ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • rk igice 6 rup. 15-17
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
  • Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
  • Ivyo bijanye
  • Ni Umugambi Uwuhe Imana Ifitiye Isi?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Ya Paradizo ivugwa muri Bibiliya iri hehe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Igituma ivya Edeni bikuraba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Iparadizo yo kw’isi, ni indoto canke izobaho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
rk igice 6 rup. 15-17

IGIHIMBA CA 6

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

IMANA yaremye isi kugira ngo ibe ahantu hatunganye abantu baba. Ijambo ryayo rivuga riti: “Amajuru ni aya Yehova, mugabo isi yayihaye abana b’abantu.”—Zaburi 115:16.

Imbere y’uko Imana irema umuntu wa mbere ari we Adamu, yarahisemwo agace gatoya k’isi kiswe Edeni maze ihatunganya umurima w’akaroruhore. Ivyanditswe bivuga ko uruzi Efurate na Tigiri (canke Hidekeli) zari zifise isôko muri Edeni.a Uwo murima wa Edeni vyiyumvirwa yuko wari uherereye mu Buseruko bwa Turukiya yo muri kino gihe. Egome, umurima wa Edeni warabayeho koko kw’isi!

Imana yararemye Adamu maze imushira mu murima wa Edeni “kugira awurime no kugira awitwararike.” (Itanguriro 2:15) Mu nyuma, Imana yararemeye Adamu umugore ari we Eva. Imana yategetse uwo mugabo n’umugore iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.” (Itanguriro 1:28) Biratomoye ko Imana ‘itaremeye isi ubusa gusa, mugabo yayiremye ngo ibeko abantu.’—Yesaya 45:18.

Ariko rero, Adamu na Eva baragararije Imana mu kurenga kw’itegeko ryayo n’ibigirankana. Imana yaciye rero ibirukana muri wa murima wa Edeni. Iparadizo yaratakaye. Amabi yakwezwe n’igicumuro ca Adamu yarabandanije. Ivyanditswe bitubwira biti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ru]zanwa n’igicumuro, gutyo urupfu [ru]kwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.”—Abaroma 5:12.

Yehova yoba yarahevye umugambi yari afise mu ntango, uno ukaba wari uw’uko isi iba iparadizo ibako abantu bahimbawe? Oya! Imana ivuga iti: “Ijambo ryanje riva mu kanwa kanje . . . [n]tirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo, mugabo rizokora koko icampimbaye, kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye.” (Yesaya 55:11) Iparadizo izogarukanwa kw’isi!

Ubuzima buzoba bumeze gute mw’Iparadizo? Rimbura ibintu vyasezeranywe vyo mu Vyanditswe vyerekanwa ku mpapuro zibiri zikurikira.

a Mw’​Itanguriro 2:10-14 havuga hati: “Hari uruzi rwava muri Edeni rukanywesha nya murima, kandi aho ni ho rwatangura kwigaburira, rukaba nk’aho rucitsemwo imitwe ine. Izina ry’urwa mbere ni Pishoni . . . izina ry’uruzi rugira kabiri ni Gihoni . . . izina ry’uruzi rugira gatatu ni Hidekeli [ari rwo Tigiri]; ni rumwe rugenda mu buseruko bwa Ashuri. Uruzi rugira kane na rwo ni Efurate.” Aho uruzi rwa mbere n’urwa kabiri zari ziherereye be n’ukuntu zari zimeze ntibizwi.

Wokwishura gute?

  • Ni umugambi uwuhe Imana yari ifise mu ntango ku vyerekeye isi n’abantu?

  • Tumenya gute ko Imana izoshitsa uwo mugambi?

Abantu bari mw’iparadizo

Iparadizo yimirije yo kw’isi

Abapfuye bazozurwa: “Abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe [bazive]mwo.”—Yohani 5:28, 29.

Nta busaza, ubumuga, canke urupfu bizoba bikiriho: “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’” (Yesaya 33:24) Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”—Ivyahishuwe 21:4.

Ibifungurwa vyiza bizoba ari rya nawe: “Isi ubwayo ntizobura gutanga umwimbu wayo; Imana, Imana yacu, izoduhezagira.”—Zaburi 67:6.

Hazoba hari amazu meza n’igikorwa kimara akanyota: “Bazokwubaka amazu bayiberemwo. . . . Abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo.”—Yesaya 65:21, 22.

Intambara, ubugizi bwa nabi, canke ubukazi ntibizoba bikiriho: Yehova “ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi.” (Zaburi 46:9) “Ababisha, bazokurwaho bave kw’isi.”—Imigani 2:22.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika