ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • es25 rup. 47-57
  • Rusama

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rusama
  • Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
  • Udutwe
  • Ku wa kane, 1 Rusama
  • Ku wa gatanu, 2 Rusama
  • Ku wa gatandatu, 3 Rusama
  • Ku wa mungu, 4 Rusama
  • Ku wa mbere, 5 Rusama
  • Ku wa kabiri, 6 Rusama
  • Ku wa gatatu, 7 Rusama
  • Ku wa kane, 8 Rusama
  • Ku wa gatanu, 9 Rusama
  • Ku wa gatandatu, 10 Rusama
  • Ku wa mungu, 11 Rusama
  • Ku wa mbere, 12 Rusama
  • Ku wa kabiri, 13 Rusama
  • Ku wa gatatu, 14 Rusama
  • Ku wa kane, 15 Rusama
  • Ku wa gatanu, 16 Rusama
  • Ku wa gatandatu, 17 Rusama
  • Ku wa mungu, 18 Rusama
  • Ku wa mbere, 19 Rusama
  • Ku wa kabiri, 20 Rusama
  • Ku wa gatatu, 21 Rusama
  • Ku wa kane, 22 Rusama
  • Ku wa gatanu, 23 Rusama
  • Ku wa gatandatu, 24 Rusama
  • Ku wa mungu, 25 Rusama
  • Ku wa mbere, 26 Rusama
  • Ku wa kabiri, 27 Rusama
  • Ku wa gatatu, 28 Rusama
  • Ku wa kane, 29 Rusama
  • Ku wa gatanu, 30 Rusama
  • Ku wa gatandatu, 31 Rusama
Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
es25 rup. 47-57

Rusama

Ku wa kane, 1 Rusama

Inzara ikomeye yari igiye gutera.—Ivyak. 11:28.

Igihe ikigoyi gikomeye catera “kw’isi yose”, Abakirisu bo mu kinjana ca mbere na bo nyene carabakozeko. (Ivyak. 11:28) Nta gukeka ko abavyeyi bahagaritse umutima ku bijanye n’ingene boronkeje imiryango yabo ibifungurwa. Tuvuge iki ku bijanye n’abakiri bato bari barategekanije kwagura umurimo wabo? Boba bariyumviriye ko bosubira kurangura ico gikorwa ari uko ikigoyi kirangiye? Abo bakirisu barahuje n’uko ibintu vyari vyifashe naho bariko barashikirwa n’ingorane. Barabandanije kwamamaza uko bari bashoboye kwose. Vyongeye, barahimbawe no gusabikanya ivyo bari bafise n’abo bari basangiye ukwizera bo muri Yuda. (Ivyak. 11:​29, 30) Abaronse imfashanyo bariboneye ukuntu Yehova yabafashije. (Mat. 6:​31-33) Bategerezwa kuba bumvise biyegereje cane abavukanyi na bashiki babo babafashije. Vyongeye, abatanze intererano n’abagize uruhara mu bundi buryo butandukanye bwo gutabara, barironkeye agahimbare kava mu gutanga.—Ivyak. 20:35. w23.04 16 ing. 12-13

Ku wa gatanu, 2 Rusama

Turazi ko tuzoronka ivyo twayisavye, kuko ari yo tuba twabisavye.—1 Yoh. 5:15.

Rimwe na rimwe, Yehova arishura amasengesho y’abasavyi biwe mu kuvyurira umutima abatamusenga ngo babafashe. Nk’akarorero, yaravyuriye umutima Umwami Aritazeruzi wo guha uruhusha Nehemiya kugira asubire i Yeruzalemu kugira ngo asubire kwubaka ico gisagara. (Neh. 2:​3-6) No muri iki gihe, Yehova arashobora mbere kuvyurira umutima abatamusenga kugira badufashe mu gihe hari ivyo dukeneye. Akenshi, amasengesho yacu ntiyishurwa mu buryo bushoka bwibonekeza. Ariko rero, inyishu turonka ni zo nyene tuba dukeneye kugira tugume turi intahemuka ku Muvyeyi wacu wo mw’ijuru. Niwitwararike rero kubona ingene Yehova yishura amasengesho yawe. Rimwe na rimwe, nuze urafata akanya ko kuzirikana ingene Yehova ariko arishura amasengesho yawe. (Zab. 66:​19, 20) Ukwizera ntitukugaragaza mu gusenga Yehova gusa, ariko turanakugaragaza mu kwemera inyishu yose aduha.—Heb. 11:6. w23.05 11 ing. 13; 12 ing. 15-16

Ku wa gatandatu, 3 Rusama

Ewe Mana yanje, gukora ivyo ugomba birampimbara.—Zab. 40:8.

Igihe twiyegurira Yehova, twaramusezeraniye kumusenga no gukora ivyo agomba. Dutegerezwa gushitsa iyo ndagano. Gushitsa indagano yacu si umuzigo. Nakare Yehova yaturemye ngo dukore ivyo agomba. (Ivyah. 4:11) Yaturemye mw’ishusho yiwe, aturemana icipfuzo co kumumenya no kumusenga. Ivyo bituma dushobora kumwiyegereza kandi tugahimbarwa no gukora ivyo agomba. Vyongeye, igihe dukora ivyo Imana igomba kandi tugakurikira Umwana wayo, “turumva turuhurirwe.” (Mat. 11:​28-30) Ku bw’ivyo, nubandanye gukomeza urwo ukunda Yehova mu kuzirikana ivyiza vyose amaze kugukorera n’imihezagiro azokuronsa. Uko uzorushiriza gukunda Imana, ni ko bizorushiriza kukworohera kuyigamburukira. (1 Yoh. 5:3) Yezu yarashoboye gukora ivyo Imana igomba kubera ko yasaba Yehova ngo amufashe kandi akagumiza ijisho ku mpera yohawe. (Heb. 5:7; 12:2) Nk’ukwo kwa Yezu, nusabe Yehova inkomezi kandi ugume uzirikana icizigiro c’ubuzima budahera. w23.08 27-28 ing. 4-5

Ku wa mungu, 4 Rusama

Usuzugura ingene Imana igwije ubuntu, ukwigumya n’ukwihangana? Ntuzi ko igira ubuntu kubera ishaka kugufasha ngo wigaye?—Rom. 2:4.

Twese turakunda abantu bihangana. Kubera iki? Turashima abantu bashobora kurindira ikintu batekanye. Turabishima iyo dukoze amakosa bakatwihanganira. Kandi turakenguruka kuba uwatwigishije Bibiliya yaratwihanganira igihe vyaba bitugoye kwiga, kwemera no gushira mu ngiro inyigisho kanaka yo muri Bibiliya. N’ikiruta vyose, turakenguruka cane kubona Yehova Imana atwihanganira. Naho dushima abantu bihangana, birashobora kutama bitworohera kuba abantu bihangana. Nk’akarorero vyoshobora kutugora kuguma dutekanye igihe tuba turi mu muduga twacerewe, ariko imiduga ikaba ari myinshi mw’ibarabara. Turashobora gushavura cane igihe abandi batubabaje. Kandi rimwe na rimwe, vyoshobora kutugora kuguma turindiriye isi nshasha Yehova yadusezeraniye. Ariko muri ivyo biringo vyose, turakeneye kwihangana cane. w23.08 20 ing. 1-2

Ku wa mbere, 5 Rusama

Gideyoni asigarana n’abo 300, abandi basoda b’Abisirayeli arabarungika barataha.—Abac. 7:8.

Yehova yasavye Gideyoni kugabanya ingabo ziwe gushika ku bice birenga 99 kw’ijana. Yari gushobora kwibaza ati: ‘Vyoba vy’ukuri bikenewe ko ndabagabanya? Ninabagabanya bizoca bigenda gute?’ Naho ari ukwo, Gideyoni yaragamburutse. Muri iki gihe, abakurambere barigana Gideyoni mu gukurikiza ubuyobozi ishirahamwe ritanga iyo hagize ivyo rihinduye. (Heb. 13:17) Gideyoni yaragamburukiye Yehova naho yari afise ubwoba kandi akaba yari gushobora kuhasiga agatwe. (Abac. 9:17) Yehova amaze gukura amazinda Gideyoni, yaciye ajijuka rwose ko Imana yomufashije gukingira abasavyi bayo. N’abakurambere baba mu turere usanga igikorwa cacu kibujijwe barigana Gideyoni. Barahagarikira amakoraniro bakongera bakaja imbere mu gikorwa co mu ndimiro babigiranye umutima rugabo naho boshobora gufatwa bagasambishwa, bagatakaza akazi canke bakagirirwa nabi ku mubiri. Muri ya makuba akomeye, abakurambere bazokenera umutima rugabo kugira bagamburuke ubuyobozi bazohabwa naho vyoshobora kuzobashira mu kaga. w23.06 5-6 ing. 12-13

Ku wa kabiri, 6 Rusama

Abantera iteka [ni] bo nzotera iteka.—1 Sam. 2:30.

Yehova yarandikishije ibikorwa vyiza vy’umuherezi mukuru Yehoyada kugira ngo bitwigishe. (Rom. 15:4) Igihe na ho Yehoyada yapfa, yaratewe iteka ridasanzwe ryo guhambwa “mu gisagara ca Dawidi aho bahamba abami, kubera ivyiza yakoze muri Isirayeli bijanye n’Imana y’ukuri n’inzu yayo.” (2 Ngo. 24:​15, 16) Iyo nkuru yerekeye Yehoyada irashobora kudufasha twese gutsimbataza ugutinya Imana. Abakurambere barashobora kwigana Yehoyada mu kuguma barikanuye kugira ngo bakingire neza ubusho bw’Imana. (Ivyak. 20:28) Abitereye mu myaka barigira kuri Yehoyada yuko igihe batinya Yehova kandi bakaguma bari intahemuka kuri we, ashobora kubakoresha mu gushitsa umugambi wiwe. Abakiri bato na bo barashobora gukura icigwa ku kuntu yafashe Yehoyada maze bakamwigana mu gutera iteka abageze mu zabukuru no mu kububaha, na canecane abamaze igihe kirekire bamukorera ari abizigirwa. (Imig. 16:31) Nimuze twame dushigikira “aba[tu]ja imbere” mu kubagamburukira.—Heb. 13:17. w23.06 17 ing. 14-15

Ku wa gatatu, 7 Rusama

Iminwa y’umugororotsi igaburira benshi.—Imig. 10:21.

Uri mw’ikoraniro, nukoreshe ubukerebutsi igihe uhitamwo incuro wokiriza ngo wishure. Igihe dukirije kenshi cane, turashobora gutuma umuhagarikizi yumva umengo yoguma adutora, naho abandi boba batararonka uturyo two kwishura. Ivyo vyoshobora gutuma abandi barambirwa no gukiriza. (Umus. 3:7) Igihe turiko turiga icigwa maze hagakiriza abamamaji benshi, hari aho tutoronka uturyo two kwishura kenshi nk’uko twavyipfuza. Vyoshobora gushika umuhagarikizi ntadutore na rimwe. Ivyo vyoshobora kuduca intege. Ariko turakwiye kwirinda kubabara igihe batadutoye ngo twishure. (Umus. 7:9) Nimba udashobora kwishura kenshi nk’uko ubishaka, ubona gute wumvirije witonze igihe abandi bariko baratanga insasanuro, hanyuma ikoraniro riheze ukabakeza ku nsasanuro batanze? Abavukanyi n’abadada boremeshwa cane n’ukwo kuntu ubakeje, nka kurya nyene wari kubaremesha utanze insasanuro. w23.04 23-24 ing. 14-16

Ku wa kane, 8 Rusama

Ewe Mana, umutima wanje urashikamye.—Zab. 57:7.

Niwige Ijambo ry’Imana wongere urizirikaneko. Nka kurya nyene igiti gikomera iyo gifise imizi ishika epfo, natwe turashikama igihe ukwizera kwacu gushinze imizi rwose mw’Ijambo ry’Imana. Uko igiti gikura, ni ko imizi yaco ishika epfo cane kandi ikarandarara. Igihe twiga tukongera tukazirikana, ukwizera kwacu kurakomera kandi tukarushiriza kujijuka yuko inzira z’Imana ari nziza cane. (Kol. 2:​6, 7) Zirikana ukuntu ivyo Yehova atwigisha, impanuro aduha n’ingene adukingira vyafashije abasavyi biwe ba kera. Nk’akarorero, Ezekiyeli yaritegereje neza igihe yerekwa umumarayika ariko arapima urusengero. Ivyo yeretswe vyaramukomeje kandi turabikuramwo ivyigwa ngirakamaro ku bijanye n’ingene twoshobora gushigikira ingingo ngenderwako za Yehova zijanye n’ugusenga gutyoroye. (Ezk. 40:​1-4; 43:​10-12) N’ikindi kandi, iyo dufashe akanya ko kwiga no kuzirikana ibintu vyimbitse vyo mw’Ijambo ry’Imana, turahungukira. Turashobora kugira umutima ushikamye, tukizigira Yehova n’umutima wacu wose.—Zab. 112:7. w23.07 18 ing. 15-16

Ku wa gatanu, 9 Rusama

Zigama . . . ubushobozi bwo kwiyumvira.—Imig. 3:21.

Bibiliya yuzuyemwo uburorero bwiza bw’abagabo abavukanyi bakiri bato bokwigana. Abo bagabo ba kera barakunda Imana, kandi bararanguye neza amabanga atandukanye bari bajejwe ajanye no kwitwararika abasavyi bayo. Mbere no mu muryango iwanyu canke mw’ishengero, urashobora gusangayo uburorero bwiza bw’abakirisu bahumuye wokwigana. (Heb. 13:7) Aho rero ntituvuze akarorero katagira agahaze ka Yezu Kristu. (1 Pet. 2:21) Igihe wiga ubwo burorero witonze, nuzirikane kuri kamere nziza ushima kuri bo. (Heb. 12:​1, 2) Nuce rero uraba ukuntu wobigana. Umuntu afise ubushobozi bwo kwiyumvira arazirikana yitonze imbere yo gufata ingingo. Nukore uko ushoboye kwose rero kugira utsimbataze ubwo bushobozi kandi ubuzigame. Tangurira ku kwiga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya wongere uzirikane igituma ari ngirakamaro. Nuce rero wisunga ivyo wize kugira ufate ingingo zihimbara Yehova. (Zab. 119:9) Iyo ni intambwe ihambaye mu bijanye no kuba umukirisu ahumuye.—Imig. 2:​11, 12; Heb. 5:14. w23.12 25 ing. 4-5

Ku wa gatandatu, 10 Rusama

Mwame mwiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese ababajije ishimikiro ry’icizigiro mufise. Mugabo mubigirane ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.—1 Pet. 3:15.

Abavyeyi barashobora kwigisha abana babo kugaragaza ubwitonzi igihe abandi babaharirije ku vyo bemera. (Yak. 3:13) Ivyo abavyeyi bamwebamwe babigira biciye ku dukino bategura mu gusenga kwo mu muryango. Bariyumvira ibibazo vyoshobora kuvyuka kw’ishure, bakabiganirako, bakerekana ingene bovyishura hanyuma bagaca bigisha abana babo ingene bovyishurana ubwitonzi. Kwimenyereza birashobora gutuma abakirisu baronka ivyiyumviro bibajijura ubwabo ko bari mu kuri, bakabona n’ingene bobikoresha mu kujijura abandi. Ibiganiro biri kuri jw.org mu gice kivuga ngo «Urwaruka ruribaza», usanga birimwo imyimenyerezo igenewe imiyabaga. Igenewe gufasha abakiri bato gukomeza ukwizera kwabo no kumenya ingene botanga inyishu mu majambo yabo bwite. Gusuzumira hamwe ivyo biganiro uko tugize umuryango, birashobora kudufasha twese kumenya ingene twoburanira ukwizera kwacu tubigiranye ubwitonzi. w23.09 17 ing. 10; 18 ing. 15-16

Ku wa mungu, 11 Rusama

Ntiduhebe . . . gukora ivyiza, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutarambirwa.—Gal. 6:9.

Hoba hari umugambi w’ivy’impwemu wishingiye mugabo bikakugora kuwushikako? Nimba vyaragushikiye, nturi wenyene. Nk’akarorero, uwitwa Philip yaripfuza gusenga kenshi no kuryohora amasengesho yiwe, ariko akabura umwanya wo kubigira. Erika yari afise umugambi wo kudacerwa amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro, ariko yaguma ayacerwa nka yose. Nimba hari umugambi wishingiye mugabo ukaba utarawushikako, ntucike intege. Mbere n’umugambi usanzwe, akenshi usanga kuwushikako bisaba umwanya n’akigoro. Ukuba gusa wipfuza gushika ku mugambi wawe, birerekana ko uha agaciro ubucuti ufitaniye na Yehova be n’uko wipfuza kumuha ivyiza kuruta. Yehova arashima akigoro ugira. Ariko rero, ntiyiteze ko umuha ivyo udashoboye. (Zab. 103:14; Mika 6:8) Ni co gituma ukwiye kwishingira umugambi ubona ko woshikako. w23.05 26 ing. 1-2

Ku wa mbere, 12 Rusama

Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya?—Rom. 8:31.

Abantu b’umutima rugabo barashobora kugira ubwoba, ariko ntibareka ngo bubabuze gukora ibibereye. Daniyeli yari umusore w’umutima rugabo. Yariga ivyo abahanuzi b’Imana banditse, harimwo n’ubuhanuzi bwa Yeremiya. Ivyo vyahavuye bimufasha gutahura ko ikiringo kirekire Abayuda bomaze i Babiloni ari inyagano cari kigiye kurangira. (Dan. 9:2) Kubona ukuntu ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buranguka, nta gukeka ko vyatumye Daniyeli arushiriza kwizigira Yehova kandi igihe umuntu yizigira cane Imana, aragira umutima rugabo bimwe bidasanzwe. (Gereranya n’Abaroma 8:​32, 37-39.) N’ikiruta vyose, Daniyeli yarasenga kenshi Se wiwe wo mw’ijuru. (Dan. 6:10) Yaraturira Yehova ibicumuro vyiwe, akamubwira uko yiyumva. Yaranatabaza Imana. (Dan. 9:​4, 5, 19) Yari ameze nkatwe, ntiyavukanye umutima rugabo. Ahubwo, kwiga, gusenga no kwizigira Yehova ni vyo vyatumye agira uwo mutima rugabo. w23.08 3 ing. 4; 4 ing. 7

Ku wa kabiri, 13 Rusama

Nimureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu kugira babone ibikorwa vyanyu vyiza, maze baninahaze So ari mw’ijuru.—Mat. 5:16.

Igihe tugamburukiye abategetsi batuganza, biratugirira akamaro mbere bikakagirira n’abandi. Uti gute? Kimwe coco, turirinda ingaruka zishikira abatubahiriza amategeko. (Rom. 13:​1, 4) Igihe tugamburuka birashobora kugira ico bikoze ku kuntu abategetsi babona Ivyabona vya Yehova muri rusangi. Nk’akarorero, mu myaka itari mike iheze, muri Nijeriya abasoda barinjiye mu Ngoro y’Ubwami hariko haraba ikoraniro. Bariko barondera abari mu migumuko yo kwiyamiriza gutanga amakori. Ariko umukuru wabo yaciye asohora abo basoda, ababwira ati: «Ivyabona vya Yehova bama batanga amakori.» Igihe cose wubahirije amategeko woshobora kugira ico utereye ku kuntu abasavyi ba Yehova bazwi, kandi umusi uri izina ivyo birashobora gukingira abo musangiye ukwemera. w23.10 9 ing. 13

Ku wa gatatu, 14 Rusama

Murakeneye ukwihangana, kugira ngo mumaze gukora ivyo Imana igomba mubone iranguka ry’ivyasezeranywe.—Heb. 10:36.

Bamwe mu basavyi ba Yehova bamaze igihe kirekire barindiriye ko isi ya Shetani ikurwaho. Wisunze ukuntu abantu babona ibintu, womengo ivyo Imana yasezeranye vyaratevye kuranguka. Yehova aratahura uko abasavyi biwe biyumva, akaba rero yarahumurije umuhanuzi Habakuki ati: “Kuko ivyo bintu vyerekanywe bikirindiriye igihe vyashingiwe, kandi biguma vyihuta bigana kw’iherezo, kandi ntibizobesha. Naho vyoteba, ugume ubirindiriye; kuko bitazobura kuranguka. Ntibizocererwa.” (Hab. 2:3) None muri ayo majambo, Imana yoba yashaka guhumuriza Habakuki gusa? Canke ayo majambo araturaba na twebwe muri iki gihe? Intumwa Paulo ahumekewe, yarerekeje ayo majambo ku bakirisu barindiriye isi nshasha. (Heb. 10:37) Rero naho twoba tubona umengo umuhango Yehova yatanze w’uko azoturokora uriko urateba, turashobora kwizigira tudakeka ko ‘utazobura kuranguka. Ntuzocererwa!’ w23.04 30 ing. 16

Ku wa kane, 15 Rusama

Abisirayeli bose batangura kwidogera Musa na Aroni.—Guh. 14:2.

Abisirayeli baranse kwemera ivyo bimenyamenya vyerekana neza ko Musa yaserukira Yehova. (Guh. 14:​10, 11) Bararwanije Musa incuro zitari nke. Ivyo vyatumye abari bagize urwo runganwe batinjira mu Gihugu c’isezerano. (Guh. 14:30) Ariko rero, hariho Abisirayeli bayobokeye Yehova. Nk’akarorero Yehova yavuze ati: «Kalebu . . . [yagumye] ankurikira n’umutima wiwe wose.» (Guharura 14:24) Imana yarahezagiye Kalebu, mbere iramwemerera guhitamwo aho yipfuza kuba mu Gihugu c’isezerano. (Yos. 14:​12-14) Abo mu runganwe rwakurikiye, na bo nyene baratanze akarorero keza ko kuyobokera Yehova. Igihe Yosuwa yasubirira Musa mu kuyobora Abisirayeli, «baramwuba[she] cane ubuzima bwiwe bwose.» (Yos. 4:14) Ivyo vyatumye Yehova abashikana mu gihugu yari yarasezeranye.—Yos. 21:​43, 44. w24.02 21 ing. 6-7

Ku wa gatanu, 16 Rusama

Uwukunda Imana ategerezwa no gukunda mwenewabo.—1 Yoh. 4:21.

Nka kurya nyene umuganga ashobora kumenya ingene umutima wacu umeze afatiye ku kuntu utera, natwe turashobora kumenya urwo dukunda Imana uko rungana dufatiye ku rwo dukunda abandi. Igihe dusanze urwo dukunda abandi hari ukuntu rwagabanutse, vyoshobora kuba ari ikimenyetso c’uko urwo dukunda Imana na rwo nyene ruriko ruragabanuka. Mugabo igihe twama tugaragariza urukundo abo dusangiye ukwemera, biba vyerekana ko urwo dukunda Imana rukomeye. Igihe tubonye ko urwo dukunda abavukanyi na bashiki bacu ruriko ruragabanuka ntidukwiye kubifata minenegwe. Kubera iki? Kubera ko ivyo bishobora gusigura ko dufise ingorane mu vy’impwemu. Intumwa Yohani arabitomora mu kutwibutsa ati: «Uwudakunda mwenewabo yabonye [nta]shobora gukunda Imana atabonye.» (1 Yoh. 4:20) None ni icigwa ikihe tuhakura? Iyo “dukundana” ni ho gusa duhimbara Yehova.—1 Yoh. 4:​7-9, 11. w23.11 8 ing. 3; 9 ing. 5-6

Ku wa gatandatu, 17 Rusama

So wawe na nyoko wawe bazohimbarwa.—Imig. 23:25.

Igihe umwami Yehowasi yari akiri muto, yarafashe ingingo nziza. Kubera ko atagira se, yisunga ubuyobozi yahabwa na Yehoyada, umuherezi mukuru w’umwizigirwa. Uwo muherezi yigisha Yehowasi nk’aho yari umwana wiwe bwite. Ivyo vyahavuye bituma Yehowasi afata ingingo nziza yo kuja imbere abandi mu gusenga kw’ukuri no mu gukorera Yehova. Yehowasi yaranatunganije mbere ivyo gusanura urusengero rwa Yehova. (2 Ngo. 24:​1, 2, 4, 13, 14) Nimba hari uwuriko arakwigisha gukunda Yehova no kubaho wisunga ingingo ngenderwako ziwe, uwo muntu ariko arakuronsa ikintu c’agaciro. (Imig. 2:​1, 10-12) Abavyeyi bawe barashobora kukumenyereza mu buryo butandukanye. Niwakurikiza impanuro zishingiye kuri Bibiliya abavyeyi bawe baguha, bizotuma banezerwa. N’igihambaye kuruta uzonezereza Yehova wongere ugiranire ubugenzi somambike na we. (Imig. 22:6; 23:​15, 24) Ivyo none ntibikwiye gutuma wigana akarorero ka Yehowasi igihe yari akiri muto? w23.09 8-9 ing. 3-5

Ku wa mungu, 18 Rusama

[Nzobumviriza].—Yer. 29:12.

Yehova adusezeranira kwumviriza amasengesho yacu. Kubera ko Imana yacu ikunda abasavyi bayo b’intahemuka, ntiyigera yirengagiza amasengesho yabo. (Zab. 10:17; 37:28) Naho ari ukwo, ntibisigura ko ica iduha ibintu vyose tuyisavye. Ibintu bimwebimwe dusaba vyoshobora gushika ntitubironke muri iki gihe, kiretse mw’isi nshasha. Yehova araraba nimba amasengesho yacu ahuye n’umugambi wiwe. (Yes. 55:​8, 9) Kimwe mu bigize umugambi wiwe ni uko isi yuzura abantu bunze ubumwe, bahimbawe kandi bamuyobokera. Ariko Shetani avuga ko abantu borushiriza guhimbarwa ari uko bitegeka. (Ita. 3:​1-5) Kugira ngo Yehova abeshuze Shetani, yarahaye abantu umwanya wo kwitegeka. Ariko rero intwaro z’abantu ni zo zakweze ingorane nyinshi tubona muri iki gihe. (Umus. 8:9) Turazi ko Yehova atazokuraho izo ngorane zose muri iki gihe. w23.11 21 ing. 4-5

Ku wa mbere, 19 Rusama

Nkugize se w’amahanga menshi.—Rom. 4:17.

Yehova yasezeranye ko amahanga menshi yohezagiwe biciye kuri Aburahamu. Ariko igihe Aburahamu yari afise imyaka 100, Sara na we 90, umwana bari barasezeraniwe ntiyari bwaboneke. Ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, vyasa n’ibidashoboka ko Aburahamu na Sara bibaruka umwana. Ivyo vyabereye Aburahamu ikigeragezo gikomeye. Ariko «yarishimikije icizigiro arizera ko yobaye se w’amahanga menshi.» (Rom. 4:​18, 19) Kandi ico cizigiro cararangutse. Wa mwana bari bamaze igihe kirekire bizigiye yaravutse. Yitwa Izahaki. (Rom. 4:​20-22) Turashobora gushimwa n’Imana kandi tukitwa abagororotsi tukaba abagenzi b’Imana nka Aburahamu. Ivyo Pawulo yaravyerekanye mu kwandika ati: «Ayo majambo ngo “abonwa ko ari”, si we gusa yandikiwe, ahubwo yandikiwe na twebwe. Natwe tuzobonwa ko turi abagororotsi kuko twizera umwe yazura Yezu.» (Rom. 4:​23, 24) Cokimwe na Aburahamu, turakeneye ukwizera, gukora ibikorwa vyiza no kugira icizigiro. w23.12 7 ing. 16-17

Ku wa kabiri, 20 Rusama

Wa[ra]bonye amagorwa yanje. Urazi intuntu ikomeye mfise.—Zab. 31:7.

gihe ushikiwe n’ikintu kigutera ubwoba, uraguma wibuka ko Yehova akibona be n’uko azi ingene gituma umererwa. Nk’akarorero, Yehova ntiyabona gusa ingene Abisirayeli bafatwa nabi mu Misiri, yarabona n’«umubabaro barimwo.» (Kuv. 3:7) Ariko rero igihe uri mu ngorane igutera ubwoba, woshobora kwibaza ingene Yehova ariko aragushigikira. Numusabe rero agufashe kubibona. (2 Abm. 6:​15-17) Nuce ufata umwanya wo kuzirikana: Hoba hari ikiganiro canke iciyumviro catanzwe mw’ikoraniro cagukomeje? Hoba hari igitabu, ividewo canke ururirimbo vyakuremesheje? Hoba hari uwakubwiye iciyumviro canke icanditswe kiremesha? Vyoshobora gushika tugafata minenegwe urukundo abavukanyi na bashiki bacu badukunda be n’ibifungurwa vy’impwemu twama turonka. Ariko rero, turakwiye kwibuka ko ivyo bintu ari ingabire idasanzwe iva kuri Yehova. (Yes. 65:13; Mrk. 10:​29, 30) Birerekana ko akwitwararika. (Yes. 49:​14-16) Vyongeye, birerekana ko ukwiye kumwizigira. w24.01 4-5 ing. 9-10

Ku wa gatatu, 21 Rusama

[Nu]fashe abashumba bawe kuguma bavuga ijambo ryawe n’ubutinyutsi bwose.—Ivyak. 4:29.

Gatoyi imbere y’uko Yezu asubira mw’ijuru, yaribukije abigishwa biwe ibanga yabashinze ryo kumushingira intahe “i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8; Luka 24:​46-48) Gatoyi inyuma y’aho, indongozi z’Abayuda zarafashe intumwa Petero na Yohani, zibarengutsa imbere ya Sentare y’Abayuda, zibategeka guhagarika kwamamaza, mbere zirabatera n’ubwoba. (Ivyak. 4:​18, 21) Petero na Yohani bazishuye bati: “Nimba ari ibigororotse imbere y’Imana kubumviriza aho kwumviriza Imana, nimuruce namwe. Mugabo tweho, ntidushobora kureka kuvuga ivyo twabonye kandi twumvise.” (Ivyak. 4:​19, 20) Igihe Petero na Yohani barekurwa, abigishwa ba Yezu barasenze bashize amajwi hejuru, bamusaba kubafasha gukora ivyo agomba. Yehova yarishuye iryo sengesho rivuye ku mutima bamutuye.—Ivyak. 4:31. w23.05 5 ing. 11-12

Ku wa kane, 22 Rusama

Uyu ni Umwana wanje nkunda cane.—Mat. 17:5.

Kubona Yehova yamaranye n’Umwana wiwe imyaka idaharurika, vyatumye bakundana urukundo rukomeye. Urukundo rwabo ni rwo rumaze igihe kirekire cane. Mu canditswe c’uno musi, Yehova yaratomoye neza ko akunda Yezu. Yehova yari gushobora gusa kwivugira ngo “Uyu ni we nashimye.” Ariko kubera ko yashaka ko tumenya ko amukunda, yamwise ngo: «Umwana wanje nkunda cane.» Yehova yarishimira Yezu, na canecane kubera ko yari yemeye kudupfira. (Ef. 1:7) Na Yezu nyene ntiyakekeranya ko Se amukunda cane. Urwo Yehova yamukunda yararwiyumvamwo. Akenshi yarakunda kuvuga ajijutse ko Se amukunda.—Yoh. 3:35; 10:17; 17:24. w24.01 28 ing. 8

Ku wa gatanu, 23 Rusama

Wohitamwo izina ryiza aho guhitamwo itunga ryinshi.—Imig. 22:1.

Iyumvire iki kintu: Dufate ko umuntu ukunda akuvuzeko ikintu kibabaje cane. Bamwe baravyemera naho wewe uzi neza ko ari ikinyoma. N’ikibabaje kuruta, baciye batangura gukwiragiza ico kinyoma kandi abandi benshi bakacemera. None wokwumva umerewe gute? Nta nkeka ko ico kinyoma cokubabaza cane. Ako karorero karadufasha gutahura ingene Yehova yumvise amerewe igihe izina ryiwe ryacafuzwa. Umwe mu bana biwe bo mw’ijuru yaramubesheye kuri Eva wa mugore wa mbere, kandi ico kinyoma yaracemeye. Ico kinyoma catumye abavyeyi bacu ba mbere bagarariza Yehova. Ivyo vyaciye bikwegera abantu icaha n’urupfu. (Ita. 3:​1-6; Rom. 5:12) Ingorane zose tubona muri iyi si, uri urupfu, intambara n’amarushwa, vyose vyakwezwe n’ibinyoma Shetani yakwiragije. None Yehova yoba ababazwa no kubona yarambitswe ibara gutyo be n’izo ngorane zose vyakweze? Biramubabaza nyene. Naho ari ukwo, Yehova ntiyaciye agira inzigo. Ahubwo yagumye ari «Imana ihimbawe.»—1 Tim. 1:11. w24.02 8 ing. 1-2

Ku wa gatandatu, 24 Rusama

Nokwubahuka gute gukora ikibi gikomeye gutyo, ngacumura ku Mana?—Ita. 39:9.

Wokwigana gute akarorero ka Yozefu? Nube urategura ingene wovyifatamwo niwahura n’inyosha mbi. Niwige kwamirira kure udatebaganye ivyo Yehova yanka, mbere wirinde no kuguma uvyiyumvira. (Zab. 97:10; 119:165) Ivyo bizotuma uguma ushikamye niwageragezwa. Ushobora kuba ubona ko wubuye ukuri kandi ukaba wipfuza gukorera Yehova n’umutima wawe wose, ariko ukaba ukigonanwa kumwiyegurira no kubatizwa. Urashobora kwigana umwami Dawidi ugatakambira Yehova uti: «Ewe Mana, nunsesangure umenye umutima wanje. Nunsuzume, umenye ibindaje ishinga. Nurabe ko hari ikintu kibi kiri muri jewe, maze unyobore mu nzira y’ibihe bidahera.» (Zab. 139:​23, 24) Yehova arahezagira «abamuronderana umwete.» Kuba uriko urihatira gushika ku mugambi wo kwiyegurira Yehova no kubatizwa, biramwereka ko uriko uramuronderana umwete.—Heb. 11:6. w24.03 6 ing. 13-15

Ku wa mungu, 25 Rusama

[Nta]keneye gushikana ibimazi buri musi.—Heb. 7:27.

Umuherezi mukuru yarashobora guserukira abantu imbere y’Imana. Uwatanguye kuba umuherezi mukuru muri Isirayeli, ni ukuvuga Aroni, yagenywe na Yehova igihe ihema ryeranda ryegurirwa Imana. Ariko nk’uko intumwa Pawulo yabisiguye, «abaherezi benshi barakurakuranywe kubera ko urupfu rwababuza kuguma muri iryo banga.» (Heb. 7:​23-26) Kubera ko abo baherezi bakuru bari abantu badatunganye, bategerezwa gutanga ibimazi ku bw’ibicumuro vyabo. Iryo ni itandukaniro rikomeye hagati y’abaherezi bakuru b’Abisirayeli n’Umuherezi mukuru akomeye Yezu Kristu. Umuherezi wacu mukuru Yezu Kristu ni «umusuku . . . mw’ihema nyakuri ryashinzwe na Yehova, ritashinzwe n’umuntu.» (Heb. 8:​1, 2) Pawulo yasiguye ko Yezu «we kubera ko aguma ari muzima ibihe vyose, [ata] wumusubirira.» Pawulo yongeyeko yuko Yezu “adahumanye, ata ho ahuriye n’abacumuzi” be n’uko atandukanye n’abaherezi bakuru bo muri Isirayeli kuko we «adakeneye gushikana ibimazi buri musi» ku bw’ibicumuro vyiwe. w23.10 26 ing. 8-9

Ku wa mbere, 26 Rusama

Ijuru rya kera n’isi ya kera vyari vyavuyeho.—Ivyah. 21:1.

«Ijuru rya kera» ryerekeza ku ntwaro z’iyi si iyoborwa na Shetani n’amadayimoni yiwe. (Mat. 4:​8, 9; 1 Yoh. 5:19) Muri Bibiliya, ijambo «isi» rirashobora kwerekeza ku bantu baba kw’isi. (Ita. 11:1; Zab. 96:1) «Isi ya kera» rero yerekeza ku bantu b’abanyakibi bo muri iki gihe. Yehova ntazohindura gusa «ijuru» n’«isi» bihari muri iki gihe canke ngo abisanasane, ahubwo azobikuraho burundu. Ijuru n’isi bihari ubu azobisubiriza «ijuru rishasha n’isi nshasha», ni ukuvuga intwaro nshasha n’abatwarwa bayo bagororotse. Yehova azotuma isi n’abantu biba nka bishasha, mu gutuma isi isubira itoto abantu na bo babe abatagira agasembwa. Nk’uko Yesaya yabivuze, isi yose izohinduka ahantu h’akaroruhore, nka rya tongo ry’i Edeni. Na twebwe tuzogirwa bashasha, mu buryo bw’uko umwe wese azokurwako indwara burundu. Abacumbagira, impumyi n’abatumva, bazokizwa ubumuga bwabo, eka mbere n’abapfuye basubire kuba bazima.—Yes. 25:8; 35:​1-7. w23.11 4 ing. 9-10

Ku wa kabiri, 27 Rusama

Mwame mwiteguye.—Mat. 24:44.

“Amakuba akomeye” azoshika giturumbuka. (Mat. 24:21) Ariko amakuba akomeye azoba atandukanye n’ibindi vyago vyinshi vy’ivyaduka kubera yoyo atazoduhwikira. Haraciye nk’imyaka 2.000 Yezu aburiye abayoboke biwe kwitegurira ico gihe. Nitwaba twiteguye bizotworohera kwihanganira ico gihe kitoroshe, no gufasha abandi kubigenza gutyo. (Luka 21:36) Tuzokenera ukwihangana tugamburukire Yehova twizigiye ko azodukingira. Tuzokora iki abavukanyi bacu nibatakaza bimwebimwe mu bintu bafise canke bakabitakaza vyose? (Hab. 3:​17, 18) Tuzokenera kubagaragariza ikibabarwe mu kubafasha. Tuzovyifatamwo gute ho, nivyaba ngombwa ko tumara igihe tubana n’abavukanyi na bashiki bacu benshi mu kantu gatoyi bitumwe na ca gitero c’urunani rw’amahanga? (Ezk. 38:​10-12) Bizosaba ko tubakunda urukundo rukomeye kugira bidufashe kwihanganira ico gihe kitoroshe. w23.07 2 ing. 2-3

Ku wa gatatu, 28 Rusama

Mugume muraba neza ukuntu mwigenza, ntimwigenze nk’abatagira ubukerebutsi ahubwo mwigenze nk’abantu b’inkerebutsi, mukoresha neza umwanya wanyu.—Ef. 5:​15, 16.

Abubakanye barashobora kugira ivyo bigiye ku karorero ka Akwila na Prisila, umugabo n’umugore bashimwa cane n’abakirisu benshi bo mu ntango. (Rom. 16:​3, 4) Barakorera hamwe, bakamamaza bari kumwe bakongera bagafasha abandi bari kumwe. (Ivyak. 18:​2, 3, 24-26) Nkako, igihe cose Bibiliya ivuze Akwila na Prisila, yama ibavuga bari kumwe. None abubakanye bobigana gute? Niwiyumvire ibintu vyinshi wewe n’uwo mwubakanye mwokora. Hari ivyo mubona mwokorera hamwe, aho kuvyikorana? Nk’akarorero, Akwila na Prisila bamamaza bari kumwe. Mwoba namwe mwama mutegekanya kwamamaza muri kumwe? Vyongeye, Akwila na Prisila barakorana akazi. Naho namwe mwoba mufise akazi gatandukanye, mubona mwokorera hamwe udukorwa two muhira? (Umus. 4:9) Igihe hari igikorwa mukoreye hamwe, muca mwumva ko mugize urunani kandi mukaronka akaryo ko kuyaga. w23.05 22-23 ing. 10-12

Ku wa kane, 29 Rusama

Ni wewe nizigira igihe mfise ubwoba.—Zab. 56:3.

Twese birashika tukagira ubwoba. Nk’akarorero, igihe umwami Sawuli yariko arahiga Dawidi, yaciye ahungira mu gisagara c’Abafilisitiya citwa Gati. Akishi umwami w’i Gati, ntiyatevye kumenya ko Dawidi yari wa murwanyi karuhariwe baririmbira bahayagiza ko yishe Abafilisitiya «ibihumbi mirongo.» Dawidi yaciye “atinya cane.” (1 Sam. 21:​10-12) Yatinya ko Akishi yohava amugirira nabi. Ni igiki none cafashije Dawidi gutsinda ubwoba? Muri Zaburi ya 56, Dawidi aravuga ingene yamerewe igihe yari i Gati. Uretse ko iyo zaburi yerekana ingene Dawidi yagize ubwoba, irerekana n’ingene yabutsinze. Igihe Dawidi yagira ubwoba, yarizigiye Yehova. (Zab. 56:​1-3, 11) Dawidi yari afise imvo zo kwizigira Yehova. Dawidi abifashijwemwo na Yehova, yaciye akoresha umukenyuro wo kwigira umusazi. Ivyo vyatumye Akishi abona ko Dawidi atamubangamiye, Dawidi aba ararusimvye.—1 Sam. 21:13–22:1. w24.01 2 ing. 1-3

Ku wa gatanu, 30 Rusama

Abazoba bari kumwe na we bahamagawe, batowe kandi b’abizigirwa, na bo nyene bazotsinda.—Ivyah. 17:14.

Abo bavugwa mu canditswe c’uno musi ni bande? Ni abarobanuwe bose bazoba bari mw’ijuru. Igihe rero uwa nyuma mu barobanuwe azojanwa mw’ijuru ya makuba akomeye ari mu guhera, igikorwa ca mbere bazokora ni ukurwana. Ariko nibamara gushika mw’ijuru, bazofadikanya na Kristu be n’abamarayika biwe beranda mu ntambara ya nyuma yo kurwanya abansi b’Imana. Iyumvire nawe: Bamwebamwe mu bakirisu barobanuwe bakiri ng’aha kw’isi barashaje kandi bafise amagara make. Ariko nibazuka bagashika mw’ijuru bazoba ibiremwa vy’impwemu bifise ububasha kandi bidapfa. Bazofadikanya intambara na wa Mwami wabo w’umurwanyi, ari we Yezu Kristu. Nibarangiza kurwana intambara ya Harumagedoni bazofadikanya na Yezu mu gikorwa co gushikana abantu ku gutungana. Nta gukeka rero ko ico gihe bazoba bari mw’ijuru, bazofasha cane abavukanyi babo bo ng’aha kw’isi kuruta uko babikora igihe bari bakiri kw’isi ari abantu badatunganye. w24.02 6-7 ing. 15-16

Ku wa gatandatu, 31 Rusama

Nimugume mugenda mwisunga impwemu, ni ho mutazoshitsa icipfuzo c’umubiri na kimwe.—Gal. 5:16.

Hari abagonanwa kwiyegurira Imana no kubatizwa naho haba hageze. Boshobora kwibaza bati: «Vyogenda gute nka hamwe nokora icaha gikomeye maze ngacibwa?» Nimba wibaza gutyo, numenye neza ko Yehova azokuronsa ibikenewe vyose kugira ngo ‘ugende nk’uko bibereye abamukorera ngo umushimishe bimwe bishitse.’ (Kol. 1:10) Vyongeye, azoguha inkomezi zo gukora ibibereye. Aramaze no gufasha abandi benshi kubigira. (1 Kor. 10:13) Ni co gituma atari benshi bacibwa mw’ishengero. Nta co Yehova adakora ngo afashe abasavyi biwe kuguma ari abizigirwa. Umuntu wese adatunganye yama yoshwa gukora ikibi. (Yak. 1:14) Ariko rero iyo ugeragejwe, ni wewe wihitiramwo ico wokora. Ikizwi coco ni uko ari wewe wihitiramwo ico uzoba mu buzima. Naho hari abavuga ko ivyo bidashoboka, urashobora kwiga kurwanya ivyipfuzo bibi. w24.03 5 ing. 11-12

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika