.
2 Na canecane muri iki gihe, kurera abana ni igikorwa c’indyankurye. Naho ari ukwo, abenshi baragikoze bararoranirwa, umwanditsi wa Zaburi yahumekewe na we akabivuga muri ubu buryo: “Uhoraho iy’atari we yubaka inzu abayubaka baba baruhira ubusa.” (Zaburi 127:1) Uko urushiriza gukurikiza neza amabwirizwa ya Yehova, ni ko uzocika umuvyeyi mwiza. Bibiliya ivuga iti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe.” (Imigani 3:5) Woba uzokwumvira impanuro za Yehova n’umutima ukunze uko utangura umugambi wawe w’imyaka 20 wo kurera umwana?
KWEMERA UKO BIBILIYA IBONA IBINTU
3. Ni ibanga irihe ba serugo bajejwe mu vyo kurera abana?
3 Mu ngo zimwezimwe hirya no hino kw’isi, abagabo babona ko ukurera abana canecane ari igikorwa c’umukenyezi. Ego ni ko, Ijambo ry’Imana rirerekana uruhara rwa serugo yuko ari we ahanini abasumira. Ariko rero, riravuga kandi yuko afise amabanga ajejwe mu rugo. Bibiliya ivuga iti: “Tunganya ibikorwa vyawe vyo hanze, uvyiroranirize mu ndimiro, hanyuma uz’ubone kwubaka inzu.” (Imigani 24:27) Mu kuntu Imana ibona ibintu, ba serugo na ba inarugo barafashanya mu vy’ukurera abana.—Imigani 1:8, 9.
4. Ni kuki tudakwiye kubona abana b’abahungu nk’aho baruta ab’abakobwa?
4 Abana bawe ubabona ute? Amaraporo avuga yuko muri Aziya “abana b’abakobwa kenshi barabwa irarirari.” Bivugwa yuko abakobwa n’ubu bakirabwa ribi muri Amerika yo mu Bumanuko, eka nyene no mu “ngo zerevutse kuruta izindi.” Mugabo ukuri ni uko abakobwa atari abana bo gushira inyuma. Yakobo, serugo azwi cane wo mu bihe vya kera, yaradondoye abamukomokako bose, harimwo n’abakobwa abo ari bo bose bari baravutse gushika ico gihe, ati ni “abana Imana ya[mp]ereye ubuntu.” (Itanguriro 33:1-5; 37:35) Na Yezu nyene yarahezagiye “abana bato” bose (abakobwa n’abahungu) bari bazanywe kuri we. (Matayo 19:13-15) Turashobora kwemera tudakeka yuko yabona ibintu nk’uko Yehova abibona.—Gusubira mu Vyagezwe 16:14.
5. Ni ibiki abubakanye bakwiye kurimbura igihe bafata ingingo y’igitigiri c’abana bovyara?
5 Mu kibano c’iwanyu vyoba vyitezwe ko umukenyezi yibaruka abana benshi bashoboka? Ducishije aho ukuri kuri, igitigiri c’abana umugabo n’umugore babiranye bibaruka ni ingingo bifatira. Vyogenda gute mu gihe abavyeyi babuze uburyo bwo kugaburira abana babo injonjo, kubambika no kubashira mw’ishure? Nta nkeka, uwo mugabo n’umugore bakwiye kurimbura ivyo igihe bafata ingingo y’igitigiri c’abana bovyara. Abubakanye bamwebamwe badashobora gutunga abana babo bose usanga bazeza incuti ibanga ryo kurera bamwebamwe muri bo. Uwo mugenzo woba ari mwiza? Mu vy’ukuri si vyo. Kandi abavyeyi uwo mugenzo ntubakurako ibanga bajejwe ku bana babo. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera.” (1 Timoteyo 5:8) Abubakanye bazi ibanga ryabo baragerageza guteganya ukuntu ‘ababo’ bazongana kugira ngo bashobore ‘gutunga abo mu nzu y’iwabo.’ Boba bashobora gukoresha uburyo bwo kuvyara ku rugero kugira ivyo babigire? Ivyo na vyo nyene ni ingingo ubwabo bifatira, kandi mu gihe abubakanye bafashe ingingo kuri ivyo, uburyo bahitamwo bwo kuvyara ku rugero na bwo nyene ni ikintu kibaraba ubwabo. “Umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro.” (Ab’i Galatiya 6:5) Ariko rero, ukuvyara ku rugero kurimwo ubwoko ubwo ari bwo bwose bwo gukorora inda kurateye kubiri n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Yehova Imana ni we ‘soko ry’ubuzima.’ (Zaburi 36:9) Rero, kuniga ubuzima kandi bumaze gusamwa vyoba biranga ukutubaha Yehova gukomeye, kandi bingana no kwica.—Kuvayo 21:22, 23; Zaburi 139:16; Yeremiya 1:5.
GUSHITSA IVYO UMWANA WAWE AKENEYE
6. Ukumenyereza umwana gukwiye gutangura ryari?
6 Mu Migani 22:6 havuga hati: “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo.” Kumenyereza abana ni ikindi gikorwa gihambaye abavyeyi bajejwe. Mugabo none ni ryari ukwo kumenyereza gukwiye gutangura? Hakiri kare cane. Intumwa Paulo yavuze yuko Timoteyo yari yamenyerejwe “kuva mu buhinja.” (2 Timoteyo 3:15, NW) Ijambo ry’Ikigiriki ryakoreshejwe ngaha rishobora kwerekeza ku ruyoya, eka mbere no ku mwana ataravuka. (Luka 1:41, 44; Ivyakozwe 7:18-20) Ni co gituma Timoteyo yamenyerejwe guhera igihe yari akiri mutoyi cane—kandi vyari bikwiriye. Ubuhinja ni co gihe ciza co gutangurirako kumenyereza umwana. N’uruyoya ruragira inyota y’ubumenyi.
7. (a) Ni kuki bihambaye yuko abavyeyi bompi batsimbataza ubucuti bwa hafi n’uruyoya? (b) Ni imigenderanire iyihe yari iri hagati ya Yehova n’Umwana wiwe w’ikinege?
7 Umuvyeyi umwe avuga ati: “Nkibona uruyoya rwanje, nararukunze.” Ba inabibondo benshi ni ukwo bameze. Ubwo bucuti bw’akaroruhore buri hagati y’umuvyeyi n’uruyoya burakura igihe bamarana umwanya bari kumwe inyuma y’ivuka. Kwonsa kurongereza ubucuti bwabo. (Gereranya na 1 Ab’i Tesalonike 2:7.) Iyo umuvyeyi akuyakuya akana kiwe kandi akakabwira utuntu, birahambaye mu gushitsa ivyo gakeneye mu kanyengetera. (Gereranya na Yesaya 66:12.) Ariko none sebibondo we bite? Na we nyene akwiye kuremarema ubucuti bwa hafi n’uwo mwana aherutse kuronka. Yehova ubwiwe ni akarorero muri ivyo. Mu gitabu c’Imigani turahigira ivy’ubucuti Yehova afitaniye n’Umwana wiwe w’ikinege, uwitwa ko avuga aya majambo: “Uhoraho yaranyamanye mw itanguriro ry’inzira ziwe, ataratangura na kimwe mu bikorwa vyiwe . . . imisi yose nara[mu]himbara.” (Imigani 8:22, 30; Yohana 1:14) Muri ubwo buryo nyene, sebibondo mwiza aratsimbataza ubucuti burangwa igishika agiriranira n’umwana wiwe guhera mu ntango y’ubuzima bwa nya mwana. Umuvyeyi umwe avuga ati: “Nugire igishika cinshi. Nta mwana n’umwe yigeze yicwa n’uko bamugumbiriye canke bamusomaguye.”
8. Abavyeyi bakwiye kuvyura ubwenge bw’abana babo gute vuba bishoboka?
8 Mugabo utwana turakeneye n’ibindi. Kuva igihe c’ukuvuka, ubwonko bwatwo buba bugabirije kwakira no kubika amakuru, kandi abavyeyi ni bo soko rya mbere na mbere rya nya makuru. Fatira akarorero ku rurimi. Abashakashatsi bavuga yuko ukuntu umwana amenya neza kuganira no gusoma, “vyiyumvirwa ko bijanye cane n’ubwoko bw’imigenderanire yagiranira n’abavyeyi biwe mu misi yo mu ntango.” Ganira n’umwana wawe kandi uze uramusomera utuntu guhera mu buyoya no kubandanya. Mu nyuma azoshaka kukwigana, kandi bidatevye uzoba uriko uramwigisha gusoma. Bisa n’uko azoba ashoboye gusoma imbere y’uko aja kw’ishure. Ivyo bizomugirira akamaro bimwe bidasanzwe nimba muba mu gihugu aho abigisha ari bake n’amasomero akaba yuzuye.
9. Ni ihangiro rihambaye irihe abavyeyi bakeneye kwibuka?
9 Ikintu ca mbere na mbere kiraje ishinga abavyeyi b’Abakirisu ni ugushitsa ivyo umwana wabo akenera mu vy’impwemu. (Raba Gusubira mu Vyagezwe 8:3.) Bakabigirana ihangiro irihe? Ryo gufasha umwana wabo ngo atsimbataze kamere nk’iya Kirisitu, bikaba nko kwambara “wa muntu musha.” (Abanyefeso 4:24) Ku bw’ivyo, barakenera kurimbura ibikoresho bibereye vyo kwubakisha hamwe n’ubuhinga bubereye bwo kwubaka.
NIWINJIZE UKURI MU MWANA WAWE
10. Ni kamere izihe abana bakeneye gutsimbataza?
10 Ubwiza bw’inyubakwa ahanini buva ku bwoko bw’ibikoresho vyakoreshejwe mu kuyubaka. Intumwa Paulo yavuze yuko ibikoresho vyiza kuruta vyo kwubaka kamere za gikirisu ari ‘izahabu, ifeza, amabuye y’igiciro.’ (1 Ab’i Korinto 3:10-12) Ivyo bigereranya kamere nk’ukwizera, ubukerebutsi, ugutegera, ukudahemuka, ukwubaha, hamwe n’ugushima Yehova n’amategeko yiwe kuvanze n’urukundo. (Zaburi 19:7-11; Imigani 2:1-6; 3:13, 14) Abavyeyi bashobora gufasha gute abana babo guhera mu bwana kugira ngo batsimbataze izo kamere? Mu gukurikira uburyo bwatanzwe kera cane.
11. Abavyeyi b’Abisirayeli bafasha abana babo gute ngo batsimbataze kamere ziva ku Mana?
11 Imbere gatoyi y’uko ihanga rya Isirayeli ryinjira mu Gihugu c’Isezerano, Yehova yabwiye abavyeyi b’Abisirayeli ati: “Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu: muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.” (Gusubira mu Vyagezwe 6:6, 7) Egome, abavyeyi barakeneye kuba akarorero, abagenzi, abayazi n’abigisha.
12. Ni kuki ari nkenerwa ko abavyeyi batanga akarorero keza?
12 Nube akarorero. Ubwa mbere, Yehova yavuze ati: “Ayo mabgirizwa . . . az’ahore ku mitima yanyu.” Maze yongeyeko ati: “Muze mugire umwete wo [“kuyinjiza mu,” NW] bana banyu.” Kamere ziva ku Mana rero zitegerezwa ubwa mbere kuba mu mutima w’umuvyeyi. Umuvyeyi ategerezwa gukunda ukuri kandi akakugendera. Ico gihe ni ho gusa ashobora gushikira umutima w’umwana. (Imigani 20:7) Kuki? Kubera ko abana boshwa cane n’ivyo babona kuruta ivyo bumva.—Luka 6:40; 1 Ab’i Korinto 11:1.
13. Mu kwitwararika abana babo, abavyeyi b’Abakirisu bashobora gute kwigana akarorero ka Yezu?
13 Nube umugenzi. Yehova yabwiye abavyeyi muri Isirayeli ati: ‘Ganire n’abana banyu iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira.’ Ivyo bisaba kumarana umwanya n’abana, naho abavyeyi baba bafise vyinshi bakora gute. Biboneka ko Yezu yiyumvamwo yuko abana bakwiriye guheberwa umwanya. Mu misi ya nyuma y’ubusuku bwiwe, “[abantu] bamuzanira abana bato, ngw abakoreko.” Yezu yavyakiriye gute? “Arabarera, arabahezagira, abarambitsekw ibiganza.” (Mariko 10:13, 16) Vyibaze nawe, amasaha ya nyuma y’ubuzima bwa Yezu yari amujanye. Mugabo, abo bana yarabahaye umwanya aranabitwararika. Umve ukuntu ari icigwa ciza!
14. Ni kuki ari ngirakamaro yuko abavyeyi bamarana umwanya n’umwana wabo?
14 Nube umuyazi. Kumarana umwanya n’umwana wawe bizogufasha kuyaga na we. Uko urushiriza kuyaga, ni ko uzorushiriza gutegera ukuntu kamere yiwe iriko irakura. Niwibuke mugabo yuko ukwo kuyaga atari ukuganira gusa. Inabibondo umwe wo mu gihugu ca Brezile yavuze ati: “Nabwirizwa gutsimbataza ubuhanga bwo kwumviriza nkoresheje umutima wanje.” Ukwihangana kwiwe kwaramye ivyamwa igihe umuhungu wiwe yatangura kumubwira ukuntu yiyumva.
15. Ni ibiki bikeneye kwamizwa ku muzirikanyi ku bijanye n’ukwisamaza?
15 Abana barakeneye “igihe co gutwenga . . . igihe co kuvyina,” igihe co kwisamaza. (Umusiguzi 3:1, 4; Zekariya 8:5) Ukwisamaza kuravamwo ivyiza vyinshi igihe abavyeyi n’abana bavyinovora bari kumwe. Birababaje kubona mu ngo nyinshi ukwisamaza bisigura ukurorera televiziyo. Naho ibiganiro bimwebimwe vyo kuri televiziyo bishobora gusamaza umuntu, vyinshi bironona imico myiza, kandi kurorera televiziyo bisa n’ibishaka kunigira mu menshi ukuyaga mu rugo. Ni kuki none mutogira ikintu kibasamaza muri kumwe n’abana banyu? Nimuririmbe, mukine udukino, muje hamwe n’abagenzi, mugendere ibibanza bihimbaye. Mwene ivyo bintu biraremesha ukuyaga.
16. Ni ibiki abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo ku vyerekeye Yehova, kandi bakwiye kubibigisha gute?
16 Nube umwigisha. Yehova yavuze ati: “Muze mugire umwete wo [“kwinjiza,” NW] [ayo majambo] mu bana banyu.” Amajambo ahakikuje arakubwira ivyo kwigisha ivyo ari vyo n’ukuntu vyigishwa. Ubwa mbere, ngo “mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose.” (Gusubira mu Vyagezwe 6:5) Rero, “ayo mabgirizwa . . . mugire umwete wo [“kuyinjiza,” NW].” (Ni twe tubihiritse.) Inyigisho zatangwa ngo abantu batsimbataze ugukunda Yehova n’amategeko yiwe, umuntu abigiranye ubugingo bwiwe bwose. (Gereranya n’Abaheburayo 8:10.) Ijambo “kwinjiza” risigura kwigisha uza urasubiramwo. Yehova rero mu vy’ukuri akubwira yuko uburyo bwa mbere na mbere bwo gufasha abana bawe ngo batsimbataze kamere iva ku Mana ari ukuganira ibimwerekeye mudahengeshanya. Muri ivyo harimwo ukugirana na bo inyigisho ya Bibiliya idahorereza.
17. Ni ibiki abavyeyi bashobora gutsimbataza mu mwana wabo? Kubera iki?
17 Abavyeyi benshi barazi yuko kwinjiza amakuru mu mutima w’umwana bitoroshe. Intumwa Petero yahimirije Abakirisu bagenziwe ati: “Nk’inzoya zivutse vuba, nimuremareme ugucambirwa amata adafunguye ya rya jambo.” (1 Petero 2:2, NW) Imvugo ‘kuremarema ugucambirwa’ itanga iciyumviro c’uko hariho abenshi mu bisanzwe batumva inzara y’imfungurwa z’ivy’impwemu. Abavyeyi bashobora gukenera gutora uburyo bwo gutsimbataza ukwo gucambirwa mu mwana wabo.
18. Ni ubuhinga bumwebumwe bwo kwigisha ubuhe Yezu yakoresha abavyeyi baremeshwa na bo nyene kwigana?
18 Yezu yarashikira imitima mu gukoresha ibigereranirizo. (Mariko 13:34; Luka 10:29-37) Ubwo buhinga bwo kwigisha buraba kirumara canecane ku bana. Niwigishe ingingo ngenderwako za Bibiliya mu kwigisha inkuru zinyura ugutwi, zishimishije, kumbure zirya dusanga muri ca gitabu citwa Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya.a Nufashe abana kwumva ko biberekeye. Nibakoreshe ukwiyumvira bashushanye bongere bakine ivyabaye bivugwa muri Bibiliya. Yezu kandi yarakoresha ibibazo. (Matayo 17:24-27) Niwigane ubuhinga bwiwe mu gihe muri mu nyigisho y’umuryango. Aho gupfa kuvuga itegeko ry’Imana, nubaze utubazo nk’utu: Ni kuki Yehova yaduhaye iryo tegeko? Bizogenda gute nitwaryubahiriza? Bizogenda gute nitutaryubahiriza? Mwene utwo tubazo turafasha umwana kuzirikana no kubona yuko amategeko y’Imana ari ngirakimazi akaba na meza.—Gusubira mu Vyagezwe 10:13.
19. Mu gihe abavyeyi bakurikira ingingo ngenderwako za Bibiliya mu vyo bagirana n’abana babo, ni uturusho duhambaye utuhe abana bazohakura?
19 Mu kuba akarorero, umugenzi, umuyazi n’umwigisha, urashobora gufasha umwana wawe guhera mu myaka yiwe ya mbere na mbere kuremarema imigenderanire ya hafi we ubwiwe agirana na Yehova Imana. Iyo migenderanire izoremesha umwana wawe kuba Umukirisu ahimbawe. Azokwita ku rutare kugira ngo abeho yisunga ukwizera no mu gihe ahanganye n’akosho k’urunganwe hamwe n’inyosha mbi. Numufashe nantaryo gushima ubwo bucuti bw’agaciro.—Imigani 27:11.
INDERO NI NKENERWA RWOSE
20. Indero ni iki, kandi ikwiye gutangwa gute?
20 Gutoza indero bikosora umuzirikanyi n’umutima. Abana bama babikeneye. Paulo ahanura ba sebibondo ngo “mubarere, mubahana mubahanūra, uk’Umwami wacu agomba.” (Abanyefeso 6:4) Abavyeyi bakwiye gutoza indero mu rukundo, nk’uko na Yehova abigira. (Abaheburayo 12:4-11) Indero ishingiye ku rukundo irashobora gutozwa mu kuzirikana. Ni co gituma tubwirwa ‘kwumvira indero.’ (Imigani 8:33) None indero ikwiye gutozwa gute?
21. Ni ingingo ngenderwako izihe abavyeyi bakwiye kwamiza mu muzirikanyi igihe batoza indero abana babo?
21 Abavyeyi bamwebamwe biyumvira yuko gutoza indero abana babo ari ukubakankamira gusa, kubamwashagura, canke mbere kubatuka. Ariko rero, kuri ico kibazo nyene, Paulo agabisha ati: “Ntimukaratse abana banyu.” (Abanyefeso 6:4) Abakirisu bose bahimirizwa “kugira ineza kuri bose . . . guhanūrisha ubugwaneza aba[ba]hāririza.” (2 Timoteyo 2:24, 25) Abavyeyi bakirisu, mu gihe bemera icese yuko gushikama bikenewe, bagerageza kugumiza ayo majambo mu muzirikanyi igihe batoza indero abana babo. Mugabo rimwe na rimwe, kuzirikana usanga bidahagije, igihano kanaka kikaba ari co gikenewe.—Imigani 22:15.
22. Mu gihe bikenewe ko umwana ahanwa, ni ibiki ategerezwa gufashwa gutahura?
22 Abana batandukanye basaba ubwoko butandukanye bw’indero. Bamwe ‘ntibashobora guhashwa n’amajambo masa.’ Kuri bo, rimwe na rimwe igihano bahawe kubera bagambaraye kirashobora kubakiriza ubuzima. (Imigani 17:10; 23:13, 14; 29:19) Mugabo umwana akwiye gutahura igituma ariko arahanwa. “Inkoni n’indero nziza bicisha ubgenge.” (Imigani 29:15, ni twe tubihiritse; Yobu 6:24) Vyongeye, igihano kirafise akarimbi. “Nzoguhana ibigeze,” ni ko Yehova yabwiye abasavyi biwe. (Yeremiya 46:28b, ni twe tubihiritse.) Bibiliya ntaho ibwiriza guhushagurana uburake canke gukubitana ubukari, ivyo bikaba bishobora gukomeretsa umwana.—Imigani 16:32.
23. Umwana akwiye gushobora gutegera iki igihe abavyeyi biwe bamuhanye?
23 Igihe Yehova yaburira abasavyi biwe yuko yobatoje indero, yabanje kuvuga ati: “Ntutinye, . . . ndi kumwe nawe.” (Yeremiya 46:28a) Muri ubwo buryo nyene, indero ya kivyeyi, yaba iri mu buryo bubereye gute, ntikwiye kwigera na rimwe ituma umwana asigara yumva ko yahebwe. (Ab’i Kolosayi 3:21) Ahubwo, umwana akwiye kwumva yuko indero itangwa kubera ko umuvyeyi ari ‘kumwe na we,’ iruhande yiwe.
NUKINGIRE UMWANA WAWE IVYOMUGIRIRA NABI
24, 25. Ni ikintu ikihe gisesemanye gihanamiye abana bakaba bakeneye kugikingirwa muri ino misi?
24 Abakuze benshi bibutse ubwana bwabo basanga cari igihe gihimbaye. Baribuka inyiyumvo y’igishika n’ugutekanirwa bari bafise, ivyo bikaba vyarabakura amazinda yuko abavyeyi babo bobabungabunze naho vyogenze gute. Abavyeyi bashaka ko abana babo bumva bamerewe gutyo, mugabo mw’isi ya kino gihe itera itituka, gutuma umwana aguma atekaniwe biragoye kuruta uko vyahora.
25 Ikintu gisesemanye gihanamiye abana congerekanye muri iyi myaka ya vuba ni ukubasambanya. Mu gihugu c’i Maleziya, raporo zerekeye ugusambanya abana zariyongereye incuro zine mu kiringo c’imyaka cumi. Mu Budagi abana nk’300.000 barakorerwa ivya mfura mbi ku mwaka ku mwaka, mu gihe mu gihugu kimwe co muri Amerika y’Ubumanuko, nk’uko itohoza rimwe ribivuga, igitigiri c’abakorerwa ayo mabi ari kinini cane kigereranywa ko ari 9.000.000! Agacavutu ni uko benshi muri abo bana basambanirizwa i muhira iwabo nyene, bakononwa n’abantu bazi kandi bizigiye. Mugabo abana bari bakwiye kuba barwanirwa n’abavyeyi babo bimwe bikomeye. None abavyeyi bashobora gute kubakingira?
26. Uburyo bumwebumwe abana bashobora gukingirwamwo bakaguma batekaniwe ni ubuhe, kandi ubumenyi bushobora gukingira umwana gute?
26 Kubera ko ivyabaye vyerekana yuko abana bazi bike ku vyerekeye igitsina ari bo canecane bakunda kugirirwa nabi n’ababasambanya, intambwe yo gukinga ivyo ni ukwigisha umwana, no mu gihe mbere akiri mutoyi. Ubumenyi burashobora kubakingira “inzira y’ikibi, n’abantu badadika.” (Imigani 2:10-12) Ubumenyi nyabaki? Ubumenyi bw’ingingo ngenderwako za Bibiliya, bw’iciza n’ikibi mu vyo kwigenza runtu. Bakwiye kumenya kandi yuko hari abantu bamwebamwe bakuze bakora ibintu bibi, be n’uko umuntu akiri muto bitari ngombwa ngo agamburuke igihe abantu bamusavye gukora ibintu bitabereye. (Gereranya na Daniyeli 1:4, 8; 3:16-18.) Iyo nyigisho ntuyigarukirize gusa ku kuganira rimwe. Abana batoyi benshi barakeneye guhabwa icigwa cisubiriza imbere y’uko bacibuka neza. Uko abana bigirwa haruguru, se yoza arubahiriza mu rukundo uburenganzira umwigeme wiwe afise bwo kwigirira utwiwe, na nyina akubahiriza ubw’umuhungu wiwe—gutyo bigatuma umwana arushiriza kwiyumvamwo ibibereye ivyo ari vyo. Kandi, birumvikana, kimwe mu bintu vyiza kuruta bikinga ugukorerwa amabi ni ukubahagarikira mwebwe abavyeyi.
NIMURONDERE UBUYOBOZI BW’IMANA
27, 28. Ni nde ari Isoko rihambaye abavyeyi bovomako imfashanyo igihe bahanganye n’urugamba rwo kurera umwana?
27 Vy’ukuri, ukurera umwana guhera mu buhinja ni urugamba, mugabo abavyeyi bizera ntibategerezwa guhanga urwo rugamba ari bonyene. Mu bihe vy’Abacamanza, igihe umugabo yitwa Manowa yamenya yuko yari agiye kuronka umwana, yarasavye Yehova ubuyobozi ku vyo kurera Umwana wiwe. Yehova yarishuye amasengesho yiwe.—Abacamanza 13:8, 12, 24.
28 Mu buryo nk’ubwo muri iki gihe, iyo abavyeyi bizera barera abana babo, barashobora na bo nyene kuganira na Yehova mw’isengesho. Kuba umuvyeyi ni igikorwa kigoye, mugabo harimwo impembo zihambaye. Umugabo n’umugore bubakanye b’Abakirisu bo mu ntara ya Hawayi bavuga bati: “Ufise imyaka 12 yo gukoramwo igikorwa cawe ukagiheza imbere yuko haza ya myaka igoye y’ubuyabaga. Mugabo nimba warakoze ugatama mu gukurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya, kizoba ari igihe co kwimbura umunezero n’amahoro nibafata ingingo y’uko bashaka gukorera Yehova bivuye ku mutima.” (Imigani 23:15, 16) Igihe umwana wawe afashe iyo ngingo, na wewe uzovyurirwa umutima wo kwigina uti: “Abana ni bo ngabire Uhoraho agaba.”
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.