ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ll igice 5 rup. 12-13
  • Imbere ya rya Segenya rikomeye: Ni bande bumvirije? Ni bande batumvirije?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imbere ya rya Segenya rikomeye: Ni bande bumvirije? Ni bande batumvirije?
  • Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Ivyo bijanye
  • Ubwato bwa Nowa
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Igice ca 5
    Niwumvirize Imana
  • Nowa Abāza Ubwato
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
ll igice 5 rup. 12-13

IGICE CA 5

Imbere ya rya Segenya rikomeye: Ni bande bumvirije? Ni bande batumvirije?

Benshi mu bantu bo mu gihe ca Nowa bakora ibibi. Itanguriro 6:5

Abamarayika babi bariyambitse imibiri y’abantu baca barongora abagore bo kw’isi

Adamu na Eva baravyaye abana, maze abantu baba benshi kw’isi. Mu nyuma, abamarayika bamwebamwe barifatanije na Shetani mu bugarariji bwiwe.

Baraje kw’isi maze biyambika imibiri y’abantu kugira ngo bashobore kurongora abagore. Abo bagore bavyaye abana bafise ubushobozi burengeye ubw’abantu, abo bana bakaba bari inkazi kandi bakomeye cane.

Agahungu kariko karakubita umugore afise umwana; Abanefilimu, ari bo bana b’abamarayika babi, ni inkozi z’ikibi

Isi yaciye yuzura abantu bakora ibintu bibi. Bibiliya ivuga iti: “Ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi [kandi] impengamiro yose y’ivyiyumviro vy’umutima wiwe yari mbi gusa igihe cose.”

Nowa yarumvirije Imana maze arubaka ubwato. Itanguriro 6:13, 14, 18, 19, 22

Nowa ariko arumviriza Imana

Nowa yari umuntu ameze neza. Yehova yabwiye Nowa yuko yagira atikize ababisha akoresheje Isegenya rikomeye.

Nowa n’umuryango wiwe bariko barubaka ubwato

Imana yabwiye kandi Nowa ngo yubake ubwato amahero, abwinjizemwo umuryango wiwe be n’ibikoko vy’ubwoko bwose.

Nowa arabwira abantu ko hari mu gutera Isegenya bagaca bamutwenga

Nowa yaraburiye abantu ku bijanye n’Isegenya ryagira rize, mugabo ntibumvirije. Bamwe baramutwenze, abandi baramwanka.

Nowa n’umuryango wiwe bariko barinjiza ibikoko mu bwato

Ubwato bumaze kwuzura, Nowa yarinjijemwo ibikoko.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika