ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • od rup. 4-5
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
  • Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ivyo bijanye
  • Bavukanyi, nimubibe ku bw’impwemu maze mukwize ibisabwa kugira mushingwe amabanga!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Dutunganijwe hisunzwe Ijambo ry’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Bavukanyi mukiri bato, mwoba muriko murarondera gushikira amabanga?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Abamamaji b’inkuru nziza
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
Ibindi
Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
od rup. 4-5

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Bamamaji b’inkuru nziza bagenzi bacu,

Ese ingene ari agateka ntangere kuba dusenga Yehova Imana yonyene y’ukuri twunze ubumwe! Turi “abakozi bakorana” na we, tukaba tujejwe igikorwa ceranda kandi kirokora ubuzima co kwamamaza no kwigisha inkuru nziza y’Ubwami bwiwe. (1 Kor. 3:9; Mat. 28:19, 20) Kugira dushobore kurangura ico gikorwa kw’isi yose mu mahoro no mu bumwe, dutegerezwa kuba dutunganijwe neza.​—1 Kor. 14:40.

Iki gitabu kizogufasha gutahura ingene ishengero rya gikirisu rikora muri iki gihe. Kizokwereka uduteka n’amabanga ujejwe mw’ishengero. Niwaha agaciro uduteka ufise ukongera ugashitsa amabanga ujejwe, “[uzo]komezwa mu kwizera.”​—Ivyak. 16:4, 5; Gal. 6:5.

Ku bw’ivyo, tukuremesheje kwiga iki gitabu witonze. Nurabe ingene woshira mu ngiro mu buzima bwawe amakuru usanga muri co. Nk’akarorero, nimba uherutse kuba umwamamaji, ni intambwe izihe ukeneye gutera kugira ube Icabona ca Yehova yabatijwe? Nimba umaze kubatizwa na ho, wakora iki kugira utere imbere mu vy’impwemu wongere wagure umurimo urangurira Yehova? (1 Tim. 4:15) Woterera iki kugira mw’ishengero harangwe amahoro? (2 Kor. 13:11) Iki gitabu kiraguha inyishu z’ivyo bibazo.

Nimba uri umuvukanyi yabatijwe, wokora iki kugira ukwize ibisabwa vyo kuba umukozi w’ishengero mu nyuma na ho ukazoba umukurambere? Kubera yuko abantu ibihumbi baguma baza mw’ishirahamwe ry’Imana, harakenewe cane abavukanyi bakwije ibisabwa baja imbere abandi. Iki gitabu kizokwereka ico wokora kugira ‘ushikire’ iyo migambi yo mu vy’impwemu.​—1 Tim. 3:1.

Dusenga dusaba ko iki gitabu cogufasha kubona ikibanza ufise mw’ishirahamwe rya Yehova no kugiha agaciro. Turabakunda cane mwese kandi tuguma dusenga dusaba ko mwohimbarwa ibihe vyose no gukorera Data wa twese wo mw’ijuru Yehova.​—Zab. 37:10, 11; Yes. 65:21-25.

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika