Yezu Kirisitu—Ni Nde?
“N’abantu benshi batari Abakirisu baremera yuko Uwo yari umwigisha ahambaye kandi w’umunyabwenge. Uwo mu vy’ukuri yari umwe mu bantu bakomakomeye bigeze kubaho.” (The World Book Encyclopedia) None “Uwo” ni nde? Ni Yezu Kirisitu, uwashinze Ubukirisu. Woba uzi uwo ari we? Hoba hari ukuntu agira ico akoze ku buzima bwawe?
Ivyabaye mu gikenurwa ca Yezu vyanditswe muri Bibiliya mu bitabu bine vy’inkuru za kahise vyitwa Injili. None izo nkuru ni inyakuri ku rugero rungana iki? Umuhinga mu vya kahise azwi cane ari we Will Durant, amaze kuzihweza, yanditse ati: “Kuba mu runganwe rumwe abantu bari ku rushi kandi batobato boba barashoboye kwiremera umuntu akomeye kandi ameze neza gutyo, bakiremera inyifato runtu y’agakomeye gutyo, mu buryo bukora ku mutima cane bagatuma abantu babona ko bavukana, coba ari igitangaro c’akajoreza kuruta igitangaro ico ari co cose canditse mu Njili.”
Mugabo rero ku bantu amamiliyoni bo mu Buseruko no mu yindi mihingo, Yezu Kirisitu ni umuntu atazwi. Bashobora kuba bemera ko yabayeho, mugabo ntibibaza yuko yoba afise uruhara mu buzima bwabo. Abandi barigizayo Yezu ngo ntabereye kwitwararikwa kubera ibintu abivuga ko ari abayoboke biwe bakoze. Bamwebamwe mu Buyapani bovuga bati “Abakirisu barateye ibombe ruhonyanganda kuri Nagasaki, igisagara kirimwo Abakirisu benshi gusumvya ibisagara vyinshi vyo mu Buyapani.’
Yamara none, ubwo woraba ribi umuganga umuhora ukurwara kw’umurwayi niba uyo murwayi atakurikije neza amabwirizwa ya nya muganga? Birumvikana ko utobigira. Abantu bo mu Bitwa Abakirisu baramaze igihe kirekire biyobagiza amabwirizwa ya Yezu yotuma batsinda ingorane zabo za misi yose. None aho gutera akagere Yezu kubera Abakirisu b’izina badakurikiza amabwirizwa yiwe, wobuzwa n’iki kugira ico wiga kimwerekeye? Tohoza Bibiliya, urabe Yezu uwo ari we vy’ukuri n’ukuntu ashobora mbere guhindura ubuzima bwawe.
Ibwirizwa Yatanze Ni Ugukundana
Yezu Kirisitu yari umwigisha ahambaye yaba muri Palestina, ubu hakaba haciye imyaka yababa 2 000. Nta bintu vyinshi bizwi ku vyerekeye ubwana bwiwe. (Matayo ikigabane ca 1 n’ica 2; Luka ikigabane ca 1 n’ica 2) Igihe Yezu yashikira imyaka 30 y’amavuka, yatanguye igikenurwa ciwe co ‘gushingira intahe ukuri.’ (Yohana 18:37; Luka 3:21-23) Ba bantu bane bashikiriza inkuru z’ivyabaye ku buzima bwa Yezu bashimikiye ku gikenurwa ciwe yaranguye izuba ryaka, mu myaka itatu n’igice ya nyuma yamaze kw’isi.
Mu gihe c’igikenurwa ciwe, Yezu yarahaye abigishwa biwe urupfunguzo rwobafasha gutsinda ingorane zitari zimwe zoshika mu buzima bwabo. Uti urwo rupfunguzo rwari uruhe? Rwari urukundo. Muri imwe mu nsiguro zizwi cane kuruta izindi mu nkuru y’ivyabaye, iyiswe Insiguro yo ku Musozi, Yezu yarigishije abigishwa biwe ukuntu bogaragariza urukundo abantu nka bo. Yavuze ati: “Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe.” (Matayo 7:12) Iyo ngingo yitwa Itegeko ry’Inzahabu. Mu “bantu” Yezu ashaka kuvuga ngaho harimwo n’abansi b’umuntu. Muri iyo nsiguro nyene, yavuze ati: “Mukunde abansi banyu, musabire ababahama.” (Matayo 5:44) Urukundo mwene urwo none ntirwoshira mu buryo nyinshi mu ngorane duhura na zo muri iki gihe? Indongozi imwe yo mu Buhindi, Mohandas Gandhi, ni ko yavyibaza. Igihe kimwe ngo yavuze ati: “[Nitwashika] ku kwumvikanira ku nyigisho zatanzwe na Kirisitu muri iyi Nsiguro yo ku Musozi, tuzoba dushize mu buryo ingorane . . . z’isi yose.” Inyigisho za Yezu zerekeye urukundo, zikurikijwe, zoshobora gukiza abantu amakuba barimwo.
Urukundo Rwiwe Yararushira mu Ngiro
Yezu yagendera ivyo yigisha. Yashira ineza y’abandi imbere y’iyiwe bwite, kandi urukundo yarugaragaza mu ngiro. Umusi umwe, Yezu n’abigishwa biwe bariko barakenurira abantu benshi, ntibafata n’akanya ko gutamira utwokurya. Yezu abona ko abigishwa biwe bakeneye ‘kuruhuka gatoya,’ nuko bagenda ahantu ha bonyene. Mugabo rya sinzi ry’abantu ribatangayo ririndiriye ko bahashika. Wewe iyo uba mu kibanza ca Yezu wari guca ugira iki? Yezu ‘yabumviye akagongwe’ aca “atangura kubigisha vyinshi.” (Mariko 6:30-34) Ico kigongwe cinshi yari afise catuma asahiriza abandi.
Ivyo Yezu yagize ku neza y’abandi ntivyagarukiye ku nyigisho y’ivy’Imana gusa. Yaranabafashije mu vyo bakeneye. Nk’akarorero, umusi umwe yaragaburiye abagabo 5 000 (tudaharuye abagore n’abana), abamwumvirije bakageza nikera. Ikindi gihe mu nyuma yaragaburiye abandi bantu 4 000. Ico gihe ca mbere yakoresheje udutsima dutanu n’udufi tubiri, kuri ico kindi gihe na ho akoresha udutsima indwi n’udufi dukeyi dutoduto. (Matayo 14:14-21; 15:32-38; Mariko 6:35-44; 8:1-9) Uti ‘vyari ibitangaro?’ Ego cane, Yezu yarakora ibitangaro.
Yezu kandi yarakijije abarwayi benshi. Yarahumuye impumyi, arakiza ibimuga, abanyamibembe, n’ibipfamatwi. Mbere yaranazuye abapfuye! (Luka 7:22; Yohana 11:30-45) Igihe kimwe hari umunyamibembe yamwinginze ati: “Ukunze, woshobora kumpumanura.” None Yezu yavyishuyeko iki? “Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka.” (Mariko 1:40, 41) Yezu yabitumwe n’uko yipfuza cane kubafasha. Akoresheje mwene ivyo bitangaro, yarerekanye urukundo afitiye abaruhijwe.
Vyoba bigoye kwemera? Ariko Yezu vyinshi mu bitangaro yakoze yabikora bene umurango babona. N’abamurwanya nyene bakanagerageza kumutora amahinyu igihe cose, ntibashoboye guhakana yuko yakoze ibitangaro. (Yohana 9:1-34) Bitayeko, ibitangaro yakora vyari n’intumbero. Vyarafashije abantu kugenekereza Yezu ko ari we yatumwe n’Imana.—Yohana 6:14.
Twihweje gatoyi inyigisho za Yezu hamwe n’ubuzima bwiwe, biratuma tumukunda kandi bigatuma twumva dushaka kwigana urukundo rwiwe. Yamara rero ubwo si bwo buryo bwonyene Yezu ashobora kugira ico akoze ku buzima bwawe. Ntiyari gusa umwigisha ahambaye yigisha urukundo. Yarerekanye yuko yabayeho ari Umwana w’ikinege w’Imana imbere y’uko aba umuntu. (Yohana 1:14; 3:16; 8:58; 17:5; 1 Yohana 4:9) N’inyuma kandi y’aho abereye umuntu kw’isi, yabandanije kubaho, ivyo bigatuma arushiriza mbere kugira ico avuze kuri wewe. Bibiliya irerekana yuko Yezu yazuwe, ubu akaba yarimitswe aba Umwami w’Ubwami bw’Imana. (Ivyahishuriwe 11:15) Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3; 20:31) Vy’ukuri, wakiriye ubumenyi bwerekeye Yezu Kirisitu, birashobora kukuzanira ubuzima budahera mw’Iparadizo! Ivyo bishoboka bite? Ubwo ntiwokwiga n’ibindi vyerekeye Yezu ukirabira ukuntu “urukundo rwa Kristo rutugōbēra” kumwigana? (2 Ab’i Korinto 5:14) Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kubigufashamwo.—Yohana 13:34, 35.
Ivyanditswe vyo muri Bibiliya vyasubiwemwo vyose bikuwe muri Bibiliya Yera.