ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fy ikig. 11 rup. 128-141
  • Nimuzigame Amahoro mu Rugo Rwanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimuzigame Amahoro mu Rugo Rwanyu
  • Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • MU GIHE UKWEMERA KW’UMUGABO WAWE GUTANDUKANYE N’UKWAWE
  • IGIHE UMUKENYEZI AFISE UKWIZERA GUTANDUKANYE N’UKWAWE
  • KWIGISHA ABANA
  • MU GIHE IDINI URIMWO ATARI RYO ABAVYEYI BAWE BARIMWO
  • URUGAMBA RWO KURERA ABANA UTAVYAYE
  • UGUKURIKIRANA AMARONKO VYOBA BITERA UMURYANO MU RUGO RWANYU?
  • Ingene mwohimbarwa mu rugo
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Uburyo bwo Gutunganirwa mu Rugo
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Impfunguzo Zibiri Zituma Umubano w’Ababiranye Urama
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Umubano wo mu Rugo Uhimbara Imana
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
Ibindi
Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
fy ikig. 11 rup. 128-141

Ikigabane ca Cumi na Rimwe

Nimuzigame Amahoro mu Rugo Rwanyu

1. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bishobora gutuma haba ugucanamwo mu ngo?

HAHIRIWE ababa mu ngo zirangwamwo urukundo, umwumvikano n’amahoro. Twizigiye yuko urw’iwanyu rumeze gutyo. Ikibabaje, ingo zidaharurwa zirananirwa kumera gutyo maze ugasanga ziracanamwo bivuye ku mpamvu zitandukanye. Ni igiki gituma ingo zicanamwo? Muri iki kigabane turaza kuganira ku bintu bitatu. Mu ngo zimwezimwe, usanga abazigize bose badasangiye idini. Mu zindi, abana bashobora kuba badasangiye abavyeyi. Mu zindi na zo, akigoro ko kurondera uburyo bwo kubaho canke ukwipfuza amaronko menshi bisa n’ibitandukanya abazigize. Ariko rero, ibintu bituma abo mu rugo rumwe bacanamwo bishobora kutagira ico bitwara urundi. None ni igiki gituma haba iryo tandukaniro?

2. Ni hehe bamwebamwe bahanga amaso kugira ngo baronke ubuyobozi mu vyerekeye ubuzima bwo mu rugo, mugabo ni isoko irihe ryiza kuruta ry’ubuyobozi mwene ubwo?

2 Ica mbere ni uburyo abantu babona ibintu. Nimba ugerageza ata buryarya gutahura ukuntu uwundi muntu abona ibintu, biboneka cane yuko woheza ugatahura uburyo bwo kuzigama ubumwe mu rugo. Ikintu kigira kabiri ni isoko mukurako ubuyobozi. Abantu benshi barakurikira impanuro bahabwa n’abo bakorana, ababanyi, abanditsi b’ibinyamakuru, canke ubundi buyobozi bw’abantu. Ariko rero, hariho abubuye ivyo Ijambo ry’Imana rivuga ku vyerekeye uko ivyabo vyifashe, hanyuma bashira mu ngiro ivyo bize. Kugira ivyo bishobora gute gufasha abo mu rugo kuzigama amahoro muri rwo?​—2 Timoteyo 3:16, 17.

MU GIHE UKWEMERA KW’UMUGABO WAWE GUTANDUKANYE N’UKWAWE

Ifoto ku rup. 130

Nugerageze gutahura ukuntu uwundi muntu abona ibintu

3. (a) Ni impanuro nyabaki Bibiliya itanga ku vyerekeye kwabirana n’uwo mudahuje ukwizera? (b) Ni ingingo ngenderwako izihe z’ishimikiro zikurikizwa mu gihe umwe mu bubakanye yizeye uwundi akaba atizeye?

3 Bibiliya iraduhanura yivuye inyuma kutabirana n’umuntu tudahuje ukwemera. (Gusubira mu Vyagezwe 7:3, 4; 1 Ab’i Korinto 7:39) Ariko rero, vyoshoboka yuko woba wize ukuri kwa Bibiliya mwaramaze kwabirana, mugabo umunega wawe akaba atize ukwo kuri. Vyogenda gute none? Birumvikana, indagano y’umubano w’ababiranye igumaho. (1 Ab’i Korinto 7:10) Bibiliya irashimika ku vy’uko ubucuti bwo mu mubano w’ababiranye ari ntabanduka, vyongeye ikaremesha ababiranye gutorera umuti ivyo badahuriyeko aho gutandukana. (Abanyefeso 5:28-31; Tito 2:4, 5) Ariko none, twovuga iki mu gihe umunega wawe akubuza yivuye inyuma gukurikira idini ihuje na Bibiliya? Ashobora kugerageza kukubuza kuja mu makoraniro y’ishengero, canke agashobora kuvuga yuko adashaka ko umukenyezi wiwe aja ku nzu ku nzu avuga ivyerekeye idini. None wokora iki?

4. Ni mu buryo nyabaki umukenyezi ashobora kugaragaza ugutahura mu gihe we n’umunega wiwe badasangiye ukwemera?

4 Niwibaze uti: ‘Ni kuki umunega wanje yiyumvira ukwo?’ (Imigani 16:20, 23) Nimba vy’ukuri adatahura ivyo uriko uragira, arashobora guhagarika umutima ku bikwerekeye. Canke ashobora kuba asugerejwe n’abo mu muryango wiwe kubera yuko wewe utakigira uruhara mu migenzo imwimwe bo babona ko ihambaye. Umunega umwe yavuze ati: “Gusigara jenyene mu nzu vyatuma numva ndi nk’inyakamwe.” Uwo munega yiyumviriye yuko idini ryari ryaramutwaye umukenyezi. Ariko rero, ubwibone bwatumye atemera yuko asigaranye irungu. Umunega wawe ashobora kuba akeneye gusubirizwa umutima mu nda yuko urukundo ukunda Yehova rudasobanura ko urwo wamukunda rwagabanutse. Uraraba neza yuko umarana igihe na we.

5. Ni uburimbane ubuhe umukenyezi afise umunega badahuje ukwemera ategerezwa kuzigama?

5 Ariko rero, hariho ikintu mbere gihambaye kuruta utegerezwa kurimbura nimba ushaka gutunganya uko ibintu vyifashe ubigiranye ubukerebutsi. Ijambo ry’Imana rihimiriza abakenyezi riti: “Mugamburukire abagabo banyu, nk’uko bibereye abari mu Mwami wacu.” (Ab’i Kolosayi 3:18) Ni co gituma ritugabisha ngo twirinde agatima k’ukwigenga. Vyongeye, mu kuvuga ngo “nk’uko bibereye abari mu Mwami,” iki canditswe kiragaragaza yuko ukugamburukira umugabo wawe gukwiye kandi kugirwa hisunzwe ukugamburukira Umwami. Hategerezwa kubamwo uburimbane.

6. Ni ingingo ngenderwako izihe umukenyezi w’Umukirisu akwiye kwamiza ku muzirikanyi?

6 Ku Mukirisu, kwitaba amakoraniro y’ishengero no kubwira abandi ivyerekeye ukwizera kwiwe gushingiye kuri Bibiliya, ni imice ihambaye y’ugusenga kw’ukuri idakwiye gufatwa minenerwe. (Abaroma 10:9, 10, 14; Abaheburayo 10:24, 25) Wogira iki none, mu gihe umuntu agutegetse imbonankubone kudakurikiza ikintu gitomoye Imana isaba? Intumwa za Yezu Kirisitu zavuze icese ziti: “Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.” (Ivyakozwe 5:29) Ivyo biratanga akarorero gakurikizwa mu bihe vyinshi vyo mu buzima. None urukundo ukunda Yehova rwoba ruzokuvyurira umutima wo kumuyobokera mu buryo akwiriye? Urukundo n’icubahiro ufitiye umunega wawe vyoba kandi bizotuma ugerageza kuyobokera Yehova we musa mu buryo butababaza umunega wawe?—Matayo 4:10; 1 Yohana 5:3.

7. Umukenyezi Mukirisu ategerezwa kugira uwuhe mwiyemezo?

7 Yezu yavuze yuko ivyo bitokwamye nantaryo bishoboka. Yabuye yuko bitumwe n’ukurwanya ugusenga kw’ukuri, abo mu ngo zimwezimwe bizera bokwumvise ari nk’aho batandukanijwe, nk’aho umengo hatambitswe inkota hagati yabo n’abandi bo mu rugo. (Matayo 10:34-36) Ivyo vyarashikiye umukenyezi umwe wo mu Buyapani. Umunega wiwe yamaze imyaka 11 amurwanya. Uwo munega yaramufata nabi bimwe vyeruye kandi kenshi na kenshi akamwugaranira hanze. Mugabo nya mukenyezi yarakomeye ku muheto. Abagenzi bo mw’ishengero rya gikirisu baramusahirije. Yarasenga ubudahorereza kandi agakura indemesho muri 1 Petero 2:20. Uwo Mukirisukazi yari yarajijutse yuko agumye ashikamye, umusi uri izina umunega wiwe yokwifatanije na we mu gusukurira Yehova. Kandi ni ko vyagenze.

8, 9. Umukenyezi akwiye kuvyifatamwo gute kugira ngo yirinde gutera umunega wiwe intambamyi bidakenewe?

8 Hariho ibintu ngirakimazi vyinshi ushobora gukora kugira ngo utume inyifato y’uwo mwubakanye ihinduka. Nk’akarorero, nimba umunega wawe atemera idini urimwo, ntutume aronka imvo zumvikana zotuma akwidogera mu yindi mice. Inzu nigume isukuye. Niwitwararike kwama usa neza. Nube umunyabuntu mu kugaragaza urukundo n’ugukenguruka. Aho kumunebagura, numufate mu mugongo. Numwereke yuko umwihekako kugira ngo akubere umutwe. Ntumwihore mu gihe wiyumvira yuko yakugiriye nabi. (1 Petero 2:21, 23) Numuhebere kubera agasembwa ka muntu, kandi nimba havyutse imitongano ube uwa mbere mu gusaba ikigongwe ubigiranye ukwicisha bugufi.​—Abanyefeso 4:26.

9 Ntutume ukwitaba amakoraniro kwawe kuba imvo ituma umunega wawe ateba gufungura. Ushobora kandi guhitamwo kugira uruhara mu busuku bwa gikirisu mu bihe umunega wawe atari i muhira. Ni ibiranga ubukerebutsi yuko umukenyezi w’Umukirisu areka kubwira umunega wiwe ivyerekeye inkuru nziza mu gihe atavyakira neza. Ahubwo uwo mukenyezi arakurikiza impanuro ya Petero igira iti: “Bagore . . . , mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze, ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’ugutinya.” (1 Petero 3:1, 2) Abakirisu b’abakenyezi barihatira kurushirizaho kugaragaza ivyamwa vy’impwemu y’Imana.​—Ab’i Galatiya 5:22, 23.

IGIHE UMUKENYEZI AFISE UKWIZERA GUTANDUKANYE N’UKWAWE

10. Umunega yizera akwiye gufata gute umukenyezi wiwe nimba uno mukenyezi afise ukwemera gutandukanye n’ukwiwe?

10 Bite hoho nimba umunega ari Umukirisu w’ukuri mugabo umukenyezi akaba atari we? Bibiliya iratanga ubuyobozi bwerekeye ibihe mwene ivyo. Igira iti: “Mwene Data asanzwe afise umugore atizera, kand’uwo mugore agakunda kubana na we, yoye kumuta.” (1 Ab’i Korinto 7:12) Igabisha kandi abanega iti: “Mukunde abagore banyu.”​—Ab’i Kolosayi 3:19.

11. Umunega ashobora gute kugaragaza ubukerebutsi maze agakoresha ubugenge mu kuyobora umukenyezi wiwe mu gihe uno mukenyezi badahuje ukwizera?

11 Nimba ufise umukenyezi mudahuje ukwizera, niwiyubare canecane kugira ngo wubahirize wongere witwararike inyiyumvo ziwe. Kubera ari umuntu akuze, arafise uburenganzira bunaka bw’umwidegemvyo wo gukurikiza ivyo yizera mu vy’idini, naho nyene wewe utavyemera. Umusi uzomubwira ivyerekeye ukwizera kwawe ari bwo bwa mbere, ntuze witege yuko azoca avavanura n’ivyo amaze igihe kirekire yizera ngo yemere ibindi bishasha. Aho kwihutira kuvuga yuko imigenzo y’ivy’idini we hamwe n’ab’iwabo bamaze igihe kirekire bubahiriza ari ikinyoma, gira akigoro ko kuzirikana na we mwisunze Ivyanditswe, ubigiranye ukwihangana. Ashobora kuba yumva yuko utamwitwararika kubera ko umara umwanya munini mu mirimo y’ishengero. Ashobora kurwanya akigoro ugira ko gusukurira Yehova, ivyo bikaba ari nko gushaka gusa kukubwira ati: “Ndakeneye ko tumarana umwanya munini!” Niwihangane. Umwitwararikanye urukundo, amaherezo bishobora kuzomufasha akemera ugusenga kw’ukuri.​—Ab’i Kolosayi 3:12-14; 1 Petero 3:8, 9.

KWIGISHA ABANA

12. Naho nyene umunega n’umukenyezi wiwe baba badahuje ukwizera, ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zikwiye gute gukurikizwa mu vyo kwigisha abana babo?

12 Mu rugo aho usanga abarugize badasenga hamwe, rimwerimwe kwigisha abana ivy’idini biraba ingorane. None ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zikwiye gukurikizwa gute? Sebibondo ni we Bibiliya izeza ubwa mbere na mbere ibanga ryo kwigisha abana, mugabo inabibondo na we nyene ari n’uruhara ruhambaye arangura. (Imigani 1:8; gereranya n’​Itanguriro 18:19; Gusubira mu Vyagezwe 11:18, 19.) Naho nyene sebibondo yoba atemera ubukuru bwa Kirisitu, aguma ari umutwe w’urugo.

13, 14. Umukenyezi ashobora gukora iki mu gihe umunega wiwe yanse yuko ajana abana biwe ku makoraniro ya gikirisu canke yanse ko yigana na bo Ijambo ry’Imana?

13 Ba sebibondo bamwebamwe ntibarwanya ivy’uko inabibondo yigisha abana ivy’idini. Abandi barabirwanya. Vyogenda gute mu gihe umunega wawe yanse yuko ujana abana ku makoraniro y’ishengero, canke mbere akakubuza kwigana Bibiliya na bo i muhira? Muri ico gihe utegerezwa kurimbanya amabanga atandukanye, ni ukuvuga ivyo ubwirizwa gukorera Yehova Imana, umunega ari we mutwe wawe hamwe n’abana bawe ukunda. Ivyo ushobora kubihuza gute?

14 Birumvikana, uzosenga ku bw’iyo ngorane. (Ab’i Filipi 4:6, 7; 1 Yohana 5:14) Ariko impera n’imperuka, ni wewe nyene utegerezwa gufata ingingo y’ingene utegerezwa kuvyifatamwo. Niwabigirana ubugenge, ugatomorera umunega wawe yuko utariko urarwanya ko ari we mutwe, amaherezo hari aho yoreka kukurwanya. Naho nyene umunega wawe yokubuza kujana abana bawe ku makoraniro canke kwama wabigishije Bibiliya, urashobora kubandanya ubigisha. Mu kiyago ugirana na bo ku musi ku musi hamwe no ku karorero keza utanga, gerageza kubinjizamwo ugukunda Yehova, ukwizera Ijambo ryiwe, ukwubaha abavyeyi harimwo na se, ukwitwararikana urukundo abandi bantu hamwe n’ugukunda ibikorwa babigiranye umwete. Amaherezo, uwo sebibondo ashobora kuzobona ingaruka nziza maze agashima agaciro k’utwigoro wagize.​—Imigani 23:24.

15. Sebibondo yizera ajejwe ibanga irihe mu vyo kwigisha abana?

15 Nimba uri umunega yizera mugabo umukenyezi wawe akaba atizera, utegerezwa rero kwemera iryo banga ryo kurera abana bawe ‘ubahana ubahanura, uko Yehova agomba.’ (Abanyefeso 6:4) Mu gihe ivyo ubigira, birumvikana yuko ukwiye kubigirana ubuntu, urukundo n’ukugirira umukenyezi wawe ibitegereka.

MU GIHE IDINI URIMWO ATARI RYO ABAVYEYI BAWE BARIMWO

16, 17. Ni ingingo ngenderwako za Bibiliya izihe abana bategerezwa kwibuka nimba bemeye ukwizera gutandukanye n’ukw’abavyeyi babo?

16 Bisigaye ari ibisanzwe yuko abana mbere bakiri na bato baja mw’idini ritandukanye n’iryo abavyeyi babo barimwo. Vyoba ari ko bimeze kuri wewe? Nimba ari ko bimeze, Bibiliya iri n’impanuro zikwerekeye.

17 Ijambo ry’Imana rigira riti: “Mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse. Wubahe so na nyoko.” (Abanyefeso 6:1, 2) Ivyo birimwo guha abavyeyi icubahiro kibereye. Ariko rero, naho ukwubaha abavyeyi bihambaye, ntibitegerezwa kugirwa ata kwitwararika Imana y’ukuri. Mu gihe umwana amaze gukura bihagije ku buryo yotangura gufata ingingo, ni we abazwa ivyo akora. Ivyo si ku vyerekeye amategeko y’abantu gusa mugabo canecane ni na ko biri ku vyerekeye amabwirizwa y’Imana. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.”​—Abaroma 14:12.

18, 19. Nimba abana bari mw’idini ritandukanye n’iryo abavyeyi babo barimwo, bashobora gute gufasha abavyeyi babo gutahura neza kuruta ukwizera kwabo?

18 Mu gihe ivyo wemera bitumye ugira ivyo uhinduye mu buzima bwawe, nugerageze gutahura ukuntu abavyeyi bawe babona ibintu. Bivuye ku kwiga Bibiliya no ku gukurikiza inyigisho zayo, bishobora kuzotuma banezerwa niwarushiriza kuba umuntu yubaha, arushirije kugamburuka no kugaragaza umwete mu vyo bagusavye vyose. Ariko rero, nimba ukwizera kwawe gushasha gutuma utera akagere ivyizerwa n’imigenzo bo ubwabo bakunda, bashobora kwiyumvira yuko uriko uratera akagere iragi bashaka kuguha. Bashobora kandi kuba batinya ko wohava umererwa nabi nimba ivyo uriko urakora bitamenyerewe aho ubaye, canke nimba wanka gukurikirana ibintu bobo biyumvira yuko vyari kuzogufasha gusagamba mu vy’umubiri. Ubwibone na bwo nyene bwoshobora kuba intambamyi. Bashobora kwiyumvira yuko uvuga ngo uri mu kuri na bo mu binyoma.

19 Kubera ico, nurabe hakiri kare ukuntu abavyeyi bawe bobonana n’abakurambere bamwebamwe canke ibindi Vyabona bahumuye bo mw’ishengero urimwo. Nusabe abavyeyi bawe baze ku Ngoro y’Ubwami maze biyumvire ibihavugirwa bongere bibonere uko Ivyabona vya Yehova bameze. Amaherezo, inyifato y’abavyeyi bawe hari aho yohinduka. No mu gihe nyene abavyeyi barwanya abana bivuye inyuma, bagatabagura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya kandi bakababuza kwitaba amakoraniro ya gikirisu, mu bisanzwe hariho uturyo two gusomera ahandi, kuyagira abagenzi b’Abakirisu hamwe no gushinga intahe be no gufasha abandi akaryo kizanye. Urashobora kandi gusenga Yehova. Abakiri bato bamwebamwe bategerezwa kurindira gushika bakuze bihagije ku buryo boba hanze y’i muhira maze bakabona gukora ibirenze. Ariko rero, uko mu rugo vyifashe kwose, ntiwibagire ‘kwubaha so na nyoko.’ Nukore ivyo ushinzwe kugira ngo uterere agacumu k’ubumwe ku mahoro y’i muhira. (Abaroma 12:17, 18) Ikiruta vyose, nukurikire ukugiriranira amahoro n’Imana.

URUGAMBA RWO KURERA ABANA UTAVYAYE

20. Ni inyiyumvo izihe abana bashobora kugira mu gihe barerwa n’umuvyeyi atabavyaye?

20 Mu mihana myinshi ikintu gituma haba ingorane ikomeye kuruta si ivy’idini, ahubwo ni ibijanye n’abana baba badasangiye abavyeyi. Ingo nyinshi muri iki gihe usanga zirimwo abana bavuye mu mubano wa mbere w’umuvyeyi umwe canke wa bose. Muri mwene urwo rugo, abana bashobora kugira ishari n’inzigo canke kumbure ntibamenye uwo bari bugamburukire. Ivyo bishobora gutuma batera akagere utwigoro umuvyeyi atari uwabo agira two kuba se mwiza canke nyina mwiza. Ni igiki gishobora gufasha urugo kuroranirwa igihe rurimwo umuvyeyi arera abo atavyaye?

Ifoto ku rup. 138

Waba urera abana wavyaye canke abo utavyaye, nuronderere ubuyobozi muri Bibiliya

21. Naho abavyeyi barera abo batavyaye baba bari mu bintu bidasanzwe, ni kuki bakwiye kuronderera imfashanyo mu ngingo ngenderwako za Bibiliya?

21 Uramenya yuko naho biba ari ibintu bidasanzwe, ingingo ngenderwako za Bibiliya zituma haba ukuroranirwa mu zindi ngo no muri ivyo nyene zirakora. Kwirengagiza izo ngingo ngenderwako bishobora gusa n’ivyoroheje ingorane igihe gitoya, mugabo amaherezo bikazozana umubabaro. (Zaburi 127:1; Imigani 29:15) Nutsimbataze ubwenge n’ubukerebutsi, ni ukuvuga ubwenge bwo gukurikiza ingingo ngenderwako Imana itanga ufise mu muzirikanyi inyungu zirama, n’ubukerebutsi bwo kumenya igituma abo mu rugo bavuga canke bakora ibintu bimwebimwe. Birakenewe kandi yuko utahura abandi.​—Imigani 16:21; 24:3; 1 Petero 3:8.

22. Ni kuki abana bashobora gusanga bitoroshe kwemera umuvyeyi atabavyaye?

22 Nimba uri umuvyeyi arera abo atavyaye, ushobora kwibuka yuko igihe wari umugenzi w’abo muri urwo rugo, abana kumbure baguha ikaze. Mugabo mu gihe ubaye umuvyeyi wabo, inyifato yabo ishobora kuba yarahindutse. Kubera bibuka umuvyeyi wabo yabavyaye batakibana, abo bana bashobora kuba bariko bararwana n’iciyumviro c’uko boba bamuhemukiye, kumbure bakumva ko ushaka kuzimanganya urukundo bafitiye nya muvyeyi batari kumwe. Rimwe na rimwe boshobora kukwibutsa badakikiriza yuko wewe utari se canke nyina. Mwene iyo mvugo irababaza. Ariko rero, “ntukihutire kuraka mu mutima.” (Umusiguzi 7:9) Ubukerebutsi n’ukwishira mu kibanza c’abandi birakenewe kugira ngo witwararike inyiyumvo z’abo bana.

23. Ugutoza indero vyoshobora kugirwa gute mu rugo rurimwo abana badasangiye abavyeyi?

23 Izo kamere zirahambaye mu gihe umuntu ariko arabatoza indero. Ukudahindagura mu kubatoza indero ni nkenerwa. (Imigani 6:20; 13:1) Kubera kandi yuko abana bose batameze kumwe, ugutoza indero gushobora gutandukana hakurikijwe umwana uwo ari we. Abavyeyi bamwebamwe barera abo batavyaye, babona yuko n’imiburiburi mu ntango vyoshobora kuba vyiza kuruta umuvyeyi yabavyaye ari we yitwararitse ivy’uwo muce wega umuvyeyi. Ariko rero, birakenewe yuko abavyeyi bompi bemeranya ku gutoza indero kandi bakabishigikira, ata kugirira neza umwana wabo bwite kuruta uw’uwundi. (Imigani 24:23) Ukugamburuka birahambaye, mugabo birakenewe ko batibagira ivyerekeye agasembwa. Ntushangashirwe. Nubatoze indero mu rukundo.​—Ab’i Kolosayi 3:21.

24. Ni igiki gishobora gufasha kwirinda ingorane ziterwa n’ukwigenza nabi hagati y’abadasangiye igitsina mu rugo rurimwo abadahuje abavyeyi?

24 Ibiyago vyo mu rugo bishobora gufasha cane kwirinda ingorane. Ivyo birashobora gufasha urwo rugo kubandanya rwitwararika ibintu bihambaye kuruta mu buzima. (Gereranya n’Ab’i Filipi 1:9-11.) Birashobora kandi gufasha umwumwe wese kubona uburyo ashobora guterera agacumu k’ubumwe ku vyo gushikira intumbero urugo rwishingiye. Vyongeye, ukudakikiriza mu biyago vy’abo mu rugo birashobora gutuma birinda ingorane ziva ku kwigenza nabi. Abigeme barakeneye kumenya uburyo bwo kwambara be n’ingene bokwigenza igihe bari kumwe n’umugabo wa nyina be na basaza babo bamuka kuri uwo mugabo, eka n’abahungu barakeneye impanuro ku buryo bubereye bwo kwifata igihe bari kumwe na muka se be n’igihe bari kumwe na bashiki babo bamuka kuri we.​—1 Ab’i Tesalonike 4:3-8.

25. Ni kamere izihe zishobora gufasha kuzigama amahoro mu rugo rurimwo abana badahuje abavyeyi?

25 Niwihangane mu gihe uriko urarwana urugamba rudasanzwe rwo kurera abo utavyaye. Gutsimbataza ubucuti bushasha bifata igihe. Gukundwa n’ukwubahwa n’abana batari abawe bishobora kuba ibango rigoye. Mugabo birashoboka. Umutima w’ubwenge n’ubukerebutsi, ufatanijwe n’icipfuzo gikomeye co kunezereza Yehova, ni rwo rupfunguzo rushikana ku mahoro mu rugo rurimwo abana badasangiye abavyeyi. (Imigani 16:20) Kamere mwene izo zirashobora kandi kugufasha guhangana n’ibindi bintu bishika.

UGUKURIKIRANA AMARONKO VYOBA BITERA UMURYANO MU RUGO RWANYU?

26. Ni mu buryo nyabaki ingorane be n’inyifato vyerekeye ibintu vy’umubiri bishobora gutera umuryano mu rugo?

26 Ingorane n’inyifato bijanye n’amaronko birashobora gutera umuryano mu ngo mu buryo bwinshi. Ikibabaje, ingo zimwezimwe ziravurungana bitumwe n’uguhazukira amahera hamwe n’icipfuzo co gutunga, canke n’imiburiburi icipfuzo co kwisununura mu vy’ubutunzi. Umuryano ushobora gutsimbatara igihe umugore n’umugabo bompi bafise akazi bakora maze bagatsimbataza agatima k’uko ngo umwe wese ashaka kwigenga ku mahera yiwe. Mbere naho bokwirinda imihazuko, mu gihe umugore n’umugabo bompi bakora, bashobora gusanga bafise urutonde rubasigira akanya gatoya gusa ko kuba bari kumwe. Muri iyi si hariho impengamiro irushiriza kwiyongera yuko ba serugo bamara igihe kirekire cane bari kure y’ingo zabo, hagahera amezi n’amezi canke mbere imyaka n’imyaka kugira ngo baronke amahera menshi batoshoboye kuronka iwabo. Ivyo birashobora kuzana ingorane zikomeye.

27. Ni ingingo ngenderwako zimwezimwe izihe zishobora gufasha urugo ruri mu ngorane z’ivy’ubutunzi?

27 Nta mategeko ashobora gushingwa kugira ngo ivyo bintu bitorerwe umuti, kubera yuko ingo zitandukanye zitegerezwa guhangana n’imikazo be n’ivyo zikeneye bitandukanye. Ariko rero, impanuro za Bibiliya zirashobora gufasha. Nk’akarorero, mu Migani 13:10 hagaragaza yuko biciye mu ‘kuja inama’ rimwe na rimwe bishobora gutuma birinda uguharana bidakenewe. Ivyo ntibirimwo ivy’uko umuntu apfa gusa kuvuga ukuntu we abona ibintu, mugabo kandi birimwo no kurondera impanuro be no kumenya ukuntu uwundi muntu abona ibintu. Vyongeye, gukoresha amahera mu buryo butegereka birashobora gufasha abo mu rugo mu twigoro twabo two gushira hamwe. Rimwerimwe, kumbure vy’imfatakibanza, birakenerwa yuko umugore n’umugabo bompi bakora ubuzi bwo hanze kugira ngo baronke ayandi mahera, canecane igihe batunze abana canke abandi bantu. Mu gihe ivyo ari ukwo biri, umunega arashobora gusubiriza umutima mu nda umukenyezi wiwe yuko agifise umwanya yamutegekanirije. Uwo munega hamwe n’abana babigiranye urukundo, barashobora kumufasha bimwebimwe mu bikorwa mu bisanzwe yategerezwa gukora ari wenyene.​—Ab’i Filipi 2:1-4.

28. Ni ivyibutswa ibihe vyokurikizwa bigafasha urugo kurondera ubumwe?

28 Ariko rero, muramiza mu muzirikanyi yuko naho amahera akenewe muri uru runkwekwe rw’ibintu, atazana agahimbare. Mu vy’ukuri ntatanga ubuzima. (Umusiguzi 7:12) Kukaba nkako, kwitwararika cane ivy’amaronko birashobora kwonona ivy’impwemu n’ivy’inyifato runtu. (1 Timoteyo 6:9-12) Ese ukuntu birushirije kuba vyiza kubanza kurondera Ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo, tugahera amazinda yuko Imana izohezagira utwigoro tugira two kuronka ivya nkenerwa mu buzima! (Matayo 6:25-33; Abaheburayo 13:5) Mu kwamiza imbere inyungu zo mu vy’impwemu no mu gukurikirana ukugiriranira amahoro n’Imana imbere ya vyose, mwoshobora gusanga urugo rwanyu vy’ukuri rwunze ubumwe mu bintu bihambaye kuruta, naho kumbure rwoba rugabuwe biturutse ku bintu kanaka.

IZI NGINGO NGENDERWAKO ZA BIBILIYA ZISHOBORA GUTE GUFASHA . . . ABAGIZE URUGO KUZIGAMA AMAHORO?

Abakirisu baratsimbataza ubukerebutsi.​—Imigani 16:21; 24:3.

Ukugaragaza urukundo n’icubahiro mu mubano w’ababiranye ntibihagaze ku kuba bari mw’idini imwe.​—Abanyefeso 5:23, 25.

Umukirisu ntakwiye kwigera arenga ivyagezwe vy’Imana n’ibigirankana.​—Ivyakozwe 5:29.

Abakirisu bararemesha amahoro.​—Abaroma 12:18.

Ntukihutire kuraka.​—Umusiguzi 7:9.

UMUBANO W’ABABIRANYE UBEREYE, URATERA ITEKA KANDI UKAZANA AMAHORO

Muri iki gihe usanga abagabo n’abagore benshi babana bwa bubakanye kandi bataraganye mu buryo bwemewe n’amategeko. Iyo irashobora kuba ingorane umuntu mushasha mu kwemera ategerezwa gukenera gutunganya. Mu bihe bimwebimwe uwo mubano ushobora kuba wemejwe n’ikibano canke n’umuryango, mugabo ukaba utemejwe n’amategeko. Ariko rero, ingingo mfatirwako za Bibiliya zisaba yuko umubano w’ababiranye wandikwa mu buryo bubereye. (Tito 3:1; Abaheburayo 13:4) Ku vyerekeye abagize ishengero rya gikirisu, Bibiliya itegeka kandi yuko umubano w’ababiranye uhuza umugabo umwe n’umugore umwe. (1 Ab’i Korinto 7:2; 1 Timoteyo 3:2, 12) Gukurikiza iyo ngingo mfatirwako ni intambwe ya mbere ijana ku kugira amahoro mu rugo rwanyu. (Zaburi 119:165) Ivyo Yehova adusaba si ibidategereka canke umutwaro. Ivyo atwigisha vyagenewe kutuzanira akunguko.​—Yesaya 48:17, 18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika