ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • es25 rup. 57-67
  • Ruheshi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ruheshi
  • Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
  • Udutwe
  • Ku wa mungu, 1 Ruheshi
  • Ku wa mbere, 2 Ruheshi
  • Ku wa kabiri, 3 Ruheshi
  • Ku wa gatatu, 4 Ruheshi
  • Ku wa kane, 5 Ruheshi
  • Ku wa gatanu, 6 Ruheshi
  • Ku wa gatandatu, 7 Ruheshi
  • Ku wa mungu, 8 Ruheshi
  • Ku wa mbere, 9 Ruheshi
  • Ku wa kabiri, 10 Ruheshi
  • Ku wa gatatu, 11 Ruheshi
  • Ku wa kane, 12 Ruheshi
  • Ku wa gatanu, 13 Ruheshi
  • Ku wa gatandatu, 14 Ruheshi
  • Ku wa mungu, 15 Ruheshi
  • Ku wa mbere, 16 Ruheshi
  • Ku wa kabiri, 17 Ruheshi
  • Ku wa gatatu, 18 Ruheshi
  • Ku wa kane, 19 Ruheshi
  • Ku wa gatanu, 20 Ruheshi
  • Ku wa gatandatu, 21 Ruheshi
  • Ku wa mungu, 22 Ruheshi
  • Ku wa mbere, 23 Ruheshi
  • Ku wa kabiri, 24 Ruheshi
  • Ku wa gatatu, 25 Ruheshi
  • Ku wa kane, 26 Ruheshi
  • Ku wa gatanu, 27 Ruheshi
  • Ku wa gatandatu, 28 Ruheshi
  • Ku wa mungu, 29 Ruheshi
  • Ku wa mbere, 30 Ruheshi
Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
es25 rup. 57-67

Ruheshi

Ku wa mungu, 1 Ruheshi

Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi.—Ivyak. 14:22.

Yehova yarahezagiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere kubera ko bahuje n’uko ibintu vyari vyifashe igihe ivyabo vyahinduka. Barashikirwa kenshi n’uruhamo, rimwe na rimwe batari bavyiteze. Rimbura ivyashikiye Barunaba n’intumwa Paulo igihe bariko baramamaza mu micungararo y’i Lusitira. Mu ntango, abantu barabakiranye igishika kandi barabumviriza. Ariko mu nyuma, ababarwanya ‘baroheje amasinzi,’ kandi bamwe muri bo barateye amabuye Paulo bamusiga ari intere. (Ivyak. 14:19) Ariko, Barunaba na Paulo barabandanije kwamamariza ahandi. None ivyo vyavuyemwo iki? Barahinduye “abatari bake abigishwa,” kandi amajambo yabo n’akarorero kabo vyarakomeje abo basangiye ukwizera. (Ivyak. 14:​21, 22) Benshi barakomejwe kubera ko Barunaba na Paulo batigeze bahagarika kwamamaza naho bariko barahamwa. Igihe cose tutazohagarika kurangura igikorwa Yehova yadushinze gukora, tuzohezagirwa. w23.04 16-17 ing. 13-14

Ku wa mbere, 2 Ruheshi

Ewe Yehova, niwumvirize isengesho ryanje, utege ugutwi ugutakamba kwanje. Ndagutabaza ku musi w’ivyago kuko unyishura.—Zab. 86:​6, 7.

Umwami Dawidi yaragize abansi benshi mu buzima bwiwe kandi akenshi yarasenga Yehova ngo amufashe. Dawidi yari azi ko Yehova yumviriza amasengesho yiwe akongera akayishura. Na wewe urakwiye kuvyizigira. Bibiliya iradukura amazinda ko Yehova ashobora kuduha ubukerebutsi n’inkomezi zo kwihangana. Yoshobora gukoresha abavukanyi na bashiki bacu canke mbere abatamusenga kugira badufashe. Naho Yehova atokwama yishura amasengesho yacu mu buryo tuba twiteze, turazi ko ayishura. Araturonsa ivyo dukeneye, kandi ku gihe nyene tuba tubikeneye. Nubandanye rero gusenga Yehova ubigiranye ukwizera, wizigiye ko akwitwararika ubu, kandi ko “[azo]haza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose” mw’isi nshasha igiye kuza.—Zab. 145:16. w23.05 8 ing. 4; 13 ing. 17-18

Ku wa kabiri, 3 Ruheshi

Nzokwishura iki Yehova ku vyiza vyose yangiriye?—Zab. 116:12.

Birabereye ko tuzirikana ku vyiza twokwironkera hamwe twoshika ku mugambi twishingiye. Ni ivyiza ibihe nawe wozirikanako? Nimba ufise umugambi wo gusoma Bibiliya canke wo gusenga, nuzirikane ku kuntu bizokomeza ubucuti ufitaniye na Yehova. (Zab. 145:​18, 19) Nimba na ho ufise umugambi wo gutsimbataza kamere kanaka, nuzirikane ku kuntu bizotuma urushiriza kubana neza n’abandi. (Kol. 3:14) Ubona gute ugize urutonde rw’ibintu vyose vyotuma wipfuza gushika ku mugambi wawe? Nuce uza urarusuzuma. Vyongeye, niwifatanye n’abakuremesha gushika ku mugambi wawe. (Imig. 13:20) Tuvugishije ukuri, birashika twese tukabura icipfuzo co gukora ikintu kanaka. None ivyo vyoba bisobanura ko tudashobora gushika ku mugambi wacu? Habe namba. Turashobora kugerageza gushika ku mugambi wacu naho ata cipfuzo twoba dufise. Naho bisaba akigoro, tuwushitseko turahimbarwa. w23.05 27-28 ing. 5-8

Ku wa gatatu, 4 Ruheshi

Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.—Gal. 6:7.

Kumenya ko hari ico tubazwa ku bijanye n’ingingo dufata birashobora gutuma twigaya ibicumuro vyacu, tugakosora amakosa twakoze, tukirinda no gusubira kuyakora. Ivyo birashobora kudufasha kuguma muri rya siganwa ry’ubuzima. Nimba udashobora gusubiza inyuma ingingo mbi wafashe, nuvyakire ukwo nyene. Ntiwiruhishe mu mutwe no mu mutima urondera kwisigura, kwitako amakosa canke kuyata ku bandi. Niwemere nyabuna amakosa wakoze maze ukore ivyo ushoboye bivanye n’uko ivyawe vyifashe. Nimba wumva ijwi ryo mu mutima rikwagiriza ikosa wakoze, nusenge Yehova wicishije bugufi, wemere iryo kosa hanyuma umusabe ikigongwe. (Zab. 25:11; 51:​3, 4) Nusabe imbabazi abo woba warababaje wongere usabe abakurambere bagufashe, nimba bikenewe. (Yak. 5:​14, 15) Nukure icigwa ku makosa wakoze kandi ugerageze kutayasubiramwo. Ivyo niwabikora, numenye neza ko Yehova azokugirira imbabazi, akakuronsa n’imfashanyo ukeneye.—Zab. 103:​8-13. w23.08 28-29 ing. 8-9

Ku wa kane, 5 Ruheshi

Yehowasi yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse igihe cose umuherezi Yehoyada yamaze amwigisha.—2 Abm. 12:2.

Umwami Yehowasi yarafashijwe cane na Yehoyada. Ivyo vyatumye uwo mwami akiri muto yipfuza guhimbara Yehova. Ariko Yehoyada amaze gupfa, Yehowasi yarumvirije abaganwa b’ibihemu. (2 Ngo. 24:​4, 17, 18) Naho Yehova vyamubabaje cane, “yagu[mye] abarungikira abahanuzi kugira ngo babagarukane kuri we . . . , mugabo ntibumve.” Ntibumvirije mbere na Zakariya mwene Yehoyada. Zakariya ntiyari gusa umuhanuzi wa Yehova be n’umuherezi, ariko kandi yari muvyara wa Yehowasi. Naho ari ukwo, Umwami Yehowasi yaricishije Zakariya. (2 Ngo. 22:11; 24:​19-22) Yehowasi ntiyari agitinya Yehova. Yehova yari yavuze ati: “Abansuzugura nzobasuzugura.” (1 Sam. 2:30) Mu nyuma, ingabo z’Abasiriya ziri ku rushi zaranesheje “ingabo nyinshi cane” za Yehowasi, na we ‘ziramukomeretsa cane.’ (2 Ngo. 24:​24, 25) Abasuku biwe bwite baramwishe, bamuhora ko yari yarishe Zakariya. w23.06 18-19 ing. 16-17

Ku wa gatanu, 6 Ruheshi

Kera mwari umwiza, mugabo . . . ubu muri umuco.—Ef. 5:8.

Intumwa Pawulo yaragendeye i Efeso, arahamamaza inkuru nziza yongera yigisha abantu. (Ivyak. 19:​1, 8-10; 20:​20, 21) Kubera ko yakunda cane abavukanyi, yipfuza kubafasha kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Abanyefeso bari barigeze kuba biziziwe n’inyigisho z’ikinyoma be n’ibintazi. Igisagara c’i Efeso carangwamwo ubuhumbu bw’agahomerabunwa n’inyifato iteye isoni. Mu birori vyahabera, eka mbere no misi mikuru y’ivy’idini, harakunda kuvugwamwo ibishegu. (Ef. 5:3) Abenshi mu bantu baho bari ‘barabaye ibiti’, bikaba bisobanura ko ‘bari barataye ubuntu.’ (Ef. 4:​17-19) Imbere y’uko Abanyefeso biga ukuri bakamenya gutandukanya ikibi n’iciza, gukora ikibi nta co vyari bibabwiye. Ni co gituma Pawulo yavuga ko mu bwenge bwabo «bari mu mwiza, kandi [ko] bari kure cane y’ubuzima buva ku Mana.» Ariko rero hari Abanyefeso bamwebamwe batagumye mu mwiza. w24.03 20 ing. 2, 4; 21 ing. 5-6

Ku wa gatandatu, 7 Ruheshi

Abizigira Yehova bazosubira kugira inguvu . . . ntibaruhe.—Yes. 40:31.

Igikorwa Gideyoni yashinzwe co kuba umucamanza casaba inguvu nyinshi cane. Igihe Abamidiyani bahunga urugamba mw’ijoro, Gideyoni yaciye aboma inyuma kuva mu mubande w’i Yezireyeli gushika ku Ruzi Yorodani. (Abac. 7:22) None Gideyoni yoba yagarukiye aho kuri Yorodani? Habe namba! Naho we n’ingabo ziwe 300 bari barushe, barajabutse urwo ruzi babandanya kubakurikirana. Amaherezo, barashikiriye Abamidiyani maze barabarwanya barabatsinda. (Abac. 8:​4-12) Gideyoni yarizigira ko Yehova yomuronkeje inkomezi, kandi ni ko vyagenze. (Abac. 6:​14, 34) Igihe kimwe, Gideyoni n’ingabo ziwe baromye inyuma n’amaguru abami babiri b’Abamidiyani, mu gihe abo bami bobo bashobora kuba bariko bagendera ku ngamiya. (Abac. 8:​12, 21) Ariko kubera ko Abisirayeli bari biyemeje kubandanya urugamba, Imana yarabafashije gutahukana intsinzi. Abakurambere na bo nyene barashobora kwiheka kuri Yehova, umwe ‘atigera aruha canke ngo arambirwe.’ Azobaha inkomezi igihe bazoba bazikeneye.—Yes. 40:​28, 29. w23.06 6 ing. 14; 7 ing. 16

Ku wa mungu, 8 Ruheshi

[Yehova] ntazobata canke ngo abahebe.—Gus. 31:6.

Turashobora kugira umutima ushikamye naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute. Rero niwizigire Yehova. Raba ingene Baraki yaroraniwe kubera ko yizigiye ivyo Yehova amubwiye. Naho ata nkinzo canke icumu vyaboneka mu gihugu cose, Yehova yamubwiye kuja kurwanya ingabo zifise ibirwanisho bikwiye zari ziyobowe n’intwazangabo y’Umunyakanani yitwa Sisera. (Abac. 5:8) Umuhanuzikazi Debora yabwiye Baraki ngo amanuke mu kiyaya kurwanya Sisera n’imikogote yiwe 900. Naho kurwanira ahashashe vyari kworohereza abarwanira ku mikogote, Baraki yaragamburutse aragenda. Igihe abasoda bamanuka umusozi Tabora, Yehova yaciye agwisha imvura nyinshi. Imikogote ya Sisera yaciye ishaya mu rwondo, maze Yehova atuma Baraki atsinda. (Abac. 4:​1-7, 10, 13-16) Natwe Yehova azoduha intsinzi nitwamwizigira kandi tukizigira ivyo atubwira biciye ku bamuserukira. w23.07 18-19 ing. 17-18

Ku wa mbere, 9 Ruheshi

Uwuzoba yihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.—Mat. 24:13.

Turakeneye kwihangana kugira tuzoronke ubuzima budahera. Cokimwe n’abasavyi b’Imana b’abizigirwa ba kera, turakeneye kurindira twihanganye ko Imana ishitsa ivyo yasezeranye. (Heb. 6:​11, 12) Bibiliya itugereranya n’umurimyi. (Yak. 5:​7, 8) Umurimyi arakora cane mu kurima no mu kuvomera umurima wiwe, mugabo ntaba azi neza igihe ivyo yateye bizokurira. Aca aguma arindiriye yihanganye, yizigiye kuzokwimbura. Na twebwe tuguma dukorera Imana n’umwete naho «[t]utazi umusi Umukama wa[cu] azozirako.» (Mat. 24:42) Turarindira twihanganye, twizigiye ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye vyose, igihe ciwe nicagera. Hamwe tutokwihangana, twoshobora kurambirwa tugatangura guheba ukuri buhorobuhoro. Twoshobora no gutangura kwiruka inyuma y’ibintu twibaza ko vyoduha umunezero ningoga. Ariko twihanganye, turashobora kwumirako gushika kw’iherezo maze tugakira.—Mika 7:7. w23.08 22 ing. 7

Ku wa kabiri, 10 Ruheshi

Amano yari agizwe n’icuma kivanze n’ibumba.—Dan. 2:42.

Tugereranije ubuhanuzi bwo muri Daniyeli 2:​41-43 n’ubundi buri mu gitabu ca Daniyeli no mu Vyahishuwe, duca tubona ko ivyo birenge bigereranya urunani rw’Abongereza n’Abanyamerika, intwaro iganza isi muri iki gihe. Ku bijanye n’iyo ntwaro nganzasi, Daniyeli yavuze ati: «Igice kimwe buzokomera, ikindi gice na co bugoyagoye.» Kubera iki bwogoyagoye igice kimwe? Kubera ko abanyagihugu, abagereranywa n’ibumba, botumye iyo ntwaro itagira ubukomezi bumeze nk’ubw’icuma. Uburyo Daniyeli adondora igishusho co muri iyo ndoto buratwigisha ibintu bihambaye. Ubwa mbere, intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika yarerekanye mu buryo bumwebumwe ko ikomeye. Nk’akarorero, yaragize uruhara runini mu gutsinda Intambara ya mbere y’isi yose n’iya kabiri. Mugabo inguvu z’iyo ntwaro nganzasi zaragabanutse kandi zizobandanya kugabanuka bivuye ku kudahuza kw’abatwarwa bayo. Ubwa kabiri, nta ntwaro nganzasi izosubirira iy’Abongereza n’Abanyamerika imbere y’uko Ubwami bw’Imana bukuraho intwaro zose z’abantu. w23.08 10-11 ing. 12-13

Ku wa gatatu, 11 Ruheshi

Nambaje Yehova mu marushwa yanje, nguma ntabaza Imana yanje. Iraheza yumva ijwi ryanje iri mu rusengero rwayo.—Zab. 18:6.

Hari igihe Dawidi yashikirwa n’ingorane zatuma ata umutwe. (Zab. 18:​4, 5) Ariko rero urukundo Yehova yamukunda be n’ingene yamwitwararika, vyaratuma yumva agaruriwe agatege. Igihe yaba aruhijwe n’ingorane, Yehova yamujana «mu buragiriro bwuzuyemwo ubwatsi» be n’«ahantu ho kuruhukira havomerewe neza.» Ivyo vyatuma Dawidi asubira kugira inkomezi maze akabandanya gukorera Yehova adahemuka. (Zab. 18:​28-32; 23:2) No muri iki gihe, «urukundo rwa Yehova rudahera ni rwo rwatumye tudahona» igihe twari mu ngorane. (Int. 3:22; Kol. 1:11) Dawidi yarahatswe kenshi, kandi yari afise abansi bakomeye. Ariko urukundo Yehova yamukunda rwaratuma yumva ko atekanye be n’uko akingiwe. Dawidi yarabona ko ari kumwe na Yehova mu bintu vyose yacamwo, kandi ivyo vyaramuhumuriza. Ni co gituma yaririmvye ati: «[Yehova] yarankijije ivyari binteye ubwoba vyose.» (Zab. 34:4) Naho vyashika Dawidi akagira ubwoba, urukundo Yehova yamukunda rwaratuma aburengera. w24.01 30 ing. 15-17

Ku wa kane, 12 Ruheshi

Abacumuzi nibagerageza kuguhendahenda, ntuze wemere.—Imig. 1:10.

Nukure icigwa ku ngingo mbi Yehowasi yafashe. Umuherezi mukuru Yehoyada amaze gupfa, Yehowasi yaciye yifatanya n’abagenzi babi. (2 Ngo. 24:​17, 18) Yahisemwo kwumviriza abaganwa bo mu Buyuda batakunda Yehova. Nta nkeka ko na wewe wemera ko yari akwiye guca kure abahanuzi babi nk’abo. Aho kubigenza gutyo, yarumvirije abo bantu yita ngo ni abagenzi. Washima, igihe Zakariya muvyara wa Yehowasi yagerageza kumukosora, Yehowasi yaciye amwicisha. (2 Ngo. 24:​20, 21; Mat. 23:35) Umve nawe ubwo bupfu! Naho Yehowasi yari yatanguye neza, ikibabaje yahavuye aba umuhuni n’umwicanyi. Amaherezo Yehowasi na we nyene yahavuye yicwa n’abasuku biwe. (2 Ngo. 24:​22-25) Ese ukuntu ubuzima bwiwe bwari kumera neza, iyo aza kubandanya yumviriza Yehova be n’abamukunda bose! w23.09 9 ing. 6

Ku wa gatanu, 13 Ruheshi

Ntutinye.—Luka 5:10.

Yezu yari azi ko intumwa Petero yari gushobora kuguma ari intahemuka. Ni co gituma Yezu yaciye amuhumuriza ati: «Ntutinye.» Ukwo kuntu Yezu yizigira cane Petero vyarahinduye ubuzima bwiwe. Petero na mwenewabo Andereya, bahavuye baheba umwuga wabo wo kuroba maze bafata ingingo yo kuguma bakurikira Mesiya, ivyo bikaba vyatumye bironkera imihezagiro idasanzwe. (Mrk. 1:​16-18) Igihe Petero yakurikira Kristu, yariboneye ibintu bitangaje. Yarabonye ingene Yezu yakijije abarwaye, agasenda abadayimoni mbere akazura n’abapfuye. (Mat. 8:​14-17; Mrk. 5:​37, 41, 42) Petero kandi yarabonye mw’iyerekwa ingene Yezu yoninahajwe mu Bwami bw’Imana, ico kikaba ari ikintu atigeze yibagira. (Mrk. 9:​1-8; 2 Pet. 1:​16-18) Emwe, Petero yarabonye ibintu atari kubona iyo adakurikira Yezu! Ese ukuntu ategerezwa kuba yarahimbawe no kubona ataretse ngo kwiyumvira ko ari umucumuzi bitume ahomba iyo mihezagiro yose! w23.09 21 ing. 4-5

Ku wa gatandatu, 14 Ruheshi

Yezu amwishura ati: «Oya, si gushika ku ncuro indwi, ahubwo ni gushika ku ncuro 77.» —Mat. 18:22.

Mw’ikete rya mbere ry’intumwa Petero, yarakoresheje imvugo ngo «mukundane rwose.» Urukundo nk’urwo ntirupfuka ibicumuro bikeya gusa, ahubwo rupfuka «ibicumuro vyinshi.» (1 Pet. 4:8) Birashoboka ko ivyo Petero yavyanditse yibutse icigwa hari haciye imyaka itari mike Yezu amwigishije ku bijanye no kubabarira abandi. Ico gihe, Petero yabona ko hamwe yoharira mwenewabo «gushika ku ncuro indwi», yari kuba abaye umuntu mwiza. Ariko Yezu yaciye amubwira ko akwiye guharira «gushika ku ncuro 77», bisobanura guharira abandi ata kubaharurira, ico cigwa kikaba kituraba na twebwe. (Mat. 18:21) Nimba na wewe bikugora gushira mu ngiro iyo mpanuro, nureme! Abasavyi ba Yehova bose b’abanyagasembwa, vyarashitse birabagora kubabarira abandi. Igihambaye cane ubu ni uko wokora ibishoboka vyose kugira ngo uharire umuvukanyi wawe maze mugasubiza hamwe. w23.09 29 ing. 12

Ku wa mungu, 15 Ruheshi

Naragutakambiye Yehova . . . , nawe uranyishura.—Yona 2:2.

Naho Yona yari mu nda y’urufi, yari yizigiye ko Yehova yokwumvirije isengesho ryiwe riranga ukwicisha bugufi n’ukwigaya be n’uko yomufashije. Mu nyuma, Yehova yaragarukanye Yona kw’isi yumutse, kandi yari yiteguriye kwemera igikorwa cose yoshinzwe no kukirangura. (Yona 2:10–3:4) Igihe uri mu ngorane, woba uhora uhagarika umutima cane ku buryo bikugora gusenga? Canke vyoba bihora bishika ukumva ata tuguvu ufise two kwiyigisha? Niwibuke ko Yehova atahura neza uko ivyawe vyifashe. Naho rero wotura isengesho risanzwe, nuhere amazinda ko azokuronsa ivyo ukeneye vy’ukuri. (Ef. 3:20) Igihe ingorane z’amagara canke ukudatekana mu mutima vyoba bitumye bikugora gusoma no kwiyigisha, woshobora kugerageza kwumviriza igisomwa ca Bibiliya canke ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya vyafashwe amajwi. Woshobora kandi gusanga bikugiriye akamaro kwumviriza rumwe mu ndirimbo zacu canke kuraba ividewo kuri jw.org. Yehova yipfuza kugukomeza kandi azobigira niwamusenga, ukongera ukaronderera inyishu y’amasengesho yawe muri Bibiliya no mu zindi ntunganyo zose akuronsa. w23.10 13 ing. 6; 14 ing. 9

Ku wa mbere, 16 Ruheshi

Impwemu nyeranda irerekana neza yuko inzira ija ahantu heranda itari bwahishurwe igihe rya hema rya mbere ryari rikiriho.—Heb. 9:8.

Ihema ryeranda n’insengero zahavuye zubakwa i Yeruzalemu, muri rusangi vyari vyubatswe kumwe. Indani hari ivyumba bibiri, «Aheranda» n’«Aheranda cane», vyatandukanywa n’irido ideshe. (Heb. 9:​2-5; Kuv. 26:​31-33) Aheranda hari ico baterekako amatara c’inzahabu, igicaniro baturirirako imibavu n’imeza baterekako imikate. «Abaherezi barobanujwe amavuta» ni bo bonyene bemererwa kwinjira Aheranda gukora ibikorwa vyeranda bajejwe. (Guh. 3:​3, 7, 10) Aheranda cane hari isandugu y’isezerano y’inzahabu yerekana ko Yehova ari aho hantu. (Kuv. 25:​21, 22) Umuherezi mukuru gusa ni we yemererwa kurengana irido akinjira Aheranda cane ku musi mukuru w’impongano waba rimwe mu mwaka. (Lew. 16:​2, 17) Yarajanayo amaraso y’ibitungwa kugira ibicumuro vyiwe n’ivy’ihanga ryose biharirwe. Yehova yahavuye ahishura insobanuro y’ivyo bintu vyari mw’ihema ryeranda.—Heb. 9:​6, 7. w23.10 27 ing. 12

Ku wa kabiri, 17 Ruheshi

Mukundane.—Yoh. 15:17.

Ahenshi mw’Ijambo ry’Imana turahasanga itegeko ridusaba “gukundana.” (Yoh. 15:12; Rom. 13:8; 1 Tes. 4:9; 1 Pet. 1:22; 1 Yoh. 4:11) Ariko rero urukundo ruri mu mutima, ni ukuvuga imbere muri twebwe, akaba ata muntu ashobora kubona ibiri mu mutima wacu. None abandi bomenya gute ko tubakunda? Biciye ku vyo tuvuga no ku vyo dukora. Hari uburyo butandukanye twokwereka abavukanyi na bashiki bacu ko tubakunda. Raba ibintu bimwebimwe twokora: «Muvugane ukuri.» (Zak. 8:16) «Mubane amahoro.» (Mrk. 9:50) Mube aba mbere «mu gutera iteka bagenzi banyu.» (Rom. 12:10) «Nimuhane ikaze.» (Rom. 15:7) «Mubandanye . . . kubabarirana.» (Kol. 3:13) «Mubandanye kwikoreranira imizigo.» (Gal. 6:2) «Nimugume . . . muhozanya.» (1 Tes. 4:18) «Mugume . . . mwubaka bagenzi banyu.» (1 Tes. 5:11) «Musengeranire.»—Yak. 5:16. w23.11 9 ing. 7-8

Ku wa gatatu, 18 Ruheshi

Nimunezerwe kubera icizigiro.—Rom. 12:12.

Buri musi, turafata ingingo zisaba ko tugira ukwizera gukomeye. Nk’akarorero, turafata ingingo zijanye no guhitamwo abagenzi, ivyo kwisamaza, amashure twokwiga, kwubaka urwacu, kuvyara abana be n’akazi twokora. Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Ingingo mfata zoba zerekana ko nemera ntakeka ko iyi si ya Shetani isigaje igihe gito, kandi ko vuba Imana igiye kuyisubiriza isi nshasha? Canke na ho noba mfata ingingo nk’iz’abantu batemera ko bashobora kubaho ibihe bidahera?’ (Mat. 6:​19, 20; Luka 12:​16-21) Tuzofata ingingo nziza nitwarushiriza kwizigira ko isi nshasha iri hafi cane. Turashikirwa kandi n’ibigeragezo bisaba ukwizera gukomeye. Twoshobora gushikirwa n’uruhamo, indwara idakira canke ibindi bintu vyoshobora gutuma ducika intege. Mu ntango, twoshobora kwumva dushoboye guhangana n’ico kigeragezo. Ariko iyo kimaze igihe kirekire nk’uko bikunze kugenda, usanga bisaba ukwizera gukomeye kugira dushobore kwihangana kandi tubandanye gukorera Yehova dufise umunezero.—1 Pet. 1:​6, 7. w23.04 27 ing. 4-5

Ku wa kane, 19 Ruheshi

Musenge igihe cose.—1 Tes. 5:17.

Yehova yiteze ko dukora duhuza n’ivyo tuba twamusavye mw’isengesho. Nk’akarorero, umuvukanyi yoshobora gusaba Yehova ngo amufashe kuronka agakonji kugira ngo yitabe ihwaniro ry’akarere. None Yehova ashobora kumwishura gute? Yoshobora guha uwo muvukanyi umutima rugabo wotuma aja kwitura umukoresha wiwe. Ariko uwo muvukanyi arakwiye kugira ico akoze akaja gusaba urwo ruhusha. Ivyo yoshobora no kubigerageza incuro zitari nke. Yoshobora no kurondera uwundi mukozi bakorana yohamubera canke agasaba kutazohemberwa imisi y’ako gakonje. Yehova yiteze ko tuguma dushira mw’isengesho ibituraje ishinga. Yezu yaraseruye iciyumviro c’uko bimwebimwe mu vyo twosavye bitociye vyishurwa ubwo nyene. (Luka 11:9) Ntucike intege rero! Nugume usenga kandi ubigiranye ubwira. (Luka 18:​1-7) Igihe tubigize, tuba tweretse Yehova ko ico kintu tugishashaye. Tuba twerekanye kandi ko twizigiye ko afise ububasha bwo kudufasha. w23.11 22 ing. 10-11

Ku wa gatanu, 20 Ruheshi

Icizigiro ntigitetereza.—Rom. 5:5.

Yehova yarasezeraniye umugenzi wiwe Aburahamu ko amahanga yose yo kw’isi yohezagiwe biciye ku ruvyaro rwiwe. (Ita. 15:5; 22:18) Kubera ko Aburahamu yari afise ukwizera gukomeye, yaremera adakeka ko ivyo Imana yasezeranye bizoranguka. Naho ari ukwo, igihe Aburahamu yari afise imyaka 100, umugore wiwe na we 90, uwo mugore n’umugabo b’abizigirwa ntibari bwaronke umwana. (Ita. 21:​1-7) Ariko Bibiliya ivuga iti: «[Aburahamu] yarishimikije icizigiro arizera ko yobaye se w’amahanga menshi nk’uko vyari vyaravuzwe.» (Rom. 4:18) Nk’uko ubizi, ivyo Aburahamu yari yizigiye vyararangutse. Yaravyaye wa muhungu yari amaze igihe kirekire yizigiye, ari we Izahaki. Kubera iki Aburahamu yari yizigiye ko Yehova yoshikije ivyo yamusezeraniye? Ubucuti somambike Aburahamu yari afitaniye na Yehova ni bwo bwatumye «[ajijuka] rwose ko ivyo Imana yasezeranye» vyorangutse. (Rom. 4:21) Yehova yarashimye Aburahamu yongera amwita umugororotsi kubera ukwizera kwiwe.—Yak. 2:23. w23.12 8 ing. 1-2

Ku wa gatandatu, 21 Ruheshi

Umuntu w’umwizigirwa muri bikeyi aba n’umwizigirwa muri vyinshi, kandi umuntu atabaye umwizigirwa muri bikeyi ntaba n’umwizigirwa muri vyinshi.—Luka 16:10.

Umusore w’umwizigirwa aritwararika n’umwete amabanga yose ajejwe. Raba akarorero katagira agahaze ka Yezu. Ntiyigeze afata ibintu minenegwe canke ngo abe sindabibazwa. Ahubwo yarakora ibintu vyose Yehova amushinze, n’igihe vyaba bigoye. Yarakunda abantu bose, na canecane abigishwa biwe, kandi yaremeye kubigura. (Yoh. 13:1) Niwigane Yezu mu gukora cane kugira urangure igikorwa cose bagushinze. Nimba utabona neza ukuntu wogikora, niwicishe bugufi usabe abavukanyi bahumuye bagufashe. Ntukore ibintu wikurayo. (Rom. 12:11) Ahubwo nusozere igikorwa bagushinze, ugikore “nk’uwukorera Yehova, atari nk’uwukorera abantu.” (Kol. 3:23) Ariko uribuka ko uri umuntu adatunganye. Niwicishe bugufi rero, wemere ikosa iryo ari ryo ryose vyoshika ugakora.—Imig. 11:2. w23.12 26 ing. 8

Ku wa mungu, 22 Ruheshi

Arahezagiwe umuntu yizigira Yehova.—Yer. 17:7.

Iyo umuntu abatijwe akaja mu muryango wa Yehova arahimbarwa cane. Abamaze kubatizwa bokwemera aya majambo umwanditsi wa zaburi Dawidi yavuze yuko ‘hahiriwe umuntu Yehova atora akamwiyegereza kugira yibere mu bigo vyiwe.’ (Zab. 65:4) Yehova ntapfa kujana uwo ari we wese mu bigo vyiwe. Ahitamwo aberekana ko bipfuza kuba abagenzi biwe. (Yak. 4:8) Iyo wiyeguriye Yehova ukabatizwa, urizigira udakeka ko na we azoheza ‘akagusukako umuhezagiro gushika aho ata co ubura.’ (Mal. 3:10; Yer. 17:8) Ibatisimu ni intango gusa. Uzokwihatira kubaho uhuza n’indagano wagize, mbere n’igihe woshikirwa n’ibigerageza ukwizera kwawe. (Umus. 5:​4, 5) Kubera ko uri umwigishwa wa Yezu, uzokora uko ushoboye kwose kugira ukurikire akarorero kiwe, wongere wubahirize ivyo yadutegetse.—Mat. 28:​19, 20; 1 Pet. 2:21. w24.03 8 ing. 1-3

Ku wa mbere, 23 Ruheshi

Umugabo azosiga se na nyina, [abane] n’umugore wiwe akaramata.—Ita. 2:24.

Bite nimba wewe n’uwo mwubakanye mudakunda ivyo kumarana umwanya? None mwoca mukora iki? Zirikana ku karorero k’umuriro. Umuriro ntuca ururumba ugitangura kuwucana. Bisaba ko uza urawegenyeza. Muri ubwo buryo nyene, mubona gute mutanguye kuza muramarana umwanya mutomuto buri musi? Nimwitwararike gukora ikintu kibaryohera mwempi. (Yak. 3:18) Muhereye kuri gitoyi, murashobora kuvyura urukundo mufitaniye. Kwubahana birahambaye mu mubano. Bimeze nk’umuyaga utuma umuriro waka cane. Ata muyaga uhari, umuriro ntuteba kuzima. Iyo umugabo n’umugore na bo nyene batubahana, urukundo rwabo ntiruteba gutimba. Ariko iyo bihatira kwubahana bituma baguma bakundana. Mugabo rero, ukwiye kwibuka ko igihambaye atari uko wiyumvira ko wubaha uwo mwubakanye, ahubwo ari uko uwo mwubakanye yiyumvamwo ko umwubaha. w23.05 22 ing. 9; 24 ing. 14-15

Ku wa kabiri, 24 Ruheshi

Igihe amaganya yari yandengeye, warampumurije wongera urampoza.—Zab. 94:19.

Bibiliya iratubwira abasavyi b’Imana b’abizigirwa vyashitse bagatekerwa n’ubwoba bivuye ku bansi babo canke ku bindi bintu bitesha umutwe. (Zab. 18:4; 55:​1, 5) Na twebwe twoshobora kuba turiko turarwanywa n’abo twigana, abo dukorana, abo mu muryango canke abo mu ntwaro. Hari n’aho twoba turwaye indwara ishobora kuduhitana. Mu bihe nk’ivyo twoshobora kwumva ko ata co twishoboje, nka kurya kw’umwana mutoyi. None Yehova aca adufasha gute? Araduhumuriza akongera akaduhoza. Rero, nuze uramarana umwanya na Yehova mu kumusenga no mu gusoma Ijambo ryiwe. (Zab. 77:​1, 12-14) Niwashikirwa n’ingorane uzosanga ikintu ca mbere wihutiye gukora ari ukwitura uwo Muvyeyi wawe wo mw’ijuru. Nuce umubwira ibikuraje ishinga. Nureke na we akuyagire yongere aguhoze biciye ku Vyanditswe.—Zab. 119:28. w24.01 24-25 ing. 14-16

Ku wa gatatu, 25 Ruheshi

Imana [ni] yo ibakomeza . . . ikabaha icipfuzo co gukora ivyo igomba n’ububasha bwo kubikora.—Flp. 2:13.

Nimba dushaka gushika ku migambi yacu birahambaye ko tugira icipfuzo co kuyishikako. Ufise ico cipfuzo, uca ukora uko ushoboye kwose kugira ngo uyishikeko. Kandi dutsimbataje icipfuzo co gushika ku migambi yacu, vyoshoboka ko tuyishikako. Ni ibiki none vyogufasha kurushiriza kugira icipfuzo? Nusenge usaba kurushiriza kugira icipfuzo. Yehova abicishije ku mpwemu yiwe, arashobora kugufasha kugira icipfuzo co gushika ku mugambi wawe. Hari igihe twishingira umugambi kuko tuba tuzi ko ari igisabwa, kandi nta kibi kirimwo. Ariko rero twoshobora kuba vy’ukuri tudafise icipfuzo co kuwushikako. Nuzirikane ku vyo Yehova yagukoreye. (Zab. 143:5) Intumwa Paulo yarazirikanye ku buntu atabereye Yehova yamugiriye, aca aramukorera yivuye inyuma. (1 Kor. 15:​9, 10; 1 Tim. 1:​12-14) Na wewe niwarushiriza kuzirikana ku vyo Yehova yagukoreye, uzorushiriza kugira icipfuzo co gushika ku mugambi wawe.—Zab. 116:12. w23.05 27 ing. 3-5

Ku wa kane, 26 Ruheshi

Nimushemeze izina rya Yehova.—Zab. 113:1.

Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru arahimbarwa iyo dushemeje izina ryiwe. (Zab. 119:108) Ivyo none vyoba bisobanura ko Imana Mushoboravyose imeze nk’abantu badatunganye bahahamira gushemezwa kugira bumve ko bafise agaciro? Habe namba. Iyo dushemeje Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, tuba dufashije mu kubeshuza ikinyoma Shetani yavuze ku bitwerekeye. Yavuze yuko ata muntu n’umwe azoburanira izina ry’Imana adahemuka. Kuri we ngo nta muntu n’umwe ashobora kuguma ari intahemuka. Avuga ko twese twoheba Imana mu gihe twobona ko vyotugirira akamaro. (Yobu 1:​9-11; 2:4) Ariko Yobu yagumye ari intahemuka, aba yerekanye ko Shetani ari umubeshi. Tweho bite? Twese turafise agateka ko kuguma tuburanira izina ry’Umuvyeyi wacu be n’ako kumuhimbara. Ivyo twobigira mu kumukorera tudahemuka. (Imig. 27:11) Emwe, ni agateka kadasanzwe! w24.02 8-9 ing. 3-5

Ku wa gatanu, 27 Ruheshi

Nimwizere abahanuzi biwe muheze muroranirwe.—2 Ngo. 20:20.

Igihe ca Musa na Yosuwa giheze, Yehova yaragenye abacamanza ngo bayobore abasavyi biwe. Mu gihe c’abami na ho, Yehova yagenye abahanuzi ngo abe ari bo bayobora abasavyi biwe. Abami b’abizigirwa barumvira impanuro bahabwa n’abahanuzi. Nk’akarorero, umwami Dawidi yaremeye yicishije bugufi gukosorwa n’umuhanuzi Natani. (2 Sam. 12:​7, 13; 1 Ngo. 17:​3, 4) Umwami Yehoshafati na we yarakurikije ubuyobozi yahawe n’umuhanuzi Yahaziyeli, yongera aremesha abantu bo mu Buyuda “kwizera abahanuzi b’Imana.” (2 Ngo. 20:​14, 15) Igihe umwami Hezekiya yari mu bihe bitoroshe, yaciye yitura umuhanuzi Yesaya. (Yes. 37:​1-6) Igihe cose abami baba bemeye kuyoborwa na Yehova barahezagirwa, n’ihanga rya Isirayeli rigakingirwa. (2 Ngo. 20:​29, 30; 32:22) Vyaribonekeza neza ko Yehova yariko akoresha abo bahanuzi kugira ngo bayobore abasavyi biwe. w24.02 21 ing. 8

Ku wa gatandatu, 28 Ruheshi

Ntimukore nka bo.—Ef. 5:7.

Shetani yipfuza ko twifatanya n’abantu batuma bitugora gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova. Turakwiye kwibuka ko abo twifatanya atari abo tubonana imbonankubone gusa. Harimwo n’abo tugiranira imigenderanire biciye ku mbuga hwaniro. Dutegerezwa kwirinda ivyiyumviro vy’iyi si bivuga ko kutigenza runtu bibereye. Twebwe turazi ko bitabereye. (Ef. 4:​19, 20) Turakwiye rero kwibaza duti: ‘Noba nitwararika kutifatanya bidakenewe n’abo dukorana, abo twigana canke abandi bantu badakurikiza ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse? Noba nguma nkurikiza ingingo ngenderwako za Yehova, mbere naho bamwebamwe bobona ko ari ugukavya?’ Nk’uko muri 2 Timoteyo 2:​20-22 habivuga, turakwiye no kuba maso igihe duhitamwo abo twogira abagenzi mw’ishengero. Tuguma twibuka ko hari abatoturemesha kuguma dukorera Yehova tudahemuka. w24.03 22-23 ing. 11-12

Ku wa mungu, 29 Ruheshi

Yehova yuzuye ikibabarwe.—Yak. 5:11.

Vyoba birashika ukiyumvira ingene Yehova ameze? Naho Yehova ataboneka, Bibiliya iramudondora mu buryo butandukanye. Ivuga ko Yehova ari «izuba n’inkinzo» be n’uko ari «umuriro utema ugatongora.» (Zab. 84:11; Heb. 12:29) Mu vyo Ezekiyeli na we yeretswe, yavuze ko Yehova asa n’ibuye rya safiro n’ubutare bukayangana be n’umunywamazi wakaka. (Ezk. 1:​26-28) Vyoshobora kukugora kwemera ko Yehova adukunda kubera ko tudashobora kumubona. Hari n’abiyumvira ko Yehova atokwigera abakunda kubera ibintu bibi baciyemwo mu buzima. Igihe ivyacu vyifashe gutyo, Yehova aradutahura kandi arazi ko bishobora kutugora kumwiyegereza. Kugira ngo Yehova adufashe, araduhishurira kamere ziwe nziza igitangaza biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Ijambo urukundo, ni ryo ridondora neza Yehova kuruta ayandi yose. (1 Yoh. 4:8) Urukundo ni rwo rumugize. Ivyo akora vyose abitumwa n’urukundo. Urukundo rwiwe ruragutse kandi rurakomeye cane ku buryo arugaragariza n’abatamukunda.—Mat. 5:​44, 45. w24.01 26 ing. 1-3

Ku wa mbere, 30 Ruheshi

Yavuganira na bo mu nkingi y’igicu.—Zab. 99:7.

Yehova yaragenye Musa kugira ngo akure Abisirayeli mu Misiri kandi kugira abereke ikimenyamenya c’uko ari we yariko arabayobora, yarabahaye inkingi y’igicu yabayobora ku murango, n’inkingi y’umuriro yabayobora mw’ijoro. (Kuv. 13:21) Musa yarakurikiye iyo nkingi, maze we n’Abisirayeli ibashikana ku kiyaga Gitukura. Abantu baratekewe n’ubwoba igihe babona ko ata saganirizo bagifise, kubera ko imbere yabo hari ikiyaga, inyuma na ho ingabo z’Abanyamisiri ziriko zirabakurikira. Ariko ntiyari yihenze namba. Yehova ni we yari yakoresheje Musa kugira ngo abacishe ng’aho, kandi yabigize nkana. (Kuv. 14:2) Yehova yaciye abarokora mu buryo butangaje. (Kuv. 14:​26-28) Mu myaka 40 yakurikiye, Musa yagumye yisunga ya nkingi y’igicu, kugira ngo ayobore abasavyi b’Imana abacisha mu bugaragwa. (Kuv. 33:​7, 9, 10) Yehova yaravugisha Musa ari muri ico gicu, na we agaca aja kumenyesha abantu ivyo Yehova yaba yamubwiye. Abisirayeli baribonera neza ko ari Yehova yariko arabayobora abicishije kuri Musa. w24.02 21 ing. 4-5

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika