ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 5 rup. 18-rup. 19 ing. 5
  • Ubwato bwa Nowa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwato bwa Nowa
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Nowa Abāza Ubwato
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Imbere ya rya Segenya rikomeye: Ni bande bumvirije? Ni bande batumvirije?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 5 rup. 18-rup. 19 ing. 5
Nowa n’umuryango wiwe bariko barubaka ubwato

ICIGWA CA 5

Ubwato bwa Nowa

Haciye igihe, abantu baragwiriye kw’isi, ariko benshi muri bo bari babi. Hari n’abamarayika babaye babi. Baravuye mw’ijuru baza ng’aha kw’isi. Urazi icatumye baza? Kwari ukugira biyambike imibiri y’abantu, bace birongorera abagore.

Abo bamarayika baravyaranye abana n’abo bagore. Abo bana barakuze baba abantu bakomeye cane kandi basinda cane. Baragirira nabi abantu. Yehova ntiyari kureka ibintu nk’ivyo ngo bibandanye. Yaciye afata ingingo yo gukuraho abo bantu babi akoresheje umwuzure.

Nowa n’umuryango wiwe bariko barubaka ubwato bongera bateka

Ariko hariho umuntu atari ameze nka bo. Yarakunda Yehova, akaba yitwa Nowa. Yari afise umugore n’abahungu batatu: Shemu, Hamu na Yafeti. Abo bahungu bose bari bafise abagore. Yehova yabwiye Nowa kwubaka ubwato bunini we n’umuryango wiwe bari kwinjiramwo kugira ntibahitanwe n’umwuzure. Ubwo bwato bwari bumeze nk’igisandugu kinini gishobora kureremba ku mazi. Yehova kandi yabwiye Nowa kwinjiza ibikoko vyinshi muri ubwo bwato kugira na vyo nyene birokoke.

Ubwo nyene Nowa yaciye atangura kwubaka ubwo bwato. Nowa n’umuryango wiwe bamaze nk’imyaka 50 bariko barabwubaka. Babwubatse nk’uko nyene Yehova yari yababwiye. Muri ico gihe, Nowa yaguma abwira abantu ko hazoza umwuzure, ariko nta n’umwe yamwumvirije.

Amaherezo, barinjiye muri nya bwato. Reka turabe ivyaciye bikurikira.

«Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizoba bimeze no mu gihe c’ukugaruka kw’Umwana w’umuntu.»​—Matayo 24:37

Ibibazo: Kubera iki Yehova yafashe ingingo yo kuzana umwuzure? Yehova yasavye Nowa gukora iki?

Itanguriro 6:1-22; Matayo 24:37-41; 2 Petero 2:5; Yuda 6

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika