Ikigabane ca Cumi na Gatanu
Dutere Iteka Abavyeyi Bacu Bageze mu Zabukuru
1. Ni imyenda iyihe dufitiye abavyeyi bacu, kandi dukwiye rero kubabona gute vyongeye tukabagirira iki?
“WUMVIRE so yakuvyaye, kandi ntugakēngēre nyoko ashitse mu butāmakazi.” Iyo ni impanuro yatanzwe n’umugabo w’inkerebutsi wa kera cane. (Imigani 23:22) Kumbure wovuga, uti ‘Ivyo nta vyo nokwigera nubahuka yemwe!’ Aho gukengera abavyeyi bacu, benshi muri twebwe turabumvira urukundo rugera kure. Turemera icese yuko tubafitiye umwenda munini. Ica mbere coco, abavyeyi bacu ni bo batwibarutse. Naho Yehova ari we Soko ry’ubuzima, iyo hataba abavyeyi bacu, ntitwobayeho. Nta kintu na kimwe twoha abavyeyi bacu gifise agaciro nk’ubuzima ubwabwo. Ca rero wiyumvira ukuntu bitanga, ingene bahagarika umutima, amahera basohora, hamwe n’ubwitwararitsi bagira bwuzuye urukundo mu gufasha umwana kuva mu bwana gushika agere mu bigero. Ese rero ukuntu vyumvikana, kuba Ijambo ry’Imana rihanura riti: “[“Utere iteka,” NW] so na nyoko, . . . kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi”!—Abanyefeso 6:2, 3.
TUMENYE KO HARI IVYO BAKENEYE MU KANYENGETERA
2. Abana bakuze bashobora gute “kwishura ivyiza” abavyeyi babo?
2 Intumwa Paulo yandikiye Abakirisu ati: “Abana cank’abuzukuru, ni babanze kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo, no kwishura ivyiza abavyeyi babo: kukw ivyo ari vyo bishimwa mu nyonga z’Imana.” (1 Timoteyo 5:4) Abana bakuze ‘barishura ivyo ivyiza’ abavyeyi babo, ba sekuru be na ba inakuru, mu kwerekana ko babakengurukira ku myaka bamaze babagaragariza urukundo, babakorera, bongera bababungabunga. Uburyo bumwe abana bashobora kubigira, ni mu kwemera icese yuko, cokimwe n’uwundi muntu uwo ari we wese, abageze mu zabukuru bakeneye gukundwa no guhumurizwa, kenshi mbere usanga ari vyo bakeneye rwose. Cokimwe na twebwe twese, barakeneye kwiyumvamwo ko bahabwa agaciro. Barakeneye kwiyumvamwo yuko ubuzima bwabo buri n’ico bumaze.
3. Dushobora gute gutera iteka abavyeyi, ba sogokuru na ba nyogokuru?
3 Turashobora rero gutera iteka abavyeyi bacu, ba sogokuru na ba nyogokuru, mu kubamenyesha yuko tubakunda. (1 Ab’i Korinto 16:14) Nimba abavyeyi bacu tutabana, dukwiye kwibuka yuko iyo bumvise amakuru yacu bishobora kubaremesha cane. Agakete karyoshe, kubākura kuri telefone, canke kubagendera, birashobora kubongerereza umunezero. Umutamakazi umwe yitwa Miyo wo mu Buyapani, igihe yari afise imyaka 82 y’amavuka, yanditse ati: “Umwigeme wanje [umugabo wiwe akaba ari umusuku w’ingenzi] ambwira ati: ‘Ma, ndakwinginze “tujane.” ’ Arandungikira urutonde rwabo rw’uturere bazogendera, bakanampa inomero za telefone z’aho noshobora kubasanga ku ndwi ku ndwi. Ndashobora kuzingurura ikarata ndondabihugu yanje nkavuga nti: ‘Ubu bari aha!’ Nantaryo ndakengurukira Yehova kubw’umuhezagiro yampaye wo kugira umwana nk’uwo.”
TUBAFASHISHE IBINTU BAKENEYE VY’UMUBIRI
4. Umugenzo wo mw’idini y’Abayuda waremesheje gute kuba ingumyi ku bavyeyi bageze mu zabukuru?
4 Mbega gutera iteka abavyeyi vyoba bisaba kandi kubaronsa ivyo bakeneye vy’umubiri? Egome. Kenshi ni co bisaba. Mu gihe ca Yezu, indongozi z’idini y’Abayuda zarashigikira umugenzo w’uko iyo umuntu yavuze yuko amahera yiwe canke ikintu atunze ari ‘ivyo azoshikanira Imana,’ ngo yaba akuweko ibanga ryo kubikoresha mu kubungabunga abavyeyi. (Matayo 15:3-6) Ewe kuntu bari ingumyi! Mu vy’ukuri, izo ndongozi z’idini wasanga ziremesha abantu kudatera iteka abavyeyi babo, ahubwo zikabaremesha kubaraba irarirari mu kubima ivyo bakeneye, kubera ubwikunzi. Ntitukigere tugira ikintu nk’ico!—Gusubira mu Vyagezwe 27:16.
5. Naho haba imfashanyo zitangwa na Leta mu bihugu bimwebimwe, ni kuki gutera iteka abavyeyi rimwe na rimwe harimwo kubaha imfashanyo y’amahera?
5 Mu bihugu vyinshi muri iki gihe, hariho imigambi yo gufasha abatishoboye yegamiye Leta usanga ironsa abageze mu zabukuru ivyo bakeneye vy’umubiri, nk’ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro. Vyongeye, abageze mu zabukuru ubwabo bishobora kuba vyarabakundiye kugira utwo biziganiriza kubw’igihe bobaye bashaje. Mugabo mu gihe izo mfashanyo ziheze canke bikaboneka ko zidahagije, abana baratera iteka abavyeyi babo mu gukora ivyo bashoboye kugira ngo baronse abavyeyi ivyo bakeneye. Ubiravye, kubungabunga abavyeyi bageze mu zabukuru ni icemeza ko umuntu ayobokera Imana, ni ukuvuga ko ayobokera Yehova Imana we yatanguje ivy’urugo.
URUKUNDO N’UKWITANGA
6. Ni indinganizo izihe z’ivy’ubuzima bamwebamwe bagize kugira ngo biteho ivyo abavyeyi babo bakeneye?
6 Abana bakuze benshi barashoboye kwitwararika ivyo abavyeyi babo b’ibimuga bakeneye, bakabigirana urukundo n’umutima wo kwitanga. Bamwe baratwaye mu ngo iwabo abavyeyi, canke bimukira hafi yabo. Abandi barimutse bimukana n’abavyeyi babo. Kenshi mwene izo ndinganizo zarabereye umuhezagiro abavyeyi n’abana nyene.
7. Ni kuki ari vyiza kutihutagiza gufata ingingo ku biraba abavyeyi bageze mu zabukuru?
7 Mugabo rimwe na rimwe, mwene ukwo kwimuka ntikuvamwo ivyiza. Uti kuki? Kumbure kubera ko ingingo ziba zafashwe gihutihuti, canke zigafatwa zishingiye gusa ku kanyengetera k’umuntu. Bibiliya iratugabisha n’ubukerebutsi iti: “Umunyamakenga agenda agavye.” (Imigani 14:15) Nk’akarorero, dufate yuko nyoko wawe ageze mu zabukuru bimugora kwibana wenyene, hanyuma ukaba wiyumvira yuko yotora akoyoko ari uko aje kuba iwawe. Urimbuye intambwe zawe ukoresheje ubukerebutsi, woshobora kurimbura ibikurikira: Ivyo akeneye koko ni ibiki? Hoba hariho amashirahamwe yegamiye Leta canke atayegamiye atanga ubundi buryo bushoboka bwomufasha? Yoba ashaka kwimuka? Nimba abishaka, hoba hari ico ubuzima bwiwe buzoba niyimuka? Yoba azobwirizwa guheba abagenzi? Ivyo vyoba hari ico bizomugira mu kanyengetera? Ivyo woba urabiganira na we? Mwene ukwo kwimuka hoba hari ico kwokugira wewe, uwo mwubakanye canke abana bawe? Nimba nyoko wawe akeneye uwumuraba, azorabwa na nde? Hoba hari abandi mwofadikanya iryo banga? Ivyo bintu woba warabiganiriye n’abo vyega bose?
8. Ni bande woshobora kubaza igihe ufata ingingo y’ukuntu wofasha abavyeyi bawe bageze mu zabukuru?
8 Kubera ko ibanga ryo kubabungabunga riraba abana bose bo mu rugo, vyoshobora kuba biranga ubukerebutsi kugira inama y’umuryango kugira ngo bose babigiremwo uruhara mu gufata ingingo. Kuganira n’abakurambere bo mw’ishengero ry’Abakirisu canke n’abagenzi bahanganye n’iyo ngorane nyene, vyoshobora gufasha. Bibiliya ituburira iti: “Ahatagira inama imigabo irapfa, ariko mu bajanama benshi irakomera.”—Imigani 15:22.
NUGIRE IMPUHWE KANDI UTAHURE
9, 10. (a) Naho abageze mu zabukuru bagenda barasaza, bakwiye kwubahirizwa gute? (b) Naho umwana yotera intambwe izihe ku bw’abavyeyi biwe, ni igiki akwiye kwama abagirira?
9 Gutera iteka abavyeyi bacu bageze mu zabukuru bisaba kugira impuhwe no gutahura. Kubera ko ubusaza buzana amarushwa atoroshe, abageze mu zabukuru bashobora gusanga biza birarushiriza kubagora gutambuka, gufungura, no kwibuka. Bashobora gukenera icobafasha. Kenshi abana bararazwa ishinga n’ugukingira abavyeyi babo, bakagerageza kubaha ubuyobozi. Mugabo abageze mu zabukuru ni abantu bakuze bamaze ubuzima bwabo bwose bagwiza ubukerebutsi n’ubumenyi bw’utuntu n’utundi, bibako bongera bifatira ingingo. Akaranga kabo hamwe n’icubahiro cabo bishobora kuba bishingiye ku ruhara rwabo rw’abavyeyi n’abantu bakuze. Abavyeyi bibaza yuko bategerezwa kurekera ubuzima bwabo mu minwe y’abana babo, boshobora kuzovunika umutima canke bakaraka. Bamwe barababazwa n’ivyo babona ko umengo ni ukurondera kubaka ukwishira n’ukwizana kwabo, no kubirwanya bakabirwanya.
10 Nta muti woroshe uriho kuri izo ngorane, mugabo vyoba biranga ubuntu uhaye abavyeyi bageze mu zabukuru uburyo bwo kwitunganiriza ivyabo no kwifatira ingingo uko bishoboka kwose. Ntibiranga ubukerebutsi guhitiramwo abavyeyi icobabera ciza mutabanje kubiganira. Ubusaza bushobora kuba bwabatakarije vyinshi. Nubareke bakoreshe umwidegemvyo bagisigaranye. Ushobora gusanga uko ugerageza kureka gucungera ubuzima bw’abavyeyi bawe ariko ubucuti bwawe na bo buzorushiriza kuba bwiza. Bazorushiriza guhimbarwa, kandi nawe ni kwo kw’ukwo. Naho vyokenerwa ko ukovya ku bintu bimwebimwe ku neza yabo, gutera iteka abavyeyi bawe bisaba ko ubaha iteka n’icubahiro bakwiriye. Ijambo ry’Imana rihanura riti: “Umuntu wese muri mwebge az’avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma.”—Abalewi 19:32.
NITUGUMANE AGATIMA KABEREYE
11-13. Naho imigenderanire umwana akuze afitaniye n’abavyeyi yoba itari myiza muri kahise, ashobora gute kurwana urugamba rwo kubabungabunga mu busaza bwabo?
11 Rimwe na rimwe ingorane abageze mu bigero bahura na yo mu vyo gutera iteka abavyeyi babo bageze mu zabukuru, ni iyijanye n’imigenderanire bari bafitaniye n’abavyeyi babo bakiri abana. Kumbure so wawe nta gishika n’urukundo yari afise, nyoko wawe na we akaba umuntu yiganza kandi w’imburakigongwe. Ushobora kuba ucumva umujinya, ishavu, canke ukumva ubabaye kubera ko batari abavyeyi bameze nk’uko wavyipfuza. None woba ushobora kurengera mwene izo nyiyumvo?a
12 Umugabo umwe yitwa Basse yakuriye muri Finilande yigana ibi: “Umugabo wa mawe yari yahoze mu gisoda ca Hitler mu Budagi bw’Abanazi. Yashavura ningoga, ico gihe agaca aba nk’igikoko. Yarakubita mawe kenshi, akamukubitira mu maso yanje. Igihe kimwe yari yanshavuriye, azinga umukaba wiwe maze ampushuza umutwe wawo mu maso. Uwo mukaba warambabaje gushika aho nsigara nigonyonzorera ku buriri.”
13 Ariko ntiyakora ivyo bibi gusa. Basse yongerako ati: “Naho yari ameze ukwo, yarakora atiziganya mu kubungabunga abo mu rugo mu vyo bakeneye vy’umubiri. Ntiyigeze angirira igishika ca kivyeyi, mugabo nari nzi ko ku mutima yari yarababaye. Nyina wiwe yari yamwomoye kuva akiri agahungu gatoyi. Yakuze arwana, aja kwinjira mu ntambara ari umusore. Narashobora kumutahura gatoyi, kandi sinamuraba ribi. Aho mariye gukura, narashimye kumufasha uko nshobora kwose gushika ku gupfa kwiwe. Ntivyari vyoroshe, mugabo narakoze ivyo nshobora. Naragerageje kumubera umwana mwiza gushika kw’iherezo, kandi niyumvira yuko yamfata ukwo.”
14. Ni icanditswe ikihe gikora mu ngorane zo mu rugo zose, harimwo n’izivyuka mu gihe co kubungabunga abavyeyi bageze mu zabukuru?
14 Mu ngorane zo mu rugo, cokimwe no mu zindi nyene, iyi mpanuro ya Bibiliya irakora: “Mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana, mwihanganirana, muharirana, iy’umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana.”—Ab’i Kolosayi 3:12, 13.
UWUBABUNGABUNGA NA WENE ARAKWIYE KUGABA
15. Ni kuki kubungabunga abavyeyi rimwe na rimwe usanga biruhije?
15 Kwitwararika umuvyeyi w’ikimuga ni igikorwa kigoye gisaba udukorwa twinshi, ni ukwikorera ibanga rinini, risaba n’umwanya muremure. Mugabo ahagoye cane ni mu vy’akanyengetera. Biraruhije kubona abavyeyi bawe bagenda baratakaza amagara, ubwenge, n’ukwishira n’ukwizana kwabo. Uwitwa Sandy wo muri Porto Rico yigana ati: “Mawe yari we nkingi y’urugo rwacu. Kumubungabunga vyari bigoye cane. Ubwa mbere yatanguye gucumbagira; maze yarakeneye ikibando agenderako, hanyuma akenera icuma c’ukuguru gituma ahonyora, hakurikira ikinga ry’ibimuga. Mu nyuma y’ivyo, ibintu vyarunyutse gushika aho asandabiye. Yari yagwaye kanseri yo mw’igufa, akaba yakenera kwitwararikwa umwanya wose, ijoro n’umutaga. Twaramwuhagira, tukamugaburira, eka tukamusomera. Vyari bigoye cane, na canecane mu vy’akanyengetera. Igihe natahura yuko mawe yari agiye gupfa, nararize kuko naramukunda cane.”
16, 17. Ni impanuro iyihe ishobora gufasha nyene kubungabunga uwugeze mu zabukuru kuguma abona ibintu ku rugero?
16 Mu gihe nawe usanze ibintu bigoye nk’ukwo, wobikika gute? Kwumviriza Yehova mu gusoma Bibiliya no mu kuganira na we biciye mw’isengesho bizogufasha rwose. (Ab’i Filipi 4:6, 7) Mu buryo ufungura, raba neza ko ufungura imfungurwa zirimwo ivya ngombwa vyose, kandi ugerageze gusinzira bikwiye. Ivyo ubigize, uzorushiriza kworoherwa no kubungabunga uwawe, haba mu vy’akanyengetera no ku mubiri. Kumbure urashobora kuza urafata akanya ukaruhuka ivyo bikorwa wamamwo vya misi yose. No mu gihe nyene gufata ikiruhuko vyoba bidashoboka, inzira y’ubukerebutsi ni uko wotegekanya umwanya wo kwisamaza. Kugira ngo uronke akanya ko kubiruhuka, hari aho woshobora kurondera uwundi muntu asigarana uwo muvyeyi wawe yirwariye.
17 Akatari gake birashika ko uwo muntu akuze amubungabunga yitega gukora ivyo adashobora. Mugabo ntiwiyagirize ku vyo udashoboye gukora. Mu bihe bimwebimwe, bishobora gukenerwa ko umuntu wawe umushira mu bigo bijejwe kurera abageze mu zabukuru. Nimba ari wewe umubungabunga, niwishingire gukora ivyo ushoboye. Utegerezwa kuronsa abavyeyi bawe ivyo bakeneye, ariko kandi utibagiye n’abana bawe, uwo mwubakanye, utiyibagiye na wewe ubwawe.
UBUSHOBOZI BURENGEYE UBUSANZWE
18, 19. Ni isezerano irihe ry’ukudushigikira Yehova yatanze, kandi ni ivyabaye ibihe vyerekana yuko atihindukiza mw’ijambo?
18 Biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya, Yehova, ku bw’urukundo rwiwe, aratanga inyobozo zishobora gufasha cane umuntu mu vyo kubungabunga abavyeyi bageze mu zabukuru. Mugabo iyo si yo mfashanyo yonyene atanga. Umwanditsi wa Zaburi ahumekewe, yanditse ati: “[Yehova] aba hafi y’abamwambaza bose . . . azokwumva ugutakamba kwabo, abakize.” Yehova azokiza, ni ukuvuga azozigama abizigirwa biwe no mu ngorane zikomeye cane gute.—Zaburi 145:18, 19.
19 Myrna wo muri Filipine ivyo yaravyiboneye igihe yabungabunga nyina wiwe, uwari yacitse nk’ikimuga kubera indwara yo gucika imitsi yo mu bwonko. Myrna yandika ati: “Nta kintu kiruhije nko kubona uwawe asinzikara, adashobora kukubwira aho ababara. Vyasa no kumubona asoma nturi buhorobuhoro, kandi ata na kimwe nashobora kugira. Kenshi narapfukama nkabwira Yehova ukuntu binduhije. Narasemerera nka kumwe kwa Dawidi, uwazambiye Yehova ngo ashire amosozi yiwe mw’icupa hanyuma aze amwibuke. [Zaburi 56:8] Kandi nk’uko Yehova yasezeranye, yarampaye inguvu nari nkeneye. ‘Yehova yambereye inkingi.’ ”—Zaburi 18:18.
20. Ni imihango iyihe Bibiliya itanga ifasha bene kubungabunga uwugeze mu zabukuru kugumana icizigiro, naho nyene uwo musaza yopfa?
20 Bivugwa yuko kubungabunga abavyeyi bageze mu zabukuru bimeze nk’ “igitito giherana n’uwo kivuga.” Naho umuntu yogira akigoro kangana iki ko kubungabunga abageze mu zabukuru, barashobora gupfa nk’uko vyagendeye nyina wa Myrna. Mugabo abizigiye Yehova barazi yuko urupfu atari ryo herezo rya vyose. Intumwa Paulo yavuze ati: “Mfise ivyizigiro ku Mana . . . , yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.” (Ivyakozwe 24:15) Ababuze abavyeyi babo bari bageze mu zabukuru, barahumurizwa n’icizigiro c’izuka hamwe na rya sezerano ry’uko hazobaho isi nshasha y’agahimbare izoba yatunganijwe n’Imana. Muri iyo si nshasha, “urupfu ntiruzoba rukiriho.”—Ivyahishuriwe 21:4.
21. Ni ivyiza ibihe biva mu gutera iteka abavyeyi bageze mu zabukuru?
21 Abasavyi b’Imana barubahiriza cane abavyeyi babo, naho nyene bano boba bashaje. (Imigani 23:22-24) Barabatera iteka. Mu kubigenza gutyo, baribonera ikintu umugani umwe wahumetswe uvuga, uti: “So na nyoko ni banezerwe, nyoko yakuvyaye n’ahimbarwe.” (Imigani 23:25) Kandi n’igihambaye kuruta vyose, abatera iteka abavyeyi babo bageze mu zabukuru na bo nyene barahimbara Yehova Imana kandi bakamutera iteka.
a Aha ntituriko tuvuga igihe abavyeyi batwaza umwana igitugu canke bakariramwo mbege ngo ni uko abizigira, bakamukorera ibisa n’ubugizi bwa nabi.