Nyakanga
Ku wa gatatu, 1 Nyakanga
Dawe yagumye akora gushika n’ubu, na jewe nguma nkora.—Yoh. 5:17.
None dufatiye kuri ako karorero Yehova na Yezu batanze mu bijanye no gukora cane, vyoba bisigura ko tudakeneye kuruhuka? Habe namba. Kubera ko Yehova atigera aruha, nta karuhuko akenera. Mugabo Bibiliya iravuga ko igihe Yehova yaheza kurema ijuru n’isi, yahagaritse ibikorwa ‘akaruhuka.’ (Kuv. 31:17) Ariko rero, ivyo biboneka yuko bisigura ko yahagaritse ibikorwa vyo kurema, agafata akanya ko guhimbarirwa ivyo yari yakoze. Vyongeye, naho Yezu yakoze cane igihe yari ng’aha kw’isi, yarafata akanya ko kuruhuka no gusangira ibifungurwa n’abagenzi biwe. (Mat. 14:13; Luka 7:34) Bibiliya iremesha abasavyi ba Yehova gukunda ibikorwa. Bakwiye gukorana umwete aho kurera amaboko. (Imig. 15:19) Ushobora kuba ukora akazi k’umubiri kugira ngo utunge umuryango wawe. Vyongeye, abigishwa ba Kristu bose barafise ibanga ryo gukora igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Naho ari ukwo, urakeneye no kuruhuka bihagije. w19.12 2 ing. 2; 3 ing. 4-5
Ku wa kane, 2 Nyakanga
Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe.—1 Pet. 2:21.
Niwirinde kuvuga inkuru zerekeye amadayimoni. Dushaka kwigana Yezu muri uwo muce. Imbere y’uko Yezu aza kw’isi, yaba mw’ijuru kandi yari azi vyinshi ku vyerekeye Shetani n’amadayimoni. Ariko nta we yiganiye inkuru z’ibintu ivyo biremwa vy’ibibisha vyakoze. Yezu yashaka kuba icabona ca Yehova aho kwamamaza ivyerekeye Shetani. Turigana Yezu mu kudakwiragiza inkuru zerekeye amadayimoni. Ahubwo riho turerekana biciye ku majambo yacu yuko ‘umutima wacu ubiragizwa n’ikintu ciza,’ ni ukuvuga ukuri. (Zab. 45:1) Ntutinye Shetani n’amadayimoni. Muri iyi si mbi, ibintu bibi birashobora kudushikira giturumbuka, uri amasanganya, indwara canke mbere urupfu. Ariko ntidukwiye kwiyumvira ko vyose biva kuri Shetani n’amadayimoni. Bibiliya ivuga ko “ibihe be n’ibishika giturumbuka” bidushikako twese. (Umus. 9:11) Ku bijanye n’amadayimoni, Yehova yarerekanye ko ayarusha cane inkomezi. w19.04 23-24 ing. 13-14
Ku wa gatanu, 3 Nyakanga
Abakuru bahari bashizwe n’Imana mu bibanza vyabo bigereranye.—Rom. 13:1.
Abakurambere boba bagamburuka amategeko y’igihugu asaba kumenyesha abategetsi ibijanye n’uwoba yononye umwana? Cane nyene. Mu bihugu hari mwene ayo mategeko, abakurambere barihatira kuyakurikiza. Ayo mategeko ntateye kubiri n’itegeko ry’Imana. (Ivyak. 5:28, 29) Igihe rero abakurambere bumvise ko hari uwoba yononye umwana, ubwo nyene baca bitura ibiro vy’ishami kugira bibahe ubuyobozi bw’ingene bokwubahiriza amategeko abasaba kubimenyesha. Abakurambere barasubiriza umutima mu nda uwononywe, abavyeyi biwe be n’abandi bazi ico kintu, bakababwira ko bafise uburenganzira bwo kubimenyesha abategetsi. Bite ho nimba uwakoze ico gicumuro ari uwo mw’ishengero kandi bikaba vyamenyekanye mu kibano? Umukirisu abimenyesheje abategetsi yoba akwiye kubona ko yasize iceyi izina ry’Imana? Habe namba. Uwakoze ico gicumuro ni we aba yasize iceyi izina ry’Imana. w19.05 10 ing. 13-14
Ku wa gatandatu, 4 Nyakanga
Ubukerebutsi bw’iyi si [ni] ubupfu ku Mana.—1 Kor. 3:19.
Bibiliya isaba umugabo n’umugore kwubahana no kwubaha indagano bagiraniye. Iremesha abubakanye kubana akaramata, ikavuga ko “umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe maze bakaba umubiri umwe.” (Ita. 2:24) Abisunga ubukerebutsi bw’isi bobo baremesha ibitandukanye n’ivyo. Bavuga ko umwe wese mu bubakanye akwiye gushira imbere inyungu ziwe. Igitabu kimwe c’ivy’ukwahukana kivuga ko mu bihugu bimwebimwe, ababirana basezerana imbere y’abantu yuko bazogumana igihe cose bazoba bakiriho. Ariko benshi barahinduye, bakavuga ko bazogumana igihe cose bazoba bagikundana. Gusuzugura umubano w’ababiranye muri ubwo buryo vyatumye ingo nyinshi zisambuka vyongera bikwega intuntu nyinshi. Biragaragara ko kuba isi idaha agaciro umubano w’ababiranye ari ubupfu. w19.05 24 ing. 12
Ku wa mungu, 5 Nyakanga
Mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe.—Rom. 12:2.
Paulo yari ahagaritse umutima kubera ko ivyiyumviro bibi vy’iyi si itwarwa na Shetani vyariko biragira akosho ku bakirisu bamwebamwe. (Ef. 4:17-19) Ivyo birashobora no gushikira uwo ari we wese muri twebwe. Shetani ya mana y’iki gihe, arakora yivuye inyuma kugira adukure kuri Yehova akoresheje amayeri atandukanye. Arashobora gufatira ku cipfuzo twoba dufise co kuba abahambaye canke ba rurangiranwa. Yoshobora mbere no gufatira ku vyo twaciyemwo, ku mico kama yacu canke ku mashure twize kugira atume twiyumvira nka we. None twoba dushobora kurandurana n’imizi ibintu “bihamangiye” mu mizirikanyi yacu? (2 Kor. 10:4) Paulo yishura ati: “Dutembagaza ivyiyumviro n’ikintu cose gihanitse gihagurukirijwe kurwanya ubumenyi bw’Imana; kandi iciyumviro cose turakigira imbohe kugira kigamburukire Kristu.” (2 Kor. 10:5) Ego cane, tubifashijwemwo na Yehova turashobora kwikuramwo ivyiyumviro bibi. w19.06 8 ing. 1-3
Ku wa mbere, 6 Nyakanga
Nayo jewe, kwegera Imana bimbera vyiza. Nashize ubuhungiro bwanje mu Mukama Segaba Yehova.—Zab. 73:28.
Naho Hana, Dawidi n’umwanditsi w’amazaburi bari batuntuye cane, bose barituye Yehova ngo abafashe. Baramusenze, baramuyagira intuntu bafise. Baramubwiye ata kwitinya ibintu vyabatera amaganya. N’ikindi kandi barabandanije kuja ku rusengero rwa Yehova. (1 Sam. 1:9, 10; Zab. 55:22; 73:17; 122:1) Yehova abigiranye impuhwe yarishuye umwe wese muri bo. Hana yararonse amahoro yo mu mutima. (1 Sam. 1:18) Dawidi na we yanditse ati: “Ivyago vy’umugororotsi ni vyinshi, yamara Yehova aramurokora akabimukiza vyose.” (Zab. 34:19) Wa mwanditsi w’amazaburi na we nyene yahavuye atahura ko Yehova “[yamu]fashe ukuboko kw’iburyo” aramuyobora akoresheje impanuro iranga urukundo. (Zab. 73:23, 24) None twigira iki kuri abo bantu? Bizoshika tugire ingorane zikomeye, zitume turengerwa n’amaganya. Ariko turashobora kuzihanganira tuzirikanye ukuntu Yehova yafashije abandi basavyi biwe, tukamwihekako mw’isengesho kandi tukamugamburukira mu vyo adusaba vyose.—Zab. 143:1, 4-8. w19.06 17-18 ing. 14-15
Ku wa kabiri, 7 Nyakanga
Naho mwobabara muhorwa ubugororotsi, muba muhiriwe.—1 Pet. 3:14.
Ntukigere ureka ikintu na kimwe abantu buntu bavuga canke bakora ngo gitume uterwa isoni no kuba uri Icabona ca Yehova. (Mika 4:5) Zirikana ingene intumwa zavyifashemwo i Yeruzalemu, Yezu amaze kwicwa. Bari bazi ingene indongozi z’idini ry’Abayuda zabanka urunuka. (Ivyak. 5:17, 18, 27, 28) Ariko buri musi babandanije kuja ku rusengero, bongera baragaragaza ko ari abigishwa ba Yezu mu kwamamaza. (Ivyak. 5:42) Baranse gusha coba. Na twebwe turashobora kwirinda gutinya abantu mu kwama twimenyekanisha ko turi Ivyabona vya Yehova, haba ku kazi, kw’ishure no mu kibano. (Ivyak. 4:29; Rom. 1:16) Kubera iki intumwa zari zihimbawe? Bari bazi igituma bankwa kandi babona yuko ari agateka igihe babahoye ko bakora ukugomba kwa Yehova. (Luka 6:23; Ivyak. 5:41; 1 Pet. 2:19-21) Nitwatahura ko batwanka baduhora gukora ikibereye, ntituzokwigera tureka ngo urwo rwanko rutubuze gusukurira Yehova. w19.07 7 ing. 19-20
Ku wa gatatu, 8 Nyakanga
Biremewe . . . gukora ikintu ciza kw’isabato.—Mat. 12:12.
Yezu n’abayoboke biwe b’Abayuda barubahiriza Isabato kubera ko bagengwa n’Itegeko rya Musa. Ariko rero haba mu mvugo canke mu ngiro, Yezu yarerekanye ko kwubahiriza Isabato bitari bikwiye kujamwo ugukavya be n’uko kuri uwo musi vyari vyemewe gukora ibikorwa vyo gutabara biranga ubuntu. (Mat. 12:9-11) Gukora mwene ivyo bikorwa biranga ubuntu ntiyabona ko ari ukurenga kw’Isabato. Ibikorwa vya Yezu vyarashize ahabona intumbero nyamukuru y’Isabato. Kubera ko kuri uwo musi abasavyi b’Imana baruhuka ibikorwa vya buri musi, kaba ari akaryo ko kwitunira ku vy’impwemu. Umuryango Yezu yakuriyemwo utegerezwa kuba warakoresha Isabato mu bijanye no gusenga. Ivyo turabibonera mu nkuru ivuga ivyerekeye Yezu igihe yari i Nazareti aho yakuriye. Igira iti: “Nk’uko yari amenyereye kubigira ku musi w’isabato, yinjira mw’isinagogi, hanyuma arahaguruka ngo asome.” (Luka 4:15-19) Vyongeye, abayoboke ba Yezu barubahiriza cane itegeko ryari rijanye n’Isabato, ku buryo bahagaritse gutegura ibimota neza vyo gusiga ikiziga ca Yezu gushika Isabato irenganye.—Luka 23:55, 56. w19.12 4 ing. 10
Ku wa kane, 9 Nyakanga
Nta n’icizigiro mwari mufise.—Ef. 2:12.
Buri mukirisu yamamaza aragira uruhara kugira ab’umutima nziraburyarya baboneke. Ico gikorwa twokigereranya no kurondera umwana yatakaye. Uti gute? Rimbura akarorero k’ikintu cabaye koko: Hari agahungu k’imyaka itatu kazimiye. Abantu bashika 500 baragize uruhara mu kukarondera. Inyuma y’amasaha nka 20, umwe muri bo yahavuye agatora mu murima w’ibigori. Uwo muntu yaranse ko bamuhayagiza ngo ni we yatoye nya gahungu. Yavuze ati: “Kugira kaboneke, abantu amajana babigizemwo uruhara.” Abantu benshi bameze nk’ako gahungu. Barazimiye. Naho ata cizigiro bafise, barakeneye uwobafasha. Abarenga imiliyoni umunani muri twebwe bariko basenyera ku mugozi umwe mu kurondera abo bantu. Hari aho woba utararonka uwemera kwiga Bibiliya. Yamara rero, abandi bamamaza muri ico cibare nyene boshobora kuba bamaze kuronka abavyipfuza. Igihe umwamamaji ahuye n’umuntu akaba umwigishwa wa Kristu, uwagize uruhara wese muri ico gikorwa co kurondera aba afise imvo yumvikana yo kunezerwa. w19.07 16 ing. 9-10
Ku wa gatanu, 10 Nyakanga
Ndashishikara urugendo rwanje ngana kw’ihangiro.—Flp. 3:14.
Intumwa Paulo yaribukije abakirisu b’i Filipi igituma vyari bikenewe ko baguma biruka bihanganye. Iryo shengero ryararwanijwe kuva rigishingwa. Vyose vyatanguye igihe Paulo na Silasi bashika i Filipi nko mu 50 inyuma ya Kristu, bakaba bari bitavye akamo Imana yabateye ko ‘kujabuka bakaja i Makedoniya.’ (Ivyak. 16:9) Ng’aho, barahuye n’umugore yitwa Lidiya “yariko arumviriza, maze Yehova yugurura cane umutima wiwe” kugira yakire inkuru nziza. (Ivyak. 16:14) Ntiyatevye kubatizwa be n’abo mu nzu yiwe. Ariko Shetani ntiyavyihanganiye. Abagabo bo muri ico gisagara baraburuse Paulo na Silasi babajana imbere y’abatware, bababeshera yuko bateye umudurumbanyo. Ivyo vyatumye Paulo na Silasi bakubitwa, barapfungwa, mu nyuma na ho bategekwa kuva muri ico gisagara. (Ivyak. 16:16-40) None boba baciye baheba? Uwokubesha! Bite ho ku bavukanyi na bashiki bacu bo muri iryo shengero rishasha? Emwe, na bo nyene barumiyeko! Nta gukeka ko bari baremeshejwe cane n’akarorero keza ka Paulo na Silasi. w19.08 2 ing. 1-2
Ku wa gatandatu, 11 Nyakanga
[Mwuzuzwe] ivyamwa bigororotse.—Flp. 1:11.
Nta gukeka ko muri ivyo “vyamwa bigororotse” harimwo urwo dukunda Yehova n’abasavyi biwe. Harimwo n’ukubwira abandi ivyo twemera ku bijanye na Yezu be n’icizigiro ciza igitangaza dufise. Turama rero “ivyamwa bigororotse” mu kugira uruhara cane muri ca gikorwa gihambaye co guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:18-20) Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, turashobora gukayangana nk’amatara. Rimwe na rimwe, ibisa n’intambamyi zitubuza kuvuga inkuru nziza vyoshobora kutubera akaryo ko kwamamaza. Nk’akarorero, Paulo yari apfungiwe i Roma igihe yandikira Abafilipi. Ariko iminyororo yari kuri we ntiyamubujije kubwira inkuru nziza abari bamucunze be n’abashitsi. Yarashinze intahe n’umwete naho ivyiwe vyari vyifashe gutyo, kandi vyaratumye abavukanyi bashikama, bararushiriza “kugira umutima rugabo wo kuvuga ijambo ry’Imana ata bwoba.”—Flp.1:12-14; 4:22. w19.08 12 ing. 15-16
Ku wa mungu, 12 Nyakanga
Mwicishe bugufi rero munsi y’ukuboko kw’ububasha kw’Imana, kugira ngo ibashire hejuru igihe kigeze.—1 Pet. 5:6.
Imvo nyamukuru ituma twicisha bugufi, ni uko bihimbara Yehova. Ivyo intumwa Petero yarabitomoye igihe yandika amajambo dusanga mu canditswe c’uno musi. Ku bijanye n’ivyo Petero yavuze, igitabu ‘Ingo unkurikire’ mu kigabane ca 3, ingingo ya 23, kigira giti: “Ubwibone bumeze nk’ubumara. Ingaruka zabwo zirashobora kuba mbi cane. Ni ingeso ishobora gutuma umuntu afise ububangukirwe bwinshi cane aba uwutaco amariye Imana. Ukwicisha bugufi kwokwo kurashobora gutuma mbere n’umuntu ata bubangukirwe na buke afise aba ngirakamaro cane kuri Yehova. . . . Imana yacu izohimbarwa no kuguha impera kubera wicisha bugufi.” Hari ikindi kintu none coza kiturutira kunezereza umutima wa Yehova? (Imig. 23:15) Uretse ko kwicisha bugufi binezereza Yehova, na twebwe biratugirira akamaro kanini. Kwicisha bugufi biratuma abandi batwiyegereza. Kugira ngo tubitahure, nitwishire mu kibanza c’abandi.—Mat. 7:12. w19.09 4 ing. 8-9
Ku wa mbere, 13 Nyakanga
Uwishima mu mutima wese ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova.—Imig. 16:5.
Abakurambere barakora cane kugira ngo bafashe abavukanyi na bashiki bacu. Vyongeye, ubukuru bafise ntibutuma babona ko bari hejuru y’abandi. Ahubwo, bafatana ikibabarwe abagize ishengero. (1 Tes. 2:7, 8) Ukwicisha bugufi kwabo be n’urukundo rukomeye bakunda abavukanyi babo, bituma babayagisha babigiranye ubuntu. Umukurambere umwe azi utuntu n’utundi yitwa Andrew, avuga ati: “Muri rusangi, nasanze abavukanyi na bashiki bacu biyumvamwo umukurambere abagaragariza ubuntu n’igishika. Izo kamere zituma abagize ishengero basenyera ku mugozi umwe n’abakurambere.” Uwundi mukurambere w’inararibonye yitwa Tony, agira ati: “Ndagerageza gushira mu ngiro impanuro iri mu Bafilipi 2:3, nkama nihatira kubona ko abandi banduta. Ivyo bituma nirinda kubacinyiza.” Abakurambere bakwiye kwigana ukwicisha bugufi kwa Yehova. Naho Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose, “arimanura” kugira ngo “[aduze] umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu.” (Zab. 18:35; 113:6, 7) Nkako, Yehova aranka abibona. w19.09 16 ing. 11-12
Ku wa kabiri, 14 Nyakanga
Mwishireko ingǒgo yanje.—Mat. 11:29.
Kugira tubandanye kuronkera ukuruhurirwa munsi y’ingogo ya Yezu, dutegerezwa kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza. Igikorwa dukora ni ica Yehova, akaba ari co gituma dukwiye kugikora nk’uko abidusaba. Twebwe turi abakozi, Yehova na we akaba Databuja. (Luka 17:10) Hamwe twokora igikorwa ciwe nk’uko tuvyumva, twohava dutuma kitugora. Ariko dukurikije ubuyobozi Yehova aduha, turashobora gukora ibintu bidasanzwe kandi tugatsinda intambamyi iyo ari yo yose. Niwibuke ko ata n’umwe ashobora kubuza ko umugambi wiwe uranguka. (Rom. 8:31; 1 Yoh. 4:4) Ico twipfuza ni ukuninahaza Umuvyeyi wacu munyarukundo Yehova. Mu kinjana ca mbere, abakoze babitumwe n’umwina canke ubwikunzi, ntibatevye gutakaza umunezero maze baca baraheba ingogo ya Yezu. (Yoh. 6:25-27, 51, 60, 66; Flp. 3:18, 19) Ariko abakoze babitumwe n’urwo bakunda Imana na bagenzi babo, barahimbawe no kwishirako iyo ngogo mu buzima bwabo bwose bamaze kw’isi, bafise icizigiro co kuzofadikanya na Kristu kuganza mw’ijuru. Na twebwe, nitwishirako ingogo ya Yezu tubitumwe n’imvo nziza, tuzoguma duhimbawe. w19.09 20 ing. 1; 24 ing. 19-20
Ku wa gatatu, 15 Nyakanga
Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.—Yoh. 8:32.
Zirikana ku mihezagiro wironkera kubera ko wavavanuye n’inyigisho ziteye kubiri n’Ivyanditswe. Ese ukuntu ari agateka kuronka uwo mwidegemvyo! Turiteze umwidegemvyo ukomeye kuruta. Vuba, Yezu azohaguruka asangangure idini ry’ikinyoma n’intwaro z’abantu zononekaye. Yehova azokingira abagize “isinzi rinini” bamukorera, mu nyuma bace biberaho mw’Iparadizo ng’aha kw’isi binovora ivyiza vyinshi. (Ivyah. 7:9, 14) Abandi bantu benshi cane bazozurwa maze baronke akaryo ko gukurwako ingaruka zose zakwezwe n’igicumuro ca Adamu. (Ivyak. 24:15) Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, Yezu n’abazofadikanya na we kuganza bazofasha abantu kugira amagara atagira agahaze no kugiranira n’Imana ubucuti butagira akanenge. Ico kiringo co gusubiza ibintu mu buryo no kubohorwa, kizoba kimeze nka ya Yubile yo muri Isirayeli. Ivyo bisobanura ko abasavyi ba Yehova bose b’abizigirwa bazoba bari kw’isi bazoba batunganye, ata n’umwe agicumura. w19.12 12-13 ing. 14-16
Ku wa kane, 16 Nyakanga
Barunaba aramufasha.—Ivyak. 9:27.
Mu kinjana ca mbere, hari umugabo w’umutima mwiza yitwa Yozefu (batazira Barunaba) yitanze kugira ngo akoreshwe na Yehova. (Ivyak. 4:36, 37) Sauli amaze gucika umukirisu, abavukanyi benshi baratinya kumwegera kuko bari bazi ko yahama amashengero. Ariko Barunaba wewe yaramugaragarije umutima mwiza aramufasha. (Ivyak. 9:21, 26-28) Mu nyuma, abakurambere b’i Yeruzalemu barabonye ko vyari bikenewe yuko abavukanyi b’i Antiyokiya h’i Siriya baremeshwa. None barungitse nde? Barunaba. Kandi rero ntibihenze. Bibiliya ivuga ko yaciye “atangura kubaremesha bose kubandanya mu Mukama babishizeko umutima.” (Ivyak. 11:22-24) No muri iki gihe, Yehova arashobora kudufasha tukabera uruhoza abakirisu bagenzi bacu. Nk’akarorero, yoshobora kudukoresha mu guhoza ababuze ababo. Canke na ho, yotuvyurira umutima wo kuja kuraba canke guterefona uwurwaye canke uwutuntuye, kugira tumubwire akajambo karemesha. Woba uzoreka Yehova akagukoresha nk’uko yakoresheje Barunaba?—1 Tes. 5:14. w19.10 22 ing. 8
Ku wa gatanu, 17 Nyakanga
Uwupfuka ikigabitanyo aba arondera urukundo, kandi uwuguma avugavuga ikintu aba ariko atandukanya abasanganywe.—Imig. 17:9.
Igihe dukorana n’abagenzi, ntitumenya gusa kamere nziza bafise ahubwo turamenya n’utunenge twabo. Twoshobora gute none kurengera utunenge twabo? Mu vy’ukuri, ntitwokwitega ko abavukanyi bacu baba abatunganye. Tumaze rero kugiranira na bo ubugenzi bukomeye, turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira tubuzigame. Igihe abagenzi bacu bakoze ikosa, hari aho vyokenerwa ko tubaha impanuro iranga ubuntu ariko kandi idaca ku ruhande ishingiye kw’Ijambo ry’Imana. (Zab. 141:5) Igihe na ho batubabaje, turakwiye kubababarira. Tumaze kubababarira, turakwiye kwirinda agatima ko kuza turavyibukiriza. Ese ukuntu bihambaye ko muri ibi bihe bitoroshe twibanda kuri kamere nziza z’abavukanyi bacu aho kwibanda ku bugoyagoye bwabo. Ivyo birakomeza ubugenzi dufitaniye narirya muri ya makuba akomeye tuzoba dukeneye abagenzi somambike. w19.11 6 ing. 13, 16
Ku wa gatandatu, 18 Nyakanga
Muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, . . . mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.—Mat. 28:19, 20.
Igihe twigisha abantu Bibiliya, dukwiye kwihatira ‘guhindura abantu abigishwa, tubigisha kwubahiriza ibintu vyose Yezu yadutegetse.’ Dukwiye gufasha abantu gutahura igituma bihambaye ko baja ku ruhande rwa Yehova be n’Ubwami bwiwe. Ivyo bisigura ko tubaremesha kubaho bisunga ukuri, mu gushira mu ngiro ivyo biga, mu kwegurira ubuzima bwabo Yehova no mu kubatizwa. Aho ni ho gusa bazorokoka wa musi wa Yehova. (1 Pet. 3:21) Hasigaye igihe gito cane ngo iherezo ry’iyi si rishike. Ku bw’ivyo, ntitwoguma twigisha Bibiliya abantu biboneka ko ata ntumbero bafise yo gucika abigishwa ba Kristu. (1 Kor. 9:26) Igikorwa cacu kirihuta. Hariho abantu benshi cane bagikeneye kwumva inkuru nziza y’Ubwami igihe kitarabajana. w19.10 11-12 ing. 14-15
Ku wa mungu, 19 Nyakanga
Ashire nya mibavu ku muriro imbere ya Yehova.—Lew. 16:13.
Ku Musi w’impongano waba buri mwaka, ihanga rya Isirayeli ryarakoranira hamwe hagatangwa n’ibimazi vy’ibitungwa. Ivyo bimazi vyaributsa Abisirayeli ko bari bakeneye gukurwako icaha. Ariko umuherezi mukuru yabanza gusuka imibavu ku makara yaka umuriro maze ico cumba cose kikuzura akamoto keza. None ivyo bitwigisha iki? Amasengesho Yehova yakirira abasavyi biwe b’abizigirwa, Bibiliya iyagereranya n’imibavu. (Zab. 141:2; Ivyah. 5:8) Umuherezi mukuru yajana imibavu imbere ya Yehova abigiranye icubahiro cinshi. Na twebwe, igihe dusenga Yehova tubigirana icubahiro cinshi. Turakenguruka cane kubona Umuremyi wacu atwemerera kumwiyegereza, nk’uko umwana yegera se wiwe. (Yak. 4:8) Aremera ko tumubera abagenzi. (Zab. 25:14) Turaha agaciro cane ako gateka ku buryo tutokwipfuza gukora ikintu na kimwe comubabaza. w19.11 20-21 ing. 3-5
Ku wa mbere, 20 Nyakanga
Ewe kuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi, Yehova we! Vyose wabikoranye ubukerebutsi. Isi yuzuye ivyo wakoze.—Zab. 104:24.
Aho iwanyu, abantu benshi babona gute ibijanye n’akazi? Mu bihugu vyinshi, abantu basigaye bakora bagasanzara. Mwene abo bantu usanga kenshi bataronka umwanya wo kuruhuka, kuba kumwe n’imiryango yabo canke kwitaho ivy’Imana. (Umus. 2:23) Ku rundi ruhande na ho, hariho abaterekwa akazi kandi bakarondera n’ivyitwazo vyo kudakora. (Imig. 26:13, 14) Mu buryo butandukanye n’ukwo kuntu ab’isi babona akazi mu buryo butarimwo uburimbane, rimbura ingene Yehova na Yezu bobo babibona. Nta woharira ko Yehova akora cane. Yezu yaravyemeje, ati: “Dawe yagumye akora gushika n’ubu, na jewe nguma nkora.” (Yoh. 5:17) Iyumvire ibikorwa vyose Imana yakoze mu kurema ibiremwa vy’impwemu bidaharurika be n’ibisyo vyose vyo mu kirere. N’ikindi kandi, turibonera ibintu vy’akaroruhore Imana yaremye ng’aha kw’isi. w19.12 2 ing. 1-2
Ku wa kabiri, 21 Nyakanga
Nabonye Dawidi . . . umuntu ahimbara umutima wanje.—Ivyak. 13:22.
Ni igiki cafashije Dawidi kwiyegereza Yehova? Dawidi yamenye ivyerekeye Yehova biciye ku vyaremwe. Igihe Dawidi yari akiri muto, yaramara amasaha menshi ari mu gahinga kuragira intama za se. Birashoboka ko ico gihe ari ho yatanguye kuzirikana ku bintu Yehova yaremye. Nk’akarorero, igihe Dawidi yaba arangamije mu kirere mw’ijoro, ntiyabona gusa inyenyeri ibihumbi, ahubwo yaranatahura kamere z’Uwaziremye. (Zab. 19:1, 2) Igihe Dawidi yazirikana ukuntu abantu baremwe, yarabonye ko Yehova afise ubukerebutsi ntangere. (Zab. 139:14) Uko yatahura ibikorwa vya Yehova, ni ko yabona ko ari umuntu wo hasi. (Zab 139:6) None ni icigwa ikihe tuhakura? Mu buzima bwawe bwa misi yose, nuzirikane ico ivyaremwe bigukikuje bikwigisha ku vyerekeye Yehova. Aho twovuga nk’ibiterwa, ibikoko n’abantu. Ivyo bizotuma buri musi ugira ivyo wize ku vyerekeye Umuvyeyi wawe munyarukundo. (Rom. 1:20) Gutyo, buri musi urwo umukunda ruzorushiriza kwongerekana. w19.12 19-20 ing. 15-17
Ku wa gatatu, 22 Nyakanga
Kubera ukwizera, Musa amaze gukura, yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo.—Heb. 11:24.
Musa yarashize mu ngiro ivyo yize. Igihe Musa yari afise imyaka nka 40, yahisemwo kwifatanya n’abasavyi b’Imana, ari bo Bisirayeli, aho kwitwa “umuhungu w’umukobwa wa Farawo.” Musa yaremeye guheba ikibanza gihambaye. Kwifatanya n’Abisirayeli, abari abaja mu Misiri, vyari gutuma Farawo arakara narirya yari umutegetsi akomeye yabonwa nk’imana. Ese ukuntu Musa yari afise ukwizera gukomeye! Musa yarizigiye Yehova. Ukwo kumwizigira ni kwo kwatumye agiranira na we ubugenzi buramba. (Imig. 3:5) None ni icigwa ikihe tuhakura? Cokimwe na Musa, twese tubwirizwa gufata ingingo: Twoba tuzohitamwo gukorera Imana no kwifatanya n’abasavyi bayo? Kugira dukorere Imana, hari aho twobwirizwa kugira ivyo duhevye, kandi abatazi Yehova boshobora kuturwanya. Mugabo nitwizigira Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, nta gukeka ko azodushigikira. w19.12 17 ing. 5-6
Ku wa kane, 23 Nyakanga
Yehova Imana abumba umuntu mu mukungugu w’ubutaka araheza ahuhira mu mazuru yiwe impemu y’ubuzima.—Ita. 2:7.
Naho twaremwe mu mukungugu, turarusha agaciro cane ivu. Rimbura ibintu bikeya gusa vyerekana ko turi n’agaciro kuri Yehova. Yehova yaremanye abantu ubushobozi bwo kwigana kamere ziwe. (Ita. 1:27) Gutyo, yaradushize hejuru y’ibindi biremwa vyose biboneka, atuzeza ibanga ryo kuganza isi be n’ibikoko. (Zab. 8:4-8) Mbere n’inyuma y’aho Adamu acumuriye, Yehova yagumye aha agaciro abantu. Araduha agaciro cane ku buryo yatanze Umwana wiwe akunda, ari we Yezu, kugira ngo aducungure. (1 Yoh. 4:9, 10) Iyo ncungu izotuma Yehova azura abapfuye bivuye ku gicumuro ca Adamu, baba “abagororotsi [canke] abatari abagororotsi.” (Ivyak. 24:15) Ijambo ryiwe rirerekana ko aduha agaciro naho twoba turwaye, dukenye canke twitereye mu myaka.—Ivyak. 10:34, 35. w20.01 15 ing. 5-6
Ku wa gatanu, 24 Nyakanga
[Nimurabe] ivyanyu bwite.—1 Tes. 4:11.
Icizigiro c’ijuru si intoranwa y’umuryango, ahubwo gitangwa n’Imana. (1 Tes. 2:12) Rero, nitwirinde kubaza ibibazo vyobabaza abandi. Nk’akarorero, ntidukwiye kubaza umukenyezi w’uwarobanuwe ukuntu yiyumva kubona azoba kw’isi ibihe bidahera atari kumwe n’umugabo wiwe. Kanatsinda, turizigira tudakeka ko mw’isi nshasha Yehova “[azo]haza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.” (Zab. 145:16) Igihe twirinze kubona ko abarobanuwe bahambaye kuruta abandi, na twebwe tuba twikingiye. Uti gute? Bibiliya itubwira yuko vyoshika abarobanuwe bamwebamwe ntibagume ari intahemuka. (Mat. 25:10-12; 2 Pet. 2:20, 21) Mugabo nitwirinda ‘gutangarira abahambaye,’ ntituzokwigera dukurikira abantu, naho boba ari abarobanuwe canke abazwi cane, kibure abamaze igihe kirekire bakorera Yehova. (Yuda 16) Bishitse rero bagahemuka canke bakareka kwifatanya n’ishengero, ntitureka kwizigira Yehova canke ngo duhebe kumukorera. w20.01 29 ing. 9-10
Ku wa gatandatu, 25 Nyakanga
Nimwigane Imana . . . nk’abana ikunda.—Ef. 5:1.
Kubera ko turi ‘abana Yehova akunda,’ turihatira kumwigana. Turigana kamere ziwe mu gukunda abandi, mu kubagirira ubuntu be n’imbabazi. Igihe abatazi Yehova babonye inyifato yacu nziza, birashobora gutuma bipfuza kwiga ibimwerekeye. (1 Pet. 2:12) Abavyeyi bakirisu barakwiye kwigana Yehova mu kuntu bafata abana babo. Babigenjeje gutyo, vyoshobora gutuma n’abana babo bipfuza kugiranira ubucuti n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda. Turakunda Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova, kandi turipfuza no kumuyagira abandi. Mu mutima wacu twiyumva nk’Umwami Dawidi, uwanditse ati: “Umutima wanje uzokwirata muri Yehova.” (Zab. 34:2) Bite ho nimba turi abanyamasoni? Ni igiki codufasha kugira ubutinyutsi? Ni ukuzirikana ku kuntu Yehova anezerwa igihe tuvuga ibimwerekeye be n’ingene ivyo bifasha abandi mu buzima. Yehova azoduha ubutinyutsi dukeneye. Kurya nyene yafashije abavukanyi bacu bo mu kinjana ca mbere kugira ubutinyutsi, ni ko na twebwe azodufasha.—1 Tes. 2:2. w20.02 11 ing. 12-13
Ku wa mungu, 26 Nyakanga
Nimugende rero muhindure abantu . . . abigishwa, mubabatiza.—Mat. 28:19.
Abenshi mu bo twigisha Bibiliya baratera imbere bakabatizwa. Ariko rero hariho n’abandi usanga biga badahorereza mugabo bakagonanwa gucika abigishwa ba Kristu. Usanga bakunda kwiga, ariko ntibatere imbere ngo babatizwe. Nimba hari uwo wigisha Bibiliya, nta nkeka ko wipfuza kumufasha gushira mu ngiro ivyo yiga maze agacika umwigishwa wa Kristu. Yehova yipfuza ko abantu bamukorera babitumwe n’urwo bamukunda. Intumbero yacu rero ni ugufasha abo twigisha kugira batahure ko Yehova abitwararika umwe wese ku giti ciwe be n’uko abakunda cane. Twipfuza kubafasha kubona Yehova nka ‘se.’ (Zab. 68:5) Nibatahura ko Yehova abakunda bizobakora ku mutima, bitume na bo barushiriza kumukunda. Rero, nubafashe gutahura ko Imana yacu yuzuye urukundo yipfuza ko baronka ubuzima budahera kandi ko yiteguriye kubafasha kubushikira. w20.01 3 ing. 7-8
Ku wa mbere, 27 Nyakanga
Nagize akanyamuneza kenshi nkumva mpojejwe cane bitewe n’urukundo rwawe.—Flm. 7.
Kubera yuko intumwa Paulo yicisha bugufi, yararondereye indemesho ku bagenzi biwe kandi yarazironse. Kuba yariyemereye ko yaremeshejwe n’abandi mu bihe vy’ingorane, birerekana ko atatinya yuko hari abohava bamubona nk’umuntu agoyagoya. (Kol. 4:7-11) Igihe twicishije bugufi tukemera ko dukeneye indemesho, abavukanyi na bashiki bacu barahimbarwa no kudushigikira. Paulo yari azi yuko Ivyanditswe vyomuhojeje. (Rom. 15:4) Vyomuhaye kandi ubukerebutsi kugira yihanganire ikigeragezo ico ari co cose. (2 Tim. 3:15, 16) Igihe yari apfungiwe i Roma ubugira kabiri, yarumva yuko yari yegereje gupfa. Yarasavye Timoteyo ngo aje iyo ari vuba amushiriye “imizingo y’ibitabu.” (2 Tim. 4:6, 7, 9, 13) Kubera iki? Kubera ko iyo mizingo ishobora kuba yari igizwe n’ibice vy’Ivyanditswe vy’igiheburayo Paulo yari gushobora gukoresha mu kwiyigisha Bibiliya. Igihe twiganye Paulo mu kwama twiga Ijambo ry’Imana, Yehova araduhoza akoresheje Ivyanditswe naho twoba turi mu bigeragezo bimeze gute. w20.02 23 ing. 14-15
Ku wa kabiri, 28 Nyakanga
Nimureke guca urubanza kugira ntimuzocirwe urubanza.—Mat. 7:1.
Elifazi, Biludadi, na Zofari ntibacereje bariko biyumvira ingene bofasha Yobu. Ahubwo riho, bariko biyumvira ingene bokwemeza Yobu ko hari ikintu kibi yari yarakoze. Naho bimwe mu vyo bavuze vyari vyo, vyinshi mu vyo bavuze kuri Yehova na Yobu ntivyari ivy’ukuri kandi ntivyaranga ubuntu. Baraciriye Yobu urubanza ata kagongwe. (Yobu 32:1-3) None Yehova yavyakiriye gute? Ishavu ryiwe ryaciye rirurumbira abo bagabo batatu. Yavuze ko bakoze ivy’ubupfu, aca ababwira ngo basabe Yobu abasengere. (Yobu 42:7-9) Hariho ivyigwa bitari bike twokura ku karorero kabi ka Elifazi, ka Biludadi n’aka Zofari. Ica mbere, ntidukwiye gucira urubanza abavukanyi bacu. (Mat. 7:2-5) Ahubwo nyabuna, turakwiye kubumviriza twitonze imbere y’uko tugira ico tuvuze. Aho ni ho gusa tuzoshobora gutahura uko ivyabo vyifashe. (1 Pet. 3:8) Ica kabiri, hageze ko tuvuga dukwiye kuraba neza ko ivyo tuvuga biranga ubuntu kandi ko ari ivy’ukuri. (Ef. 4:25) Ica gatatu, Yehova aritwararika ivyo tuvugana n’abandi. w20.03 22-23 ing. 15-16
Ku wa gatatu, 29 Nyakanga
Mubandanye gusenga . . . igihe cose.—Ef. 6:18.
Kwigisha abandi ivyerekeye Yehova, akenshi biratuma na twe ubwacu turushiriza kumumenya. Nk’akarorero, turibonera ikimenyamenya c’uko Yehova afise impuhwe igihe atwerekeza ku bafise agatima kabereye. (Yoh. 6:44; Ivyak. 13:48) Turabona ububasha bw’Ijambo ry’Imana igihe twiboneye ingene abo twigisha Bibiliya bavavanura n’ingeso mbi maze bakambara wa muntu mushasha. (Kol. 3:9, 10) Vyongeye, turabona ikimenyamenya c’ukwihangana kwa Yehova igihe aturungika incuro nyinshi ku bantu bo mu cibare cacu kugira tubafashe kumumenya maze bakizwe. (Rom. 10:13-15) Yamara, naho twoba tumaze igihe kingana gute dukorera Yehova, ntidukwiye kwigera dufata minenerwe ubucuti dufitaniye na we. Kimwe mu bintu vyerekana ko duha agaciro ubucuti dufitaniye n’Imana, ni ukuyitura mw’isengesho. Kwama muyaga n’umuntu kenshi birakomeza ubucuti mufitaniye. Turakwiye rero kwiyegereza cane Imana mu gusenga kenshi, tudatinya kuyiserurira akari ku mutima. w19.12 19 ing. 11, 13-14
Ku wa kane, 30 Nyakanga
Ibicumuro vyanyu mwabibabariwe.—1 Yoh. 2:12.
Ivyo biraduhumuriza cane. Kubera Yezu ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, azokuraho ivyago vyose Shetani n’iyi si yiwe bashobora kuduteza. (Yes. 65:17; 1 Yoh. 3:8; Ivyah. 21:3, 4) Ese ukuntu ari icizigiro ciza igitangaza! Naho nyene Yezu yadushinze igikorwa kitoroshe, ari kumwe natwe kandi aradushigikiye muri iyi misi ya nyuma. (Mat. 28:19, 20) Ivyo biratuma tugira umutima rugabo. Uguhumurizwa, icizigiro n’umutima rugabo rero ni bimwebimwe mu bintu amahoro yacu ashingiyeko. Ushobora gute none kugumana amahoro yo mu mutima igihe uri mu bigeragezo bikomeye? Ni mu kwigana Yezu. Ubwa mbere, nusenge kandi ushishikare gusenga. Ubwa kabiri, nugamburukire Yehova wongere wamamaze ubigiranye umwete n’igihe nyene vyoba bitoroshe. Ubwa gatatu, niwemere gufashwa n’abagenzi igihe uri mu bigeragezo. Gutyo, amahoro y’Imana azorinda ubwenge bwawe n’umutima wawe. (Flp. 4:6, 7) Cokimwe na Yezu, uzotsinda ikigeragezo ico ari co cose.—Yoh. 16:33. w19.04 13 ing. 16-17