ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • T-27 rup. 1-6
  • Ugucumukura kwose kugiye kurangira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ugucumukura kwose kugiye kurangira
  • Ugucumukura kwose kugiye kurangira
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki ugucumukura kwaje?
  • Ikibazo nyamukuru cerekeye uwuri Segaba
  • Ugucumukura kw’abantu kuri mu kurangira
  • Turashobora kwungukira ku kwihanganira imibabaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ubwami bw’Imana—Ubutegetsi Bushasha bw’Isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Impumurizo ku Bacumukura
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo Ubwami bw’Imana Buzokora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Ugucumukura kwose kugiye kurangira
T-27 rup. 1-6

Ugucumukura kwose kugiye kurangira

Mu buzima bwawe, ntihabuze igihe woba waribajije uti: ‘Ni kubera iki abantu bacumukura cane gutya?’. Abantu bamaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi basinzikazwa n’intambara, ubukene, ivyago vy’ivyaduka, ubugizi bwa nabi, akarenganyo, indwara be n’urupfu. Muri iyi myaka ijana iheze, abantu baracumukuye kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Mbega none, ivyo vyose vyoba bizoteba bikarangira?

Inyishu ihumuriza ni uko bizohera koko, kandi ubu bwa vuba! Ijambo ry’Imana Bibiliya rigira riti: “Umunyakibi [ntazoba akiriho] . . . Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara”. Ivyo bizomara igihe kingana iki? “Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira”.—Zaburi 37:10, 11, 29.

Imana niyamara gukuraho abanyakibi be n’ugucumukura, isi izohindurwa iparadizo. Ico gihe rero, abantu bazoshobora kubaho ibihe bidahera bafise amagara atagira agahaze kandi bahimbawe. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho”.—Ivyahishuriwe 21:4.

Muri iyo si nshasha, n’abapfuye bazozurwa kugira ngo baronke kuri iyo mihezagiro: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya” (Ivyakozwe 24:15). Ni co gituma Yezu Kirisitu yashoboye kubwira ya nkozi y’ikibi yigaya, yaseruye ko ifise ukwizera muri we, ati: “U[zo]bana nanje muri Paradiso”.—Luka 23:43.

Ni kubera iki ugucumukura kwaje?

Ko tubona yuko Imana yari yagabiye ko abantu bagira kazoza nk’ako gateye igomwe, ni kubera iki none yaretse bagatangura gucumukura? Ni kubera iki yaretse bakamara igihe kirekire gutya bacumukura?

Igihe Imana yarema Adamu na Eva, yabaremye bafise umubiri n’ubwenge bitagira agasembwa. Yabashize mw’itongo ry’iparadizo maze ibashinga igikorwa gihimbaye. Bibiliya ivuga iti: “Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane” (Itanguriro 1:31). Iyo baza kugamburukira Imana, bari kuvyara abana batagira agasembwa, kandi isi yose yari gucika iparadizo, aho abantu bari kuba ibihe bidahera mu mahoro n’agahimbare.

Imana yarashize muri Adamu na Eva ingabirano iteye igomwe ari bwo bushobozi bwo kwihitiramwo, bukaba ari kimwe mu vyo umuntu yaremanywe. Ntiyashaka ko baba nk’ibimashini bitagira ubwenge. Ariko rero, kugira bagume bahimbawe, vyari kuvana n’ukuntu bakoresha mu buryo bubereye ubushobozi bwo kwihitiramwo, ni ukuvuga mu kugamburuka ivyagezwe vy’Imana. Imana ivuga iti: “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo” (Yesaya 48:17). Ugukoresha nabi ubushobozi bwo kwihitiramwo vyokweze akarambaraye, kubera ko abantu bataremwe mu buryo bororanirwa batisunze Imana. Bibiliya ivuga iti: “Inzira umuntu yogenderamwo [si] we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe”.—Yeremiya 10:23.

Ikibabaje ni uko abavyeyi bacu ba mbere bibajije ko bashobora kwiyonkora ku Mana bakaguma baroranirwa. Mugabo, igihe biyonkora ku butegetsi bw’Imana, ntiyabaye ikibafasha kuguma batunganye. Ni co gituma batanguye kugenda bononekara, amaherezo barasaza maze barapfa. Kubera ko tubakomokako, twararazwe ako gasembwa be n’urwo rupfu.—Abaroma 5:12.

Ikibazo nyamukuru cerekeye uwuri Segaba

Ni kubera iki Imana itakuyeho Adamu na Eva ngo ice irema uwundi mugabo n’umugore? Ni kubera havyutse ibihari vy’ukumenya nimba Imana ikwiye canke idakwiye kuba Segaba w’ibiriho vyose, ni ukuvuga nimba ifise uburenganzira bwo gutegeka. Ikibazo cari iki: “Ni nde afise uburenganzira bwo gutegeka, kandi ni intwaro ya nde ibereye?”. Mu yandi majambo, abantu boba bashobora kumererwa neza mu gihe boba badategekwa n’Imana? Mu kubaha igihe gihagije co kugerageza kubaho bafise umwidegemvyo wuzuye, Imana yokwerekanye rimwe rizima nimba bomererwa neza batwawe na yo canke bomererwa neza bitwaye. Ico gihe bahawe categerezwa kuba kirekire bihagije kugira ngo abantu bagerageze uburyo bwose bwo gutunganya ivya politike, ivy’ubutunzi, ivy’imibano n’ivy’idini batisunga ubuyobozi buva ku Mana.

None vyavuyemwo iki? Ivyabaye mu myaka ibihumbi n’ibihumbi abantu bamaze babayeho, biratwereka ko bagumye barushiriza gucumukura. Mu kinjana giheze umuryango w’abantu waracumukuye kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Abantu amamiliyoni baragandaguwe muri ca gihe Abanazi batikiza Abayahudi. Abantu barenga imiliyoni 100 barariritswe mu ntambara zitandukanye. Ubugizi bwa nabi n’ubukazi ubu vyarimonogoje. Ivyo gufata ibiyayuramutwe vyabaye nk’akaranda. Indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka zirabandanya gukwiragira. Buri mwaka abantu amamiliyoni mirongo barahitanwa n’ikigoyi be n’indwara. Ahantu hose usanga ubuzima bwo mu ngo be n’inyifato runtu vyaratitutse. Nta ntwaro n’imwe y’abantu yotorera umuti izo ngorane. Nta n’imwe muri zo yashoboye gukuraho ubusaza, indwara be n’urupfu.

Abantu bamerewe nk’uko nyene Bibiliya yari yaravuze ko bobaye bamerewe muri iki gihe cacu. Ijambo ry’Imana rivuga yuko igihe turimwo ari “imisi y’iherezo” y’ivy’iyi si, “[irimwo] ibihe bigoye”. Kandi, nk’uko nyene Bibiliya yabivuze, ‘abantu babi, bo n’abahumbuzi, bararushirije kuba babi’.—2 Timoteyo 3:1-5, 13.

Ugucumukura kw’abantu kuri mu kurangira

Ibimenyamenya vyose bihari, vyerekana yuko igihe abantu bamaze bagerageza kubaho batisunga Imana kirangwa n’ibintu biteye agahinda, kigiye kurangira. Vyaragaragaye yuko ubutegetsi abantu batunganya butisunga Imana budashobora na rimwe kuroranirwa. Ubutegetsi bw’Imana ni bwo bwonyene bushobora kuzana amahoro, ubuhirwe, bukaronsa abantu amagara atagira agahaze be n’ubuzima budahera. Ni co gituma igihe Yehova yabaye arareka ngo habe ububisha n’ugucumukura, kigiye kurangira. Imana igiye guhagurukira ivyerekeye abantu mu gusangangura ivy’iyi si vyose ata co bimaze.

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga buti: “Ku ngoma z’abo bami [ubutegetsi bw’abantu buriho ubu], Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami [mw’ijuru] butazokwigera buhangūra, . . . buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose” (Daniyeli 2:44). Iyemezwa ry’ubusegaba bwa Yehova, ni ukuvuga uburenganzira afise bwo gutegeka abicishije ku Bwami bwiwe bwo mw’ijuru, ni yo nyigisho y’ishimikiro yo muri Bibiliya. Igihe Yezu yariko aravuga ivyerekeye umuce nyamukuru w’ikimenyetso c’ “imisi y’iherezo”, yagize ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza”.—Matayo 24:14.

Umuhero niwashika, ni bande bazorokoka? Bibiliya yishura iti: “Abagororotsi bazokwībēra mu gihugu, kand’abatunganye bazokwamayo. Arikw abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu” (Imigani 2:21, 22). Abo bagororotsi, ni barya biga ivyo Yehova agomba kandi bakabishira mu ngiro. Yezu Kirisitu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo” (Yohana 17:3). Emwe, “isi irikw irashi[ra] . . . , arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira”.—1 Yohana 2:17.

Kiretse aho vyerekanywe ukundi, ivyanditswe vyasubiwemwo mu majambo vyakuwe muri Bibiliya Yera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika