Ikigabane ca Cumi na Kabiri
Murashobora Gutsinda Ingorane Zonona Urugo
1. Ni ingorane izihe zihishije zirangwa mu ngo zimwezimwe?
UMUDUGA wari ushaje uhejeje kwozwa no gusigwa. Uwitegereje usanga ukayangana, usa nka mushasha. Mugabo imbere uriko uramagwa n’ingese. Mu ngo zimwezimwe bimeze nk’ukwo nyene. Naho nyene uravye agashusho k’inyuma usanga ibintu vyose bigenda neza, ukumwenyura kwo mu maso usanga guhishije ubwoba n’agahinda. I muhira, aho ata muntu wo hanze ababona, usanga hariho ibintu vyonona bihungabanya amahoro y’urugo. Ingorane zibiri zishobora kuruhungabanya ni ukwizizirwa n’inzoga be n’ubukazi.
AMABI ATERWA N’UKWIZIZIRWA N’INZOGA
2. (a) Bibiliya ibona gute ivyerekeye kunywa inzoga? (b) Ukwizizirwa n’inzoga bisobanura iki?
2 Bibiliya ntiyiyamiriza ukunywa inzoga ku rugero, mugabo iriyamiriza akaborerwe. (Imigani 23:20, 21; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10; 1 Timoteyo 5:23; Tito 2:2, 3) Ariko rero ukwizizirwa n’inzoga birarengeye akaborerwe; ni ukwitwararika inzoga birimwo akarwara be n’ukutigerera igihe uzinywa. Abizizirwa n’inzoga bashobora kuba ari abantu bakuze. Ikibabaje ni uko bashobora no kuba abakiri bato.
3, 4. Dondora ingaruka z’ukwizizirwa n’inzoga zishika ku wubakanye n’imborerwa be no ku bana.
3 Haraciye igihe kirekire Bibiliya yerekanye yuko ukurenza urugero mu kunywa inzoga bishobora guhungabanya amahoro mu rugo. (Gusubira mu Vyagezwe 21:18-21) Ingaruka zonona ziva ku kwizizirwa n’inzoga zigirira nabi urugo rwose uko rungana. Umukenyezi ashobora kugira utwigoro twinshi ngo abuze umunega wiwe w’imborerwa kunywa, canke akatugira ngo yihanganire inyifato yiwe idashoboka.a Nya mukenyezi aragerageza kunyegeza inzoga, kuyisesa, kunyegeza amahera y’umunega wiwe, kumwereka yuko akwiye gukunda abo mu rugo, agakunda ubuzima, eka agakunda n’Imana, ariko iyo mborerwa ikabandanya kunywa. Kubera ko utwo twigoro nya mukenyezi agira two kuraba ko umunega wiwe yokwigerera mu kunywa ata co dushikako, yumva ababaye kandi akumva ko ata co ashoboye. Ashobora gutangura guhagarika umutima, kugira ishavu, kwiyagiriza, guhagarika umutima, kugira amaganya hamwe no kwumva yuko yambaye ibara.
4 Abana ntibabura gushikirwa n’ingaruka ziterwa n’umuvyeyi w’imborerwa. Bamwebamwe mu bana barakubitwa bimwe bibi. Abandi barabagokako. Bashobora mbere no kwiyagiriza kubera akaborerwe k’umuvyeyi wabo. Akenshi baratakaza ukwizigira abandi bivuye ku nyifato itabereye y’iyo mborerwa. Kubera yuko bibatera isoni kuvuga ibiriko birabera i muhira, abo bana usanga baza bariyumanganya ntiberekane inyiyumvo zabo, ivyo kenshi bikabazanira ingaruka mbi mu mubiri. (Imigani 17:22) Mwene abo bana bashobora kugumana ukwo kubura ukwizigira canke ukwo kumaramara gushika bageze mu bigero.
ABO MU RUGO BOKORA IKI?
5. Ukwizizirwa n’inzoga kwoshobora gutorerwa umuti gute, kandi ni kuki ivyo bitoroshe?
5 Naho nyene abahinga benshi bavuga yuko ukwizizirwa n’inzoga bidashobora gukira, benshi baremera yuko bishoboka biciye ku mugambi wo kuyiheba rwose. (Gereranya na Matayo 5:29.) Ariko rero, gutuma imborerwa yemera gufashwa, vyoroshe kuvuga ntivyoroshe kugira, kubera yuko kenshi itemera yuko ifise ingorane. Naho ari ukwo, mu gihe abagize urugo bafashe ingingo zo gutunganya ingaruka ukwizizirwa n’inzoga vyabateje, iyo mborerwa ishobora gutangura gutahura yuko ifise ingorane. Hari umuganga amenyereye ivyo gufasha imborerwa n’ingo zabo yavuze ati: “Niyumvira yuko ikintu gihambaye kuruta ari uko gusa abo mu rugo babandanya kugira uko bashoboye bagakora ibikorwa vya misi yose mu buryo bubagirira akamaro kuruta. Buhorobuhoro, iyo mborerwa izobona itandukaniro rinini riri hagati yayo n’abandi.”
6. Ni isoko irihe ryiza kuruta ry’impanuro zerekeye ingo zirimwo imborerwa?
6 Nimba mu rugo rwanyu harimwo imborerwa, impanuro za Bibiliya zahumetswe zirashobora kubafasha kugira ubuzima bubagirira akamaro kuruta. (Yesaya 48:17; 2 Timoteyo 3:16, 17) Rimbura ingingo ngenderwako zimwezimwe zafashije ingo gutsinda ukwizizirwa n’inzoga.
7. Nimba umwe mu bo mu rugo ari imborerwa, ni nde abibazwa?
7 Nimureke kwiyagiriza. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro,” bisubiye “umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.” (Ab’i Galatiya 6:5; Abaroma 14:12) Iyo mborerwa ishobora kugerageza kuvuga yuko abo mu rugo ari bo bobibazwa. Nk’akarorero, ishobora kuvuga iti: “Iyo mumfata neza, sinari kuba umunywi w’inzoga.” Nimba abandi basa n’abemera ivyo ivuze, baba bariko barayiremesha kubandanya kwinywera. Mugabo, naho nyene tugirirwa nabi n’uko ibintu vyifashe canke tukagirirwa nabi n’abandi bantu, twese udasize inyuma n’abantu b’imborerwa, turabazwa ivyo dukora.—Gereranya n’ Ab’i Filipi 2:12.
8. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe bushobora gukoreshwa kugira ngo uwaborewe abe ari we nyene ahangana n’ingaruka z’ingorane yakweze?
8 Ntimwiyumvire yuko mutegerezwa kwama nantaryo mukingira iyo mborerwa ingorane z’akaborerwe kiwe. Umugani umwe wa Bibiliya uvuga ivy’umuntu yaratse urashobora gukoreshwa ku rugero rumwe no ku mborerwa. Ugira uti: “Naho womutabara uzoba ukwiye gusubīra.” (Imigani 19:19) Nureke iyo mborerwa yimenye ku ngaruka z’akaborerwe kiwe. Numureke abe ari we nyene yihanagura canke yivuganira n’umukoresha wiwe bukeye yaraye anyoye.
Abakurambere b’Abakirisu barashobora kuba isoko ntangere ry’imfashanyo mu vyo gutorera umuti ingorane z’urugo
9, 10. Ni kuki abagize ingo zirimwo imborerwa bakwiye kwemera imfashanyo, kandi ni imfashanyo ya bande canecane bakwiye kurondera?
9 Nimwemere imfashanyo zivuye ku bandi. Mu Migani 17:17 hagira hati: “Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa.” Mu gihe mu rugo rwanyu harimwo imborerwa, haba harimwo umubabaro. Murakeneye imfashanyo. Ntimutinye kwiheka ku ‘bagenzi nyakuri’ kugira ngo babafashe. (Imigani 18:24) Kuganira n’abandi batahura iyo ngorane canke bahangana n’ibintu mwene ivyo birashobora kubaronsa impanuro kirumara ku vyo mwokora n’ivyo mutokora. Mugabo muragire uburimbane. Muraganire n’abo mwizigiye, batazobamenera “ibanga.”—Imigani 11:13.
10 Nimwige kwizigira abakurambere b’Abakirisu. Abo bakurambere bo mw’ishengero rya gikirisu barashobora kuba isoko rihambaye ry’imfashanyo. Abo bagabo bahumuye bigishwa mw’Ijambo ry’Imana, bakaba kandi baciye uruma mu vyo gukurikiza ingingo ngenderwako zaryo. Barashobora kugaragara ko bameze “nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; . . . nk’inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.” (Yesaya 32:2) Abakurambere b’Abakirisu ntibakingira gusa ishengero utwosho twonona rifatiwe hamwe, mugabo baranarihumuriza, bagatuma risubira kugira inguvu, kandi bakitwararika abantu bafise ingorane, umwumwe ukwiwe. Nimwungukire bimwe bishitse ku mfashanyo batanga.
11, 12. Ni nde atanga imfashanyo ihambaye kuruta yerekeye ingo zirimwo imborerwa, kandi iyo mfashanyo itangwa gute?
11 Ikiruta vyose, nimukure inkomezi kuri Yehova. Bibiliya ibigiranye igishika, idukura amazinda iti: “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse.” (Zaburi 34:18) Nimba mwumva yuko muvunitse umutima kubera ingorane ziva ku kubana n’imborerwa, nimumenye yuko “Uhoraho a[ri] hafi.” Aratahura ukuntu ivyo mu rugo iwanyu bigoye.—1 Petero 5:6, 7.
12 Kwemera ivyo Yehova avuga mw’Ijambo ryiwe birashobora kubafasha guhangana n’amaganya. (Zaburi 130:3, 4; Matayo 6:25-34; 1 Yohana 3:19, 20) Kwiga Ijambo ry’Imana no kubaho mwisunga ingingo ngenderwako zaryo biratuma mushobora kuronka imfashanyo y’impwemu yera y’Imana, iyishobora kubaronsa “ubushobozi buhebuje” bwo kwihangana uko bukeye uko bwije.—2 Ab’i Korinto 4:7.b
13. Ni ingorane nyabaki igira kabiri yonona ingo nyinshi?
13 Kurenza urugero mu kunywa inzoga bishobora gukwega iyindi ngorane yonona ingo nyinshi, iyo na yo ikaba ari ubukazi bugirirwa i muhira.
IVYO UBUKAZI BWO MU RUGO BWONONA
14. Ubukazi bwo mu rugo bwatanguye ryari, kandi muri iki gihe ibintu vyifashe gute kuri bwo?
14 Ubukazi bwa mbere na mbere muri kahise k’abantu bwabaye mu rugo, hagati y’abavukana babiri ari bo Kayini na Abeli. (Itanguriro 4:8) Kuva ico gihe, abantu baratewe nk’akaranda n’ubwoko butandukanye bw’ubukazi bugirirwa mu rugo. Abagabo barakubita abagore babo, abagore bakaburabuza abagabo babo, abavyeyi bagakubita abana babo ata kigongwe, kandi abana bamaze gukura bakagirira nabi abavyeyi babo bageze mu zabukuru.
15. Ubukazi bwo mu rugo bugira gute ingaruka ku kanyengetera k’abagize urugo?
15 Ivyo ubukazi bwo mu rugo bwonona birarengeye inkovu zisigara ku mubiri. Umugore umwe yakubitwa yavuze ati: “Umuntu yumva yiyagiriza cane kandi akumva amaramaye. Kenshi mu gitondo wumva ushaka kuguma mu buriri, wiyumvira yuko gusa waraye urose nabi.” Abana babona canke bashikirwa n’ubukazi mu rugo bashobora ubwabo kuba inkazi igihe bakuze bagashinga izabo.
16, 17. Ubukazi bwo mu vy’akanyengetera ni iki, kandi bugira ico bukoze gute ku bagize urugo?
16 Ubukazi bwo mu rugo ntibugarukira ku kugirirwa nabi ku mubiri. Akenshi buragirwa mu majambo. Mu Migani 12:18 hagira hati: “Har’ūvuga ibisunitswe n’impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota.” Ukwo “gucumita” kuranga ubukazi bwo mu rugo kurimwo ugutuka uwundi be n’ugukankama, hamwe n’ukumunebagura kutavanako be n’ukwama umuhigira ngo uzomwereka. Ibisebe biterwa n’ubukazi bwo mu kanyengetera ntibiboneka, kandi kenshi na kenshi abandi ntibabimenya.
17 Ikibabaza kuruta, ni uguturubika umwana mu vy’akanyengetera, ni ukuvuga kwama unebagura ubushobozi bwiwe, ubwenge bwiwe canke agaciro afise ko kuba ari umuntu. Ibitutsi mwene ivyo birashobora kwonona agatima k’umwana. Ego niko, abana bose barakeneye guhanwa. Mugabo Bibiliya yigisha ba se iti: “Ntimukaratse abana banyu, ngo ntibaranduke imitima.”—Ab’i Kolosayi 3:21.
UBURYO BWO KWIRINDA UBUKAZI MU RUGO
Abakirisu bubakanye iyo bakundana vyongeye bakubahana ntibateba gutunganya ingorane
18. Ubukazi bwo mu rugo butangurira hehe, kandi ni uburyo ubuhe Bibiliya yerekana bwo kubuhagarika?
18 Ubukazi bwo mu rugo butangurira mu mutima no mu muzirikanyi; ivyo dukora biva ku vyo twiyumvira. (Yakobo 1:14, 15) Kugira ngo ubukazi buhagarare, uwubugira arakeneye guhindura uburyo yiyumvira. (Abaroma 12:2) Ivyo birashoboka none? Egome. Ijambo ry’Imana riri n’ububasha bwo guhindura abantu. Rirashobora mbere kurandurana n’imizi uburyo bwo kubona ibintu bwonona bumeze nk’ “akarimbi.” (2 Ab’i Korinto 10:4; Abaheburayo 4:12) Ubumenyi nyakuri bwo muri Bibiliya burashobora gufasha abantu bakagira ihinduka rwose ku buryo bavugwa yuko bambaye umuntu musha.—Abanyefeso 4:22-24; Ab’i Kolosayi 3:8-10.
19. Umukirisu akwiye kubona no gufata gute uwo bubakanye?
19 Ukuntu ukwiye kubona uwo mwubakanye. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Abagabo . . . bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite. Ūkunda umugore wiwe, aba yīkunda.” (Abanyefeso 5:28) Bibiliya ivuga kandi yuko umunega akwiye gutera umugore wiwe ‘itega nk’imbombovu idahwanije na we inkomezi.’ (1 Petero 3:7) Abakenyezi bahanurwa “gukunda abagabo babo” no kubagaragariza ‘icubahiro gishika ibwina.’ (Tito 2:4; Abanyefeso 5:33) Birumvikana nta munega atinya Imana ashobora vy’ukuri kuvuga yuko atera iteka umukenyezi wiwe mu gihe amukubita canke amutuka. Bisubiye nta mukenyezi avuza induru ku mugabo wiwe amubwira amajambo y’agacokoro canke ntahengeshanye kumukankamira yoshobora kuvuga yuko vy’ukuri akunda umunega wiwe akanamwubaha.
20. Ni nde yajeje abavyeyi ibanga ryo kubungabunga abana, kandi ni kuki abavyeyi badakwiye kwitega yuko abana babo bakora ibintu badashobora?
20 Ukubona abana mu buryo bubereye. Mu vy’ukuri, abana barakwiriye kandi barakeneye yuko abavyeyi babo babakunda bakanabitwararika. Abana Ijambo ry’Imana ribita “[I]ngabire Uhoraho agaba” n’ “[i]mpēra atanga.” (Zaburi 127:3) Yehova yarajeje abavyeyi ibanga ryo kubungabunga iyo ngabire. Bibiliya iravuga ‘kamere z’ubwana’ be n’ “ubupfu” bwo mu bwana. (1 Ab’i Korinto 13:11; Imigani 22:15) Abavyeyi ntibakwiye gutangara mu gihe babonye ubupfu mu bana babo. Abana si abantu bakuze. Abavyeyi ntibakwiye gusaba abana ibirenze ivyo bashoboye ku myaka bagezeko, uko urugo babamwo rumeze n’ubushobozi bafise.—Itanguriro 33:12-14.
21. Ni mu buryo ubuhe Imana ishaka ko abantu babona abavyeyi bageze mu za bukuru kandi ishaka ko babafata gute?
21 Ukuntu abageze mu za bukuru bakwiye gufatwa. Mu Balewi 19:32 hagira hati: “Umuntu wese muri mwebge, az’avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma.” Gutyo rero, Ivyagezwe vy’Imana biraremesha ukwubaha n’ugusonera abageze mu za bukuru. Ivyo bishobora kuba urugamba mu gihe umuvyeyi ageze mu zabukuru asa n’uwusaba vyinshi canke arwaye, kandi kumbure akaba adakora ningoga canke ngo yiyumvire ningoga. Ariko rero, abana baributswa “kwishura ivyiza abavyeyi babo.” (1 Timoteyo 5:4) Ivyo bisigura kubafatana urupfasoni n’icubahiro, kumbure mbere bakabaronsa ivyo bakeneye mu vy’ubutunzi. Gufata nabi mu buryo bw’umubiri canke mu bundi buryo abavyeyi bageze mu za bukuru birahushanye cane n’ivyo Bibiliya itubwira gukora.
22. Ni kamere iyihe ihambaye mu vy’ugutsinda ubukazi bwo mu rugo, kandi ishobora kugaragazwa gute?
22 Nutsimbataze ukwigumya. Mu Migani 29:11 hagira hati: “Igipfu gihogomboka ivy’uburake bgaco bgose, arik’umunyabgenge we, iyo buje arabutsindagira, akabuhwamika.” Ushobora gute gucungera inyiyumvo zawe? Aho kugira ngo ureke umubabaro ugukuriremwo, nugire ningoga kugira ngo utunganye ingorane zivyutse. (Abanyefeso 4:26, 27) Nuve aho hantu nimba wumva yuko uhava ubura ukwigumya. Nusabe Imana kugira ngo impwemu yayo iguhe ukwigumya. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Kuja gutembera canke kugira imyimenyerezo y’umubiri bishobora kugufasha gucungera inyiyumvo zawe. (Imigani 17:14, 27) Niwihatire “[gu]teba kuraka.”—Imigani 14:29.
GUTANDUKANA CANKE KUGUMANA?
23. Ni igiki gishobora gushika mu gihe umwe mu bagize ishengero rya gikirisu agiye mu vyo kugira ubukazi bitumwe n’uburake, akama abigira bisubiye ntiyigarure, kumbure harimwo ugukubita abo mu rugo rwiwe?
23 Mu bikorwa Imana yiyamiriza, Bibiliya ishiramwo “ubgansi, intonganya, . . . uburake” maze ikavuga yuko “abakora ibisa birtyo batazoragwa ubgami bg’Imana.” (Ab’i Galatiya 5:19-21) Kubera ico, uwo wese avuga ko ari Umukirisu akaja mu vyo kugira ubukazi bitumwe n’uburake, akama abigira bisubiye ntiyigarure, kumbure harimwo no gukubita umugore canke abana biwe, arashobora gucibwa mw’ishengero rya gikirisu. (Gereranya na 2 Yohana 9, 10.) Muri ubwo buryo ishengero riba rikingiwe abantu b’inkazi.—1 Ab’i Korinto 5:6, 7; Ab’i Galatiya 5:9.
24. (a) Abantu bakubitwa n’abo bubakanye bashobora guhitamwo kugira iki? (b) Abagenzi n’abakurambere bashobora gute gufasha abo bantu, mugabo ni igiki badakwiye kugira?
24 Tuvuge iki ku vyerekeye Umukirisu yama akubitwa n’uwo bubakanye w’inkazi, kandi uno ntiyerekane ikintu na kimwe kigaragaza ko ashaka kubireka? Hari abahisemwo kugumana n’uwo bubakanye w’inkazi kubera imvo zitandukanye. Abandi bahisemwo gukura meza, bumva yuko amagara yabo y’umubiri, ayo mu vy’akanyengetera n’ayo mu vy’impwemu, kumbure mbere n’ubuzima bwabo bigeramiwe. Ico uwo muntu ageramiwe n’ubukazi bwo mu rugo ahitamwo kugira muri ivyo bihe, ni ingingo yifatira imbere ya Yehova. (1 Ab’i Korinto 7:10, 11) Abagenzi babitumwe n’imvo nziza, abaryango canke abakurambere b’Abakirisu, bashobora kwipfuza gutanga imfashanyo n’impanuro, mugabo ntibakwiye guhata nyene kugirirwa nabi ngo agire ico akoze mu buryo bunaka. Iyo ni ingingo yifatira ubwiwe.—Abaroma 14:4; Ab’i Galatiya 6:5.
IHEREZO RY’INGORANE ZONONA URUGO
25. Ni umugambi nyabaki Yehova afitiye urugo?
25 Igihe Yehova yahuza Adamu na Eva mu mubano w’ababiranye, ntiyari afise umugambi w’uko ingo zosinzikazwa n’ingorane zonona nk’akaborerwe canke ubukazi. (Abanyefeso 3:14, 15) Urugo rwategerezwa kuba ahantu harangwa urukundo n’amahoro, eka umwumwe wese mu barugize akaronka ivyo akeneye mu vy’ubwenge, mu vy’akanyengetera no mu vy’impwemu. Ariko rero icaha kimaze kubaho, ubuzima bwo mu rugo ntibwatevye kwononekara.—Gereranya n’ Umusiguzi 8:9.
26. Ni kazoza kameze gute karindiriye abihatira kubaho bisunga ivyo Yehova asaba?
26 Igishimishije ni uko Yehova atahevye umugambi afitiye urugo. Aratanga umuhango wo gushiraho isi nshasha aho abantu ‘bazokwibera amahoro, ata kibatera ubwoba.’ (Ezekiyeli 34:28) Muri ico gihe, akaborerwe, ubukazi bwo mu rugo n’izindi ngorane zose zonona ingo muri iki gihe bizoba bitakiriho. Abantu bazomwenyura, atari ku bwo kunyegeza ubwoba n’umubabaro, mugabo kubera bazoba bariko “ba[ra]nezererwa amahoro y’umusēsekara.”—Zaburi 37:11.
a Naho nyene twavuze ivy’igihe umugabo ari we ari imborerwa, ingingo ngenderwako ziri ngaha zirakora no mu gihe umugore ari we ari imborerwa.
b Mu bihugu bimwebimwe, hariho ibigo, ibitaro be n’imigambi yo kwitwararika ivyo gufasha imborerwa be n’ingo zabo. Kurondera mwene iyo mfashanyo canke kutayirondera ni ingingo umuntu yifatira. Ivyabona vya Yehova ntibatanga impanuro ku buryo kanaka bwo gutorera umuti ivyo. Ariko rero, umuntu ategerezwa kwiyubara kugira ngo mu kurondera imfashanyo, ntaje mu bikorwa biteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe.