ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fy rup. 192
  • Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
fy rup. 192

Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo

URUGO ni rwo rwego rwa kera ruzwi kuruta izindi nzego z’abantu, ariko muri iki gihe ruri mu ngorane. Ikwiragira henshi riteye ubwoba ry’ukunywa ibiyayura umutwe be n’ubushegabo bugirwa n’abana b’imiyabaga, ukwahukana kwimonogoje hamwe n’ubukazi buba mu ngo, ivumbuka ry’iyongerekana ry’igitigiri c’ingo zitunzwe n’umuvyeyi umwumwe, hamwe n’izindi ngorane zikomakomeye, bituma bamwe bibaza nimba ubuzima bwo mu ngo buzorusimba.

Vyoba bigishoboka ko urugo ruba ubwugamo burama bukaramira n’ababurimwo? Egome biracashoboka, mu gihe abagize urugo bazi akabanga nya kabanga k’ukuronka agahimbare mu rugo. Ako kabanga ntigahishijwe. Karageragejwe kararama mu kiringo c’imyaka n’iyindi, c’ibinjana n’ibindi. Uti none ni akahe? Iki gitabu, Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, kiratanga inyishu. Kiranatanga uturorero ngirakimazi tw’ukuntu ako “kabanga” gashobora gufasha gutorera umuti ingorane zitari nke imiryango igira. None hari umuntu n’umwe ga yemwe muri iki gihe adakeneye imfashanyo nk’iyo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika