ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 50 rup. 258-rup. 262 ing. 4
  • Akigoro ko Gushikira Umutima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akigoro ko Gushikira Umutima
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Gukora ku mutima abakwumviriza
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ingene twoshikira umutima w’abo twigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Nutsimbataze Ubuhanga bw’Ukwigisha
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ubutumwa Dutegerezwa Kumenyekanisha
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 50 rup. 258-rup. 262 ing. 4

ICIGWA CA 50

Akigoro ko Gushikira Umutima

Ni ibiki ukeneye kugira?

Rimbura ingene abantu biyumva ku vyerekeye ibintu uriko ubashikiriza. Bafashe batsimbataze inyiyumvo n’imvo zituma bakora bikazotuma biyegereza Imana kandi bagacika abakunzi bayo.

Ni Kuki Bihambaye?

Kugira ngo abantu bahimbare Yehova, Ijambo ry’Imana ritegerezwa kuba rishinze imizi mu mitima yabo bimwe bikomeye.

TURETSE ugushinga intahe ku bantu, urakeneye kugira akigoro ko kubashika ku mutima. Muri Bibiliya, akenshi harerekana igihushane hagati y’umutima w’umuntu n’ukuntu aboneka inyuma. Uwo mutima w’ikigereranyo ugereranya ico umuntu ari imbere, ni ukuvuga ingene yiyumva, ivyo yiyumvira vyose, igituma avyiyumvira, be n’ingene ivyo vyiyumviro bigira ico bikoze ku vyo akora. Ni muri uwo mutima w’ikigereranyo urubuto rw’ukuri rubibwa. (Mat. 13:19) Kandi muri uwo mutima nyene ni ho ukugamburukira Imana gutegerezwa kuva.—Imig. 3:1; Rom. 6:17.

Kugira ngo inyigisho yawe ishobore kwinjira gushika iyo, nushimike kuri izi ntumbero: (1) Nutahure ibintu bimaze kugira ico bikoze ku mutima w’uwukwumviriza. (2) Nukomeze kamere nziza, nk’urukundo no gutinya Imana. (3) Nuremeshe uwukwumviriza gusuzuma imvo zo mu mutima wiwe zituma akora ibintu, kugira ngo ashobore guhimbara Yehova bimwe bishitse.

Nukoreshe Ukwiyubara. Imvo zituma abantu gushika ubu batemera ukuri ziranyuranye. Igihe urongora inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, hari aho vyoba bikenewe ko ukuraho umwikeko maze ugatanga inkuru z’imvaho kugira ngo ubeshuze ivyiyumviro bitari vyo uwo mutohoji afise, canke hari aho woba ukeneye gusa gutanga ikimenyamenya. Niwibaze uti: ‘Uyu muntu yoba azi ko akeneye ivy’impwemu? Asanzwe yemera ibingana iki? Ivyo atemera ni ibiki? Ni kuki yashitse kuri ivyo vyiyumviro? Yoba akeneye gufashwa ngo atsinde ivyipfuzo vyoshobora kumubuza kwemera amabanga azanwa n’ukumenya ukuri?’

Ntivyama vyoroshe kumenya igituma abantu bemera ibintu binaka. Mu Migani 20:5 hagira hati: “Inama yo mu mutima w’umuntu ni nk’amazi yo hasi mw ibenga, arik’umuntu [“yiyubara,” NW] arayivoma.” Ubukerebutsi ni ubushobozi bwo gutegera ibidashoka vyigaragaza. Ivyo bigusaba ko wihweza cane ukanagira umutima wo kwitwararika ibintu.

Ukuvuga ntikwama ari ukwo ku munwa gusa. Ikiganiro kinaka gishobora gutuma mu maso h’umutohoji canke mw’ijwi ryiwe hagira igihinduka. Nimba uri umuvyeyi, nta nkeka uratahura yuko ihinduka mu kuntu umwana wawe yigenza rishobora kuba rigaragaza yuko akosho gashasha kariko karakora mu buzima bwiwe. Ntiwirengagize ivyo bimenyetso. Birahishura ivyiyumviro vy’umuntu.

Ibibazo bitowe neza birashobora kugufasha kuvoma ikiri mu mutima w’umuntu. Woshobora kumubaza uti: “Wiyumvira iki ku vyerekeye . . . ?” “Ni igiki cakujijuye ko . . . ?” “Wovyifatamwo gute mu gihe . . . ?” Ariko rero, uraraba neza ntucucagire abantu ibibazo. Ubigiranye ubugenge, woshobora gutanguza ibibazo vyawe n’aya majambo: “Hari ingorane ubibonamwo nka hamwe nokwibariza . . . ? Kumenya ibiri mu mutima ni igikorwa kitoroshe kidashobora kwihutagizwa. Mu bihe vyinshi ukwizigira gutegerezwa gutsimbatazwa haciye ikiringo kinaka imbere y’uko umuntu yemera guhishura inyiyumvo afise mu mutima. No muri ico gihe nyene, utegerezwa kwiyubara kugira ngo uwo muntu ntiyiyumvire yuko uriko umubaza ibitakuraba.—1 Pet. 4:15.

Uburyo wakira ivyo wumva na bwo nyene busaba kwiyubara. Uribuka yuko intumbero ufise ari iyo gutahura abantu kugira ngo ushobore gutora amakuru ashingiye kuri Bibiliya azotuma bashobora kugira ico bakoze. Niwihutire gukuraho agatima ako ari ko kose kagusunika ngo werekane ko ivyiyumviro vyabo atari vyo. Ahubwo riho, nugabirize gutahura inyiyumvo zihishije mu majambo. Aho ni ho uzomenya ingene uvyifatamwo; uwo mwigana Bibiliya na we, kubera aba yiyumvamwo ko umutahura, ntazobura kurushiriza kwiyumvira ata gufyina ivyo umubwira.—Imig. 16:23.

Urashobora kuraba ukuntu uvyurira abantu umutima wo kugira ico bakoze, no mu gihe uba uriko urabwira umugwi munini w’abantu. Nimba uraba bihagije abakwumviriza, ukihweza mu maso habo, kandi ukabaza utubazo dukabura ivyiyumviro tudakeneye inyishu, nta gukeka ko uzogira iciyumviro c’ingene abakwumviriza biyumvira ku vyo uriko uravuga. Nimba uzi neza abakwumviriza, nubereke ko wubahiriza ukuntu ivyabo vyifashe. Ntiwirengagize inyifato ishengero rifise muri rusangi igihe uzirikana na bo mw’Ijambo ry’Imana.—Gal. 6:18.

Nuvyurire Abantu Inyiyumvo Ngirakamaro. Umaze gutahura ibintu bimwebimwe umuntu yemera, ivyo atemera n’igituma atavyemera, uzoshobora kuvyubakirako. Aho Yezu amariye kuzuka, yarashitse abigishwa biwe ku mutima mu ‘kubahishurira Ivyanditswe’ ku vyerekeye ibintu vyari biherutse gushika. (Luka 24:32) Na wewe nyene ukwiye kwihatira gushira isano hagati y’ivyashikiye umuntu, ivyo acambirwa, be n’ivyo ariko arabona mw’Ijambo ry’Imana. Umutohoji azokorwa ku mutima mu buryo ngirakamaro niyatahura maze akikugura ati: “Emwe, uku ni UKURI!”

Igihe ushimika ku vy’ukumera neza kwa Yehova, ku rukundo rwiwe, ku buntu atugirira tutabereye be no ku vy’uko inzira ziwe zigororotse, urafasha abo wigisha gutsimbataza ugukunda Imana. Igihe ufata umwanya wo kwereka abakwumviriza kamere nziza Imana ibabonamwo bwa bantu, uba ubahaye imvo ituma bemera yuko bishoboka ko bagiranira ubucuti na yo. Ivyo ushobora kubishikako mu kuzirikana ku vyanditswe nka Zaburi 139:1-3, Luka 21:1-4, na Yohana 6:44, no mu gufasha abakwumviriza gutahura ingene Yehova yitwararikana urukundo abasuku biwe b’abizerwa, mu buryo bwimbitse. (Rom. 8:38, 39) Nusigure yuko Yehova ataraba gusa amakosa tugira, mugabo ko araba ingendo yacu yose y’ubuzima, umwete dufitiye ugusenga gutyoroye, urukundo dukunda izina ryiwe. (2 Ngo. 19:2, 3; Heb. 6:10) Aribuka mbere n’utuntu tunganangana urwara mu buryo twebwe turemwe, kandi mu buryo butangaje, “abari mu mva [“z’icibutso,” NW] bose” azobasubiza bazima. (Yoh. 5:28, 29; Luka 12:6, 7) Kubera yuko abantu baremwe mw’ishusho y’Imana, bakaba basa na yo, ukuganira kuri kamere zayo akenshi bizotuma umutima w’uwo muntu uvyakira neza.—Ita. 1:27.

Umutima ushobora kandi gushikirwa igihe umuntu yize kubona abandi bantu nk’uko Yehova ababona. Nimba Imana itwitaho ibigiranye urukundo, bica vyumvikana yuko yitwararika n’abandi gutyo nyene, itaravye kahise kabo, ubwenegihugu bwabo, canke ubwoko bwabo. (Ivyak. 10:34, 35) Igihe umuntu yashitse kuri ukwo gutahura, azoba afise ishimikiro rikomeye ryo mu Vyanditswe rizotuma arandurana n’imizi urwanko n’umwikeko mu mutima wiwe. Ivyo bizomushoboza kubana mu mahoro n’abandi uko yiga gukora ivyo Imana igomba.

Ugutinya Imana ni iyindi nyiyumvo ukwiye gufasha abandi gutsimbataza. (Zab. 111:10; Ivyah. 14:6, 7) Ukwo kwibanga Imana canke ukuyitinya gushika kure, gushobora kuvyurira umuntu umutima wo gushika ku vyo atoshobora gushikako bivuye ku nkomezi ziwe bwite. Mu kuganira ku bikorwa vya Yehova biteye akoba be no ku buntu mvarukundo bwiwe butangaje, urashobora gufasha abandi bagatsimbataza ubwoba bwiza bwo gutinya ko bohava batamuhimbara.—Zab. 66:5; Yer. 32:40.

Uraraba neza ko abakwumviriza batahura yuko ingendo yabo iri n’ico ivuze kuri Yehova. Arafise inyiyumvo, kandi biciye ku kuntu twakira ubuyobozi bwiwe, turatuma ababara canke anezererwa. (Zab. 78:40-42) Niwereke abantu igituma ingendo yabo bwite ishobora kugira ico ikoze mu kwishura umuhigo Shetani yahize ku Mana.—Imig. 27:11.

Nufashe abakwumviriza babone yuko gushitsa ivyo Imana isaba bibagirira akamaro. (Yes. 48:17) Uburyo bumwe ivyo bishobora kugirwa ni mu kwerekana ingaruka zo ku mubiri n’izo mu kanyengetera ziva mu gutera akagere ubukerebutsi bw’Imana, mbere n’igihe vyoba ari ivy’akanya gatoya. Nusobanure ingene icaha kidutandukanya n’Imana, kikabuza abandi akaryo ko kutwigirako ukuri, canke na ho kikanyoha uburenganzira bwabo. (1 Tes. 4:6) Nufashe abakwumviriza bakenguruke imihezagiro basanzwe binovora iva ku kuba baragumije amategeko y’Imana. Nukomeze ugushima kwabo ku vy’uko ukugendera mu nzira za Yehova zigororotse bidukingira ingorane nyinshi. Umuntu amaze kwizera ubukerebutsi buri mu nzira z’Imana, azokwirinda ingendo yose itandukanye na zo. (Zab. 119:104) Ntazobona ko ukugamburuka ari umutwaro, ahubwo azobona ko ari uburyo bwo guserurira Yehova ukumuyobokera kurangwa n’urukundo.

Nufashe Abandi Kwisuzuma. Kugira ngo abantu babandanye gukura mu buryo bw’impwemu, barakeneye kuba abumvira ibiri mu mitima yabo. Nusigure ingene Bibiliya ishobora kubafasha kugira ivyo.

Nufashe abakwumviriza batahure yuko Bibiliya itarimwo gusa amategeko, impanuro, ivyabaye muri kahise be n’ubuhanuzi. Iranahishura ivyiyumviro vy’Imana. Muri Yakobo 1:22-25, Ijambo ry’Imana rigereranywa n’icirore. Twumviye ivyo rivuga be n’uburyo Yehova ashitsa umugambi wiwe, ubutumwa bwa Bibiliya burahishura ibiri mu mutima wacu. Gutyo rirahishura ingene Imana itubona, yo ‘isuzuma imitima.’ (Imig. 17:3) Nuremeshe abakwumviriza bagumize ivyo mu muzirikanyi. Nubahimirize bazirikane ivyo Imana yazigamye muri Bibiliya ku neza yacu be n’ivyo bashobora kuba bakeneye guhindura mu buzima bwabo kugira ngo barushirize guhimbara Imana. Nubafashe kubona ugusoma Bibiliya nk’uburyo bwo kumenya ingene Yehova asuzuma “ivyo umutima wiyumvira, ukagabira,” kugira ngo bashobore kumwumvira mu guhindura ibikeneye guhindurwa vyose.—Heb. 4:12; Rom. 15:4.

Hari aho abatohoji ba Bibiliya bamwebamwe baba bashaka gukurikiza ivyo bariko bariga; yamara usanga batinya ico abandi bantu bazokwiyumvira. Bashobora kuba bariko banyinyana n’ivyipfuzo bimwebimwe bikomeye vy’umubiri. Canke bashobora kuba bariko bagerageza kuraba ukuntu bosukurira Imana bongera babandanya kwumira ku migenzo y’isi. Niwerekane akaga kari muri mwene ukwo kudafata ingingo. (1 Abam. 18:21) Nubahimirize basabe Imana ibasuzume yongere ityorore imitima yabo.—Zab. 26:2; 139:23, 24.

Nubereke yuko Yehova atahura urugamba bahanganye na rwo be n’uko Bibiliya isigura ibiriko birashika. (Rom. 7:22, 23) Nubafashe bakoreshe ukwiyubara kugira ngo impengamiro z’umutima munyagasembwa ntibazemerere kwiganza.—Imig. 3:5, 6; 28:26; Yer. 17:9, 10.

Nuremeshe umwe wese asuzume imvo zituma akora ibintu. Numwigishe kwibaza ati: ‘Ni kuki nshaka gukora ibi? Vyoba bizokwereka Yehova yuko nkenguruka vy’ukuri ivyo yankoreye vyose?’ Niwihatire kumukomereza ukujijuka yuko ukugiriranira na Yehova ubucuti bwemewe ari co kintu c’agaciro ntangere umuntu wese yoshobora gutunga.

Nufashe abakwumviriza bategere ico gusukurira Yehova n’‘imitima yabo yose’ bisobanura. (Luka 10:27) Ivyo bisigura yuko inyiyumvo zabo zose, ivyipfuzo vyabo vyose be n’imvo zose zituma bakora ibintu bitegerezwa kuba bihuye n’inzira za Yehova. Niwigishe rero abakwumviriza ntibasuzume gusa ivyo bakora mugabo banasuzume ingene biyumva ku vy’Imana isaba be n’imvo zituma bayisukurira izo ari zo. (Zab. 37:4) Uko abo mwigana Bibiliya batahura aho bakeneye kuryohora, baremeshe basenge Yehova bati: “Egeranya umutima wanje kugira ngo wubahe izina ryawe.”—Zab. 86:11.

Mu gihe umutohoji atsimbataza ubucuti we ubwiwe afitaniye na Yehova, azokwubaha Imana bitumwe n’ukwizera, atari gusa kubera ari wewe ugenda uramuhimiriza. Aho niho ubwiwe ‘azomenya neza ibihimbara Umukama.’ (Ef. 5:10; Flp. 2:12) Mwene ukwo kugamburuka kuvuye ku mutima kuranezereza Yehova.—Imig. 23:15.

Niwamize mu muzirikanyi yuko Yehova ari we agera imitima kandi abantu akabakwegera kugiriranira ubucuti hamwe na we. (Imig. 21:2; Yoh. 6:44) Ico tujejwe ni ugukorana na we. (1 Kor. 3:9) ‘Imana isa n’iyingingira muri twebge.’ (2 Kor. 5:20; Ivyak. 16:14) Yehova nta we agobera ngo yemere ukuri, mugabo igihe dukoresha Ivyanditswe, ashobora gutuma abatwumviriza batahura yuko ivyo bariko barumva ari inyishu ku bibazo bafise canke inyishu ku masengesho batura. Niwamize mu muzirikanyi ico kintu igihe cose uronse akaryo ko kwigisha abandi, kandi usabane umwete Yehova akurongore yongere agufashe.—1 Ngo. 29:18, 19; Ef. 1:16-18.

UBURYO BWO KURYOHORA

  • Nugaragaze urukundo nyakuri.

  • Numenye ivyagize ico bikoze ku mutima w’uwukwumviriza.

  • Nushimike kuri kamere z’akaroruhore za Yehova.

  • Nufashe abumviriza batahure uburyo bwo gusuzuma imvo zituma bakora n’ingene boryohora imvo zituma bakora ibintu.

IMYIMENYEREZO: (1) Soma Matayo 6:21, maze usuzume ingene ico canditswe gikora mu buzima bwawe. Soma kandi umurongo wa 19 n’uwa 20, maze urimbure ivyo umutima wawe ugusunikira guhindura. (2) Suzuma icakuvyuriye umutima wo gutangura gusukurira Yehova. Ni igiki kibikuvyurira ubu? Ni imvo izihe zizohimbara Yehova ushaka gutsimbataza?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika